Abandi Bashobora Gufasha Gute?
“NIBA hariho ico ari co cose noshobora kugira, pfa kubimmenyesha gusa.” Ivyo ni vyo benshi muri twebwe babwira abagenzi canke incuti bahejeje kubura ababo. Yoo, tubivuga dushimitse ata buryarya. Twogira ico ari co cose kugira dufashe. Ariko none nyenekubura araduhamagara akatubwira ngo “niyumviriye ikintu wogira kugira umfashe”? Si ko vyama biba. Birumvikana, hari aho biba ngombwa kugira ico twibwirije niba vy’ukuri tugomba gusahiriza n’ukwirura uwutuntuye.
Hariho umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Ijambo rivuzwe mu buryo bubereye ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu [duhingurano] tw’ifeza.” (Imigani 15:23; 25:11) Kumenya ivyo wovuga n’ivyo utovuga, ivyo wogira n’ivyo utogira, biraranga urwevu. Ngibi ivyo usabwe gukurikiza bikeyi bishingiye ku Vyanditswe, ivyo ababuze ababo bamwe bamwe basanze biri n’ico bifasha.
Ico Wogira . . .
Umviriza: ‘Ihutire kwumva,’ bivugwa no muri Yakobo 1:19. Kimwe mu bintu bifasha rwose ushobora kugira ni ugusangira umubabaro n’uwabuze uwiwe mu kumwumviriza. Bamwe bamwe mu babuze ababo bashobora gukenera kuganira ivyerekeye uwabo bakunda yapfuye, ivyerekeye impanuka canke indwara yateje nya rupfu, canke ivyerekeye inyiyumvo bafise kuva urwo rupfu rushitse. Nuko baza uti: “Woshīma none kubiyāga?” Bareke bifatire ingingo. Umusore umwe aho yibukiye igihe se wiwe yapfa, yavuze ati: “Vyaramfashije vy’ukuri igihe abandi bambaza ivyashitse hanyuma bakumviriza vy’ukuri.” Umviriza wihanganye kandi ugaragaza ikirorobwe ata nyiyumvo wiriwe uragira y’uko utegerezwa gutanga inyishu canke ngo ubitorere umuti. Bareke baserure ivyo bashaka ko musangira vyose.
Basubirize umutima mu nda: Basubirize umutima mu nda yuko bāgize ivyo bashoboye vyose (canke ivyo ari vyo vyose uzi ko ari ivy’ukuri kandi vyiza). Baremeshe yuko ico bariko biyumvamwo—ubwijirwe, ishavu, urwiyagirizo, canke akandi kanyengetera ko mu mutima—kidashobora namba kuba ari ikidasanzwe. Bīgānire ivyerekeye abandi uzi bāshoboye gusubirana bari bashikiwe n’ukubura nk’ukwo. “Amajambo aryoshe” mwen’ayo “anonora amagufa,” bivugwa mu Migani 16:24.—1 Ab’i Tesalonike 5:11, 14.
Nuronkeke: Nuronkeke, atari mu misi mikeyi ya mbere gusa igihe incuti n’abagenzi benshi ari ho bari, ariko mbere no mu mezi yo mu nyuma igihe abandi baba basubiye ku vyo bari basanzwe bakora. Muri ubwo buryo uba ugaragaje yuko uri ‘umukunzi w’ukuri,’ umwe akubera uwo muvukana mu “magorwa.” (Imigani 17:17) “Abagenzi bacu bāritwararitse ivy’uko ku migoroba hama hari udukorwa ku buryo bitaba ngombwa ngo tumare umwanya munini rwose turi twenyene,” bisigurwa na Teresea, uwo umwana wiwe yahitanywe n’impanuka y’umuduga. “Ivyo vyaradufashije gutsinda inyiyumvo y’uko tugaragara twari dufise.” Mu nyuma harashobora guhera imyaka, amatariki y’ukugirirako iyibuka, nk’umusi w’ubugeni canke itariki nya muntu yapfiriyeko, ugasanga ni igihe kibabaza mu bwenge abasigaye. Ni kuki ayo matariki utoyandika ku kirangamisi cawe kugira igihe ashitse, ushobore kuronkeka niba ari ngombwa, kugira ubashigikire mu kubagirira impuhwe?
Niwibwirize kugira ibibereye: Hoba hariho ahantu bikenewe ko umuntu akubitirayo? Vyoba bikenewe ko hagira uwurāba abana? Abagenzi n’incuti baje boba bakeneye aho baguma? Ababuze umuntu kenshi usanga bānyiginyutse ku buryo mbere batanamenya igikenewe ubwabo bokora, nkanswe ukubwira abandi ukuntu bofasha. Nuko niba ukerebutse ukabona igikenewe vy’ukuri, nturindīre kubisabwa; niwibwirize. (1 Ab’i Korinto 10:24; gereranya no muri 1 Yohana 3:17, 18.) Hari umukenyezi umwe yari yabuze umugabo wiwe, yibutse ibi: “Abenshi bavuze, bati ‘Niba hariho ico ari co cose noshobora kugira, nubimenyeshe.’ Ariko hariho umugenzi umwe atabajije. Yitereye mu cumba c’uburyamo, asasura igitanda, hanyuma amesura amashuka yacafuye kuva uwanje apfuye. Uwundi mukenyezi yakira indobo, amazi hamwe n’ivyogesho, anyukura itapi aho umunega wanje yari yadashwe. Inyuma y’amayinga makeyi, umwe mu bakurambere b’Ishengero yaraje yambaye izo akoramwo, afise ibikoresho vyiwe vy’akazi, avuga ati ‘Ndazi ko hategerezwa kuba hariho ikintu gikeneye gusanwa. Coba ari igiki?’ Ese ukuntu uwo mugabo yanshitse ku mutima mu gusana urugi rwari rusigaye rufashwe n’ipata rimwe, no mu kunkorera icuma gikoreshwa n’umuyagankuba!”—Gereranya no muri Yakobo 1:27.
Nube uwakirana: ‘Ntimwibagire kwakīra abashitsi,’ ni vyo Bibiliya itwibutsa. (Abaheburayo 13:2) Na cane cane turakwiye kwibuka kwakīra abatuntuye. Ah’ukubaha ubutumire ngo “uraza igihe ico ari co cose,” bashingire itariki n’umwanya. Baramutse banse, ntushoke uheba. Hari n’aho hoba hakenewe indemesho irimwo ubwitonzi. Kumbure banse kwitaba ubutumire bwawe kubera batinya ko vyohava bibananira kwiyumanganya mu kanyengetera ko mu mutima bari imbere y’abandi. Cabure hari aho boshobora kwiyumvamwo urwiyagirizo rwerekeye ugufungura ingaburo hamwe n’ukuja mu bandi muri ico gihe. Ibuka wa mukenyezi Ludiya umwakirizi w’abashitsi avugwa muri Bibiliya. Inyuma y’aho atumiriwe iw’uyo mukenyezi, Luka avuga, ati ‘Aratugōbēra ngo tuze.’—Ivyakozwe n’intumwa 16:15.
Nube uwiyumanganya kandi atahura: Ntutangazwe rwose n’ivyo ababuze ababo boshoka bavuga. Niwibuke, bashobora kuba bumva ishavu canke urwiyagirizo. Niba akanyengetera kabari ku mutima bagataye kuri wewe, vyogusaba ko ukoresha uguca mu kajisho n’ukwiyumanganya kugira ntiwishurane uburake. “Mwambare ubwanyu ibishika birimwo ikibabarwe vy’imbabazi, ubuntu, ukwimanura kw’umuzirikanyi, igenzebuhoro, n’ukwihangana burebure,” bisabwa na Bibiliya.—Ab’i Kolosayi 3:12, 13, NW.
Andika ikete: Agaciro k’ikete y’uguhoza canke k’ikarata y’ukwerekana ikirorobwe karakunda kwirengagizwa. Bifise akarusho gaki? Cindy, uwabuze nyina wiwe ahitanywe na kanseri, yishura ati: “Umugenzi umwe yaranyandikiye ikete ryiza. Ivyo vyaramfashije vy’ukuri kubera ko narisomye kenshi nisubiriza.” Ikete canke ikarata mwen’ivyo vy’indemesho bishobora kubamwo “amajambo make,” ariko bikwiye kuba biserura akakuri mu mutima. (Abaheburayo 13:22) Bishobora kuba bivuga ko witaho kandi ko usangiye na we ibintu bimwe bimwe bidasanzwe wibuka ku muhisi, canke bikaba vyerekana ukuntu mu buzima bwawe wababajwe n’uwo muntu yapfuye.
Nusenge uri kumwe na bo: Ntukengere agaciro k’amasengesho utūra uri kumwe na bo kandi kubwabo. Bibiliya ivuga iti: “Ugusaba kw’umugororotsi kugira [“inguvu nyinshi,” NW].” (Yakobo 5:16) Nk’akarorero, ukukwumva uriko ubasengera birashobora kubafasha gutururuza inyiyumvo mbi bafise nk’urwiyagirizo.—Gereranya no muri Yakobo 5:13-15.
Ivyo Utogira . . .
Ntugume kure kubera utazi ico wovuga canke ico wogira: ‘Ndazi neza ko uyu mwanya bakeneye kuba bari ukwa bonyene,’ ni ko twohava twibwira. Kumbure mu vy’ukuri twoba turiko tuguma kure kubera dutinya ko twohava tuvuga canke tugira ikintu kitari co. Ariko rero, uguhebwa n’abagenzi, incuti, canke abizera nkatwe bishobora gusa gutuma uwabuze uwiwe yiyumva ko ari ukwa wenyene birushirije, bikongereza umubabaro afise. Ibuka ko amajambo n’ibikorwa biranga ubuntu burengereje usanga kenshi ari ivyoroshe cane kugira bibaho. (Abanyefeso 4:32) Ukuba uhari vyonyene birashobora kuba isōko ry’indemesho. (Gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 28:15.) Teresea aribuka umusi umwigeme wiwe yapfa, akavuga ati: “Mw isaha imwe, mu bwakiriro bw’ibitaro hari hamaze kwuzura abakunzi bacu; abakurambere bose n’abakenyezi babo ni ho bari. Abagore bamwe bamwe bari bafise ibigudi mu mishatsi, hari abari bambaye izo bakoramwo. Bātaye hasi vyose baraza. Benshi muri bo batubwiye ko batazi ico bovuga, ariko nta co vyari bitwaye, kubera gusa ari ho bari.”
Ntubakaze ngo basigeho gutuntura: ‘Eka, eka rero ntuboroge,’ kumbure ni ko twohava tugomba kuvuga. Ariko hari aho vyoba vyiza kuruta, turetse amarira agacuncubuka. “Niyumvīra ko ari ivy’ingirakamaro kureka ababuze ababo bakerekana akanyengetera bafise ku mutima hanyuma vy’ukuri bakakiremurura,” bivugwa na Katherine, azirikana ivyerekeye urupfu rw’umunega wiwe. Nunanire impengamiro y’ukubwira abandi ukuntu bakwiye kwiyumva. Kandi ntiwibwire ko utegerezwa guhisha inyiyumvo ufise kugira ukingire izabo. Ahubwo, “murirane n’abarira,” ni vyo Bibiliya isaba.—Abaroma 12:15.
Ntiwihute kubahanura gukuraho ivyambarwa kibure ibintu umuhisi yari afise imbere y’uko bavyitegurira: Hari aho twokwiyumvamwo ko vyobabera vyiza kuruta, bakuyeho ibintu bigira ico bibibukije kubera vyotuma intuntu bafise iba ndende. Ariko ya mvugo-mugani ngo “Umugenzi akora hasi akakwibutsa ibuye” ngaha kumbure ntiyokora. Uwabuze uwiwe hari aho yoba akeneye kwibagira umuhisi buhorobuhoro. Ibuka indondoro ya Bibiliya yerekeye imvūmūko umwe sekuruza w’abantu Yakobo yagize igihe yashikanwa ku kwemera ko umuhungu wiwe akiri muto Yozefu yari yishwe n’igikōko co mw ishamba. Aho umwambaro muremure wa Yozefu ujobetswe mu maraso werekewe Yakobo, uno “amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe. Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa.”—Itanguriro 37:31-35.
Ntuvuge, ngo ‘Urashobora kuzoronka ikindi kibondo’: “Narabihiwe kubera abantu bambarira ngo noronka uwundi mwana,” vyibukwa na nyina w’ibibondo umwe yabuze umwana. Bashobora kuba babivuganye ineza, ariko ku muvyeyi atuntuye, amajambo y’uko umwana yapfuye ashobora gusubirirwa n’uwundi ashobora kumera nk’“ugucumita kw’inkota.” (Imigani 12:18) Umwana ntashobora kwigera asubirira uwundi. Kubera iki? Kubera ko umwe wese yisa.
Ntiwirirwe uririnda kuvuga izina ry’uwagiye: “Abantu benshi n’ukuvuga ntibāvuga izina ry’umuhungu wanje Jimmy canke ngo bavuge ibimwerekeye,” vyibukwa na nyina w’ibibondo umwe. “Ni ngombwa ngo niyemerere yuko nababaye gato igihe abantu bāgira ivyo.” Nuko rero, ntiwirirwe urahindura ico wariko uraganira mu gihe izina ry’umuhisi rivuzwe. Baza nya muntu yuko yoba akeneye kuvuga ivyerekeye uwo yakunda. (Gereranya no muri Yobu 1:18, 19 na 10:1.) Hari abantu bamwe bamwe babuze ababo bashima kwumva abagenzi bavuga ivyerekeye kamere zidasanzwe zātuma uwagiye akundwa rwose na bo.—Gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 9:36-39.
Ntiwihute rwose kuvuga, ngo ‘Vyabaye vyiza kuruta’: Ukugerageza kuronka ikintu ciza ku vyerekeye urupfu ntivyama ari ‘ibiremesha abarandutse imitima,’ batuntuye. (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Umugore umwe akiri muto aho yibukiye igihe nyina wiwe yapfa, yavuze ati: “Abandi bāravuga, ngo ‘Ntababaye’ canke ngo, ‘Kizima ari mu mahoro.’ Ariko ivyo sinashaka kuvyumva.” Ku basigaye ari bazima, hari aho amasasanuro mwen’ayo yosa n’ayavuga ko badakwiye kwiyumvamwo ubwijirwe canke ko ukwo kubura ata co kuvuze. Ariko rero, barashobora kwumva ko bijiriwe rwose kubera ukutazosubira kubonana n’uwo bakunda.
Vyoba vyiza rwose utavuze, ngo ‘Ndazi uko umerewe’: Ubwo urakuzi vy’ukuri? Nk’akarorero, vyoba bishoboka ko umenya uko umuvyeyi amererwa igihe umwana apfuye, niba ukubura mwen’ukwo kutaragushikira wewe ubwawe? Noneho naho vyoba bimaze kugushikira, uramenya ko abandi bashobora kutamererwa cokimwe n’uko wamerewe. (Gereranya no muri Gucura intimba 1:12.) Ahandi na ho, niba ubona ko bibereye, vyogira ico bimwunguye umubwiye ukuntu wasubiranye aho uburiye uwo wakunda. Hari umugore umwe umwigeme wiwe yari yishwe, yasanze aremeshejwe n’igihe nyina w’uwundi mukobwa muhisi yamubwira ukuntu yasubiye kubaho nk’uko yari asanzwe. Yavuze ati: “Nyina wa nya mukobwa yari yapfuye inkuru yiganye ntiyayitanguje iyi mvugo ngo ‘Ndazi uko umerewe.’ Yambariye gusa ukuntu kuri we ibintu vyari vyifashe, hanyuma arandeka ngira ibisa na vyo.”
Ugufasha uwabuze uwiwe bigusaba kugira imbabazi, ubukerebutsi, hamwe n’urukundo rwinshi. Nturindīre ko uno yabuze uwiwe aza kuri wewe. Ntuvuge gusa ngo, “Niba hariho ico noshobora kugira . . .” ‘Ico’ nyene wewe ubwawe kibone, hanyuma ugire ikintu wibwiriza kibereye.
Hari ibibazo bikeyi bisigaye: Bite hoho kuri ca cizigiro Bibiliya itanga c’izuka? Gishobora kuba kivuze iki kuri wewe no ku wupfuye wamukunda? Dushobora gute kwemera tudakēka ko ari icizigiro co kwishimirwa?