ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • we rup. 14-19
  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?
  • Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwiremurura Intuntu—Gute?
  • Ukwigumānya mu Rwiyagirizo
  • Ukwigumānya mw Ishavu
  • Ugufashwa Kuva ku Mana
  • Ukuntu umuntu yokwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Kwiyumvamwo Ukwo Vyoba Ari Ibisanzwe?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
  • Kwihanganira intuntu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Iyo Uwo Wakunda Apfuye
we rup. 14-19

Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?

“NARIYUMVISEMWO umukazo mwinshi w’ukuzimanganya inyiyumvo mfise,” bisigurwa na Mike igihe yibuka urupfu rwa se wiwe. Kuri Mike, ukuzimanganya intuntu yari afise ni co kintu nyamukuru yabona ko yogira. Yamara, mu nyuma yaratahuye yuko yariko arihenda. Nuko, aho umugenzi wa Mike aburiye sekuru, Mike yaramenye ico yogira. Avuga ati: “Mu myaka mikeyi iheze, nari kumumamata ku rutugu mvuga, nti ‘Ba umugabo.’ Ico gihe ho, namufashe ukuboko hanyuma mvuga, nti ‘Iyumve uko ukwiye kwiyumva kwose. Bizogufasha wigumānye. Niba ushaka ko ngenda ndagenda. Niba ushaka ko nguma aha ndahaguma. Ariko ntutinye kugira nk’uko wiyumva.’”

MaryAnne na we nyene yariyumvisemwo umukazo w’ukwigumizamwo inyiyumvo afise igihe umunega wiwe yapfa. “Narahagaritswe umutima rwose n’ukuntu nobera akarorero keza abandi,” ni vyo yibuka, “gushika aho ntireka ngo ngire inyiyumvo zisanzwe. Ariko naratevye ndegenya yuko ukugerageza kubera abandi inkingi mu bukomezi bitariko bimfasha. Naratanguye kwihweza uko ivyanje vyifashe, hanyuma mvuga, nti ‘Boroga niba ari ngombwa ngo uboroge. Ntugerageze gukomera birenze urugero. Bisohore bikuvemwo.’”

Nuko Mike na MaryAnne basavye ko hogirwa ibi: Nureke utunture! Kandi ntibabesha. Kuki? Kubera ko ugutuntura ari ukwiremurura ibikuri mu mutima gukenewe. Ukwiremurura inyiyumvo zikurimwo birashobora kugutabara umukazo uri kuri wewe. Inseruro ndangabwumbire y’akanyengetera ko mu mutima, iyo ivanze n’ugutahura hamwe n’amabwirwa ntagakosa, iragutuma ubonekesha inyiyumvo ufise mu buryo bubereye.

Birumvikana, bose ntibaserura intuntu mu buryo bumwe. Kandi ibintu nk’ivy’uko uwo yakundwa yoba canke atoba yapfuye bukumbi canke ko urupfu rwoba canke rutoba rwaje inyuma y’ukurwara igihe kirekire, vyoshobora kugira ico bikoze ku mvūmūko mvakanyengetera z’abasigaye. Ariko hariho ikintu kimwe kiboneka ko ata mazinda kirimwo: Ugucinyangiza inyiyumvo ufise birashobora kukugirira nabi ku mubiri no mu kanyengetera. Biraruhura rwose kuruta, wiremuruye intuntu ufise. Gute? Ivyanditswe birimwo impanuro ngirakimazi.

Ukwiremurura Intuntu—Gute?

Ukuganīra kurashobora kuba ukwiremurura gufasha. Umwe sekuru w’abantu wa kera, Yobu, inyuma y’aho aburiye abana biwe cumi, we ubwiwe akongera agashikirwa n’ibindi vyago vy’agacavutu, yavuze ati: “Umutima wanje urambiwe n’ukubaho; ngira nziburure [mu giheburayo, “ndekure”] amajojwa yanje, mvugishwe n’akabonge ko mu mutima wanje.” (Yobu 1:2, 18, 19; 10:1) Yobu ntiyari agishoboye gufatīra ivyari bimubabaje. Vyari nkenerwa ngo abirekure bisohoke; vyabaye ngombwa ngo ‘avuge.’ N’umwandikabikino w’umwongereza, Shakespeare, na we nyene mu gitabu kimwe, Macbeth yanditse ibi: “Sohora amajambo y’umubabaro; intuntu itavuga yongorera umutima uremerewe rwose kandi ikawubwiriza kumeneka.”

Urumva rero yuko kuyāgira inyiyumvo zawe “umukunzi” akwumviriza yiyumanganije kandi akwumvira impuhwe bishobora gutuma wumva utabawe ku rugero runaka. (Imigani 17:17) Ugushira ivyashitse hamwe n’inyiyumvo mu majambo kenshi biratuma vyoroha kubitahura no kwigumānya. Iyo na ho uwukwumviriza ari uwundi yapfiriwe akererwa n’ukwigumānya muri ukwo kubura uwiwe, hari aho woshobora kuhatororera bimwe bimwe wokurikiza vy’ingirakimazi vyerekeye ukuntu ushobora gutsinda. Nyina w’ibibondo umwe igihe umwana wiwe yapfa, yarasiguye igituma yafashijwe n’ukuganirira uwundi nyina w’ibibondo yari yashikiwe n’ukubura nk’ukwo nyene, ati: “Kumenya yuko uwundi muntu yashikiwe n’ikintu nk’ico nyene, ko yakirenganye kitamwononye mu bwenge, hamwe n’uko yagumye ariho kandi agasubira kugira urupange rwo mu buryo bunaka mu buzima, vyari ibinkomeza rwose.”

Bite hoho igihe woba wumva utamererwa neza iyo uriko uravuga ivyerekeye inyiyumvo ufise? Inyuma y’urupfu rwa Sauli na Yonatani, Dawidi yarahinguye ururirimbo mvakanyengetera rw’ugucura intimba ruhambaye rwose, muri rwo aracuncubura intuntu afise. Iyo ndirimbo y’ukuriragurika yahavuye icika umuce w’inkuru zanditswe zo mu gitabu ca Bibiliya ciswe Samweli kigira kabiri. (2 Samweli 1:17-27; 2 Ngoma 35:25) Nk’ukwo nyene, hari bamwe basanga vyoroshe gusohora akabarimwo mu kwandika. Umupfakazi umwe yashikirije inkuru y’uko yashira mu nyandiko inyiyumvo ziwe, maze haciye imisi agasoma ivyo yanditse vyose. Yasanze ukwo ari ukwiremurura gufasha.

Haba mu kuganīra canke mu kwandika, ukurāba uwo ubwira inyiyumvo ufise birashobora kugufasha kwiremurura intuntu ikurimwo. Birashobora kandi gufasha kugira mushire mu buryo ivy’ukutumvikana. Hari umuvyeyi yari yabuze uwiwe abisigura ati: “Jewe n’umunega wanje twarumvise ivy’abandi bubakanye bahukanye inyuma y’aho baburiye umwana, kandi ntitwashaka ko ivyo bidushikira. Ni co gituma buri gihe cose twiyumvamwo ko dushavuye, tugomba gutorana amakosa, twaca tubiganīra. Niyumvīra ko ukugira ivyo ari kwo kwatumye vy’ukuri dutera twegerana.” Gutyo, ukureka inyiyumvo ufise zikamenyekana birashorora kugufasha gutahura yuko naho nyene woba usangiye n’abandi ukwo kubura, bashobora gutuntura mu buryo butandukanye—kuno kukisanzurura nk’uko bameze, mu buryo bisangije.

Ikindi kintu kandi gishobora kworosha ukwiremurura intuntu ni ukuboroga. Hariho “igihe co kurira,” ivyo bivugwa na Bibiliya. (Umusiguzi 3:1, 4) Nta gukēka, urupfu rw’uwo twakunda ruratuma haba igihe mwen’ico. Ugucukumbura amosozi y’intuntu biboneka ko ari umuce nkenerwa mu vy’urunkwekwe rw’ugukira.

Hariho inkumi imwe isigura ukuntu umugenzi somambike yamufashije gutsinda igihe nyina wiwe yapfa. Aribuka ibi: “Umugenzi wanje yāma ari ho ari kubera jewe. Yaramfashije kuboroga. Yaranganirije. Nanje naca nyene nuguruka rwose mu kanyengetera ko mu mutima, kandi ivyo vyarangiriye akamaro. Sinigeze nterwa isoni n’ukuboroga.” (Rāba Abaroma 12:15.) Eka nawe ntukwiye kwumva isoni kubera ukoroye amarira. Nk’uko twabibonye, Bibiliya yuzuyemwo uturorero tw’abagabo n’abagore bāri n’ukwizera—dushizemwo Yezu Kirisitu—abacukumbuye bigaragaye amarira y’intuntu ata kwiyumva isoni namba kwibonekeje.—Itanguriro 50:3; 2 Samweli 1:11, 12; Yohana 11:33, 35.

Hari aho wosanga, mu gihe kinaka, akanyengetera ko mu mutima usa n’uwutazi uko kaja kumera. Amosozi arashobora kwisēsa ata nteguza nini yabanje kuhaba. Hari umupfakazi yasanze ugusuma ibintu mu mangazini y’ibifungurwa (ari na vyo yakunda kugirana n’umunega wiwe) bishobora kumutera kurira, na cane cane, kubera akamenyero, iyo ashikiriye ibiribwa umunega wiwe yahora akunda kuruta ibindi. Niwiyumanganye. Kandi ntiwiyumvīre ko ari ngombwa ngo utangīre amarira. Ibuka, ni umuce usanzwe kandi ukenewe mu vy’ugutuntura.

Ukwigumānya mu Rwiyagirizo

Nk’uko twabivuze ubuheruka, bamwe baragira inyiyumvo z’urwiyagirizo inyuma y’ukubura uwo bakunda. Ivyo birashobora gufasha gusigura ya ntuntu ishika kure ya wa muntu w’umwizerwa, Yakobo, igihe yashikanwa ku kwemera ko umuhungu wiwe Yozefu yishwe n’“igikōko c’inkazi.” Yakobo ubwiwe yari yarungitse Yozefu ngo aje kurāba ko abavukanyi biwe bamerewe neza. Ni co gituma Yakobo yasa n’uwuhwikiwe n’inyiyumvo z’urwiyagirizo, nk’iyi ngo ‘Ni kuki natumye Yozefu ari wenyene? Ni kuki namutumye mu gahinga kagwiriyemwo ibikōko vyo mw ishamba?’—Itanguriro 37:33-35.

Kumbure woba wiyumvamwo ko hoba hari ukuntu wanjanjwe na kwo nyene kwagiyemwo mu gutuma uwo wakunda apfa. Ukwiyumvamwo yuko urwiyagirizo—urw’ukuri canke urwo wishushanirije mu bwenge—ari imvūmūko isanzwe ugize kubera intuntu, ubwavyo birashobora gufasha. N’aho nyene, si ngombwa ngo wigumizeko izo nyiyumvo. Ukuganīra ukuntu wiyumvamwo urwiyagirizo birashobora gutanga indemururo ukeneye cane.

Mugabo rero, uramenya yuko naho twoba dukunda uwundi muntu gute, tudashobora gukontorora ubuzima bwiwe, cabure gukinga “ibihe n’ibiza ku muntu” ngo ntibishikire abo dukunda. (Umusiguzi 9:11) Kanatsinda, si ivy’ugukēka nta kibi uba wamwipfuriza. Nk’akarorero, woba wari wipfuje ko uwo wakunda yorwara hanyuma agapfa, mu kudaca ugenda vuba gusaba kubonana na muganga? Birumvikana ntavyo uba wipfuje! None wumva mu vy’ukuri wokwiyagiriza ko watumye apfa? Oyaye.

Umuvyeyi umwe yaregenye kwigumānya mu rwiyagirizo inyuma y’aho umwigeme wiwe apfiriye mu mpanuka y’imodoka. Asigura ati: “Nariyumvisemwo iciyagirizo c’uko nari namutumye. Ariko nahavuye mbona yuko kwiyumvīra gutyo ari agatwenza. Kumurungika ari kumwe na se ngo agire aho akubitiye nta kibi carimwo. Ryari isanganya ribi cane gusa.”

‘Ariko hariho ibintu vyinshi cane niyumvīra ko nari gupfuma mvuga canke nkora,’ kumbure ni ko wovuga. Ego ni ko, ariko ni nde muri twebwe yoshobora kuvuga yuko turi ba se b’ibibondo, ba nyina b’ibibondo canke abana, b’abakemuke? Bibiliya itwibutsa ibi: “Twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu [“akemutse,” NW] rwose.” (Yakobo 3:2; Abaroma 5:12) Niwemere rero ivy’uko utari umukemuke. Kwishinga wiyumvīra ngo “iyo ngira uku” nta na kimwe bihindura, ahubwo riho bishobora gutevya ugusubirana kwawe.

Niba ufise impamvu nyakuri z’ukwemera yuko iciyagirizo cawe ari ic’ukuri, atari ico wishushanirije mu bwenge gusa, niwihweze rero ca kintu gihambaye muri vyose c’ugutururuza iciyagirizo—uguharirwa n’Imana. Bibiliya iradukura amazinda iti: “[“Yehova,” NW], wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe? Ariko guharirwa kubonerwa kuri wewe.” (Zaburi 130:3, 4) Ntushobora gusubira muri kahise ngo ugire ico uhinduye. Mugabo, urashobora gutakambira Imana ngo iguharire amakosa wakoze muri kahise. Maze hakaba iki? Urabona, ko Imana itanga umuhango w’uguhanagura ivyo wakoze kera, none wewe ntukwiye kwiharira?—Imigani 28:13; 1 Yohana 1:9.

Ukwigumānya mw Ishavu

Woba kandi n’ishavu uryiyumvamwo, ukaba kumbure ushavuriye abaganga, abaforoma, abagenzi, canke mbere nyenekwipfira? Uramenya ko n’ivyo nyene ari imvūmūko igirwa n’abantu nka bose iyo habaye ukubura. Kumbure ishavu ryawe ni ikintu ndangabwumbire giherekeza umubabaro wiyumvamwo. Hariho umwanditsi umwe yavuze ati: “Umenye neza ishavu ufise vyonyene—ntirigutware, ariko ukamenya ko uryiyumvamwo—ni ho ushobora kwikinga ikibi rikorera umuntu.”

Hari aho kandi kuriserura canke kuribwira uwundi muntu vyogufasha. Uti gute? Birumvikana ko atari mu kurakara utigarura. Bibiliya iragabisha yuko ishavu ridacika ari ingeramizi. (Imigani 14:29, 30) Ariko hari aho wosanga wiruwe n’ukuganīra ibiryerekeye uri kumwe n’umugenzi agutahura. Hari kandi abahora basanga kugira umwimenyerezo usaba inguvu iyo bashavuye ari ukwiremurura kuri n’ico gufasha.—Rāba no mu Banyefeso 4:25, 26.

Naho kwuguruka no kuvuga inyiyumvo nk’uko ziri ari ikintu c’ingirakamaro, ijambo ry’ukugabisha rirabereye. Hariho itandukaniro rinini hagati y’uguserura inyiyumvo ufise n’ukuzisuka ku bandi. Ntibikenewe gutora abandi amakosa kubera ishavu n’umubabaro ufise w’ukubura. Nuzirikane rero ivy’ukuganīra inyiyumvo ufise, ntibibe mu buryo bw’ubukazi. (Imigani 18:21) Hariho icogufasha gutsinda intuntu kiri imbere rwose, kandi ni co tugira tuyāge ubu.

Ugufashwa Kuva ku Mana

Bibiliya iradukura amazinda iti: “[“Yehova,” NW] aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Egome, kuruta ikindi kintu cose, ukugiranira ubucuti n’Imana birashobora kugufasha ugatsinda igihe ushikiwe n’urupfu rw’uwo wakunda. Mu buryo ki? Ivyokurikizwa vy’ingirakimazi vyose vyatanzwe gushika aha vyashingiwe kw Ijambo ry’Imana Bibiliya, canke birahuje na ryo. Ukubikurikiza kurashobora kugufasha ugatsinda.

Ikindi kandi, ntusuzugure agaciro k’isengesho. Bibiliya idusaba ishimitse iti: “Ukorere [“Yehova,” NW] umutwaro wawe, na we azokuramira.” (Zaburi 55:22) Ko ukuganirira inyiyumvo zawe umugenzi akwumvira ikirorobwe bishobora gufasha, ese ukuntu rero ugucuncuburira “Imana yirura imibabaro yose” akari ku mutima vyorushirizaho kugufasha!—2 Ab’i Korinto 1:3.

Si ukuvuga yuko isengesho gusa rituma twumva ko tumerewe neza kuruta. ‘Uwumva isengesho’ asezerana guha impwemu yera abasuku biwe bayimusaba ata buryarya. (Zaburi 65:2; Luka 11:13) Impwemu yera y’Imana na yo, ari yo nguvu nkorakazi, irashobora kukuronsa ‘ubushobozi burengeye ubusanzwe’ kugira uje urarengana umusi utangura uwundi. (2 Ab’i Korinto 4:7) Niwibuke: Imana irashobora gufasha abasuku bayo kurinda buri mbangamyi iyo ari yo yose bahanganywe na yo.

Umugore umwe yari yabuze umwana aribuka ukuntu ububasha bw’isengesho bwamufashije bo n’umunega wiwe muri ukwo kubura. “Igihe twaba turi i muhira mw ijoro hanyuma intuntu igacika iyitotsindwa, twarasengera hamwe n’ijwi rirenga,” ni ko abisigura. “Igihe twagira ico dukora ari bwo bwa mbere tutari kumwe na nya mwana—kw ikoraniro rya mbere twagiyeko ry’Ishengero, ku gihwane ca mbere twitavye—twarasenga kugira turonke inguvu. Igihe twikanguye mu gitondo, maze uko ivyo bintu vyifashe bigasa n’ivyo tutokwihanganira, twarasenga Yehova kugira adufashe. Hariho impamvu yatuma ukūza nkinjira muri iyo nzu ndi jenyene binsogota vy’ukuri. Buri gihe rero naza i muhira ndi jenyene, naca ntūra isengesho Yehova kugira antabare amfashe ngumye ugutekana kunaka na gukeyi.” Uwo mukenyezi w’umwizerwa aremera ashikamye, kandi birakwiriye, yuko ayo masengesho yatumye ibintu bimera ukundi. Na wewe nyene hari aho wosanga mu kuronswa inyishu ku masengesho yawe ahorako, ‘amahoro y’Imana aruta uko yomenywa ashibamiye umutima wawe n’ububasha bwawe bw’ukwiyumvīra.’—Ab’i Filipi 4:6, 7; Abaroma 12:12.

Ugufasha Imana itanga kuratuma koko ibintu bimera ukundi. Intumwa Paulo, umukirisu, yavuze icese yuko Imana “itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose.” Ego ni ko ugufashwa n’Imana ntikuzimanganya umubabaro, ariko kurashobora gutuma uno woroha kwihanganira. Ivyo ntibishaka gusigura yuko woca ureka kuboroga canke woca wibagira uwo wakunda. Ariko urashobora gusubirana. Kandi umaze gusubirana, ivyagushikiye birashobora gutuma urushiriza kuba uwutahura kandi yumvira ikirorobwe abandi mu vy’ukubafasha gutsinda ivy’ukubura nk’ukwo.—2 Ab’i Korinto 1:4.

Ibibazo vy’Ukuzirikana

  • Ni kubera iki kutibuza gutuntura ari ivy’ingirakamaro?

  • Woshobora kwiremurura gute intuntu ufise?

  • Ivyanditswe bishobora gute kugufasha kwigumānya mu nyiyumvo z’urwiyagirizo n’ishavu?

  • Ni mu buryo ki ukugiranira ubucuti n’Imana bishobora kugufasha ugatsinda ivy’urupfu rw’uwo wakunda?

  • Bimwe bimwe vy’ingirakimazi usabwe gukurikiza kugira utsinde intuntu ni ibihe?

Ivyokurikizwa Bimwe Bimwe vy’Ingirakimazi

Niwishimire abagenzi: Ntuhingitanye kureka abandi ngo bagufashe niba babigusavye, kandi urashobora vy’ukuri kuronka insahirizo yinaka. Nutahure yuko bwoshobora kuba ari bwo buryo bafise bw’ukukwereka ukuntu biyumva; kumbure ntibashobora kuronka amajambo abereye.—Imigani 18:24.

Nubabare amagara yawe: Ugutuntura kurashobora kugusenyagura, na cane cane mu ntango. Umubiri wawe urakeneye kuruhuka bihagije, urakeneye imyimenyerezo ntangamagara, hamwe n’ugufungura neza kurusha uko wahora. Ukuja urasuzumwa n’umuganga w’urugo rwanyu wosanga kubereye.

Rindiriza ivy’ugufata ingingo zihambaye: Niba bishoboka, nurindīre igihe na gitoyi gushika aho wiyumvīra mu buryo burongorotse kuruta, imbere y’uko ufata ingingo yerekeye nk’ukugurisha canke kutagurisha inzu, nko guhindura canke kudahindura akazi ukora. (Imigani 21:5) Hari umupfakazi umwe yībutse yuko mu misi mikeyi inyuma y’aho umunega wiwe apfiriye, yīkuye vyinshi mu bintu vyiwe yari atunze. Mu nyuma, yasanze yikuyeko udusuvenire yafata ko ari utw’igiciro.

Niwiyumanganye: Intuntu kenshi iramara igihe kirekire kuruta uko abantu mu bisanzwe babibona. Ivyibutsa buri mwaka uwo wabuze umukunda, vyoshobora gusubira kuvyura imisonga y’intuntu. Amafoto amwe amwe, indirimbo zimwe zimwe, canke mbere utumōto tumwe tumwe, birashobora kwandurutsa amosozi. Urwigo rumwe rw’ivya siyansi rwagizwe ku vy’ukubura umuntu rwasiguye urwo runkwekwe rw’intuntu mu buryo bukwirikira: “Uwabuze uwiwe arashobora kuva ku nyiyumvo asimbira ku yindi mu buryo bubabaza kandi bukwi na bukwi, kandi ukwirinda ivyibutsa nya muhisi kurashobora gukurakuranwa n’ugutsimbataza n’ibigirankana inyibuko z’ibiringo bimwe bimwe.” Gumya mu muzirikanyi imihango Yehova yatanze.—Ab’i Filipi 4:8, 9.

Ntiwirengagize uko abandi bameze: Gerageza kwiyumanganiriza abandi. Numenye ko bagira ibidambidambi. Kubera ukutamenya ico bovuga, barashobora kuvuga ibihiragonyo bibi.—Ab’i Kolosayi 3:12, 13.

Uragaba ku gukoresha umuti canke ubugasari kugira utsinde intuntu ufise: Ugutabarwa uko ari ko kwose kuvuye ku biyayuzi canke ubugasari kuraba kwiza mu kanya gato. Umuti ukwiye gufatwa gusa bihagarikiwe na muganga. Ariko uraba magabo; hari ibintu bitari bike usanga vyizizira umuntu. Si ivyo gusa, birashobora kurambisha urunkwekwe rw’ivy’ugutuntura. Hari uwutohoza ivy’ukurwara, yabūye ati: “Ikintu c’agacavutu umuntu ategerezwa kukirinda, akacihanganira kandi amaherezo kikajana n’ibitekerezo; kandi ivyo kubitevya bidakenewe mu gutwara ubwenge nya [muntu] hakoreshejwe ibiyayuzi vyohava birēhura urwo runkwekwe canke bigatuma rukora ukutari ko.” Ugutabarwa kuramba kwoheza kukaza biciye mu kuzirikana intēgo za Yehova z’igitangaza.—Zaburi 1:2; 119:97.

Nusubire ku vyo wari usanzwe ukora: Hari n’aho woba ukwiye kubanza kwihāta kugira uje ku kazi, uje gusuma, canke witwararike ayandi mabanga. Ariko hari aho wosanga ivyo umenyereye gukora ukuntu bipanze kwokugirira ivyiza vyinshi. Guma uri na vyinshi ukora mu mirimo y’Abakirisu.—Gereranya no mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 15:58.

Ntutinye kureka ngo intuntu ikomeye ihere: Naho bisa n’uko ari indore, ababuze ababo bamwe bamwe baratinya kureka ngo intuntu nyinshi bafise ihere, bakabona ko vyoba vyerekanye yuko urukundo bari bafitiye umuhisi ruriko ruragabanuka. Ahubwo ivyo si vyo namba. Kureka ngo umubabaro uhere biraha inzira ivyibuko vy’agaciro, ibitazobura kuguma bikurimwo.—Umusiguzi 3:1, 4.

Ntugire amaganya bitari ngombwa: Hari aho wosanga uriko uraganya wibaza, uti ‘Mbega ubu ngiye kumera gute?’ Bibiliya iduhanura kwitwararika ivya buri musi umwe umwe. “Kubaho ndondera ivya buri musi ukwawo vy’ukuri biramfasha,” ivyo bisigurwa n’umupfakazi umwe. Yezu yabariye abayoboke biwe ati: “Ntimukiganyire ivy’ejo, kuk’umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo.”—Matayo 6:25-34.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika