Kwiyumvamwo Ukwo Vyoba Ari Ibisanzwe?
HARI uwabuze uwiwe yanditse ibi: “Kubera ko nari umwana wo mu Bwongereza, nari nīgishijwe kudaserura mu bantu inyiyumvo mfise. Ndashobora kwibuka aho dawe, umugabo yahoze ari umusirikare, yambwira adadaje amenyo, ngo ‘Yaco uboroga!’ iyo hari ikintu kinteye umubabaro. Sinshobora kwibuka ko mawe yoba yaransomye canke akagumbīra uwo ari we wese muri twebwe abana batoyi (twari bane). Nabonye dawe apfa mfise imyaka 56. Nariyumvisemwo ukubura gukomeye rwose. Yamara, ubwa mbere, ntivyanshobokeye kurira.”
Mu mico kama imwe imwe, abantu baraserura inyiyumvo bafise badahisha. Bāba banezerewe canke bijiriwe, abandi baramenya ukuntu biyumva. Mu yindi na yo, mu mihingo imwe imwe y’isi, bikaba biboneka rwose mu Burārūko bw’Ubulaya no mu Bwongereza, abantu, cane cane abagabo, barabaremarema bagahisha inyiyumvo bafise, bakazimanganya akanyengetera ko mu mutima, bakumaguza kandi bakareka gutwarira umutima mu kiganza. Ariko iyo ushikiwe n’ukubura uwo wakunda, vyoba bisa n’uko ari bibi guserura intuntu wiyumvamwo? Bibiliya ibivugako iki?
Abārize Muri Bibiliya
Bibiliya yanditswe n’Abaheburayo bo mu ntara yo mu Buseruko bwa Mediterane, bakaba bari abantu badahisha akabarimwo. Irimwo uturorero twinshi tw’abantu berekanye intuntu ibarimwo badahisha. Umwami Dawidi yarariraguritse kubera ukubura umwana wiwe Amunoni yari yāgandaguwe. Mu vy’ukuri, ‘yararize araboroga.’ (2 Samweli 13:28-39) Yaratuntuye n’igihe yabura umuhungu wiwe w’umuguranyi Abusalomu, uwari yagerageje gusūmira ubwami. Inkuru ya Bibiliya itubwira iti: “Umwami [Dawidi] avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, ararira; arikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!” (2 Samweli 18:33) Dawidi yarariraguritse nk’uko sebibondo asanzwe yobigenza. Kandi ni kangahe abavyeyi bipfuje ko bari gupfuma bapfa mu gishingo c’abana babo! Bisa n’uko atari ibihuye n’ubwumbire kubona umwana atanga umuvyeyi gupfa.
Yezu yagize imvūmūko nyabaki aho umukunzi wiwe Lazaro yapfa? Yararize ageze hafi y’uruhafu. (Yohana 11:30-38) Mu nyuma, Mariya Magadalene yararize aho yegerereye imva ya Yezu. (Yohana 20:11-16) Ego ni ko umukirisu atahura ca cizigiro c’izuka gitangwa na Bibiliya ntatuntura ubudahozwa, nk’uko bigirwa na bamwe bamwe batagira ishingiro rirongorotse rihagaze kuri Bibiliya ry’ivyemero vyabo ku birāba ubumeremere bw’abapfuye. Ariko umukirisu w’ukuri, kubera ko aba ari umuntu afise inyiyumvo zigirwa n’uwo ari we wese, naho nyene aba afise icizigiro c’izuka, aratuntura kandi akariragurika kubera ukubura uwo yakunda.—1 Ab’i Tesalonike 4:13, 14.
Kurira Canke Kutarira
Ubu duhora tugira imvūmūko nyabaki? Woba uhora usanga kwerekana inyiyumvo zawe bigoye canke bikubangamiye? Ni igiki abatangampanūro bavuga ko ari co cogirwa? Uburyo bwabo bw’ukubona ibintu bwa kino gihe kenshi bwibukiriza gusa urwevu rwo muri Bibiliya rwahumetswe kera. Bavuga yuko dukwiye guserura intuntu dufise, ntituyicinyangize. Ivyo biratwibutsa abagabo b’abizerwa bo mu gihe ca kera, nka Yobu, Dawidi, na Yeremiya, abo ivyo bāgira mu guserura intuntu tubisanga muri Bibiliya. Nta gukēka ntibapfunyangije inyiyumvo bafise. Ni co gituma utoba ugize ibiranga urwevu wigunze ukikura mu bandi. (Imigani 18:1) Birumvikana, ukuriragurika guserurwa mu buryo butandukanye mu mico kama itandukanye, bikava kandi ku vyemero vy’idini bihiganziye.a
Wogira iki wumvise ugomba kurira? Kurira birimwo mu bigize ubwumbire bw’umuntu. Subira wibuke ca gihe c’urupfu rwa Lazaro, igihe Yezu ‘yagira ikigumbagumba mu mutima, akarira.’ (Yohana 11:33, 35) Gutyo yarerekanye yuko kurira ari imvūmūko isanzwe umuntu agira iyo uwo yakunda apfuye.
Ivyo birashigikirwa n’ivyashikiye nyina w’ibibondo umwe, Anne, uwari yabuze ikibondo ciwe Rachel cishwe n’INYIBU (SIDS) (Indwara Yica Impinja Bukumbi). Umunega wiwe yarasasanuye ati: “Ikintu gitangaje cari uko yāba Anne yāba jewe ata waboroze ku maziko. Abandi bose bāriko barira.” Kuri ivyo, Anne yishuye ati: “Egome, ariko ngize imisi mboroga kubwa twempi uko turi babiri. Mbona ko nakubiswe rwose haheze imishamvu mikeyi inyuma y’ako gacavutu, aho nasanga ndi jenyene mu nzu umusi umwe. Bwarinze bwira nkiboroga. Ariko ndemera ko vyamfashije. Kubera ico nūmvise merewe neza. Vyari ngombwa ko ndiragurika kubera ukubura ikibondo canje. Mu vy’ukuri ndemera neza ko ukwiye kureka abantu batuntuye bakarira. Naho nyene usanga abandi mu bwumbire bwabo imvūmūko bagira ari ukuvuga ngo ‘Yaco uboroga,’ ivyo nta co bifasha vy’ukuri.”
Imvūmūko Bamwe Bamwe Bagira
Ni imvūmūko nki bamwe bāgize igihe bāterwa intuntu n’ukubura uwo bākunda? Nk’akarorero, niwihweze Juanita. Uwo mukenyezi arazi ingene umuntu amererwa iyo abuze ikibondo. Yari yakoroye imbanyi gatanu kose. Ico gihe yari asubiye gusama iyindi. Nuko aho agiriye isanganya ry’imodoka bigatuma ajanwa mu bitaro, birumvikana ko yagize amaganya. Inyuma y’imishamvu ibiri, atangura gutera nya nda—ntiyaribwagere. Amaherezo haciye akanya gato, havuka agakobwa kitwa Vanessa—gapima amagarama arenga 900 gusa. “Nariginaguye,” ni vyo Juanita yibuka. “Nari ngiye naba nyina w’ibibondo!”
Ariko agahimbare kiwe ntikamaze igihe kinini. Haciye imisi ine, Vanessa yarapfuye. Juanita aribuka ibi: “Niyumvisemwo ko nkokōwe koko. Nari nkuweko ubuvyeyi. Nīyumvisemwo ko ntakwiye. Vyari bibabaje kūza i muhira mu cumba twari twateguriye Vanessa, no kurāba udupira nari namuguriye. Mu mezi abiri yakurikiye, narasubiye kwibuka umusi yavuka. Sinagomba ko tubonana n’umuntu n’umwe.”
Yoba ari imvūmūko yagize irenze urugero? Hari aho abandi vyobagumira gutahura, ariko abo bimaze gushikira, nka Juanita, basigura ko bātunturiye ikibondo cabo nk’uko botunturira umuntu yari abayeho igihe kinaka. Imbere rwose y’uko umwana avuka, nk’uko babivuga, aba akundwa n’abavyeyi biwe. Haba hariho ubucuti budasanzwe afitaniye na nyina wiwe. Iyo nya kibondo gipfuye, nyina waco yiyumvamwo yuko yabuze umuntu nyawe. Kandi ivyo ni vyo ari nkenerwa ko abandi batahura.
Ukuntu Ishavu n’Urwiyagirizo Bishobora Kugira Ico Bikoze Kuri Wewe
Hari uwundi nyina w’ibibondo yaseruye inyiyumvo ziwe igihe yabwirwa ko agahungu kiwe gafise imyaka itandatu y’amavuka kapfuye bukumbi kishwe n’imbangamyi mvukanwa y’umutima. “Naragize imvūmūko z’urukurakuranwe—ubugangare, ukutavyemera, urwiyagirizo hamwe n’ishavu nūmvira umunega wanje hamwe n’umuganga kubera batābonye ukuntu yari amerewe nabi bikomeye.”
Ishavu rirashobora kuba ikindi kimenyetso c’intuntu. Rishobora kuba ishavu umuntu agirira umuganga n’abaforoma, akiyumvīra ko bari kurāba ibindi bagira kugira biteho uwo apfuye. Kibure rishobora kuba ishavu umuntu agirira abagenzi n’incuti, abo bisa n’uko bavuga canke bagira ibitari vyo. Hari abagirira ishavu nya muhisi kubera yanjanjwe ku magara yiwe. Stella aribuka ibi: “Ndibuka ko nagiriye ishavu umunega wanje kubera ko nari nzi yuko vyari gushoboka ko bimera ukundi. Yari yagwaye cane, ariko yari yirengagije imburizi z’abaganga.” Hari n’aho rimwe na rimwe ishavu rigirirwa umuhisi kubera imitwaro urupfu rwiwe ruzanye ku wusigaye.
Bamwe bariyumvamwo urwiyagirizo kubera ishavu—ni ukuvuga, boshobora kwitorako ikosa kubera bumva bashavuye. Abandi baritako umwikomo kubera urupfu rw’uwo bākunda. “Ntiyari gupfa,” ni ko bījijura, “iyo nca nyanyasa nkamujana ku muganga” canke “nkamujana ku wundi muganga” canke “nkamubwira gufata neza amagara yiwe.”
Ku bandi na bo, urwiyagirizo rurarenga aho, na cane cane iyo uwo bākunda yapfuye bukumbi, batari bavyiteze. Batangura kwibuka ibihe bari bashavuriye uwo muhisi canke bari bahāzutse na we. Canke barashobora kwiyumvamwo ko batābereye nya muhisi ivyo bari bakwiye kumubera vyose.
Urunkwekwe rurerure rw’ugutuntura rwa ba nyina w’ibibondo benshi rurashigikiye ivyo abahinga batari bake bavuga, yuko ukubura umwana gusiga igihoro camaho mu buzima bw’abavyeyi, na cane cane nyina w’ibibondo.
Iyo Ubuze Umwubakanyi
Ukubura uwo musangiye umubano w’abubatse ni ubundi bwoko bw’intuntu, cane cane iyo bompi bakenura cane mu buzima bari kumwe. Rishobora kuba ari iherezo ry’uburyo bw’ukubaho bari basangiye, ry’ingendo, akazi, ukwimaza ubute, hamwe n’ukuba magiriranire.
Eunice arasigura ivyashitse igihe umunega wiwe yapfa bukumbi atewe n’indwara y’umutima. “Mu ndwi ya mbere, nari n’ubugangare mu kanyengetera ko mu mutima, nka kumwe noba ntagikoma. Sinashobora n’ugusoserwa canke ngo moterwe. Yamara, imbono ntamafuti indimwo yarabandanije ukwa yonyene. Kubera ko nari kumwe n’uwo munega wanje igihe bariko bagerageza kumubambura bakoresheje ubuhinga bwitwa CPR hamwe n’imiti, siniyumvisemwo ibimenyetso bisanzwe biserurwa vy’ukutavyemera. Yamara rero, naragize inyiyumvo y’uko hari ikimbuzeko, nka kumwe noba ndiko nitegereza imodoka iriko itembagara ku gitandara kandi ata co ndibushobore kugira.”
Yoba yararize? “Nararize nyene, cane cane igihe nasoma amakarata amajana nari naronse y’abampoza. Kuri imwe imwe yose naraboroga. Vyaramfashije kugira mpangane n’igice c’umusi cari gisigaye. Ariko nta cashoboye kugira ico kimara igihe bambazagiza ukuntu merewe. Vyaribonekeza, nari mu maganya.”
Ni igiki cafashije Eunice kugira abeho mu ntuntu yari afise? “Narafashe ingingo ntabizi, bitamvuye mu bwenge, yo gushishikara ubuzima bwanje,” ni vyo avuga. “Ariko rero ikikimbabaza, ni iyo nibutse yuko umunega wanje, uwakunda ubuzima rwose, atakiriho ngo abwinovore.”
“Ntureke ngo Abandi Bagutegeke . . .”
Abanditsi b’igitabu kimwe, Leavetaking—When and How to Say Goodbye, bahanura bati: “Ntureke ngo abandi bagutegeke uko ukwiye kugira canke kwiyumva. Urunkwekwe rw’ugutuntura rukora mu buryo butandukanye kuri umwe wese. Hari abandi bokwiyumvīra—kandi bakakumenyesha uko biyumvīra—ko utuntuye birenze canke ko udatuntuye bihagije. Barekurire hanyuma uvyibagire. Mu kugerageza kwihātira kumera nk’uko abandi bagomba canke nk’uko ikibane tugifatiye hamwe kigomba, uba uriko wibuza gutera usubirana mu kanyengetera ko mu mutima.”
Birumvikana, abantu batandukanye, intuntu bafise bayitsemba mu buryo budasa. Ntituriko tugerageza kuvuga ko uburyo bunaka ari ngombwa ngo bube bwiza kuruta ubundi ku muntu uwo ari we wese. Ariko rero, ingeramizi iravyuka iyo habaye ubukongatare, iyo nya muntu yakubiswe n’intuntu adashobora kwemera ko ivyamushikiye ari vyo vyabaye. Maze yoba akeneye gufashwa n’abagenzi banyembabazi. Bibiliya ivuga iti: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” Ntutinye rero kurondera gufashwa, kuganīra, hamwe no kurira.—Imigani 17:17.
Ugutuntura ni imvūmūko isanzwe umuntu agira iyo yabuze uwiwe, kandi intuntu ufise iyo abandi bayibonye si bibi. Mugabo hariho ibindi bibazo bikeneye inyishu: ‘Noshobora kubaho gute mfise intuntu? Vyoba ari ibisanzwe kugira inyiyumvo z’urwiyagirizo n’ishavu? Mu mvūmūko nk’izo nokwigumānya gute? Ni igiki gishobora kumfasha kurinda ukubura hamwe n’intuntu?’ Igihimba gikurikira kiraja kwishura ivyo bibazo hamwe n’ibindi.
a Nk’akarorero, igisata c’abitwa Abayoruba bo muri Nijeriya barafise icemero mpererekanwa c’uko ubugingo bwungururiza mu kindi kintu. Nuko, iyo inabibondo abuze umwana, aragira intuntu nyinshi ariko ikamara ikiringo kigufi, kuko nk’uko icitabirizo kimwe co mu kiyoruba kibivuga: “Amazi ni yo asesetse. Umukuza ntumenetse.” Nk’uko Abayoruba babivuga, ivyo bisigura ko nya mukuza ntwaramazi, ari wo inabibondo, ashobora gusama inda y’uwundi mwana—kumbure akaba ari umwe yapfa amwungururijemwo. Ivyabona vya Yehova ntibakurikira uruhererekane-migenzo na rumwe rushingiye ku miziririzo yanduruka ku bishariro vy’ikinyoma vyerekeye ubugingo budapfa hamwe n’ivy’uko bwungururiza mu kindi kintu, bikaba bitagira ishingiro muri Bibiliya.—Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4, 20.