ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kl ikig. 13 rup. 118-129
  • Igituma Kubaho nk’Uko Imana Ishaka Bizana Ubuhirwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma Kubaho nk’Uko Imana Ishaka Bizana Ubuhirwe
  • Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UKUBA INZIRABUGUNGE BIRAZANA UBUHIRWE
  • UMUTIMA WO GUTANGA URAZANA UBUHIRWE
  • IBINDI BINTU BITUMA UBUHIRWE BWIYONGERA
  • UBUHIRWE MU MUBANO W’ABUBATSE
  • ‘SI AB’ISI’
  • DUSUZUME IMISI MIKURU IGIRWA MU MWAKA
  • AKAZI N’IVY’UKWISAMAZA
  • GUSONERA UBUZIMA N’AMARASO
  • Nimutegekanirize Abo mu Rugo Rwanyu Kazoza k’Ibihe Bidahera
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Ukwihangana Kwawe Nukwongereko Ukuyobokera Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Kurikirana Amahoro y’Imana mu Buzima bwo mu Rugo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ingene tworonka agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
kl ikig. 13 rup. 118-129

Ikigabane ca 13

Igituma Kubaho nk’Uko Imana Ishaka Bizana Ubuhirwe

1. Ni kuki dushobora kuvuga yuko inzira ya Yehova izana ubuhirwe?

YEHOVA ni “Imana ihimbawe,” kandi ishaka ko nawe winovora ubuzima. (1 Timoteyo 1:11, NW) Ugendeye mu nzira yiwe, urashobora kuharonkera ivyiza kandi ugatekanirwa bimwe bigera kure kandi biramba, nka kurya kw’uruzi ruguma rutemba. Kugendera mu nzira y’Imana biratuma kandi umuntu abandanya kurangura ibikorwa biranga ubugororotsi, “nk’imipfunda y’ikiyaga.” Ivyo birazana ubuhirwe nyakuri.—Yesaya 48:17, 18.

2. Abakirisu bashobora gute guhimbarwa naho rimwe na rimwe bagirirwa nabi?

2 Hari aboharira bavuga bati: ‘Abantu rimwe na rimwe baracumukura bazira ugukora ibigororotse.’ Ni vyo, kandi ivyo ni vyo vyabaye ku ntumwa za Yezu. Ariko rero naho bahamwa, baranezererwa kandi bagashishikara “kuvuga ubutumwa bgiza bga Yezu, kw ari we Kristo.” (Ivyakozwe 5:40-42) Turashobora gukura ivyigwa bihambaye kuri ivyo. Kimwe ni uko kubaho nk’uko Imana ishaka bidaca bituma tuzokwama dufatwa neza. Paulo yanditse ati: “Mber’abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.” (2 Timoteyo 3:12) Icobitumye ni uko Shetani be n’isi yiwe barwanya ababaho mu buryo Imana ishaka. (Yohana 15:18, 19; 1 Petero 5:8) Mugabo ubuhirwe nyakuri ntibuva ku bintu biboneka. Ahubwo buva ku kujijuka yuko turiko turakora ibigororotse maze ivyo bigatuma dushimwa n’Imana.—Matayo 5:10-12; Yakobo 1:2, 3; 1 Petero 4:13, 14.

3. Gusenga Yehova bikwiye guhindura iki ku buzima bw’umuntu?

3 Hariho abantu biyumvira yuko bashobora gushimwa n’Imana biciye ku bikorwa bakora rimwerimwe vyerekana ko bayobokera Imana mugabo mu bindi bihe bagashobora kuyibagira. Ugusenga Yehova Imana kw’ukuri si mwene ukwo. Kuragira ico guhinduye ku migenzo y’umuntu igihe cose aba akanura, umusi ku wundi, umwaka ku wundi. Ni co gituma kandi kwitwa “Inzira.” (Ivyakozwe 19:9; Yesaya 30:21) Ni inzira y’ukubaho ishimwa n’Imana idusaba kugira imvugo n’ingiro bijanye n’Ijambo ry’Imana.

4. Ni kuki ari ivy’ingirakamaro kugira ivyo duhinduye kugira ngo tubeho dukurikiza inzira z’Imana?

4 Igihe abatohoji bashasha ba Bibiliya babonye ko bakeneye kugira ivyo bahinduye mu buzima bwabo kugira ngo bahimbare Yehova, boshobora kwibaza bati: ‘Ubwo vy’ukuri kubaho nk’uko Imana ishaka biri n’ico bimaze?’ Shira amazinda birakimaze. Kuki? Kubera ko “Imana ar[i] urukundo,” inzira zayo na zo zikaba ari izituzanira ivyiza. (1 Yohana 4:8) Imana kandi ni inyabukerebutsi kandi irazi icotubera ciza kuruta vyose. Kubera ko Yehova Imana ari mushoboravyose, arashoboye kudukomeza kugira ngo dushitse icipfuzo cacu co kumuhimbara mu kuvavanura n’ingeso mbi. (Ab’i Filipi 4:13) Reka turimbure ingingo zimwezimwe zigenga ukubaho nk’uko Imana ishaka hanyuma turabe ingene ukuzikurikiza bizana ubuhirwe.

UKUBA INZIRABUGUNGE BIRAZANA UBUHIRWE

5. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukubesha n’ukwiba?

5 Yehova ni “we Mana y’ukuri.” (Zaburi 31:5) Nta gukeka uripfuza gukurikira akarorero kiwe kandi ukamenyekana nk’umuntu w’imvugakuri. Kuba inzirabugunge biratuma umuntu aba uwisoneye kandi akumva ko amerewe neza. Ariko rero, kubera ko ubugunge bwiraye muri iyi si y’inyavyaha, Abakirisu barakeneye kwibutswa iki kintu: “Umuntu wese avugane ivy’ukuri na mugenzi we, . . . Uwiba ntakongere kwiba, arikw apfume acumukura, . . . kugira ngw aronke ivyo gufasha ūkennye.” (Abanyefeso 4:25, 28) Abakirisu b’abakoreshwa bakora neza imisi yose ku kazi. Umukoresha wabo atabahaye uruhusha, nta bintu vyiwe batwara. Haba ku kazi, kw’ishure, canke i muhira, umuntu asenga Yehova ategerezwa kuba ‘inzirabugunge muri vyose.’ (Abaheburayo 13:18) Umuntu amogorera kubesha canke kwiba ntashobora gutona ku Mana.—Gusubira mu Vyagezwe 5:19; Ivyahishuriwe 21:8.

6. Ukuba inzirabugunge kw’umuntu yubaha Imana gushobora gute kuninahaza Yehova?

6 Kuba inzirabugunge birazana imihezagiro myinshi. Selina ni umupfakazi akenye w’Umunyafirika akunda Yehova Imana be n’ingingo ziwe zigororotse. Umusi umwe, yatoye isakoshi irimwo agatabu k’amasheki hamwe n’amahera menshi cane. Akoresheje igitabu c’inomero za telefone, yarashoboye gutora nyenevyo, uno akaba yari umucuruza w’imangazini yari yambuwe. Uwo mugabo yaraguye mu gahundwe igihe Selina amugendeye naho yari arwaye cane, hanyuma akamusubiza ivyari muri iyo sakoshi vyose. Yavuze ati: “Ntiwoba inzirabugunge gutyo ngo ubure impera,” aca amuha amahera makeyi. Igihambaye kuruta, uwo mugabo yaravuze neza idini ya Selina. Ni vyo, ibikorwa biranga ukwanka ubugunge birashariza inyigisho ya Bibiliya, bikaninahaza Yehova Imana, kandi bikazanira ubuhirwe abamusenga b’inzirabugunge.—Tito 2:10; 1 Petero 2:12.

UMUTIMA WO GUTANGA URAZANA UBUHIRWE

7. Ni ikibi ikihe kiri mu vy’ugukina akamari?

7 Umutima wo gutanga urazana ubuhirwe, mugabo abantu b’abanyamwina “ntibazoragwa ubgami bg’Imana.” (1 Ab’i Korinto 6:10) Ubwoko bw’umwina bugwiriye ni ugukina akamari, kukaba ari ukugerageza kwunguka biciye mu guhomba kw’abandi. Yehova ntashima abantu “bipfuza inyungu mbi.” (1 Timoteyo 3:8) N’ahantu nyene usanga ugukina akamari vyemewe n’amategeko, ugasanga umuntu akina akamari nk’uburyo bwo kwisamaza, koshobora kumwizizira kandi agatsimbataza umugenzo wononye ubuzima bwa benshi. Gukina akamari kenshi birateza amagume umuryango w’umukinyi wako, agashobora gusanga asigaranye uduhera tw’inticantikize two kugura ibintu vya nkenerwa nk’udufungurwa n’utwambarwa.—1 Timoteyo 6:10.

8. Yezu yatanze akarorero gute mu vy’ugutanga, kandi dushobora gute kugira umutima wo gutanga?

8 Bivuye ku mutima wabo wo gutanga uranga urukundo, Abakirisu bararonkera umunezero mu gusahiriza abandi, canecane abo basangiye ukwizera bakenye. (Yakobo 2:15, 16) Imbere y’uko Yezu aza kw’isi, yariboneye umutima Imana yagaragarije abantu w’ugutanga ititangiriye itama. (Ivyakozwe 14:16, 17) Yezu ubwiwe yaratanze umwanya wiwe, ubuhanga bwiwe, eka mbere aratanga n’ubuzima bwiwe ku neza y’umuryango w’abantu. Ni co gituma we yari ashoboye kuvuga ati: “Gutanga kuzana [“ubuhirwe,” NW], kuruta guhabga.” (Ivyakozwe 20:35) Yezu kandi yaravuze neza wa mupfakazi w’umukene yatanga atitangiriye itama mu gushira uduceri tubiri mw’isandugu ry’ikigega c’urusengero, kuko yatanze “ibimutunze vyose.” (Mariko 12:41-44) Abisirayeli ba kera be n’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baratanga akarorero keza k’ugutangana umunezero, mu gushigikira mu vy’umubiri ishengero hamwe n’igikorwa c’Ubwami. (1 Ngoma 29:9; 2 Ab’i Korinto 9:11-14) Turetse ugutanga intererano z’ibintu vy’umubiri ku bw’ugushigikira iyo migambi, Abakirisu bo muri iki gihe barashemeza Imana kandi bagakoresha ubuzima bwabo mu gikorwa cayo banezerewe. (Abaroma 12:1; Abaheburayo 13:15) Yehova arabahezagira kubera ko bakoresha umwanya wabo, inkomezi zabo, hamwe n’ibindi batunze dushizemwo n’amahera yabo, kugira ngo bashigikire ugusenga kw’ukuri bongere bateze imbere igikorwa kirangurirwa kw’isi yose co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.—Imigani 3:9, 10.

IBINDI BINTU BITUMA UBUHIRWE BWIYONGERA

9. Ni ikibi ikihe kiri mu vy’ukunywa inzoga umuntu akarenza urugero?

9 Kugira ngo Abakirisu bagire ubuhirwe, bategerezwa kandi “kurinda ububasha bwabo bwo kwiyumvira.” (Imigani 5:1, 2, NW) Ivyo bisaba ko basoma kandi bakazirikana Ijambo ry’Imana hamwe n’ibitabu vyiza vyigisha Bibiliya. Ariko hariho ibintu bokwirinda. Nk’akarorero, umuntu anyoye inzoga akarenza urugero birashobora gutuma ataganza ivyiyumviro vyiwe. Abantu benshi iyo bameze gutyo, baca baja mu vy’ubushegabo, canke bagakora ivy’ubukazi, eka bagateza impanuka zisesa amaraso. Ntibitangaje rero kuba Bibiliya ivuga yuko imborerwa zitazoragwa Ubwami bw’Imana! (1 Ab’i Korinto 6:10) Kubera ko Abakirisu nyakuri biyemeza kuguma ‘bakomeye neza mu muzirikanyi’ (NW), baririnda akaborerwe kandi ivyo bigafasha gukomeza ubuhirwe hagati yabo.—Tito 2:2-6.

10. (a) Ni kuki Abakirisu batanywa itabi? (b) Ni ivyiza ibihe biva ku guheba akamenyero kizizira umuntu?

10 Umubiri usukuye urafasha umuntu kugira ubuhirwe. Yamara, abantu benshi barizizirwa n’ibintu bibagirira nabi. Nk’akarorero, rimbura ivy’ukunywa itabi. Ishirahamwe Mpuzamakungu Rijejwe Amagara y’Abantu kw’Isi (OMS) rivuga yuko ukunywa itabi “vyica abantu imiliyoni zitatu uko umwaka utashe.” Guhagarika akamenyero k’ukunywa itabi birashobora kugora kubera ingorane umuntu agira akiriheba. Ku rundi ruhande, abenshi mu bari bahoze banywa itabi basanga bafise amagara meza kuruta, kandi bakagira amahera menshi kuruta yo kuronsa ingo zabo ivyo zikeneye. Egome, gutsinda akamenyero k’ukunywa itabi canke k’ukwizizirwa n’ibindi bintu vyonona bizofasha umuntu kugira umubiri usukuye, ijwi ryo mu mutima ryiza, be n’ubuhirwe nyakuri.—2 Ab’i Korinto 7:1.

UBUHIRWE MU MUBANO W’ABUBATSE

11. Hasabwa iki kugira ngo abantu bagire umubano w’abubatse wubahitse, wemewe n’amategeko kandi urama?

11 Ababana bwa mugabo n’umugore bakwiye kuba baranditswe n’abategetsi b’igihugu mu buryo bubereye. (Mariko 12:17) Bakeneye kandi kubona umubano w’abubatse nk’ibanga rikomeye. Ego ni ko ukuvana kwoshobora gukenerwa igihe umwe yanka gufata uwundi mu mugongo n’ibigirankana, igihe amukorera amabi arenze urugero, canke akaba amugeramiye mu vy’impwemu bimwe vyibonekeje. (1 Timoteyo 5:8; Ab’i Galatiya 5:19-21) Mugabo amajambo y’intumwa Paulo ari muri 1 Ab’i Korinto 7:10-17 aremesha abubakanye kugumana. Birumvikana yuko kugira ngo bagire ubuhirwe nyakuri bategerezwa kudahemukiranira. Paulo yanditse ati: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa.” (Abaheburayo 13:4) Imvugo ‘uburiri bw’ababiranye’ ishaka kuvuga ukumarana inambu y’umubiri kw’umugabo n’umugore bubakanye mu buryo bwemewe n’amategeko. Nta kundi kumarana inambu y’umubiri, nk’ukurongora abagore barenze umwe, kwovugwa ko ‘kwubahwa na bose.’ Vyongeye, Bibiliya iriyamiriza ukumarana inambu y’umubiri kw’abantu imbere yuko bubakana, ikiyamiriza n’ukuyimarana kw’abasangiye igitsina.—Abaroma 1:26, 27; 1 Ab’i Korinto 6:18.

12. Zimwezimwe mu nkurikizi mbi z’ubusambanyi ni izihe?

12 Ubusambanyi bushobora kuzana umunezero w’umubiri w’akanya gato, ariko ntibuzana ubuhirwe nyakuri. Burasesema Imana, kandi burashobora gutyoza ijwi ry’umutima ry’umuntu. (1 Ab’i Tesalonike 4:3-5) Kumarana inambu y’umubiri bidaciye mu mategeko birashobora gukwega ingaruka mbi nka SIDA be n’izindi ndwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Raporo imwe y’ivy’ubuvuzi ivuga iti: “Vyagereranijwe yuko ku mwaka abantu barenga imiliyoni 250 kw’isi yose bandukirwa n’indwara ya mburugu, abashika imiliyoni 50 na bo bakandukirwa na sifirisi.” Hariho kandi ingorane y’inda z’ishushu. Ishirahamwe Mpuzamakungu Riraba ivy’Ukuvyara ku Rugero rivuga yuko hirya no hino kw’isi, abigeme barenga imiliyoni 15 bari hagati y’imyaka 15 na 19 y’amavuka batwara inda uko umwaka utashe, hanyuma ica gatatu cabo bakazikorora. Itohozwa rimwe ryerekanye yuko mu gihugu kimwe ca Afirika, ingorane ziva ku gukorora inda zitera urupfu rw’abigeme b’imiyabaga bagera ku bice 72 kw’ijana. Hari abasambanyi bamwebamwe boshobora kutandura indwara canke ngo batware inda, ariko umubabaro wo mu mutima wo ntubura. Abenshi usanga batakaza icubahiro cabo canke bakiyanka.

13. Ni izindi ngorane izihe ziterwa n’ukurenga ibigo, kandi ni igiki kirindiriye ababandanya gusambana no kurenga ibigo?

13 Naho umuntu ashobora guharirwa ukurenga ibigo, iyo ni impamvu ishingiye ku Vyanditswe yotuma uwutahemutse yahukana. (Matayo 5:32; gereranya na Hoseya 3:1-5.) Igihe ubushegabo mwene ubwo butumye umubano w’ababiranye usambuka, ivyo birashobora gusigira intuntu uwutahemutse hamwe n’abana. Ku bw’ineza y’umuryango w’abantu, Ijambo ry’Imana ryerekana yuko izocira rubi abasambanyi be n’abarenga ibigo batigaya. Vyongeye, rirerekana neza yuko abamogoreye ubushegabo “batazoragwa ubgami bg’Imana.”—Ab’i Galatiya 5:19, 21.

‘SI AB’ISI’

14. (a) Ni uburyo bumwebumwe ubuhe bwo gusenga ibigirwamana umuntu yubaha Imana yirinda? (b) Ni ubuyobozi ubuhe duhabwa muri Yohana 17:14 no muri Yesaya 2:4?

14 Abipfuza guhimbara Yehova no kuronka imihezagiro y’Ubwami baririnda ugusenga ibigirwamana kw’uburyo ubwo ari bwo bwose. Bibiliya yerekana yuko ari bibi guhingura ibishushanyo tukabisenga, harimwo n’ivya Kirisitu, canke ivya Mariya nyina wa Yezu. (Kuvayo 20:4, 5; 1 Yohana 5:21) Abakirisu b’ukuri rero ntibasenga amasanamu, imisaraba n’ibishushanyo. Baririnda kandi uburyo burushirije kutibonekeza bwo gusenga ibigirwamana, nk’ugusenga amabendera hamwe n’ukuririmba indirimbo zihayagiza ibihugu. Iyo bahaswe ngo bagire mwene ivyo bintu, baribuka aya majambo Yezu yabwiye Shetani ati: “Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo usaba yonyene.” (Matayo 4:8-10) Yezu yavuze yuko abayoboke biwe ‘atari ab’isi.’ (Yohana 17:14) Ivyo bisigura yuko batagira aho bahengamira mu vya politike, kandi bakabaho mu mahoro bahuza n’ibiri muri Yesaya 2:4 havuga hati: “[Yehova Imana] azocira imanza amahanga, atātūre amoko menshi; inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.”

15. Babiloni Hahambaye ni iki, kandi abatohoji ba Bibiliya bashasha benshi bagira iki kugira ngo baveyo?

15 ‘Kutaba uw’isi’ bisigura kandi kuvavanura na “Babuloni Hahambaye,” ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Ugusenga guhumanye kwakwiragiye kuvuye i Babiloni ha kera gushika aho kugira ububasha bwo mu vy’impwemu bugirira nabi abantu bo kw’isi yose. Muri “Babuloni Hahambaye” harimwo amadini yose afise inyigisho n’imigenzo bidahuye n’ubumenyi bwerekeye Imana. (Ivyahishuriwe 17:1, 5, 15) Nta musavyi n’umwe wa Yehova w’intahemuka yoja mu vy’ugusukiranya ukwizera mu gusenga mu madini atandukanye, canke mu kwifatanya mu vy’impwemu n’igihimba ico ari co cose ca Babiloni Hahambaye. (Guharūra 25:1-9; 2 Ab’i Korinto 6:14) Kubera ico, abatohoji ba Bibiliya bashasha benshi bararungikira amadini bakukira ikete ry’ukwidohora muri yo. Ivyo vyararushirije kubegereza Imana y’ukuri, nk’uko vyasezeranywe ngo: “[Ni]muve hagati ya ba bandi, mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobākira.” (2 Ab’i Korinto 6:17; Ivyahishuriwe 18:4, 5) None mwene ukwo kwemerwa na Dawe wa twese wo mw’ijuru si kwo wipfuza rwose?

DUSUZUME IMISI MIKURU IGIRWA MU MWAKA

16. Ni kuki Abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli?

16 Kubaho nk’uko Imana ishaka biradukiza kwa guhimbaza imisi mikuru yo mw’isi usanga kenshi ari umuzigo. Nk’akarorero, Bibiliya ntihishura umusi nyawo Yezu yavukiyeko. Bamwe botangara bavuga bati: ‘Jewe nagira ngo Yezu yavutse ku wa 25 Kigarama!’ Ivyo ntibishoboka kubera ko yapfuye mu rushana rwo mu 33 G.C. amaze imyaka 33 n’igice y’amavuka. Vyongeye, igihe yavuka, “abungere bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo.” (Luka 2:8) Mu gihugu ca Isirayeli, mu mpera z’ukwa Kigarama kiba ari igihe gikanye cane kandi c’imvura, igihe mw’ijoro intama zogumizwa aho zubakiwe kugira ngo zikingirwe ubukonje. Mu vy’ukuri, igenekerezo rya 25 Kigarama ni umusi Abaroma bari bahebeye ivuka ry’ikimana cabo zuba. Haciye ibinjana Yezu abaye kw’isi, Abakirisu b’abahakanyi barafashe iryo genekerezo barihimbarizako ivuka rya Kirisitu. Ni co gituma Abakirisu b’ukuri badahimbaza Noweli canke uwundi musi mukuru n’umwe ushingiye ku vyizerwa vyo mw’idini vy’ikinyoma. Kubera ko Yehova ari we basenga wenyene, ntibahimbaza kandi imisi mikuru ininahaza nk’imana abantu b’abanyavyaha canke amahanga.

17. Ni kuki abantu bubaha Imana batagira imisi mikuru y’ivuka, kandi ni kuki abana b’Abakirisu bitababuza guhimbarwa?

17 Bibiliya ivuga mu buryo butomoye ihimbazwa ry’imisi mikuru y’ivuka ibiri gusa, iyo yompi ikaba yari iy’abantu batasaba Imana. (Itanguriro 40:20-22; Matayo 14:6-11) Kubera ko Ivyanditswe bidahishura igenekerezo wa muntu Yezu Kirisitu atagira agasembwa yavukiyeko, ni kuki twokwitwararika bimwe bidasanzwe imisi y’ivuka y’abantu b’abanyagasembwa? (Umusiguzi 7:1) Mugabo rero, abavyeyi bubaha Imana ntibarindira umusi udasanzwe ngo abe ari ho bagaragariza abana babo urukundo babafitiye. Hari akigeme k’Agakirisu k’imyaka 13 y’amavuka kavuze gati: “Twe n’ab’i muhira turinezereza rwose. . . . Ndashikirana rwose n’abavyeyi banje, igihe na ho abandi bana bambajije igituma ntahimbaza imisi mikuru, ndababwira yuko ngira umusi mukuru uko bukeye uko bwije.” Umukirisu akiri muto w’imyaka 17 yavuze ati: “Mu rugo iwacu, ivy’ugutanga ingabirano bigirwa umwaka wose.” Haraba agahimbare kenshi kuruta igihe ingabirano zitanzwe vyizanye.

18. Umusi umwe mu mwaka Yezu yategetse abayoboke biwe guhimbaza ni uwuhe, kandi utwibutsa iki?

18 Ku bakurikirana ukubaho mu buryo Imana ishaka, hariho umusi umwe wo guhimbaza ku mwaka ku mwaka mu buryo budasanzwe. Ni za Mfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba, izikunda kwitwa Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu. Ku vyerekeye izo mfungurwa, Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “Murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.” (Luka 22:19, 20; 1 Ab’i Korinto 11:23-25) Igihe Yezu yatanguza izo mfungurwa mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani mu 33 G.C., yakoresheje umukate utambiye be n’umuvinyu utukura, bikaba vyagereranya umubiri wiwe utagira icaha, n’amaraso yiwe atagira agasembwa. (Matayo 26:26-29) Abafungura kuri ivyo bimenyetso ni Abakirisu basizwe impwemu yera y’Imana. Abo Bakirisu bashizwe mw’isezerano rishasha be no mw’isezerano ry’Ubwami, bakaba bafise icizigiro c’ijuru. (Luka 12:32; 22:20, 28-30; Abaroma 8:16, 17; Ivyahishuriwe 14:1-5) Mugabo rero hariho ivyiza bironkwa n’abo bose baba bahari kuri uwo mugoroba uba uhuye n’igenekerezo rya 14 Nisani dufatiye ku kirangamisi c’Abayuda ca kera. Baributswa urukundo Yehova Imana na Yezu Kirisitu bagaragaje mu gutanga inkuka y’incungu ihongera ivyaha igatuma ubuzima budahera bushoboka ku bo Imana ishima.—Matayo 20:28; Yohana 3:16.

AKAZI N’IVY’UKWISAMAZA

19. Ni ingorane iyihe Abakirisu bahura na yo mu vy’ukuronka ikibabeshaho?

19 Abakirisu b’ukuri bategerezwa gukora bagatama kugira ngo bikenure mu vyo bakeneye. Iyo ivyo baserugo babishikije biratuma bumva ko bashize akanyota. (1 Ab’i Tesalonike 4:11, 12) Birumvikana, mu gihe akazi Umukirisu akora gateye kubiri na Bibiliya, ivyo vyotuma atagira ubuhirwe. Yamara, rimwe na rimwe Umukirisu biramugora kuronka akazi kajanye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Nk’akarorero, abakozi bamwebamwe usanga basabwa kubesha abakiriya. Ku rundi ruhande, hari abakoresha benshi usanga bokwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’umukozi w’inzirabugunge, kuko baba badashaka gutakaza umukozi w’umwizigirwa. Naho vyogenda gute rero, urashobora kwemera udakeka yuko Imana izohezagira utwigoro ugira two kuronka akazi gatuma ugumana ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi.—2 Ab’i Korinto 4:2.

20. Ni kuki dukwiye guhitamwo neza mu vyerekeye uburyo bwo kwisamaza?

20 Kubera ko Imana ishaka ko abasavyi bayo bahimbarwa, turakeneye kurimbanya ugukora tugatama be n’ibiringo vyeza umutima vyo kugarura intege no kuruhuka. (Mariko 6:31; Umusiguzi 3:12, 13) Isi ya Shetani irakomeza ivy’ukwisamaza bidahimbara Imana. Mugabo kugira duhimbare Imana, dutegerezwa guhitamwo neza mu vyerekeye ibitabu dusoma, ibiganiro n’imiziki twumviriza vyo kw’iradiyo, hamwe n’ibiteramo, amasenema, inkino, ibiganiro vyo kuri televiziyo hamwe n’amavidewo turorera. Mu gihe ukwisamaza twahora duhitamwo dusanze guteye kubiri n’imburizi ziri mu vyanditswe nko Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12, Zaburi 11:5, n’Abanyefeso 5:3-5, tuzohimbara Yehova twongere tugire ubuhirwe burushirije turamutse tugize ivyo duhinduye.

GUSONERA UBUZIMA N’AMARASO

21. Gusonera ubuzima bikwiye gukora iki ku kuntu tubona ivy’ugukorora inda, hamwe no ku ngeso zacu?

21 Kugira ngo tugire ubuhirwe nyakuri, turakeneye kubona ko ubuzima bw’ikiremwa muntu ari bweranda, nk’uko nyene Yehova abubona. Ijambo ryiwe riratubuza kwica. (Matayo 19:16-18) Nkako, Ivyagezwe Imana yahaye Isirayeli vyerekana yuko ibona ko umwana ataravuka ari ubuzima bw’agaciro—si ikintu co kurandura. (Kuvayo 21:22, 23) Ku bw’ico, dutegerezwa kudafata ubuzima nk’ikintu kibayabaye mu kunywa itabi, mu kwononesha umubiri wacu ibiyayura umutwe canke ibiboreza, canke mu kwita mu kaga bitari ngombwa. Eka mbere ntidukwiye kuja mu vyo gukurikirana ibintu bihanamira ubuzima, canke ngo twiyobagize ukwirinda impanuka, kuko vyohava bituma twagirwa n’amaraso.—Gusubira mu Vyagezwe 22:8.

22. (a) Imana ibona gute amaraso n’ikoreshwa ryayo? (b) Ni amaraso ya nde yonyene akiza ubuzima vy’ukuri?

22 Yehova yabwiye Nowa n’umuryango wiwe yuko amaraso agereranya ubugingo, canke ubuzima. Ni co gituma Imana yababujije kurya amaraso ayo ari yo yose. (Itanguriro 9:3, 4) Kubera ko dukomoka kuri bo, iryo tegeko twese riraturaba. Yehova yabwiye Abisirayeli yuko amaraso akwiye guseswa hasi, kandi ko ata muntu yari kuyikoreshereza ibintu vyiwe. (Gusubira mu Vyagezwe 12:15, 16) Kandi itegeko Imana yatanze ku vy’amaraso ryarasubiwemwo igihe Abakirisu bo mu kinjana ca mbere babwirizwa ngo: “Mureke kurya . . . amaraso.” (Ivyakozwe 15:28, 29) Bivuye ku gusonera ubweranda bw’ubuzima, abantu bubaha Imana ntibemera guterwa amaraso, naho abandi bokovya ngo kwoba ari ugukiza ubuzima. Iyindi miti y’imisubirizi Ivyabona vya Yehova bemera gukoresha yaragaragaye ko ari kirumara cane, kandi ntawe ita mw’irinde ryo guterwa amaraso. Abakirisu barazi yuko amaraso ya Yezu yasheshwe ari yo yonyene akiza ubuzima vy’ukuri. Kuyizera biratuma turekurirwa ivyaha kandi tukaronka icizigiro c’ubuzima bwamaho.—Abanyefeso 1:7.

23. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kubaho nk’uko Imana ishaka?

23 Birumvikana, kubaho nk’uko Imana ishaka bisaba akigoro. Hari aho vyotuma dutwengwa n’abo mu muryango canke abagenzi. (Matayo 10:32-39; 1 Petero 4:4) Mugabo ivyiza biva ku kubaho mwene gutyo biraruta kure n’iyo ibigeragezo ivyo ari vyo vyose. Bituma umuntu agira ijwi ryo mu mutima ryiza, kandi bigatuma agiranira ubucuti bw’ingirakamaro n’abandi basavyi ba Yehova bagenziwe. (Matayo 19:27, 29) Ca wiyumvira kandi ukubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha irangwa ubugororotsi y’Imana. (Yesaya 65:17, 18) Kandi ese umunezero umuntu agira mu gukurikiza impanuro ya Bibiliya bigatuma umutima wa Yehova unezerwa! (Imigani 27:11) Ntibitangaje rero yuko ukubaho nk’uko Imana ishaka bizana ubuhirwe!—Zaburi 128:1, 2.

SUZUMA UBUMENYI BWAWE

Ni impamvu zimwezimwe izihe zituma ukubaho nk’uko Imana ishaka bizana ubuhirwe?

Kubaho nk’uko Imana ishaka vyoshobora gusaba umuntu kugira ibiki?

Ni kuki ushaka kubaho nk’uko Imana ishaka?

[Ifoto ku rup. 124, 125]

Imirimo yo mu buryo bw’impwemu irimbanijwe n’ibiringo vyo kwiruhura iragira ico yongereje ku buhirwe bw’ababaho nk’uko Imana ishaka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika