Icofasha abatuntujwe n’ukubura
“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse.”—Zaburi 34:18.
UMAZE kubura uwawe, woshobora kugira inyiyumvo zikomeye zitari nke, harimwo kuvunika umutima, kwumva urengewe, umubabaro, kumbure mbere ukiyagiriza canke ugashavura. Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, abantu bose ntibatuntura kumwe. Ku bw’ivyo, hari aho utogira izo nyiyumvo zose, kandi woshobora kutagaragaza intuntu ufise nk’uko abandi bazigaragaza. Ariko rero, igihe uba ukeneye guserura umubabaro ufise, nta kibi kiri mu kubigira.
“Nuserure intuntu ufise!”
Heloisa, wa muganga twavuze, yaragerageje kwiyumanganya inyuma y’urupfu rwa nyina wiwe. Avuga ati: “Mu ntango nararize, mugabo sinatevye kuza ndirengagiza inyiyumvo zanje, nk’uko nabigira igihe umurwayi wanje yaba acikanye. Amagara yanje yarahaboneye cane, kumbure bivuye kuri ukwo kwirengagiza inyiyumvo. Impanuro noha ababuze uwabo ni iyi: Nuserure intuntu ufise! Nuyiserure gushika wumvise yuko urushirije kumererwa neza. Bizotuma wumva uruhuriwe.”
Ariko rero, uko haca imisi n’amayinga, woshobora kwumva umerewe nk’uko Cecília yumvise amerewe, uno akaba yabuze umugabo wiwe ahitanywe na kanseri. Avuga ati: “Birashika nkumva mvunitse umutima kubera yuko mbona umenga sinashikije ivyo bamwebamwe banyitezeko bano bakaba bibaza ko nari nkwiye kuba maze gutsinda intuntu mfise.”
Nimba warigeze kwiyumvira gutyo, niwibuke yuko ata buryo bwo gutuntura buhari twovuga ko bubereye. Bamwebamwe birabakundira kwirengagiza ico kintu bitabagoye cane, abandi na bo bikabagora. Igihe ibintu vyifashe gutyo, ntushobora guhutagiza ibintu. Ku bw’ivyo, ntiwiyumvemwo yuko ubwirizwa kwubahiriza ico twokwita ikiringo cashinzwe aho wiyumvira ko ukwiye kuba umaze guturura.a
Ariko none vyogenda gute mu gihe ubandanije kugira intuntu ukaba kandi wumva ko wihebuye cane? Ushobora kuba uriko urashikirwa n’ivyashikiye Yakobo, wa mugabo agororotse yabwiwe ko umuhungu wiwe Yozefu yapfuye maze ‘akaguma yanka guhozwa.’ (Itanguriro 37:35) Nimba wavyifashemwo gutyo, ni ibintu ngirakamaro ibihe wokora kugira ngo ntiwicwe n’intuntu?
Niwitwararike amagara yawe. Cecília avuga ati: “Birashika nkumva ndushe cane maze ngatahura yuko narengeje urugero.” Nk’uko ivyo yavuze bivyerekana, gutuntura birashobora kugira ingaruka zikomeye mu mutima no ku mubiri. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza witwararitse bimwe bidasanzwe amagara yawe. Nuruhuke bihagije, kandi ufungure ibifungurwa birimwo ivya ngombwa bikwiye.
Birumvikana ko woshobora kwumva udashaka gufungura, icibagiwe co ni ugusuma no guteka. Ariko rero, kwirengagiza gufungura birashobora gutuma ufatwa n’indwara bitagoranye, kandi ivyo nta kindi bizomara atari ukwongereza umubabaro ufise. Nugerageze n’imiburiburi gufungura dukeduke kugira ngo ugume ufise amagara meza.b
Nimba bishoboka, nugire ibintu bimwebimwe bigufasha kwinonora imitsi, naho kwoba ukugendagenda gusa. Kwinonora imitsi birashobora gutuma utaguma mu nzu. Vyongeye, kwinonora imitsi mu buryo buri ku rugero birashobora gutuma ubwonko burekura ivyitwa endorphines, bino bikaba ari ibintu bishobora gutuma wumva urushirije kumererwa neza.
Niwemere gufashwa n’abandi. Ivyo vyoshobora canecane kuba ibihambaye igihe wabuze uwo mwubakanye. Kumbure hariho ibikorwa bitari bike yahora yitwararika, ubu bikaba bidakorwa. Nk’akarorero, nimba uwo mwahora mwubakanye yaritwararika ibijanye n’amahera canke udukorwa two mu rugo, mu ntango woshobora gusanga bigoye kwitwararika ivyo bintu wenyene. Igihe ibintu vyifashe gutyo, impanuro abagenzi baguhaye babigiranye ubugenge irashobora kugufasha cane.—Imigani 25:11.
Bibiliya ivuga yuko umugenzi nyakuri “yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” (Imigani 17:17) Ntiwikumire rero wiyumvira yuko uzobera abandi umuzigo. Ahubwo riho, kwifatanya n’abandi vyoshobora kukubera nk’ikiraro kigufasha kuva muri ivyo bihe bitoroshe. Aho umwigeme yitwa Sally amariye kubura nyina wiwe, yarabonye yuko kwifatanya n’abandi ari ikintu gifasha cane. Avuga ati: “Benshi mu bagenzi banje barantumira mu bintu bijanye n’ukwisamaza bagira. Ivyo vyaramfashije vy’ukuri kwihanganira irungu rikomeye nari mfise. Narabishima igihe abantu baba bambajije ibibazo bisanzwe, nk’ibi ngo: ‘Uriko wihanganira gute urupfu rwa nyoko wawe?’ Kuyaga ibijanye na mawe vyaramfashije gusubirana.”
Niwiyibutse ivy’uwo muntu. Nugerageze kwibuka ibiringo biteye umunezero wamara uri kumwe n’uwo muntu yapfuye, kumbure ubigire mu kuraba amafoto yiwe. Ego ni ko, kwibuka ivyo biringo vyoshobora kukubabaza mu ntango. Ariko rero, mu nyuma ivyo bintu wibuka vyoshobora kugufasha gusubirana aho kukubabaza.
Woshobora mbere kugerageza kuguma wandika mu gakaye buri musi ukuntu wumva umerewe. Muri ako gakaye woshobora kwandika ibintu wibuka bikuryohera, ugashiramwo mbere n’ibintu ubona ko wari kuba warabwiye uwo muntu igihe yari akiriho. Woshobora kurushiriza gutahura inyiyumvo ufise igihe usomye ivyo bintu wanditse. Kwandika vyoshobora kandi kugufasha guserura inyiyumvo ufise.
Tuvuge iki ku bijanye no kubika ibintu uwo muntu yari atunze? Abantu babibona mu buryo butandukanye, kandi ivyo ntibitangaje kubera ko badatuntura kumwe. Bamwe babona ko kugumana ivyo bintu bituma baguma batuntuye. Abandi babona yuko bibafasha. Sally umwe twamaze kuvuga agira ati: “Narabitse ibintu vyinshi vyahora ari ivya mawe. Biramfasha kwihangana!”c
Niwiheke ku “Mana y’uruhoza rwose.” Bibiliya ivuga iti: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zaburi 55:22) Gutura isengesho Imana si ikintu kigufasha gusa kwumva urushirije kumererwa neza. Ni ikiyago nyakuri kandi gihambaye tugiranira n’“Imana y’uruhoza rwose, iyiduhoza mu makuba yacu yose”—2 Abakorinto 1:3, 4.
Ijambo ry’Imana Bibiliya riratanga uruhoza ruhambaye kuruta urundi rwose. Intumwa Paulo akaba n’umukirisu yavuze ati: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Kuzirikana icizigiro c’izuka gishingiye kuri Bibiliya birashobora kuba uruhoza ruhambaye kuruta urundi rwose igihe umuntu atuntujwe no kubura uwiwe.d Lauren, umwigeme yabuze musazawe w’umuyabaga ahitanywe n’isanganya, yasanze ivyo ari ko biri. Avuga ati: “Naho naba numva ko mbabaye gute, naratora Bibiliya nkayisoma, n’igihe nyene waba ari umurongo umwe gusa. Nahitamwo imirongo canecane iremesha, maze nkayisoma incuro nyinshi. Nk’akarorero, narahojejwe n’amajambo Yezu yabwiye Marita inyuma y’urupfu rwa Lazaro. Yamubwiye ati: ‘Musazawe arazuka.’ ”—Yohani 11:23.
“Si ngombwa ngo rubabuze kugira ico mwimariye”
Naho vyoba bigoye gute, gutsinda intuntu bizogufasha kubandanya ubuzima bwawe. Ntiwiyagirize, nk’aho umenga ubandanije ubuzima woba uriko urahemukira uwo muntu wabuze canke uriko uramwibagira. Ico womenya coco ni uko utazokwigera umwibagira. Mu bihe bimwebimwe woshobora kwibuka ibintu vyinshi cane bimwerekeye, mugabo intuntu ivyo bigutera izoza iragabanuka buhorobuhoro.
Woshobora kandi kwibuka uhimbawe ibintu biteye umunezero kandi bibabaje. Nk’akarorero, Ashley umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, avuga ati: “Ndibuka buca mawe asandaba. Yasa n’uwukomeye, kandi yari yavuye mu gitanda ari bwo bwa mbere mu misi myinshi yari ihaciye. Igihe mwene wacu yariko aramusokoza, hari ikintu cadutwengeje uko twari batatu, kandi narabonye ukuntu mawe amwenyura hakaba hari haciye igihe kirekire ntabimubonako. Yari anezerejwe cane no kuba ari kumwe n’abakobwa biwe.”
Uzoshobora kandi kwibuka ibintu bihambaye wize igihe wari kumwe n’uwawe atarapfa. Nk’akarorero, Sally avuga ati: “Mawe yari umwigisha mwiza. Yaratanga impanuro zikomeye mu buryo bworoheje. Yaranyigishije gufata ingingo zibereye, ingingo jewe ubwanje nifatiye, atari izo we canke dawe bamfatiye.”
Kwibuka ibijanye n’uwawe yapfuye kirashobora kuba co kintu nyene ukeneye kigufasha kubandanya ubuzima. Umusore umwe yitwa Alex yasanze ari ukwo biri. Avuga ati: “Dawe amaze gupfa, nariyemeje kubandanya kubaho nk’uko yari yarabinyigishije, sinigere nibagira kunezerererwa ubuzima. Ababuze umuvyeyi, nipfuza kubabwira nti: Ntimuzokwigera mwibagira vy’ukuri urupfu rw’umuvyeyi wanyu, mugabo si ngombwa ngo rubabuze kugira ico mwimariye. Nimutunture uko bikenewe kwose, mugabo ntimwibagire ko mubwirizwa kurushiriza kwungukira ku buzima buri imbere yanyu.”
[Utujambo tw’epfo]
a Ku bijanye n’ico kintu, vyoba vyiza wirinze gufata ingingo gihutihuti, nko kwimukira mu yindi nzu canke gusubira kwubaka urwawe. Amahinduka nk’ayo ukwiye kuyagira igihe gusa umaze ikiringo gihagije ku buryo umenyera ukuntu ivyawe bisigaye vyifashe.
b Naho inzoga zoshobora kugufasha kugabanya umubabaro ufise kubera wabuze uwawe, ivyo bimara akanya nk’ako urume rumara. Impera n’imperuka, inzoga ntizizogufasha kwihanganira intuntu ufise, kandi zirashobora kukugira umuja wazo.
c Kubera ko abantu badatuntura kumwe, incuti n’abagenzi ntibakwiye kugerageza gutuma umuntu atuntuye abona ibijanye n’ico kintu nk’uko na bo babibona.—Abagalatiya 6:2, 5.
d Nimba ushaka kumenya ukuntu abapfuye bamerewe be n’umuhango Imana yatanze werekeye izuka, raba ikigabane ca 6 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Blurb ku rup. 8]
“Naho naba numva ko mbabaye gute, naratora Bibiliya nkayisoma, n’igihe nyene waba ari umurongo umwe gusa”—Vyavuzwe na Lauren
[Uruzitiro ku rup. 7]
INGENE WOTSINDA UKWIYAGIRIZA
Kumbure ubona ko uwawe yapfuye bitumwe n’uko hari ivyo utakoze. Gutahura yuko ukwiyagiriza, kwaba gufise ishingiro canke kutarifise, ari inyiyumvo zisanzwe zishikira umuntu atuntuye, ubwavyo birashobora kuba kugufasha. N’ico gihe nyene, ntukwiye kwigumizamwo izo nyiyumvo. Kuyagira uwundi muntu ibijanye n’ukwiyagiriza kwawe birashobora gutuma wumva uruhuriwe.
Ariko rero uramenya yuko naho twoba dukunda umuntu gute, tudashobora kurinda ubuzima bwiwe, eka kandi ntidushobora kubuza “ibihe be n’ibishika giturumbuka” ngo ntibishikire abacu. (Umusiguzi 9:11) Vyongeye, nta gukeka ko utabitumwe n’umutima mubi. Nk’akarorero, kuba utajanye uwo muntu kwa muganga hakiri kare, woba washaka ko arwara hanyuma agapfa? Oya nawe! Woba vy’ukuri none ari wewe watumye uwo muntu apfa? Ekaye.
Inabibondo umwe yarize kurwanya inyiyumvo zo kwiyagiriza aho umukobwa wiwe amariye gupfa ahitanywe n’isanganya. Asigura ati: “Nariyagirije yuko nari namuretse akagenda. Mugabo nahavuye ntahura yuko kwiyumva gutyo cari ikintu kitumvikana. Nta kibi cari mu kumureka akajana na se wiwe kugura utuntu. Yari yashikiwe gusa n’isanganya rikomeye.”
Woshobora kuvuga uti: ‘Mugabo hariho ibintu vyinshi mba naravuze canke narakoze.’ Ivyo ni ko biri; mugabo ni nde muri twebwe yovuga ko yabaye umuvyeyi canke umwana atagira akanenge? Bibiliya itwibutsa iti: “Twese dutsitara kenshi. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge.” (Yakobo 3:2; Abaroma 5:12) Niwemere rero yuko ufise akanenge. Kuguma uvuga ngo “iyo menya” nta kintu na kimwe bizohindura, ahubwo vyoshobora gutuma intuntu ufise iteba guhera.e
[Akajambo k’epfo]
e Raba agatabu kavuga ngo Iyo Uwo Wakunda Apfuye, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 6]
Rimwe na rimwe, biraba ngombwa ko umuvyeyi ageze mu zabukuru atuntuye ahoza umwana wiwe akuze atuntuye
[Amafoto ku rup. 9]
Kuguma wandika mu gakaye buri musi, kuraba amafoto no kwemera gufashwa ni ibintu vyogufasha kwihangana igihe wabuze uwawe