ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rq icig. 2 rup. 4-5
  • Imana Ni Nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana Ni Nde?
  • Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ivyo bijanye
  • Imana Ni Nde?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Ukuri kwerekeye Imana na Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Imana ni nde?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Himbaza Yehova nka We Mana Yonyene y’Ukuri
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Ni Ibiki Imana Idusaba?
rq icig. 2 rup. 4-5

Icigwa ca 2

Imana Ni Nde?

Imana y’ukuri ni iyihe, kandi yitwa nde? (1, 2)

Ifise umubiri umeze gute? (3)

Kamere zayo zibonekeje ni izihe? (4)

Twoba dukwiye gukoresha ibishushanyo canke ibigereranyo mu kuyisenga? (5)

Uburyo bubiri dushobora kwiga ivyerekeye Imana ni ubuhe? (6)

1. Abantu basenga ibintu vyinshi. Ariko Bibiliya itubwira yuko hari Imana Y’UKURI imwe rudende. Yaremye ibintu vyose mw ijuru no kw isi. Kubera ko yaduhaye ubuzima, ni yo yonyene dukwiye gusenga.​—⁠1 Ab’i Korinto 8:5, 6; Ivyahishuriwe 4:11.

2. Imana irafise amazina menshi y’icubahiro, ariko ifise izina ry’uruharo rimwe gusa. Iryo zina ni YEHOVA. Muri Bibiliya nyinshi, izina ry’Imana ryarakuwemwo hanyuma mu kibanza caryo hashirwa amazina y’icubahiro nka UHORAHO canke UMWAMI. Ariko igihe Bibiliya yandikwa, izina Yehova ryabonekamwo nk’incuro 7 000!​—⁠Yesaya 12:2; 26:4.

3. Yehova arafise umubiri, ariko ntumeze nk’uwu wacu. Bibiliya ivuga ngo ‘Imana ni impwemu.’ (Yohana 4:24) Ikinyabuzima c’impwemu ni ikintu kiturengeye. Nta muntu yigeze abona Imana. Yehova aba mw ijuru, ariko arashobora kubona ibintu vyose. (Zaburi 11:4, 5; Yohana 1:18) Ariko none impwemu yera ni iki? Si umuntu ameze nk’Imana. Ahubwo, ni inguvu zikora z’Imana.​—⁠Zaburi 104:30.

4. Bibiliya iraduhishurira ukuntu Imana imeze. Iratwereka yuko kamere zayo zibonekeje ari urukundo, ubutungane, ubwenge, n’ububasha. (Gusubira mu Vyagezwe 32:4; Yobu 12:13; Yesaya 40:26; 1 Yohana 4:8) Bibiliya itubwira kandi yuko Imana ari inyakigongwe, inyabuntu, inyembabazi, itanga cane, kandi yihangana. Twebwe, nk’abana bagamburuka, dukwiye kugerageza kuyigana.​—⁠Abanyefeso 5:1, 2.

5. Mbega twoba dukwiye kwunamira canke gusenga ibibumbano, ibishushanyo canke ibigereranyo? Oyaye! (Kuvayo 20:4, 5) Yehova avuga yuko dutegerezwa kumusenga we musa. Ntiyosangira ubuninahazwa bwiwe n’uwundi muntu n’umwe canke ikindi kintu na kimwe. Ibishushanyo nta bubasha bifise bwo kudufasha.​—⁠Zaburi 115:4-8; Yesaya 42:8.

6. Tworushiriza gute kumenya Imana? Uburyo bumwe ni mu kwihweza ibintu yaremye kandi tukazirikana cane ico bitwigisha. Ivyo Imana yaremye biratwereka yuko ifise ububasha n’ubwenge bikomeye. Turabonera urukundo rwayo mu vyo yakoze vyose. (Zaburi 19:1-6; Abaroma 1:20) Ubundi buryo dushobora kumenya Imana ni mu kwiga Bibiliya. Muri Bibiliya, Imana iratubwira ibindi vyinshi vyerekeye ukuntu iteye. Imana iratubwira kandi umugambi ifise hamwe n’ivyo ishaka ko dukora.​—⁠Amosi 3:7; 2 Timoteyo 3:16, 17.

[Amafoto ku rup. 5]

Ivyerekeye Imana turavyigira ku vyaremwe no kuri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika