ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/7 rup. 4-9
  • Ukuntu umuntu yokwihanganira intuntu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu umuntu yokwihanganira intuntu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Intuntu ni iki?
  • Ukuntu wokwihanganira intuntu
  • Niwiyegereze Imana
  • Icizigiro c’izuka
  • Noshobora Kubaho Gute Mfise Intuntu?
    Iyo Uwo Wakunda Apfuye
  • “Murirane n’abarira”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Muri iyi nomero: Ivyofasha abatuntuye
    Be maso!—2018
  • Intangamarara
    Be maso!—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/7 rup. 4-9

Ukuntu umuntu yokwihanganira intuntu

“Abahungu [ba Yakobo] bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.”​—ITANGURIRO 37:35.

SEKURUZA w’imiryango Yakobo yaratuntujwe cane n’ukubura umuhungu wiwe. Yabona ko azorinda apfa agituntuye. Nk’ukwo kwa Yakobo, ushobora kwumva ko umubabaro ufise kubera ukubura uwawe ari mwinshi cane ku buryo utazokwigera uhera. None gutuntura bigeze iyo, vyoba bica vyerekana ko umuntu atizera Imana? Habe namba!

Bibiliya yerekana ko Yakobo yari umuntu afise ukwizera. Nka kumwe kwa sekuru wiwe Aburahamu be na se wiwe Izahaki, Yakobo aravugwa neza kubera ukwizera gukomeye yari afise. (Abaheburayo 11:8, 9, 13) Igihe kimwe mbere yaraniganye n’umumarayika ijoro ryose arondera guhezagirwa n’Imana! (Itanguriro 32:24-30) Biribonekeza rero ko Yakobo yari umuntu akunda ivy’Imana cane. Ni igiki none dushobora kwigira ku ntuntu yagize? Kugira intuntu nyinshi be n’umubabaro ukomeye igihe tubuze uwacu, ntibisobanura ko tutaba twizera Imana bimwe bikomeye. Kugira intuntu iyo umuntu yabuze uwiwe ni ikintu gisanzwe.

Intuntu ni iki?

Turashobora kugira intuntu mu buryo butandukanye, ariko abenshi inyiyumvo bagira gusumba izindi ni iyo kwumva bafise umubabaro mwinshi mu mutima. Rimbura ivyashikiye Leonardo, uwari afise imyaka 14 igihe se wiwe yapfa giturumbuka bivuye ku ngorane zijanye no guhema. Leonardo ntazokwigera yibagira umusi nyinabo yaza kumubikira. Mu ntango, yaranse kwemera ko ari vyo. Naho igihe bari ku maziko yabona ikiziga ca se, ivyo vyose yabona ko umengo si ivy’ukuri. Leonardo yamaze amezi nk’atandatu adashobora no gukorora iryosozi. Akatari gake yaguma yiteze ko se wiwe agaruka imuhira avuye ku kazi. Vyafashe nk’umwaka wose kugira ngo atahure neza ko se wiwe yapfuye. Igihe yabitahura, yumvise afise irungu bimwe bidasanzwe. Ibintu bisanzwe, nko gushika i muhira agasanga nta n’umwe ahari, vyaca bimwibutsa ko se wiwe atakiriho. Mu bihe nk’ivyo, akenshi yaca aturikisha akarira. Ese ukuntu yakumbura se wiwe!

Nk’uko ivyashikiye Leonardo bivyerekana neza, intuntu irashobora kuba iyikomeye cane. Igishimishije ni uko bishoboka yuko umuntu asubirana. Yamara rero, vyoshobora gufata igihe. Nka kurya nyene bisaba igihe kugira ngo igisebe gikomeye co ku mubiri gikire, ni ko bisaba n’igihe kugira ngo uwutuntujwe n’ukubura uwiwe asubirane. Kugira ngo intuntu ihere, vyoshobora gutwara amezi, imyaka mikeya canke mbere igihe kinini kuruta. Ariko rero umubabaro ukomeye umuntu agira mu ntango uza uragabanuka uko haciye igihe maze ubuzima bugasubira kugenda buraba bwiza kandi bukagira intumbero.

Muri ico gihe umuntu aba afise intuntu, bivugwa yuko ari ikiringo gikenewe kugira ngo ashobore gusubirana no kwiga kumenyera ivyo bintu bishasha aba arimwo. Uwacu apfuye, ikibanza yari afise mu mutima wacu kiba gisigaye kigaragara. Tuba dukeneye kumenyera kubaho tutakimubona. Intuntu yoshobora kudufasha guserura inyiyumvo zacu. Ego ni ko, abantu bose ntibatuntura cokimwe. Ikitoharirwa co, ni uko kwiyobagiza intuntu uba ufise bishobora kukugirira nabi mu bwenge, mu nyiyumvo be no ku mubiri. None, ushobora gute guserura intuntu ufise mu buryo butokugirira nabi? Bibiliya irimwo impanuro zimwezimwe ngirakamaro.a

Ukuntu wokwihanganira intuntu

Abantu benshi baba baherutse kubura ababo, basanze kuvuga ibijanye n’ukuntu bamerewe bishobora kubafasha. Raba nk’akarorero amajambo yavuzwe n’umuntu avugwa muri Bibiliya yitwa Yobu, uwabuze abana biwe bose uko ari cumi akongera akihanganira n’ibindi vyago. Yavuze ati: “Umutima wanje urambiwe n’ukubaho; ngira nziburure amajojwa yanje, mvugishwe n’akabonge ko mu mutima wanje.” (Yobu 1:2, 18, 19; 10:1) Urabona ko Yobu yari akeneye ‘kuziburura’ amajojwa yiwe. None ivyo yobigize gute? Yasiguye yuko yobigize mu ‘kuvuga.’

Uwitwa Paulo, uno akaba yarabuze nyina wiwe, avuga ati: “Kimwe mu bintu vyamfashije ni ukuvuga ibijanye na mawe.” Ku bw’ivyo rero, kubwira umugenzi w’umwizigirwa ukuntu wiyumva birashobora gutuma uhumurizwa ku rugero runaka. (Imigani 17:17) Uwitwa Yone amaze kubura nyina wiwe, yaciye asaba abavukanyi biwe bakirisu yuko boza baramugendera kenshi. Yibuka ibi: “Kuvugana n’abandi vyaramfashije kugabanya umubabaro.” Na wewe nyene ugiye uravuga ukuntu wiyumva ukabibwira umuntu agutega yompi abigiranye ikibabarwe, woshobora gusanga birushirije kugabanya umubabaro uba ufise.

Kwandika na vyo nyene birashobora gufasha. Abantu bamwebamwe bigora kuvuga ukuntu biyumva, boshobora gusanga kwandika ari vyo biboroheye kuruta. Inyuma y’urupfu rwa Sauli na Yonatani, wa mugabo w’umwizigirwa Dawidi yaranditse ururirimbo rwo gucura intimba bimwe bikomeye, urwo yaseruyemwo umubabaro yari afise. Urwo ruririmbo rwahavuye rwandikwa mu gitabu co muri Bibiliya ca Samweli wa kabiri.​—2 Samweli 1:17–27.

Kurira na vyo nyene vyoshobora gufasha mu kugabanya umubabaro wo mu mutima. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, . . . [hariho n]’igihe co kurira.” (Umusiguzi 3:1, 4) Vy’ukuri, iyo umuntu abuze uwiwe kiba ari “igihe co kurira.” Kurizwa n’umubabaro si ikintu gikwiye kudutera isoni. Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abagabo n’abagore b’abizigirwa berekanye ata guhisha intuntu bari bafise mu kurira. (Itanguriro 23:2; 2 Samweli 1:11, 12) Yezu Kristu ‘yarakoroye amosozi’ igihe yari yegereje gushika ku mva y’umugenzi wiwe yakunda cane ari we Lazaro, uwari aherutse gupfa.​—Yohani 11:33, 35.

Kugira ivyo ukoze igihe uba ufise intuntu bisaba ukwihangana kubera yuko woshobora kwumva ko inyiyumvo zawe ziguma zihindagurika. Niwibuke yuko udakwiye guterwa isoni n’ukurira. Abantu benshi b’abizigirwa basanze ko kurira igihe batuntuye ari ikintu gisanzwe kandi gikenewe kugira ngo bashobore gusubirana.

Niwiyegereze Imana

Bibiliya itubwira iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Bumwe mu buryo nyamukuru bwo kwiyegereza Imana ni isengesho. Ntufate minenegwe agaciro karyo! Bibiliya itanga uyu muhango uhumuriza ugira uti: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.” (Zaburi 34:18) Idusubiriza kandi umutima mu nda iti: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira.” (Zaburi 55:22) Zirikana iki kintu. Nk’uko twamaze kubibona, abantu benshi basanze kubwira umugenzi w’umwizigirwa ukuntu biyumva, ari ngirakamaro. Wumva none bitorushiriza kuba ngirakamaro duseruriye Imana ukuntu twiyumva, yo isezerana guhoza imitima yacu?​—2 Abanyatesalonika 2:16, 17.

Paulo, umwe twamaze kuvuga, yagize ati: “Igihe naba numva ko ntagishoboye kwihanganira umubabaro mfise kandi nkumva ko ata co nokora kugira ngo uhere, naca mpfukama ngasenga Imana. Narayitakambira ngo imfashe.” Paulo aremera adakeka ko amasengesho yatura yamufashije cane. Na wewe nyene woshobora gusanga “Imana y’uruhoza rwose,” mu kwishura amasengesho utura udahengeshanya, iguhaye umutima rugabo be n’inkomezi zo kwihangana.​—2 Abakorinto 1:3, 4; Abaroma 12:12.

Icizigiro c’izuka

Yezu yavuze ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.” (Yohani 11:25) Bibiliya yigisha yuko abapfuye bazosubira kubaho.b Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ko ashoboye kuzura abapfuye. Igihe kimwe, yarazuye akigeme k’imyaka 12. Abavyeyi bako bavyakiriye gute? Baciye “bagwa mu gahundwe, bikugura cane.” (Mariko 5:42) Mu gihe c’Ubwami bwiwe, Yezu Kristu wa Mwami wo mw’ijuru azozura abantu badaharurwa kugira ngo babeho ngaha kw’isi, ahazoba harangwa amahoro n’ubugororotsi. (Ibikorwa 24:15; 2 Petero 3:13) Niwiyumvire ingene hazoba hari umunezero mwinshi abapfuye nibazuka bagasubira kubonana n’ababo!

Uwitwa Claudete, uno akaba yarabuze umuhungu wiwe yitwa Renato biturutse kw’isanganya ry’indege, yaramaditse ifoto y’uwo muhungu kuri firigo. Arakunda kuyiraba maze agaca yivugana ati: ‘Tuzosubira kubonana mw’izuka.’ Leonardo na we nyene arakunda kwiha ishusho se wiwe yazutse mw’isi nshasha Imana yasezeranye. Mu vy’ukuri, icizigiro c’izuka ni isôko nyakuri rihumuriza abo bantu be n’abandi benshi babuze ababo. Na wewe nyene ryoshobora kuguhumuriza!

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka kumenya ukuntu wofasha abana bawe kwihanganira ukubura uwanyu, raba ikiganiro kivuga ngo “Nufashe umwana wawe kwihanganira intuntu,” ku rupapuro rwa 18 gushika ku rwa 20 muri iki kinyamakuru.

b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’icizigiro c’izuka Bibiliya itanga, raba ikigabane ca 7 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

“Imana y’uruhoza rwose”

“Hahezagirwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.”​—2 Abakorinto 1:3.

Uwo murongo wo muri Bibiliya urerekana ko Imana ishobora gufasha abasavyi bayo b’abizigirwa kwihanganira ingorane iyo ari yo yose canke ikintu kitoroshe ico ari co cose coshobora kubashikira. Uburyo bumwe Yehova yoshobora gukoresha mu kubahoza ni mu kubicisha ku mugenzi canke incuti basangiye ukwizera.

Leonardo, uno akaba yarabuze se wiwe, aribuka ikintu cabaye maze gituma aronka inkomezi be n’uruhoza. Ni ho yari agishika i muhira, maze amaze kwibuka ko ata n’umwe ahari, aca atangura kurira ku buryo vyanka yuko yiyumanganya. Yaciye aja mu kibanza abantu bisamarizamwo kiri hafi y’aho aba maze aca yicara ku ntebe ndende yari ihari, na ho nyene abandanya kurira. Muri ico gihe yariko ararira, yaratakambiye Imana ngo imufashe. Bukwi na bukwi, Leonardo yagiye abona akaduga gatoya gahagarara hafi y’aho ari, maze aca abona ko uwariko aragatwara ari umuvukanyi wiwe mukirisu. Uwo muvukanyi yariko arashira abantu ivyo basumye mugabo asanga yafashe inzira itari yo. Kuba uwo muvukanyi yari kumwe na Leonardo vyonyene, vyari bihagije kugira ngo yumve ko ahojejwe.

Igihe kimwe, hari umupfakare yumva afise irungu kandi yishwe n’intuntu. Yaguma yiyuha iryosozi kubera yuko yari yihebuye mu bintu vyose. Yaratakambiye Imana ngo imufashe. Igihe yari akiriko arasenga, yagiye yumva umuntu amwakura kuri telefone. Umwuzukuru wiwe ni we yari amutelefonye. Yibuka ati: “Akanya gato twamaze tuganira kari gahagije kugira ngo nsubire kuronka inguvu. Emwe nabona yuko ako kamo anteye ari inyishu y’isengesho natuye nsaba imfashanyo!”

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]

Duhoze abandi

“[Imana iduhoza] mu makuba yacu yose, ngo dushobore guhoza abari mu makuba y’ubwoko bwose biciye ku ruhoza twebwe ubwacu turiko turahoreshwa n’Imana.”​—2 Abakorinto 1:4.

Abakirisu b’ukuri benshi bariboneye insobanuro y’ayo majambo. Bamaze guhozwa kugira ngo bihanganire ukubura ababo, basanze na bo nyene bashoboye kuremesha no guhoza abandi.

Rimbura akarorero k’uwitwa Claudete, uwama agendera abandi kugira ngo abamenyeshe ivyo yemera bishingiye kuri Bibiliya. Imbere y’uko abura umuhungu wiwe, yari amaze igihe agendera umukenyezi umwe yari yabuze umuhungu wiwe ahitanywe n’indwara yo mu bwoko bwa kanseri (leucémie). Uwo mukenyezi yarahimbarwa n’ukuba Claudete yaramugendera, mugabo yiyumvira ko Claudete atokwigeze ashobora gutahura neza umubabaro yari afise. Ariko rero, haciye igihe gito Claudete abuze umuhungu wiwe, uwo mukenyezi yaramugendeye maze amubwira yuko yari aje kuraba ko yazigamye ukwizera kwiwe inyuma y’aho umuhungu wiwe apfiriye. Kubera yuko uwo mukenyezi yakozwe ku mutima n’ukwizera gukomeye Claudete yari afise, ubu arigana na we Bibiliya adahorereza kandi ariko ararushiriza kuronkera uruhoza mw’Ijambo ry’Imana.

Leonardo amaze kubura se wiwe, yaciye afata ingingo yo kwiga ururimi rw’ibimenyetso kugira ngo ashobore kumenyesha abantu b’ibipfamatwi ubutumwa buhumuriza bwo muri Bibiliya. Yasanze kuba yaragize utwigoro kugira ngo afashe abo bantu vyaramugiriye akamaro cane. Avuga ati: “Kimwe mu bintu vyamfashije kwihanganira intuntu, ni icipfuzo nari mfise co gufasha abantu b’ibipfamatwi kumenya ibijanye n’Imana. Narakoresheje umwanya munini be n’inguvu nyinshi kugira ndabafashe. Umubabaro nari mfise warahindutse umunezero igihe nabona ari bwo bwa mbere umwe mu bo nigisha Bibiliya abatizwa! Mu vy’ukuri, bwari bwo bwa mbere ngira umunezero mwinshi cane kuva dawe apfuye.”​—Ibikorwa 20:35.

[Ifoto ku rup. 5]

Kubwira abandi ukuntu wiyumva birashobora kuguhumuriza ku rugero runaka

[Ifoto ku rup. 6]

Kwandika birashobora kugufasha guserura intuntu ufise

[Ifoto ku rup. 6]

Gusoma ibijanye n’icizigiro c’izuka birashobora kuba isôko nyakuri ry’uguhumurizwa

[Ifoto ku rup. 8]

Yezu yasezeranye ko abamwizera bazozuka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika