Ikigabane ca 14
Ukwiye Kwumvira Ubukuru bwa Nde?
1, 2. Mbega ubwoko bwose bw’ubukuru bwoba ari bubi? Sigura.
“UBUKURU” ni ijambo rigamira abantu benshi. Ivyo birumvikana, kubera ko ubukuru kenshi bukoreshwa nabi ku kazi, mu rugo, bukanakoreshwa nabi n’intwaro. Bibiliya iravuga itibesha iti: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Egome, abantu benshi baraganjije abandi mu gutwaza igikenye kandi bagasumira inda zabo.
2 Ariko ubukuru bwose ntibugira nabi. Nk’akarorero, twoshobora kuvuga yuko umubiri wacu udufiseko ububasha. “Uradutegeka” guhumeka, gufungura, kunywa, no kuryama. Ivyo none ni agahahazo? Oyaye. Ivyo bintu tubikurikiza ku neza yacu. Naho nyene twoshobora kugamburuka ku vyo umubiri wacu ukeneye tutabizi, hariho ubundi bwoko bw’ubukuru busaba ko tubuyobokera tubikunze. Raba uturorero dukeyi.
UBUKURU KAMINUZA
3. Ni kuki bikwiriye ko Yehova yitwa “Umukama Segaba”?
3 Muri Bibiliya, Yehova yitwa “Umukama Segaba” (NW) incuro zirenga 300. Segaba ni umuntu afise ubukuru kaminuza. Ni igiki none giha Yehova uburenganzira bwo kugira ico kibanza? Mu Vyahishuriwe 4:11 hishura hati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.”
4. Yehova ahitamwo gukoresha ubukuru bwiwe gute?
4 Kubera ko ari Umuremyi wacu, Yehova arafise uburenganzira bwo gukoresha ubukuru bwiwe uko ashaka. Ivyo vyoshobora gusa n’ibiteye ubwoba, na canecane igihe turimbuye yuko Imana ifise “ububasha bg’ubushobozi [“bugwiriye,” NW].” Yitwa “Imana Ishobora vyose,” iryo rikaba ari izina mu Giheburayo ritanga iciyumviro c’inkomezi z’umurengera. (Yesaya 40:26; Itanguriro 17:1) Yamara, Yehova agaragaza inkomezi ziwe n’umutima mwiza, kubera ko kamere yiwe yiganje ari urukundo.—1 Yohana 4:16.
5. Ni kuki bitagoye kugamburukira ubukuru bwa Yehova?
5 Naho Yehova yabuye yuko yohaye igihano inkozi z’ikibi zitigaya, Musa yamumenye canecane nk’ ‘Imana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, yama ishitsa isezerano, ikagirira imbabazi abayikunda, bakitondera ivyagezwe vyayo.’ (Gusubira mu Vyagezwe 7:9) Iyumvire nawe! Umukuru Kaminuza kw’isi no mw’ijuru ntaduhata ngo tumukorere. Ahubwo twumva dukwegerewe kuri we kubera urukundo rwiwe. (Abaroma 2:4; 5:8) Kugamburukira ubukuru bwa Yehova biraryoshe mbere, kubera ko amabwirizwa yiwe yama nantaryo akora ku bw’ineza ruheta yacu.—Zaburi 19:7, 8.
6. Ikibazo c’ubukuru cavyutse gute mw’itongo ry’i Edeni, hanyuma bivamwo iki?
6 Abavyeyi bacu ba mbere baranse ukugaba n’ukuganza kw’Imana. Bashatse kwihitiramwo iciza n’ikibi. (Itanguriro 3:4-6) Ivyo vyatumye batabwa hanze y’Iparadizo babamwo. Yehova mu nyuma yararetse abantu barashinga inzego z’ubukuru zotumye bashobora kubaho mu kibano kirimwo urutonde, naho nyene cobaye gifise agasembwa. None bamwe muri abo bakuru ni bande, kandi Imana yiteze ko tubagamburukira gushika ku rugero uruhe?
“ABAKURU BA RUTURA”
7. “Abakuru ba rutura” ni bande, kandi ikibanza barimwo kingana gute tukigereranije n’ubukuru bw’Imana?
7 Intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese n’agamburukire [“abakuru ba rutura,” NW]: kukw ata kuganza kutava ku Mana.” Abo “bakuru ba rutura” ni bande? Amajambo Paulo yavuze mu mirongo ikurikira yerekana yuko ari abakuru b’intwaro z’abantu. (Abaroma 13:1-7; Tito 3:1) Yehova si we yashizeho abakuru b’intwaro z’abantu, mugabo ni we abaye araziretse ngo zibeho. Ni co gituma Paulo yashoboye kwandika ati: “Ubukuru buhari buhagaze nk’ubwashizwe mu rutonde burimwo ku bw’Imana.” (NW) Ivyo bishaka kuvuga iki ku vyerekeye mwene ubwo bukuru bwo kw’isi? Bishaka kuvuga yuko ari butoyi ugereranije n’ubukuru bw’Imana, canke yuko buri munsi yabwo. (Yohana 19:10, 11) Ni co gituma, igihe hari ukudahuza hagati y’itegeko ry’umuntu n’itegeko ry’Imana, Abakirisu bategerezwa kuyoborwa n’ijwi ryabo ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. ‘Bategerezwa kwumvira Imana bakayirutisha abantu.’—Ivyakozwe 5:29.
8. Ubona wungukira gute ku bakuru ba rutura, kandi ushobora gute kwerekana yuko ubayobokera?
8 Ariko rero umwanya munini, abakuru ba rutura bo mu ntwaro bakora nk’ ‘umukozi w’Imana ku neza yacu.’ (Abaroma 13:4) Mu buryo ki? Emwe, iyumvire ya mirimo itari mike abakuru ba rutura badukorera, nk’ukudushiriraho amaposita, inyamiramabi hamwe n’inzego z’ukuzimya umuriro, isuku, n’amashure. Paulo yanditse ati: “Ni co gituma kandi mutanga ikori; kukw abaganza ar’abakozi b’Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene.” (Abaroma 13:6) Ku biraba amakori canke ibindi bintu dutegerezwa n’amategeko, dukwiye “kugira ingeso nziza muri vyose.”—Abaheburayo 13:18.
9, 10. (a) Abakuru ba rutura bakora gute ibijanye n’indinganizo y’Imana? (b) Ni kuki vyoba ari bibi kurwanya abakuru ba rutura?
9 Rimwe na rimwe, abakuru ba rutura barakoresha nabi ububasha bwabo. Ivyo none bica bidukurako ibanga tujejwe ryo kuguma tubagamburukira? Oya nta na gato. Yehova arabona ibikorwa bibi abo bakuru bakora. (Imigani 15:3) Kuba yararetse ubutegetsi bw’abantu bukabandanya ntibisigura yuko arenza uruho rw’amazi ku bwononekare bwazo; eka na twebwe ntiyiteze ko tubwirengagiza. Si ivy’imbeshere, Imana vuba ‘izomara ikomvomvore ubwo bwami bwose,’ ibusubirize intwaro yayo igororotse. (Daniyeli 2:44) Mugabo imbere yuko ivyo bishika, abo bakuru ba rutura bararangura umugambi w’ingirakamaro.
10 Paulo yasiguye ati: “Ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye [“indinganizo y’Imana,” NW].” (Abaroma 13:2) Abakuru ba rutura ni “indinganizo” y’Imana mu buryo bw’uko bazigama urutonde ku rugero kanaka, na rwo rutahabaye akajagari n’ubusimbirahamwe bikaba vyokwaka indaro. Kubarwanya vyoba binyuranye n’Ivyanditswe, kandi vyoba ari ubujuju. Tubitangire akarorero: Iyumvire yuko woba wabazwe hanyuma uruguma rukaba rushonywe n’inyuzi. Naho izo nyuzi atari ikintu gisanzwe mu bigize umubiri, ziragira ico zimara mu kiringo kinaka gitoyi. Zikuweko hataragera vyokumerera nabi. N’abakuru nyene mu ntwaro z’abantu ntibari mu bigize umugambi Imana yari ifise mu ntango. Ariko rero imbere y’uko Ubwami bwayo buganza isi bwegu, intwaro z’abantu ziragumije ikibano c’abantu, zikarangura igikorwa gihuje n’ivyo Imana igomba muri iki gihe. Bityo dukwiye kuguma tuyobokera abo bakuru ba rutura, twongera dushira imbere itegeko ry’Imana n’ubukuru bwayo.
UBUKURU MU RUGO
11. Wosigura gute ingingo igenga uwuri umutwe?
11 Urugo ni ryo remezo ry’ikibano c’abantu. Muri rwo umugabo n’umugore barashobora kugiranira ubucuti bumara akanyota, n’abana bagashobora kurindwa kandi bakamenyerezwa ku bw’igihe bazoba bageze mu bigero. (Imigani 5:15-21; Abanyefeso 6:1-4) Indinganizo nziza mwene iyo irakeneye gushirwamwo urutonde mu buryo butuma abagize urugo babaho mu mahoro kandi basenyera ku mugozi umwe. Ivyo Yehova abishitsa biciye mu ngingo igenga uwuri umutwe ivugwa mu ncamake muri aya majambo dusanga muri 1 Ab’i Korinto 11:3: ‘Umutwe w’umugabo wese ni Kristo, kandi umutwe w’umugore ni umugabo, kandi umutwe wa Kristo ni Imana.’
12, 13. Senaka mu rugo ni nde, kandi dushobora kwigira iki ku buryo Yezu yakoresha ubukuru bwiwe?
12 Umugabo ni we senaka. Ariko rero, hariho uwundi ari hejuru yiwe, ari we Yezu Kirisitu. Paulo yanditse ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura.” (Abanyefeso 5:25) Umugabo agaragaza ko ayobokera Kirisitu igihe afata umugore wiwe mu buryo Yezu yamye nantaryo afata ishengero. (1 Yohana 2:6) Yezu yarahawe ubukuru buhambaye, mugabo abukoreshanya umutima mwiza ushoboka, urukundo rwinshi, n’ukwengenga kwa cane. (Matayo 20:25-28) Igihe Yezu yari umuntu nkatwe, ntiyigera akoresha nabi ikibanza ciwe c’ubukuru. Yari “umugwaneza, [y]iyoroheje mu mutima,” kandi yise abayoboke biwe “abakunzi” aho kubita “abashumba.” Yabasezeraniye ati: “N[zo]baruhura,” kandi ivyo ni vyo yagize.—Matayo 11:28, 29; Yohana 15:15.
13 Akarorero ka Yezu karigisha abagabo bubatse yuko ukuba senaka w’Umukirisu atari ikibanza c’ugutwaza umukazo. Ahubwo ni ubukuru agirana icubahiro be n’urukundo rw’ukwitanga. Birumvikana ko ivyo bica bikuramwo ugusindira uwo mwubakanye, ku mubiri canke mu majambo. (Abanyefeso 4:29, 31, 32; 5:28, 29; Ab’i Kolosayi 3:19) Mu gihe rero umugabo w’Umukirisu yofata nabi umugore wiwe, ibindi bikorwa vyiwe vyiza vyoba bibaye impfagusa, kandi n’amasengesho yiwe yotangirwa.—1 Ab’i Korinto 13:1-3; 1 Petero 3:7.
14, 15. Ubumenyi bwerekeye Imana bufasha gute umugore kugamburukira umugabo wiwe?
14 Mu gihe umugabo yigana akarorero ka Kirisitu, umugore wiwe birarushiriza kumworohera gukurikiza amajambo ari mu Banyefeso 5:22, 23 avuga ati: “Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu. Kuk’umugabo ari we mutwe w’umugore wiwe, nk’uko Kristo na we ar’umutwe w’ishengero.” Nk’uko nyene umugabo abwirizwa kugamburukira Kirisitu, umugore ategerezwa kuyobokera umugabo wiwe. Bibiliya kandi iratomora yuko abagore babishoboye bakwiriye guterwa iteka no kuvugwa neza ku bw’ubukerebutsi bwabo n’ugushiruka ubute kwabo bijanye n’ukwubaha Imana.—Imigani 31:10-31.
15 Ukuntu umukenyezi w’Umukirisu agamburukira umugabo wiwe kuri n’aho kugera. Ivyo bisigura yuko Imana ari yo itegerezwa kugamburukirwa kuruta umuntu igihe ukwiyorosha mu kintu kanaka vyovamwo ukurenga itegeko ry’Imana. No muri ico gihe nyene, ugushikama kw’umugore gukwiye kugiranwa “umutima w’ubugwaneza utekereje.” Bikwiye kwigaragaza yuko ubumenyi bwerekeye Imana bwatumye aba umugore mwiza kuruta. (1 Petero 3:1-4) Ni na kwo vyogenda mu gihe umugabo w’Umukirisu yoba afise umugore atizeye. Ugukurikiza ingingo za Bibiliya kwiwe gukwiye gutuma arushiriza kuba umugabo mwiza.
16. Abana bashobora gute kwigana akarorero Yezu yatanze igihe yari akiri muto?
16 Mu Banyefeso 6:1 harerekana muri make uruhara rw’abana, hati: “Mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.” Abana b’Abakirisu bakurikira akarorero ka Yezu, we yagumye agamburukira abavyeyi biwe uko yakura. Uko yari umwana agamburuka, “[yaragwije] ubwenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.”—Luka 2:51, 52.
17. Uburyo abavyeyi bakoresha ubukuru bushobora kugira izihe ingaruka ku bana babo?
17 Uburyo abavyeyi bashitsa amabanga bajejwe vyoshobora gutuma abana babo bubaha ubukuru canke babugarariza. (Imigani 22:6) Abavyeyi rero vyoba vyiza bibajije bati: ‘Noba nkoresha ubukuru mfise mu rukundo canke mu kuryagagurana? Noba ndekerana ibintu?’ Umuvyeyi yubaha Imana vyitezwe ko aba umuntu w’umunyarukundo kandi azirikana abandi, yamara ashikama mu kuguma ku ngingo z’Imana. Birabereye rero kuba Paulo yaranditse ati: “Ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra uk’Umwami wacu agomba.”—Abanyefeso 6:4; Ab’i Kolosayi 3:21.
18. Indero ya kivyeyi ikwiye gutozwa gute?
18 Abavyeyi bakwiye gusuzuma ubuhanga bakoresha mu vy’ukurera abana, canecane nimba bipfuza yuko abana babo bagamburuka maze ivyo bikabazanira umunezero. (Imigani 23:24, 25) Muri Bibiliya, ugutoza indero ubwa mbere na mbere ni uburyo bwo gucisha ubwenge. (Imigani 4:1; 8:33) Kurajana n’urukundo be n’ubwitonzi, ntikujana n’ishavu be n’ubukazi. Ni co gituma abavyeyi b’Abakirisu bakeneye gukorana ubukerebutsi kandi bakama bigumije igihe batoza indero abana babo.—Imigani 1:7.
UBUKURU MW’ISHENGERO
19. Imana yagize iki ngo mw’ishengero ry’Abakirisu habe urutonde rwiza?
19 Kubera ko Yehova ari Imana y’urutonde, birumvikana yuko yoronsa abasavyi biwe ubuyobozi burimwo ubukuru kandi butunganije neza. Kubera ico, yaragenye Yezu ngo abe Umutwe w’ishengero ry’Abakirisu. (1 Ab’i Korinto 14:33, 40; Abanyefeso 1:20-23) Biciye ku buyobozi bwa Kirisitu butaboneka, Imana yarashinze indinganizo isaba ko abakurambere bagenywe mw’ishengero rimwe ryose baragira umukuku babishashaye, babikunze, kandi babigiranye urukundo. (1 Petero 5:2, 3) Abakozi b’ishengero barabafasha mu buryo butari bumwe, kandi bakarangura igikorwa c’agaciro mw’ishengero.—Ab’i Filipi 1:1.
20. Ni kuki dukwiye kugamburukira abakurambere bagenywe b’Abakirisu, kandi ni kuki ivyo ari ngirakamaro?
20 Ku biraba Abakurambere b’Abakirisu, Paulo yanditse ati: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.” (Abaheburayo 13:17) Bivuye ku bukerebutsi bwayo, Imana yarashinze abacungezi b’Abakirisu ibanga ryo kwitwararika ivyo abo mw’ishengero bakeneye mu vy’impwemu. Abo bakurambere ntibagize umugwi w’abakuru b’idini. Ni abasuku n’abashumba b’Imana, bitwararika ivyo abo bisangiye ugusenga bakeneye, nk’uko nyene Databuja Yezu Kirisitu yabigira. (Yohana 10:14, 15) Kumenya yuko abagabo bakwije ibisabwa bitwararika iterambere ryacu be n’ugukura kwacu mu vy’impwemu, biraturemesha gufashanya na bo no kubagamburukira.—1 Ab’i Korinto 16:16.
21. Abakurambere bagenywe barondera gute gufasha Abakirisu bagenzi babo mu vy’impwemu?
21 Rimwe na rimwe, intama zoshobora guhuba canke zikageramirwa n’ibintu vyo mw’isi vyozigirira nabi. Biciye ku buyobozi bw’Umwungere Mukuru, abakurambere bo bungere-vyegera, barakerebukira cane ivyo abo bajejwe bakenera, kandi bakabitwararika umwumwe ukwiwe bashirutse ubute. (1 Petero 5:4) Baragendera abagize ishengero kandi bakabaremesha. Kubera yuko abakurambere bazi ko wa Mucokoranyi arondera guhungabanya amahoro y’abasavyi b’Imana, barakoresha ubukerebutsi buva hejuru mu gutunganya ingorane iyo ari yo yose. (Yakobo 3:17, 18) Barakora bagatama kugira ngo babungabunge ubumwe bwo mu kwizera, kikaba ari ikintu Yezu ubwiwe yasavye mw’isengesho.—Yohana 17:20-22; 1 Ab’i Korinto 1:10.
22. Ni imfashanyo iyihe abakurambere batanga igihe hari ikibi cakozwe?
22 Bite none mu gihe Umukirisu yoba amerewe nabi canke agacika intege biturutse ku caha yakoze? Impanuro itururuza yo muri Bibiliya hamwe n’amasengesho avuye ku mutima abakurambere batura ku neza yiwe birashobora gufasha kugira ngo bamugarurire amagara yiwe yo mu vy’impwemu. (Yakobo 5:13-15) Abo bagabo bagenywe n’impwemu yera barafise kandi ububasha bwo gutanga igihano no gukangira umuntu wese akurikirana ingendo y’ubukozi bw’ikibi canke ageramiye ubweranda bw’ishengero mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu. (Ivyakozwe 20:28; Tito 1:9; 2:15) Kugira ngo ishengero rigume ritanduye, vyoshobora gukenerwa ko hagira abantu babamenyesha ibibi bikomakomeye vyakozwe. (Abalewi 5:1) Mu gihe Umukirisu yakoze icaha gikomeye yemeye igihano be n’igikangiro bishingiye mu Vyanditswe ahawe, kandi akagaragaza yuko yigaye vy’ukuri, arafashwa. Yamara ntiwumve, abaguma barenga amategeko y’Imana ntibigaye baracibwa.—1 Ab’i Korinto 5:9-13.
23. Ni igiki abacungezi b’Abakirisu batanga ku neza y’ishengero?
23 Bibiliya yari yaravuze yuko biciye ku buyobozi bwa Yezu Kirisitu we Mwami, abagabo bahumuye mu vy’impwemu bogenywe kugira ngo bahumurize, bakingire bongere baruhurire abasavyi b’Imana. (Yesaya 32:1, 2) Bobaye imboneza mu vy’ukuba abamamaji b’inkuru nziza, abungere n’abigisha kugira ngo bakorereze ugukura kwo mu buryo bw’impwemu. (Abanyefeso 4:11, 12, 16) Naho abacungezi b’Abakirisu boshobora rimwe na rimwe gukangira, gukankamira no kwinginga abizeye bagenzi babo, ugushira mu ngiro inyigisho ngirakamaro abakurambere batanga ishingiye kw’Ijambo ry’Imana, birafasha gutuma bose baguma mu nzira ijana mu buzima.—Imigani 3:11, 12; 6:23; Tito 2:1.
NIWEMERE UKUNTU YEHOVA ABONA UBUKURU
24. Ku musi ku musi tugeragezwa ku vy’ikibazo ikihe?
24 Umugabo n’umugore ba mbere barageragejwe ku kibazo cerekeye ukuyobokera ubukuru. Ntibitangaje rero kuba duhangana n’ikigeragezo mwene ico ku musi ku musi. Shetani wa Mucokoranyi yarakomeje agatima k’ubugarariji mu bantu. (Abanyefeso 2:2) Ingendo y’ubwigenge yerekanwa nk’iyisa n’iyiruta ingendo y’ukugamburuka, kandi ikadukwegakwega.
25. Ni ivyiza ibihe biva ku kwanka agatima k’ubugarariji k’isi be no ku kugamburukira ubukuru Imana ikoresha canke ubwo ireka ngo bubeho?
25 Ariko rero, dutegerezwa kwanka agatima k’isi k’ubugarariji. Tugize gutyo, tuzosanga kuyobokera Imana bizana ivyiza vyinshi. Nk’akarorero, tuzokwirinda amaganya be n’ishavu bikunda gushikira abiteranya n’abakuru bo mw’isi. Tuzogerura amatati yatse indaro mu ngo nyinshi. Vyongeye tuzokwinovora ivyiza biva ku kwifatanya n’Abakirisu dusangiye ukwizera, kukaba ari ukwifatanya kuranga igishika n’urukundo. Igihambaye kuruta vyose, ukuyoboka kwacu nk’uko Imana ishaka bizotuma tugiranira ubucuti bwiza na Yehova, we Mukuru Kaminuza.
SUZUMA UBUMENYI BWAWE
Yehova akoresha gute ubukuru bwiwe?
“Abakuru ba rutura” ni bande, kandi tuguma tubayobokera gute?
Ni ibanga irihe ingingo igenga uwuri umutwe ishira ku muntu wese mu bagize umuryango?
Dushobora gute kwerekana ko tugamburuka mw’ishengero ry’Abakirisu?
[Uruzitiro ku rup. 134]
NI ABAGAMBURUTSI SI ABAGUMUTSI
Biciye mu gikorwa bakorera ku mugaragaro co kwamamaza inkuru nziza, Ivyabona vya Yehova berekana yuko Ubwami bw’Imana ari co cizigiro rudende c’amahoro n’umutekano nyakuri. Ariko abo bamamaji b’Ubwami bw’Imana b’abanyamwete si abagumutsi na gato ku ntwaro zibatwara. Ahubwo Ivyabona bari mu banyagihugu ba mbere bubaha kandi bisunga amategeko. Mu gihugu kimwe co muri Afirika, hari umutegetsi umwe yavuze ati: “Iyaba amadini yose yari ameze nk’ivyabona vya Yehova, ntihobaye abicanyi, ba rusenyanzugi, ubukozi bw’ikibi, abanyororo, n’amabombe ruhonyanganda. Inzugi ntizogumye zidadiye imisi yose.”
Kubera ko abategetsi bo mu bihugu vyinshi ivyo babizi, bararetse igikorwa co kwamamaza inkuru nziza c’Ivyabona kiribandaniriza ata ntambamyi. Mu bindi bihugu, ukubuzwa canke intambamyi vyarakuweho igihe abakuru batahura yuko Ivyabona vya Yehova bosha iciza. Ni nk’uko intumwa Paulo yanditse ku vyerekeye ukugamburukira abakuru ba rutura ati: “Kora neza, [b]azogushima.”—Abaroma 13:1, 3.