Ukwubaha Ubukuru—Ni Kuki Ari Ntahara?
NI NDE adakenguruka yuko igipolisi gifise ubukuru bwo gufata inkozi z’ikibi zitwiba ivyo dutunze canke zigatera ubwoba imiryango yacu? Vyongeye, ntidukenguruka yuko amasentare afise ubukuru bwo guhana inkozi z’ikibi kugira ngo akingire ikibano?
Turashobora no kuzirikana ku bindi bintu vy’ingirakamaro birangurwa na Leta, nk’ukubungabunga amabarabara, ivy’intungamagara, be n’ibiraba indero kenshi birihirwa amahera avuye mu makori asabwa n’abajejwe intwaro. Abakirisu b’ukuri ni bo ba mbere mu kwemera icese ko kwubaha ubukuru bwashinzwe mu buryo bubereye ari ntahara. Mugabo ukwo kwubaha kugarukira he? Kandi ni mu mice y’ubuzima iyihe bisaba kwubaha ubukuru?
Ubukuru mu Kibano
Bibiliya ibwira abantu bose, baba abemera canke abatemera, kwubaha abakuru b’iyi si, abakora ku bw’ineza y’ikibano. Intumwa w’Umukirisu Paulo yarandikiye abo basangiye ukwizera b’i Roma ku vyerekeye ivyo, kandi ni ivy’ingirakamaro kurimbura ivyo avuga, nk’uko vyanditswe mu Baroma 13:1-7.
Paulo yari afise ubwenegihugu bw’Umuroma, vyongeye Roma yari intwaro nganzasi muri ico gihe. Ikete rya Paulo, iryanditswe nko mu mwaka wa 56 G.C., ryahanuye Abakirisu kuba abanyagihugu b’intangakarorero. Yanditse ati: “Umuntu wese n’agamburukire [“abakuru ba rutura,” NW]: kukw ata kuganza kutava ku Mana; [“ubukuru buhari buhagaze nk’ubwashizwe mu rutonde burimwo ku bw’Imana,” NW].”
Paulo ngaha asigura yuko ata bukuru bw’umuntu ubwo ari bwo bwose bwohaba mu gihe Imana itaburetse. Muri ubwo buryo, abakuru ba rutura bari muri ico kibanza ku bw’indinganizo y’umugambi w’Imana. Ni co gituma rero “ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana.”
Naho abanyagihugu bakora ivyiza bashobora kuvugwa neza n’abakuru ba rutura, abo bakuru kandi barahawe ububasha bwo guhana abakora ibibi. Abakora ibibi barafise imvo yumvikana yo gutinya uburenganzira abakuru bafise bwo gukora nk’“umuhōzi,” kubera yuko intwaro zibigira bwa “mukozi w’Imana.”
Paulo asozera iciyumviro ciwe agira ati: “Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ijwi ryo mu mutima. Ni co gituma kandi mutanga ikori; kukw abaganza ar’abakozi b’Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene.”
Ibanga ry’ivy’ukuringaniza amakori birekerwa abajejwe intwaro, si abariha ikori. Bwa munyagihugu w’inzirabugunge, Umukirisu aragumana ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi. Arazi yuko mu kugamburukira abakuru ba rutura no kuriha amakori asabwa, ataba gusa ashigikiye ingingo ngenderwako zigenga ikibano abamwo mugabo kandi ko aba abayeho ahuza n’ivyo Imana isaba.
Umuryango n’Ubukuru
Bite ho ku vyerekeye ubukuru mu muryango? Mu misi ya mbere y’ubuzima bwarwo, uruyoya kenshi na kenshi rusaba kwitwararikwa mu kurira canke mbere mu kuboroga. Mugabo umuvyeyi w’inkerebutsi aratahura ico urwo ruyoya rukeneye vy’ukuri kandi ntareka ngo uko rumerewe bibe ari vyo bibimutuma. Abana bamwebamwe, uko bagenda bakura, barahabwa uburenganzira bwo gukora ivyo bashaka kandi bakabareka bakishingira ingingo bagenderako ubwabo. Kubera batazi utuntu n’utundi, barashobora kwisuka mu bugizi bwa nabi canke mu bindi bikorwa bibi, bigasambura umuryango n’ikibano cose uko cakabaye, nk’uko abakuru benshi b’aho baba babizi neza.
Rosalind Miles, umwanditsi w’igitabu kimwe (Children We Deserve) avuga ati: “Abavyeyi batonza indero abana babo batevye. Igihe co gutangurirako ni igihe umwana avutse.” Mu gihe kuva mu ntango abavyeyi bavugana akajwi kagaragaza ubukuru burangwa ubuntu n’ubwitwararitsi, vyongeye bakaba batari mahindagu mu bikorwa vyabo, abana babo bidatevye bazokwiga kwemera ubwo bukuru be n’indero iranga urukundo iva kuri bwo.
Bibiliya irimwo amayagwa menshi yerekeye ubukuru bwo mu muryango. Mu gitabu c’Imigani, wa mugabo w’inkerebutsi Salomo akwegera ubwenge ku bumwe buri hagati y’abavyeyi batinya Imana imbere y’abana babo, mu kuvuga ati: “Mwana wanje, umva inyigisho ya so, kandi ntute ibgirizwa rya nyoko.” (Imigani 1:8) Mu gihe abavyeyi bazigamye urwo runani rwumvikana imbere y’abana babo, abana baramenya aho bahagaze. Barashobora kugerageza kuja mu matwi umuvyeyi umwe bamuteranya n’uwundi kugira ngo bashike ku co bishakira, mugabo ubukuru bw’abavyeyi bagize urunani ni uburinzi kuri urwo rwaruka.
Bibiliya isigura yuko umugabo ari we ubwa mbere na mbere afise ibanga ryo kwitwararika ineza yo mu vy’impwemu y’abana biwe, mugabo kandi n’iy’umugore wiwe. Ivyo bidondorwa ko ari ukuba umutwe. Ukwo kuba umutwe gukwiye gukoreshwa gute? Paulo yerekana yuko nka kurya Kirisitu yari Umutwe w’ishengero ari ko n’umugabo ari umutwe w’umugore wiwe. Maze Paulo yongerako ati: “Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero [umugeni wiwe wo mu buryo bw’impwemu], akaryigura.” (Abanyefeso 5:25) Igihe umugabo akurikira akarorero ka Yezu gutyo agakoresha ukuba umutwe kwiwe mu buryo buranga urukundo, azotuma umugore wiwe ‘amwubaha cane.’ (Abanyefeso 5:33) Abana baba mu ngo nk’izo na bo nyene bazobona agaciro k’ubukuru bwatanzwe n’Imana bongere baremeshwe kubwemera.—Abanyefeso 6:1-3.
Abavyeyi birerana abana, ushizemwo n’ababuze abo bari bubakanye, bashobora gute kuvyifatamwo neza mu bijanye n’iki kibazo? Yaba se w’abana canke nyina w’abana, barashobora kwitura neza na neza ubukuru bwa Yehova Imana na Yezu Kirisitu. Yezu nantaryo yavugana ubukuru—ubwa Se wiwe n’ubw’Ivyanditswe vyahumetswe.—Matayo 4:1-10; 7:29; Yohana 5:19, 30; 8:28.
Bibiliya iratanga ingingo ngenderwako nyinshi z’agaciro mu vyerekeye ingorane abana bahangana na zo. Mu gutora izo ngingo ngenderwako be no mu kuzikurikiza, umuvyeyi azoshobora gutanga impanuro ziranga urukundo kandi z’ingirakamaro ku bana. (Itanguriro 6:22; Imigani 13:20; Matayo 6:33; 1 Ab’i Korinto 15:33; Ab’i Filipi 4:8, 9) Abavyeyi barashobora kandi kurabira ku mayagwa ashingiye kuri Bibiliya agenewe neza na neza kubafasha kumenyereza abana babo gutahura ivyiza biva mu kwubaha ubukuru bwo mu Vyanditswe.a
Ishengero ry’Abakirisu n’Ubukuru
“Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.” (Matayo 17:5) Ayo majambo yavumerewe na Yehova Imana ubwiwe, yemeza Yezu ko avugana ubukuru bw’Imana. Ivyo yavuze vyanditswe mu nkuru z’Injili zine dushobora kwikorako bitagoranye.
Imbere gatoyi yuko aduga mw’ijuru, Yezu yamenyesheje abigishwa biwe ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18) Bwa Mutwe w’ishengero ryiwe, Yezu ntiyagumye gusa ashinze ijisho arereka abagera ikirenge mu ciwe basizwe bari kw’isi, mugabo kuva kw’isukwa ry’impwemu yera kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Yezu yarabakoresheje kandi bwa muhora w’ukuri, nk’“umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Matayo 24:45-47, NW; Ivyakozwe 2:1-36) Yagize iki kugira ngo ashitse ivyo vyose ngo bikomeze ishengero ry’Abakirisu? “Yaradūze, aja iyo hejuru . . . [“atanga abantu b’ingabirano,” NW].” (Abanyefeso 4:8) Abo “bantu b’ingabirano” ni abakurambere b’Abakirisu bagenwa n’impwemu yera kandi bahawe ubukuru bwo kubungabunga ineza yo mu vy’impwemu y’abo basangiye ukwizera.—Ivyakozwe 20:28.
Kubera iyo mvo, Paulo ahanura ati: “Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo.” Kubera ko abo bagabo b’abizerwa bagera ikirenge mu ca Yezu, nta nkeka ko yoba ari ingendo iranga ubukerebutsi kwigana ukwizera kwabo. Maze Paulo yongerako ati: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: [“mubandanye kwemera icese ubukuru bwabo kuri mwebwe,” The Amplified Bible] kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.”—Abaheburayo 13:7, 17.
Bigenda gute iyo ubuyobozi nk’ubwo bufashwe minenegwe? Bamwebamwe mu bagize ishengero ry’Abakirisu rya kare ivyo ni vyo nyene bagize maze bacika abahakanyi. Humenayo na Fileto bavugwa ko ari abagabo bahenuye ukwizera kwa bamwebamwe kandi bakagira amajambo y’ubusa ‘yarimwo ibihumanya.’ Kimwe mu vyo bavuga ni uko izuka ryari ryaramaze kuba, biboneka ko bavuga yuko ari mu buryo bw’impwemu canke mu buryo bw’ikigereranyo, ko rero ata rindi zuka ryohabaye muri kazoza mu gihe c’Ubwami bw’Imana.—2 Timoteyo 2:16-18.
Ubukuru bwashinzwe bwarahaserutse. Abakurambere b’Abakirisu barashoboye kwiyamiriza ivyo vyiyumviro kubera bwa baserukira Kirisitu Yezu, bakoresheje ubukuru bw’Ivyanditswe. (2 Timoteyo 3:16, 17) Ivyo ni uko biri muri iki gihe no mw’ishengero ry’Abakirisu, iridondorwa ko ari ryo “nkingi ishigikiye ukuri.” (1 Timoteyo 3:15) Inyigisho z’ikinyoma ntizizokwigera zirekwa ngo zonone “icitegererezo c’amajambo mazima,” yazigamwe ku bwacu nk’ikibitsanyo ciza mu gitabu ca Bibiliya.—2 Timoteyo 1:13, 14.
Naho ukwubaha ubukuru kuriko kurahera mu buryo bwihuta muri iyi si, bwa Bakirisu turemera icese yuko ubukuru bubereye bwo mu kibano, mu muryango hamwe no mw’ishengero ry’Abakirisu bushingwa ku bw’ineza yacu. Kwubaha ubukuru ni ntahara ku bw’ukumererwa neza kwacu mu buryo bw’umubiri, mu buryo bw’akanyengetera hamwe no mu buryo bw’impwemu. Biciye ku kwemera no ku kwubaha ubukuru nk’ubwo bwatanzwe n’Imana, tuzorindwa n’abakuru bahambaye kuruta abandi—Yehova Imana na Yezu Kirisitu—ku bw’ineza yacu ihoraho.—Zaburi 119:165; Abaheburayo 12:9.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Les jeunes s’interrogent—Réponses pratiques na Le secret du bonheur familial, vyompi vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Bibiliya irimwo amayagwa menshi yerekeye ubukuru bwo mu muryango
[Ifoto ku rup. 6]
Abavyeyi birerana abana barashobora kwitura neza na neza ubukuru bwa Yehova Imana na Yezu Kirisitu
[Ifoto ku rup. 7]
Abakirisu baremera icese yuko ubukuru bubereye bwo mu muryango, mw’ishengero ry’Abakirisu be no mu kibano bwashinzwe ku bw’ineza yabo
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
Ifoto ya Josh Mathes, Collection of the Supreme Court of the United States