ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 1/4 rup. 17-20
  • Niwigane Kirisitu mu kuntu ukoresha ubukuru ufise

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwigane Kirisitu mu kuntu ukoresha ubukuru ufise
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uburyo bubereye n’ubutabereye bwo gukoresha ubukuru
  • “Ubukuru bwose” bwahawe Yezu Kirisitu
  • Ukoresha gute ubukuru ufise?
  • Ukwubaha Ubukuru—Ni Kuki Ari Ntahara?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ukwiye Kwumvira Ubukuru bwa Nde?
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Kubera iki twokwubaha ubukuru?
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Twemere ubukuru bwa Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 1/4 rup. 17-20

Niwigane Kirisitu mu kuntu ukoresha ubukuru ufise

HARASHIZE imyaka mikeyi hagizwe ubushakashatsi ku bijanye n’inyifato y’abantu, bwashitse ku bintu bitangaje. Abagize uruhara muri ubwo bushakashatsi bagabuwemwo imigwi ibiri. Umugwi wa mbere wari ugizwe n’abashinzwe kuba abarinzi no gucungera abagize umugwi wa kabiri, uwari ugizwe n’abashinzwe kuba imbohe. Uti vyagenze gute?

Vyavuzwe yuko “mu misi mikeyi gusa abenshi muri [abo barinzi] bari basigaye ari abantu baryagagura abandi kandi bakabahahaza, bama batanze ibihano vy’urutavanako, mu gihe abo bari bashinzwe kuba imbohe, bo bari basigaye bararandutse umutima kandi bagamburuka nk’abaja”. Iciyumviro abagize ubwo bushakashatsi bashitseko ni iki: Abantu nka bose barashobora kugwa mu mutego wo gukoresha nabi ubukuru bafise.

Uburyo bubereye n’ubutabereye bwo gukoresha ubukuru

Ariko ntiwumve, gukoresha ubukuru mu buryo bubereye birashobora kugira ikintu ciza bikoze ku bandi. Birashobora gutanga ubuyobozi bwiza, bigashobora no kugira ingaruka nziza ku mubiri, bikazana n’ivyiza mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu (Imigani 1:5; Yesaya 48:17, 18). Ariko rero, nk’uko ubwo bushakashatsi duhejeje kuvuga bwavyerekanye, hama hariho akaga ko kurenza urugero mu kuntu umuntu akoresha ubukuru afise. Bibiliya irerekeza kuri ako kaga mu kuvuga iti: “Iy’umunyakibi aganza, abantu baraniha”.​—Imigani 29:2; Umusiguzi 8:9.

Gukoresha nabi ubukuru biragira nabi n’igihe nyene biba bigiranywe imvo nziza. Nk’akarorero, hari umugwi umwe w’ivy’idini wo muri Irilande ujejwe kwigisha uherutse gusaba ikigongwe abantu kubera ko abigisha bamwebamwe bawo bari barakoresheje nabi ubukuru bari bafise ku bana bari bajejwe kwitwararika. Nta gukeka ko intumbero abatari bake muri abo bigisha bari bafise mu gukoresha ubwo bukuru zari nziza. Yamara, uburyo bamwebamwe bakoresha bwaragirira nabi rwose abo bana. Ikinyamakuru kimwe (The Irish Times) cavuze yuko “abana benshi hari ukuntu basigaranye imvune kubera ko abigisha benshi b’abafurera bakoresha uburyo bwuzuyemwo ububisha n’ubukazi”. None ushobora gute gukoresha ubukuru ufise kugira ngo utume abandi bakora neza uko bashoboye kwose, aho gutuma baguca kure canke ubarya umutima mu vyo uvuga no mu vyo ukora?​—Imigani 12:18.

“Ubukuru bwose” bwahawe Yezu Kirisitu

Rimbura akarorero ka Yezu Kirisitu. Gatoyi imbere y’uko aduga mw’ijuru, yabwiye abigishwa biwe ati: “Naronse ubukuru bwose kw’isi no mw’ijuru” (Matayo 28:18, UB, ni twe dushimitse.). None ivyo vyoba vyaciye bituma mu buryo bunaka abigishwa biwe batekerwa n’ubwoba? Boba baciye babona ko Yezu agiye kumera nka ba Kayisari b’i Roma, abari bazwi ko bacinyiza abatavuga rumwe na bo canke abagarariji?

Bibiliya irerekana neza yuko atari ukwo vyagenze. Yezu Kirisitu akoresha ubukuru afise nk’uko Se wiwe abukoresha. Naho Yehova ari we Segaba mushoboravyose w’ibiriho vyose kandi akaba abikwiriye, yipfuza ko abasavyi biwe bamusukurira bivuye ku mutima, ntiyipfuza ko bamugamburukira nk’ibimashini, bagamburuka kubera ubwoba canke ngo bapfe kumugamburukira nk’abaja (Matayo 22:37). Yehova ntiyigera akoresha nabi ubukuru bwiwe. Ivyo umuhanuzi Ezekiyeli yeretswe mw’iyerekwa ritangaje biravyerekana.

Muri iryo yerekwa, Ezekiyeli yabonye ibiremwa-bamarayika bine bishigikira ubusegaba bw’Imana. Kimwekimwe cose cari gifise mu maso hane. Ezekiyeli yandika ati: “Mu maso havyo uko hāsa, vyari bifise mu maso nk’ah’umuntu; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’intambge mu ruhande rw’i buryo; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’inka mu ruhande rw’i bumoso; kand’ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’inkukuma” (Ezekiyeli 1:10). Aho mu maso hane hagereranya kamere nyamukuru zine z’Imana ziri ku burimbane mu buryo butagira agahaze. Izo kamere ziratomorwa mw’Ijambo ry’Imana ko ari izi: Urukundo, urugereranywa no mu maso nk’ah’umuntu; ubutungane, ubugereranywa no mu maso nk’ah’intambwe; be n’ubukerebutsi, ubugereranywa no mu maso nk’ah’inkukuma. Izo kamere zitatu zirakorana na kamere igira kane, iyo na yo ikaba ari ububasha, ubugereranywa no mu maso nk’ah’inka. None ivyo vyose bisobanura iki? Iryo yerekwa rirerekana yuko Yehova atigera akoresha ububasha bwiwe be n’ubukuru bwiwe vy’akaburarugero mu buryo budahuye n’izo zindi kamere nyamukuru ziwe.

Mu kwigana Se wiwe, Yezu Kirisitu yamye akoresha ubukuru afise mu buryo buhuza neza na neza n’urukundo, ubukerebutsi be n’ubutungane. Abigishwa biwe barumva baruhuriwe rwose no gukora bari munsi y’ubukuru bwiwe (Matayo 11:28-30). Niba hariho kamere iranga Yehova Imana na Yezu Kirisitu bompi, ni urukundo, si ububasha canke ubukuru.​—1 Ab’i Korinto 13:13; 1 Yohana 4:8.

Ukoresha gute ubukuru ufise?

Ukoresha gute ubukuru ufise? Nk’akarorero mu muryango, woba uhagarikira ibintu mu gukoresha ubukuru ufise mu buryo bushira imbere ivyo wewe ubwawe wipfuza canke wigombera? Abo mu muryango wawe boba bashigikira ingingo ufata babitumwe n’ubwoba, canke babitumwa n’urukundo? Boba bakwumvira kubera ko ubarusha inguvu? Ivyo ni ibibazo ba serugo bashobora kurimbura kugira bibafashe kuguma bisunga urutonde rwa gitewokarasi mu muryango.​—1 Ab’i Korinto 11:3.

Bite ho nka hamwe woba ufise ubukuru bunaka mw’ishengero rya gikirisu? Kugira ngo usuzume niba uriko urabukoresha mu buryo bubereye, raba niba uriko urahuza n’izi ngingo ngenderwako zahumetswe na Yehova Imana kandi zakurikijwe na Yezu Kirisitu.

“Umushumba w’Umwami . . . akwiye kugira ineza kuri bose, . . . no kwihangana, no guhanūrisha ubugwaneza abamuhāririza”.​—2 Timoteyo 2:24, 25.

Abantu bamwebamwe bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango bari bafise ubukuru buhambaye. Nk’akarorero, Timoteyo yarashobora no ‘gutesha bamwebamwe kwigisha ibiteye ukundi’ (1 Timote 1:3, UB). Yamara, turashobora guhera amazinda yuko Timoteyo yagaragaza kamere z’Imana mu vyo yakora vyose, kubera yuko, ata nkeka yuko mu gucungera ishengero rya gikirisu yahuza n’impanuro yahawe na Paulo yo guhanurisha “ubugwaneza” no “kugira ineza kuri bose”. Kubera ko yari we mukurambere akiri muto kuruta abandi, ku bamukurira yategerezwa kwifata nk’umwana yubaha, ku bo aruta na bo, akifata nk’umuntu yitwararika abo bivukana (1 Timoteyo 5:1, 2). Ishengero rya gikirisu ryitwararitswe muri mwene ubwo buryo burangwa urukundo, usanga rimeze nk’umuryango urangwamwo igishika n’urukundo, ntusanga rimeze nk’ishirahamwe ry’ivy’ubudandaji ritarangwamwo igishika n’ikigongwe.​—1 Ab’i Korinto 4:14; 1 Ab’i Tesalonike 2:7, 8.

“Abaganwa b’amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ububasha. Muri mwebge si ko biri. Arik’ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu”.​—Matayo 20:25, 26.

Abategetsi bakoresha igikenye bo mw’isi ‘batwaza amanyama’ abandi mu kubategeka gukora ivyo bagomba no mu kubagobera ngo bakore ibintu mu buryo bunaka, bakabatera ubwoba mu kubabwira ko baramutse bagambaraye bahanwa. Ariko Yezu Kirisitu we yashimitse ku vyo gukorera abandi no kutabaremera (Matayo 20:27, 28). Yamye afata abigishwa biwe mu buryo buranga urukundo kandi bwerekana ko abitaho. Igihe ukurikije akarorero ka Yezu, n’abandi bica biborohera gusenyera ku mugozi umwe nawe (Abaheburayo 13:7, 17). N’ikindi kandi, bica biborohera ‘kukurenza umusozi umwe’, ni ukuvuga bagakora n’ivyo utabasavye iyo babishoboye, bakabikora babikunze, ntibabikore kubera ko hari ukuntu wabagobereye.​—Matayo 5:41.

“Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, . . . ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho”.​—1 Petero 5:2, 3.

Muri iki gihe, abacungezi barazi yuko bari n’ico bazobazwa ku bijanye n’ukuntu abo mw’ishengero bose bamerewe mu vy’impwemu. Barafatana uburemere iryo banga bajejwe. Mu kwitwararika umukuku w’Imana, barihatira kubigirana umutima ukunze, ishaka n’urukundo. Nka kumwe kw’intumwa Paulo, barakora bagatama kugira bubake bongere bakomeze ukwizera kw’abo bajejwe, aho kuganza ukwizera kwabo.​—2 Ab’i Korinto 1:24.

Igihe bikenewe ko hatangwa impanuro ibereye, abakurambere babikorana agatima k’ubugwaneza kugira babogore uwakoze ikosa canke bafashe umukirisu mugenzi wabo gutera imbere mu vy’impwemu. Baragumiza mu muzirikanyi iyi mpanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Bene Data, umuntu n’iyo yobonekakw icaha, mwebge ab’impwemu [“mubogore”, NW] ūmeze artyo, mumuhanūrishe umutima w’ubugwaneza; kandi wiyubare ubgawe, nawe nyene woye kwoshwa nabi”.​—Ab’i Galatiya 6:1; Abaheburayo 6:1, 9-12.

“Mwihanganiran[e], muhariran[e], . . . mwambare urukundo, ni rwo mugozi [“utagira agasembwa wunga ubumwe”, “NW”]”.​—Ab’i Kolosayi 3:13, 14.

Uvyifatamwo gute iyo bishitse hakagira abadakurikiza ingingo mfatirwako za gikirisu ata gahaze? Woba utahura udusembwa twabo nk’uko Yehova na Yezu Kirisitu babigira (Yesaya 42:2-4)? Canke woba igihe cose ushimika ku vy’uko bashira mu ngiro amategeko y’Imana urudome ku rundi (Zaburi 130:3)? Uribuka yuko ari vyiza kugaragaza ubugwaneza igihe bishoboka, ugakara igihe gusa bikenewe. Gukora ibintu ubitumwe n’urukundo bizotuma wewe n’abo ufiseko ubukuru mwunga ubucuti bukomeye burimwo ukwizigiranira.

Niba hari ubukuru bunaka ufise, niwihatire kwigana Yehova Imana na Yezu Kirisitu mu kuntu ubukoresha. Uribuka ingene umwanditsi wa Zaburi yadondoye mu buryo bw’agahore ukuntu Yehova akoresha ubukuru afise ku basavyi biwe. Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c’ubgatsi butotahaye: andōngōrera i ruhande y’amazi adasūma: aremesha umutima wanje. Anyobora mu nzira zo kugororoka kubg’izina ryiwe”. No ku vyerekeye Yezu dusoma duti: “Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi, nk’uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje”. Wumva none hari ubundi burorero bw’ugukoresha ubukuru mu buryo buranga urukundo bwoza buruta ubwo?​—Zaburi 23:1-3; Yohana 10:14, 15.

[Iciyumviro ku rup. 18]

Yehova yama akoresha ububasha bwiwe mu buryo buhuye neza na neza n’ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe be n’urukundo rwiwe

[Ifoto ku rup. 18]

Rimwe na rimwe, abakurambere bategerezwa guha impanuro iranga urukundo abakoze ikosa

[Ifoto ku rup. 19]

Paulo yahanuye Timoteyo kwifata nk’umwana yubaha no kwifata nk’umuntu yitwararika abo bivukana

[Ifoto ku rup. 20]

Yezu Kirisitu akoresha ubukuru afise mu buryo buranga ubukerebutsi, ubutungane be n’urukundo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika