Icigwa ca 15
Fasha Abandi Bakore Ivyo Imana Igomba
Ni kuki wobwira abandi ivyo uriko uriga? (1)
Wosangira na nde inkuru nziza? (2)
Uko wigenza gushobora kugira iki ku bandi? (2)
Ni ryari ushobora kwamamaza inkuru nziza uri kumwe n’ishengero? (3)
1. Ubu uramaze kwiga ibintu vyinshi muri Bibiliya. Ubwo bumenyi bukwiye gutuma utsimbataza kamere y’Umukirisu. (Abanyefeso 4:22-24) Ubumenyi nk’ubwo ni nkenerwa kugira ngo uronke ubuzima budashira. (Yohana 17:3) Ariko rero, hari abandi bakeneye kwumva inkuru nziza kugira ngo na bo bashobore kurokoka. Abakirisu b’ukuri bose bategerezwa gushinga intahe ku bandi bantu. Ni itegeko ry’Imana.—Abaroma 10:10; 1 Ab’i Korinto 9:16; 1 Timoteyo 4:16.
2. Ushobora gutangura kumenyesha ivyo uriko uriga abari hafi yawe. Bibwire abo mu rugo iwanyu, abagenzi, abo mwigana, n’abo mukorana. Ivyo urabigirana ubuntu n’ukwihangana. (2 Timoteyo 2:24, 25) Uribuka ko abantu kenshi baraba uko umuntu yigenza kuruta uko bumviriza ivyo avuga. Ingeso nziza zawe rero zoshobora kuresha abandi bakumviriza ubutumwa ubabwira.—Matayo 5:16; 1 Petero 3:1, 2, 16.
3. Mu nyuma urashobora gukwiza ibisabwa kugira ngo utangure kwamamaza inkuru nziza uri kumwe n’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho uba. Iyo ni intambwe ihambaye mw iterambere ryawe. (Matayo 24:14) Ese ukuntu woba ari umunezero hamwe woshobora gufasha uwundi muntu akaba umusavyi wa Yehova kandi akaronka ubuzima bwamaho!—1 Tesalonike 2:19, 20.