ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • we rup. 7-13
  • Kwiyumvamwo Ukwo Vyoba Ari Ibisanzwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwiyumvamwo Ukwo Vyoba Ari Ibisanzwe?
  • Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abārize Muri Bibiliya
  • Kurira Canke Kutarira
  • Imvūmūko Bamwe Bamwe Bagira
  • Ukuntu Ishavu n’Urwiyagirizo Bishobora Kugira Ico Bikoze Kuri Wewe
  • Iyo Ubuze Umwubakanyi
  • “Ntureke ngo Abandi Bagutegeke . . .”
  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • Icofasha abatuntujwe n’ukubura
    Be maso!—2011
  • Vyoba ari bibi kugira intuntu?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Abandi Bashobora Gufasha Gute?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
Ibindi
Iyo Uwo Wakunda Apfuye
we rup. 7-13

Kwiyumvamwo Ukwo Vyoba Ari Ibisanzwe?

HARI uwabuze uwiwe yanditse ibi: “Kubera ko nari umwana wo mu Bwongereza, nari nīgishijwe kudaserura mu bantu inyiyumvo mfise. Ndashobora kwibuka aho dawe, umugabo yahoze ari umusirikare, yambwira adadaje amenyo, ngo ‘Yaco uboroga!’ iyo hari ikintu kinteye umubabaro. Sinshobora kwibuka ko mawe yoba yaransomye canke akagumbīra uwo ari we wese muri twebwe abana batoyi (twari bane). Nabonye dawe apfa mfise imyaka 56. Nariyumvisemwo ukubura gukomeye rwose. Yamara, ubwa mbere, ntivyanshobokeye kurira.”

Mu mico kama imwe imwe, abantu baraserura inyiyumvo bafise badahisha. Bāba banezerewe canke bijiriwe, abandi baramenya ukuntu biyumva. Mu yindi na yo, mu mihingo imwe imwe y’isi, bikaba biboneka rwose mu Burārūko bw’Ubulaya no mu Bwongereza, abantu, cane cane abagabo, barabaremarema bagahisha inyiyumvo bafise, bakazimanganya akanyengetera ko mu mutima, bakumaguza kandi bakareka gutwarira umutima mu kiganza. Ariko iyo ushikiwe n’ukubura uwo wakunda, vyoba bisa n’uko ari bibi guserura intuntu wiyumvamwo? Bibiliya ibivugako iki?

Abārize Muri Bibiliya

Bibiliya yanditswe n’Abaheburayo bo mu ntara yo mu Buseruko bwa Mediterane, bakaba bari abantu badahisha akabarimwo. Irimwo uturorero twinshi tw’abantu berekanye intuntu ibarimwo badahisha. Umwami Dawidi yarariraguritse kubera ukubura umwana wiwe Amunoni yari yāgandaguwe. Mu vy’ukuri, ‘yararize araboroga.’ (2 Samweli 13:28-39) Yaratuntuye n’igihe yabura umuhungu wiwe w’umuguranyi Abusalomu, uwari yagerageje gusūmira ubwami. Inkuru ya Bibiliya itubwira iti: “Umwami [Dawidi] avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, ararira; arikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!” (2 Samweli 18:33) Dawidi yarariraguritse nk’uko sebibondo asanzwe yobigenza. Kandi ni kangahe abavyeyi bipfuje ko bari gupfuma bapfa mu gishingo c’abana babo! Bisa n’uko atari ibihuye n’ubwumbire kubona umwana atanga umuvyeyi gupfa.

Yezu yagize imvūmūko nyabaki aho umukunzi wiwe Lazaro yapfa? Yararize ageze hafi y’uruhafu. (Yohana 11:30-38) Mu nyuma, Mariya Magadalene yararize aho yegerereye imva ya Yezu. (Yohana 20:11-16) Ego ni ko umukirisu atahura ca cizigiro c’izuka gitangwa na Bibiliya ntatuntura ubudahozwa, nk’uko bigirwa na bamwe bamwe batagira ishingiro rirongorotse rihagaze kuri Bibiliya ry’ivyemero vyabo ku birāba ubumeremere bw’abapfuye. Ariko umukirisu w’ukuri, kubera ko aba ari umuntu afise inyiyumvo zigirwa n’uwo ari we wese, naho nyene aba afise icizigiro c’izuka, aratuntura kandi akariragurika kubera ukubura uwo yakunda.—1 Ab’i Tesalonike 4:13, 14.

Kurira Canke Kutarira

Ubu duhora tugira imvūmūko nyabaki? Woba uhora usanga kwerekana inyiyumvo zawe bigoye canke bikubangamiye? Ni igiki abatangampanūro bavuga ko ari co cogirwa? Uburyo bwabo bw’ukubona ibintu bwa kino gihe kenshi bwibukiriza gusa urwevu rwo muri Bibiliya rwahumetswe kera. Bavuga yuko dukwiye guserura intuntu dufise, ntituyicinyangize. Ivyo biratwibutsa abagabo b’abizerwa bo mu gihe ca kera, nka Yobu, Dawidi, na Yeremiya, abo ivyo bāgira mu guserura intuntu tubisanga muri Bibiliya. Nta gukēka ntibapfunyangije inyiyumvo bafise. Ni co gituma utoba ugize ibiranga urwevu wigunze ukikura mu bandi. (Imigani 18:1) Birumvikana, ukuriragurika guserurwa mu buryo butandukanye mu mico kama itandukanye, bikava kandi ku vyemero vy’idini bihiganziye.a

Wogira iki wumvise ugomba kurira? Kurira birimwo mu bigize ubwumbire bw’umuntu. Subira wibuke ca gihe c’urupfu rwa Lazaro, igihe Yezu ‘yagira ikigumbagumba mu mutima, akarira.’ (Yohana 11:33, 35) Gutyo yarerekanye yuko kurira ari imvūmūko isanzwe umuntu agira iyo uwo yakunda apfuye.

Ivyo birashigikirwa n’ivyashikiye nyina w’ibibondo umwe, Anne, uwari yabuze ikibondo ciwe Rachel cishwe n’INYIBU (SIDS) (Indwara Yica Impinja Bukumbi). Umunega wiwe yarasasanuye ati: “Ikintu gitangaje cari uko yāba Anne yāba jewe ata waboroze ku maziko. Abandi bose bāriko barira.” Kuri ivyo, Anne yishuye ati: “Egome, ariko ngize imisi mboroga kubwa twempi uko turi babiri. Mbona ko nakubiswe rwose haheze imishamvu mikeyi inyuma y’ako gacavutu, aho nasanga ndi jenyene mu nzu umusi umwe. Bwarinze bwira nkiboroga. Ariko ndemera ko vyamfashije. Kubera ico nūmvise merewe neza. Vyari ngombwa ko ndiragurika kubera ukubura ikibondo canje. Mu vy’ukuri ndemera neza ko ukwiye kureka abantu batuntuye bakarira. Naho nyene usanga abandi mu bwumbire bwabo imvūmūko bagira ari ukuvuga ngo ‘Yaco uboroga,’ ivyo nta co bifasha vy’ukuri.”

Imvūmūko Bamwe Bamwe Bagira

Ni imvūmūko nki bamwe bāgize igihe bāterwa intuntu n’ukubura uwo bākunda? Nk’akarorero, niwihweze Juanita. Uwo mukenyezi arazi ingene umuntu amererwa iyo abuze ikibondo. Yari yakoroye imbanyi gatanu kose. Ico gihe yari asubiye gusama iyindi. Nuko aho agiriye isanganya ry’imodoka bigatuma ajanwa mu bitaro, birumvikana ko yagize amaganya. Inyuma y’imishamvu ibiri, atangura gutera nya nda—ntiyaribwagere. Amaherezo haciye akanya gato, havuka agakobwa kitwa Vanessa—gapima amagarama arenga 900 gusa. “Nariginaguye,” ni vyo Juanita yibuka. “Nari ngiye naba nyina w’ibibondo!”

Ariko agahimbare kiwe ntikamaze igihe kinini. Haciye imisi ine, Vanessa yarapfuye. Juanita aribuka ibi: “Niyumvisemwo ko nkokōwe koko. Nari nkuweko ubuvyeyi. Nīyumvisemwo ko ntakwiye. Vyari bibabaje kūza i muhira mu cumba twari twateguriye Vanessa, no kurāba udupira nari namuguriye. Mu mezi abiri yakurikiye, narasubiye kwibuka umusi yavuka. Sinagomba ko tubonana n’umuntu n’umwe.”

Yoba ari imvūmūko yagize irenze urugero? Hari aho abandi vyobagumira gutahura, ariko abo bimaze gushikira, nka Juanita, basigura ko bātunturiye ikibondo cabo nk’uko botunturira umuntu yari abayeho igihe kinaka. Imbere rwose y’uko umwana avuka, nk’uko babivuga, aba akundwa n’abavyeyi biwe. Haba hariho ubucuti budasanzwe afitaniye na nyina wiwe. Iyo nya kibondo gipfuye, nyina waco yiyumvamwo yuko yabuze umuntu nyawe. Kandi ivyo ni vyo ari nkenerwa ko abandi batahura.

Ukuntu Ishavu n’Urwiyagirizo Bishobora Kugira Ico Bikoze Kuri Wewe

Hari uwundi nyina w’ibibondo yaseruye inyiyumvo ziwe igihe yabwirwa ko agahungu kiwe gafise imyaka itandatu y’amavuka kapfuye bukumbi kishwe n’imbangamyi mvukanwa y’umutima. “Naragize imvūmūko z’urukurakuranwe—ubugangare, ukutavyemera, urwiyagirizo hamwe n’ishavu nūmvira umunega wanje hamwe n’umuganga kubera batābonye ukuntu yari amerewe nabi bikomeye.”

Ishavu rirashobora kuba ikindi kimenyetso c’intuntu. Rishobora kuba ishavu umuntu agirira umuganga n’abaforoma, akiyumvīra ko bari kurāba ibindi bagira kugira biteho uwo apfuye. Kibure rishobora kuba ishavu umuntu agirira abagenzi n’incuti, abo bisa n’uko bavuga canke bagira ibitari vyo. Hari abagirira ishavu nya muhisi kubera yanjanjwe ku magara yiwe. Stella aribuka ibi: “Ndibuka ko nagiriye ishavu umunega wanje kubera ko nari nzi yuko vyari gushoboka ko bimera ukundi. Yari yagwaye cane, ariko yari yirengagije imburizi z’abaganga.” Hari n’aho rimwe na rimwe ishavu rigirirwa umuhisi kubera imitwaro urupfu rwiwe ruzanye ku wusigaye.

Bamwe bariyumvamwo urwiyagirizo kubera ishavu—ni ukuvuga, boshobora kwitorako ikosa kubera bumva bashavuye. Abandi baritako umwikomo kubera urupfu rw’uwo bākunda. “Ntiyari gupfa,” ni ko bījijura, “iyo nca nyanyasa nkamujana ku muganga” canke “nkamujana ku wundi muganga” canke “nkamubwira gufata neza amagara yiwe.”

Ku bandi na bo, urwiyagirizo rurarenga aho, na cane cane iyo uwo bākunda yapfuye bukumbi, batari bavyiteze. Batangura kwibuka ibihe bari bashavuriye uwo muhisi canke bari bahāzutse na we. Canke barashobora kwiyumvamwo ko batābereye nya muhisi ivyo bari bakwiye kumubera vyose.

Urunkwekwe rurerure rw’ugutuntura rwa ba nyina w’ibibondo benshi rurashigikiye ivyo abahinga batari bake bavuga, yuko ukubura umwana gusiga igihoro camaho mu buzima bw’abavyeyi, na cane cane nyina w’ibibondo.

Iyo Ubuze Umwubakanyi

Ukubura uwo musangiye umubano w’abubatse ni ubundi bwoko bw’intuntu, cane cane iyo bompi bakenura cane mu buzima bari kumwe. Rishobora kuba ari iherezo ry’uburyo bw’ukubaho bari basangiye, ry’ingendo, akazi, ukwimaza ubute, hamwe n’ukuba magiriranire.

Eunice arasigura ivyashitse igihe umunega wiwe yapfa bukumbi atewe n’indwara y’umutima. “Mu ndwi ya mbere, nari n’ubugangare mu kanyengetera ko mu mutima, nka kumwe noba ntagikoma. Sinashobora n’ugusoserwa canke ngo moterwe. Yamara, imbono ntamafuti indimwo yarabandanije ukwa yonyene. Kubera ko nari kumwe n’uwo munega wanje igihe bariko bagerageza kumubambura bakoresheje ubuhinga bwitwa CPR hamwe n’imiti, siniyumvisemwo ibimenyetso bisanzwe biserurwa vy’ukutavyemera. Yamara rero, naragize inyiyumvo y’uko hari ikimbuzeko, nka kumwe noba ndiko nitegereza imodoka iriko itembagara ku gitandara kandi ata co ndibushobore kugira.”

Yoba yararize? “Nararize nyene, cane cane igihe nasoma amakarata amajana nari naronse y’abampoza. Kuri imwe imwe yose naraboroga. Vyaramfashije kugira mpangane n’igice c’umusi cari gisigaye. Ariko nta cashoboye kugira ico kimara igihe bambazagiza ukuntu merewe. Vyaribonekeza, nari mu maganya.”

Ni igiki cafashije Eunice kugira abeho mu ntuntu yari afise? “Narafashe ingingo ntabizi, bitamvuye mu bwenge, yo gushishikara ubuzima bwanje,” ni vyo avuga. “Ariko rero ikikimbabaza, ni iyo nibutse yuko umunega wanje, uwakunda ubuzima rwose, atakiriho ngo abwinovore.”

“Ntureke ngo Abandi Bagutegeke . . .”

Abanditsi b’igitabu kimwe, Leavetaking—When and How to Say Goodbye, bahanura bati: “Ntureke ngo abandi bagutegeke uko ukwiye kugira canke kwiyumva. Urunkwekwe rw’ugutuntura rukora mu buryo butandukanye kuri umwe wese. Hari abandi bokwiyumvīra—kandi bakakumenyesha uko biyumvīra—ko utuntuye birenze canke ko udatuntuye bihagije. Barekurire hanyuma uvyibagire. Mu kugerageza kwihātira kumera nk’uko abandi bagomba canke nk’uko ikibane tugifatiye hamwe kigomba, uba uriko wibuza gutera usubirana mu kanyengetera ko mu mutima.”

Birumvikana, abantu batandukanye, intuntu bafise bayitsemba mu buryo budasa. Ntituriko tugerageza kuvuga ko uburyo bunaka ari ngombwa ngo bube bwiza kuruta ubundi ku muntu uwo ari we wese. Ariko rero, ingeramizi iravyuka iyo habaye ubukongatare, iyo nya muntu yakubiswe n’intuntu adashobora kwemera ko ivyamushikiye ari vyo vyabaye. Maze yoba akeneye gufashwa n’abagenzi banyembabazi. Bibiliya ivuga iti: “Umukunzi akundana ibihe vyose, kandi yavukiye kukubera nk’uwo muvukana mu magorwa.” Ntutinye rero kurondera gufashwa, kuganīra, hamwe no kurira.—Imigani 17:17.

Ugutuntura ni imvūmūko isanzwe umuntu agira iyo yabuze uwiwe, kandi intuntu ufise iyo abandi bayibonye si bibi. Mugabo hariho ibindi bibazo bikeneye inyishu: ‘Noshobora kubaho gute mfise intuntu? Vyoba ari ibisanzwe kugira inyiyumvo z’urwiyagirizo n’ishavu? Mu mvūmūko nk’izo nokwigumānya gute? Ni igiki gishobora kumfasha kurinda ukubura hamwe n’intuntu?’ Igihimba gikurikira kiraja kwishura ivyo bibazo hamwe n’ibindi.

a Nk’akarorero, igisata c’abitwa Abayoruba bo muri Nijeriya barafise icemero mpererekanwa c’uko ubugingo bwungururiza mu kindi kintu. Nuko, iyo inabibondo abuze umwana, aragira intuntu nyinshi ariko ikamara ikiringo kigufi, kuko nk’uko icitabirizo kimwe co mu kiyoruba kibivuga: “Amazi ni yo asesetse. Umukuza ntumenetse.” Nk’uko Abayoruba babivuga, ivyo bisigura ko nya mukuza ntwaramazi, ari wo inabibondo, ashobora gusama inda y’uwundi mwana—kumbure akaba ari umwe yapfa amwungururijemwo. Ivyabona vya Yehova ntibakurikira uruhererekane-migenzo na rumwe rushingiye ku miziririzo yanduruka ku bishariro vy’ikinyoma vyerekeye ubugingo budapfa hamwe n’ivy’uko bwungururiza mu kindi kintu, bikaba bitagira ishingiro muri Bibiliya.—Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4, 20.

Ibibazo vy’Ukuzirikana

  • Ugutuntura kw’abantu bamwe bamwe kugira ico kugizwe gute n’imico kama yabo?

  • Dufise uturorero utuhe two muri Bibiliya tw’abātuntuye ntibabihisha?

  • Ni imvūmūko nyabaki bamwe bāgize igihe bābura uwo bākunda? Wewe wagize imvūmūko nyabaki igihe vyari vyifashe gutyo?

  • Ni igiki gituma ukubura umwubakanyi kuba ugushikirwa n’ibimeze ukundi?

  • Urunkwekwe rw’ugutuntura rukora gute? Gutuntura vyoba ari bibi?

  • Imice imwe imwe y’urunkwekwe rw’ugutuntura ni iyihe? (Rāba mu ruzitiro ku rupapuro 9.)

  • Ni ibintu bidasanzwe biki bigira ico bigize abavyeyi iyo uruhinja rupfuye bukumbi? (Rāba mu ruzitiro ku rupapuro 12.)

  • Ba nyina w’ibibondo batari bake ugukorora imbanyi canke ukuvyara ntibashikane bigira ico bibagize gute? (Rāba mu ruzitiro ku rupapuro 10.)

Urunkwekwe rw’Ugutuntura

Iryo jambo “urunkwekwe” ntirishaka kuvuga yuko intuntu ifise urutonde runaka ari rwo porogarama. Imvūmūko zigirwa kubera intuntu zirashobora kugerekerana kandi zikamara ibihe bitari bimwe mu burebure, bikava kuri nya muntu. Uru rutondekane ntirunonosoye. Izindi mvūmūko na zo nyene zirashobora kugaragazwa. Ibi bikwirikira ni ibimenyetso vy’intuntu bimwe bimwe bishobora gushikira umuntu.

Imvūmūko za kare: Igomborwa ryo mu ntango; ukutavyemera, ukubihakana; ubugangare mu kanyengetera ko mu mutima; inyiyumvo z’urwiyagirizo; ishavu.

Intuntu ikaze rwose ishobora kubamwo ibi: Uguta ubwenge n’ukubura itiro; ugucika intege zose; ihinduka buravyo ry’ikeyūke; ukubona ibintu n’ukwiyumvīra birimwo amakosa; uguturikisha ukaboroga; amahinduka yo mu vy’akayabagu, bikavamwo uguta uburemere canke ukubwongereza; ibimenyetso bitari bimwe vy’uko amagara atameze neza; ubujonjomerwe; ubushobozi buke bw’ugukora; ibirotoroto—ugukorakora n’ukwumva n’ukubona nya muhisi; iyo umuntu yabuze umwana, uguta ibirake ku wo mwubakanye utiyumviriye.

Ikiringo c’ugutera utekana: Ubwijirwe burimwo inkumbu; ivyibuko biryoshe vyerekeye umuhisi, mbere bivanze n’ibitwenza.

Ugukorora Imbanyi Hamwe n’Ukuvyara Ntushikane—Intuntu ya Inabibondo

Naho Monna yari afise abandi bana, yari yiteganye igishika kuvyara umwana akurikira. N’imbere y’uko uwo avuka, yari umwana “akinisha, aganiriza, kandi akamurota.”

Bwa bwungane bw’urunkwekwe buba hagati ya inabibondo n’umwana ataravuka bwari bukomeye. Arabandanya ati: “Rachel Anne cari ikibondo gitera umugere ibitabu biri ku nda, kigatuma nguma ndi maso mw ijoro. N’ubu ndashobora kwibuka utugere twiwe twa mbere, tumeze nk’utunyiganzo tworoshe turanga urukundo. Buri gihe yanyiganga, naruzurwa n’urukundo mwen’urwo. Nari ndamuzi neza ku buryo namenya igihe yaba afise ububabare, igihe yaba arwaye.”

Monna arabandanya inkuru yiwe ati: “Muganga ntiyēmera ivyo ndamubwira gushika aho amazi arenga inkombe. Yambariye ko nosigaho guhagarika umutima. Ndemera yuko igihe yapfa navyiyumvisemwo. Yapfuye guhindukirana ubukazi gusa. Umusi ukurikira yari yapfuye.”

Ivyashikiye Monna si ivy’umwe gusa. Turavye ivyavuzwe n’abanditsi Friedman na Gradstein, mu gitabu cabo Surviving Pregnancy Loss, abagore bashika hafi umuliyoni buri mwaka muri Reta Zunze Ubumwe honyene baribungenga ntibererwe. Birumvikana, igitigiri kw isi yose ni kinini kuruta aho.

Abantu kenshi barananirwa n’ugutahura yuko ugukorora imbanyi canke ukuvyara ntushikane ari ikintu c’agacavutu ku mukenyezi kandi ko aja aracibuka—kumbure ubuzima bwiwe bwose. Nk’akarorero, Veronica, ubu akaba ageze kure mu myaka, aribuka ugukorora imbanyi kwamushikiye kenshi, na cane cane akibuka ikibondo cavutse capfuye cari kizima mu kwezi kugira icenda hanyuma kikavuka gifise ibiro 6. Amayinga abiri ya nyuma yayamaze akibungenze muri we capfuye. Yavuze ati: “Ukuvyara ikibondo capfuye ni ikintu giteye ubwoba kuri inabibondo.”

Imvūmūko zagizwe n’aba ba inabibondo bābuze ntizama ziratahurwa, mbere n’abandi bakenyezi ntibama barazitahura. Hari umukenyezi yabuze umwana wiwe biciye ku gukorora imbanyi, yanditse uku: “Ivyo negenye mu buryo bubabaza kuruta kwari uko imbere y’uko ivyo binshikira, nta gishariro nari mfise c’ivyo abagenzi banje bārinze. Nari narumaraye kandi nta co nari nzi ku biberekeye nk’uko ubu mbona abantu bameze ku binyerekeye.”

Iyindi mbangamyi ishikira inabibondo atuntuye ni ukubona ko umengo umunega wiwe yoba atiyumvamwo ukubura nk’uko we avyiyumvamwo. Hari umukenyezi umwe yabiseruye uku: “Umunega wanje yaramburiye rwose ico gihe. Kuri we, mu vy’ukuri nta mbanyi yariho. Ntiyashobora kwiyumvamwo intuntu nari mfise. Yarasangira rwose nanje uko merewe ku vyantera ubwoba, ariko si ku ntuntu nari mfise.”

Iyo mvūmūko kumbure ni iyiranga ubwumbire bw’umunega—nta bumatane bw’umubiri n’ubw’akanyengetera ko mu mutima aba yaragize nk’ubw’umukenyezi wiwe yibungenze. Naho ari uko, arumva ko abuze. Kandi ni ivya nkenerwa rwose ko umunega n’umukenyezi batahura yuko bariko bababarira hamwe, naho haba ari mu buryo bwinshi butandukanye. Bakwiye gusangira intuntu. Iyo umunega ayihishije, umukenyezi wiwe yohava yiyumvīra ko we yumaraye. Nimusangire rero amarira, ivyiyumviro vyanyu, kandi mugumbīrane. Nimwerekane ko mukeneraniye kuruta uko mwahora. Egome, banega, nimwerekane ko mwumva ikirorobwe.

Indwara Yica Impinja Bukumbi—Uguhangana n’Intuntu

Ugupfa bukumbi kw’ikibondo ni ikintu c’agacavutu kibabaje bikomeye. Hari umusi vyanka ko ikibondo cikangura kandi casa n’uko ata ngorane, ko gifise amagara meza. Ivyo nta wuba avyiteze namba, kuko, ni nde yoshushanya mu bwenge ko hogira uruhinja rushobora gupfa rugatanga abavyeyi barwo? Ikibondo kiba cacitse intimatima y’urukundo ntakarimbi rw’umuvyeyi, nk’aka kanya ugasanga kibaye ishingiro ry’intuntu ntakarimbi.

Inyiyumvo z’urwiyagirizo zica zitangura kwisukīra. Abavyeyi hari aho bokwiyumva ko ari bo batumye apfa, nk’uko umengo hoba hari ukuntu banjanjwe. Baribaza, bati ‘Mbega twari kugira iki kugira dukinge ntapfe?’b Mu bindi bihe na ho, hari aho umunega yota ishavu ku mukenyezi wiwe, atanabizi kandi ata co yishimikije. Igihe yaja ku kazi nya kibondo cari kizima kandi gifise amagara meza. Aho ashikiye i muhira, cari capfiriye mu kariri kaco! Umukenyezi wiwe yariko akora iki? Ico gihe yari he? Ivyo bibazo bicumita bikwiye kuronkerwa inyishu zirongorotse, kugira ntibihave bishira umukazo ku mubano w’abubatse.

Ibintu bipfa gushika bitabonywe kandi bidashobora kubonwa imbere y’igihe ni vyo biba vyateye ico kintu c’agacamutima. Bibiliya ivuga icese iti: “Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’abahanga kw atari bo batona; [kubera ko] ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” (Nitwe duhiritse izo ndome.)​—⁠Umusiguzi 9:⁠11.

Abandi bashobora gute gufasha iyo hariho urugo rubuze ikibondo? Hariho nyina w’ibibondo umwe yabuze uwiwe yishuye ati: “Hariho umugenzi umwe yaje arakubura inzu yanje kandi ata jambo na rimwe namubwiye. Hari abandi badukinjikiye. Bamwe bafashije gusa mu kungumbīra​—⁠ata jambo, ingumbīro yonyene. Sinashaka kubivuga. Sinashaka kuguma nja ndasigura ivyashitse. Sinari nkeneye ibibazo vy’ukubariritsa, nk’uko umengo hari ico nari nananiwe gukora. Ni je nari nyina w’ikibondo; nari nakoze ico ari co cose kugira ndokore ikibondo canje.”

b Indwara Yica Impinja Bukumbi (SIDS), iyikunda gushika mu bibondo bimaze ukwezi kumwe gushika ku mezi atandatu, ni yo majambo akoreshwa iyo ibibondo bipfuye bukumbi ata mpamvu isigurika ibitumye. Mu bihe bimwe bimwe biremerwa ko ukwo gushobora gupfa kwokingwa mu gihe nya kibondo kiryamitswe kigaramye canke kikaryamira urubavu ariko nticubarare. Ariko rero, nta buryo bw’ukuryama bwokinga inzeduka iyo ari yo yose y’INYIBU (SIDS).

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika