ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/7 rup. 16-21
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inkuru abantu bose bakeneye kwumva
  • Igituma tugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza
  • Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni bwo butumwa twamamaza
  • Ubutumwa ‘buzotubika imitima imenetse’
  • Ingene ubutumwa bw’Ubwami bufasha abantu
  • “Ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana”
  • Tuvuge iyi nkuru nziza y’Ubwami
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Inkuru nziza iriko yamamazwa gute?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Imihezagiro Iva ku Nkuru Nziza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • «Inkuru nziza»
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/7 rup. 16-21

‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’

“Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi . . . akazana inkuru nziza z’ivyiza”.​—YESAYA 52:7.

1, 2. (a) Ni ibintu vy’agacavutu ibihe vyama bishika imisi yose? (b) Abantu benshi bamererwa gute iyo baguma bumva amakuru mabi?

MURI iki gihe, kw’isi yose abantu bararengewe no kwama bumva inkuru mbi. Bavuza iradiyo, bakumva amakuru y’agacavutu yerekeye indwara zitikiza inganda zibangamiye isi. Baraba amakuru kuri televiziyo, bakabona amasanamu y’intibagirwa y’abana bishwe na kigoyi, bariko barataka batakamba barondera icobatabara. Batora ikinyamakuru, bakagisomamwo ivyerekeye ibibombe bituragurika bigasambagura amazu, bigahitana abantu injojo ata co bazira.

2 Emwe, nta musi wijana hatabaye ibintu vy’agacavutu. Ivyo kw’isi biriko birahinduka, bigahinduka vyunyuka (1 Ab’i Korinto 7:31). Ikinyamakuru kimwe co mu Buraya bwo mu Buraruko cavuze yuko hari igihe bishika ukamengo isi yose “igira irurumbe”. Ntibitangaje kubona abantu bumva badendebukiwe barushiriza kwongerekana! Mw’itohoza ryagizwe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryerekeye amakuru aca kuri televiziyo, hari uwavuze amajambo asa n’ayaserura ukuntu abantu amamiliyoni biyumva, igihe yavuga ati: ‘Iyo mpejeje kuraba amakuru, nca numva ndendebukiwe rwose. Ni inkuru mbi gusa. Ndabura uko ngira’.

Inkuru abantu bose bakeneye kwumva

3. (a) Ni inkuru nziza iyihe Bibiliya itangaza? (b) Ni kubera iki uha agaciro inkuru nziza y’Ubwami?

3 Muri iyi si yuzuye umwiza, hoba hoshobora kuboneka inkuru nziza? Cane nyene, irashobora kuboneka! Birahumuriza kumenya yuko Bibiliya itangaza inkuru nziza. Ni inkuru y’uko indwara, inzara, ubugizi bwa nabi, intambara be n’ubwoko bwose bw’agacinyizo bigiye gukurwaho n’Ubwami bw’Imana (Zaburi 46:9; 72:12). None iyo si yo nkuru abantu bose bakeneye kwumva? Ivyabona vya Yehova bibaza ko ari ukwo biri. Ni co gutuma bazwi hose kubera bagira akigoro kadatezura ko kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana abantu bo mu mahanga yose.​—Matayo 24:14.

4. Ni imice iyihe y’ubusuku bwacu twihweza muri iki kiganiro no mu gikurikira?

4 Ariko none, twokora iki kugira ngo tubandanye kugira uruhara mu kwamamaza iyo nkuru nziza mu buryo bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze, mbere no mu vyibare bitimbuka (Luka 8:15)? Umwihwezo mugufi w’imice itatu ihambaye y’igikorwa cacu co kwamamaza, nta gukeka uraza kutwereka ico twokora. Turaza kwihweza (1) Imvo dukorana ibintu, canke igituma twamamaza; (2) ubutumwa dushikiriza, canke ivyo twamamaza; be (3) n’uburyo dukoresha, canke ingene twamamaza. Nitwaguma dukorana imvo zibereye, ubutumwa dushikiriza bukaguma butomoye, uburyo dukoresha na bwo bukaguma ari ubushika ku nyota, tuzoha abantu benshi cane akaryo ko kwumva inkuru nziza kuruta izindi zose, na yo akaba ari inkuru nziza y’Ubwami bw’Imanaa.

Igituma tugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza

5. (a) Imbere ya vyose, ni igiki gituma tugira uruhara mu busuku? (b) Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko iyo tugamburutse itegeko Bibiliya itanga ryo kwamamaza, tuba twerekanye yuko dukunda Imana?

5 Reka turimbure umuce wa mbere: Imvo dukorana ibintu. Ni kubera iki twamamaza inkuru nziza? Igituma tuyamamaza ni nka ca kindi nyene catuma Yezu ayamamaza. Yavuze ati: “Nkunda Data” (Yohana 14:31; Zaburi 40:8). Imbere ya vyose, urukundo dukunda Imana ni rwo rutuma twamamaza (Matayo 22:37, 38). Bibiliya irashira isano hagati y’urukundo dukunda Imana n’ubusuku kubera ko igira iti: “Kuk’ugukunda Imana ar’uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo” (1Yohana 5:3; Yohana 14:21). None mu vyagezwe vy’Imana hoba harimwo na rya tegeko ryo ‘kugenda guhindura abantu abigishwa’ (Matayo 28:19)? Egome. Ni ivy’ukuri ko ayo majambo yavuzwe na Yezu, mugabo ku bwa ngingo yavuye kuri Yehova. Uti gute? Yezu yasiguye ati: “[Ntaco] nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko mbivuga” (Yohana 8:28; Matayo 17:5). Ku bw’ivyo, iyo tugamburutse itegeko ryo kwamamaza, tuba tweretse Yehova ko tumukunda.

6. Ni mu buryo ubuhe urukundo dukunda Yehova rutuvyurira umutima wo kwamamaza?

6 Ikigeretse kuri ivyo, urukundo dukunda Yehova ruratuvyurira umutima wo kwamamaza kubera ko dushaka kubeshuza ibinyoma Shetani ariko arakwiragiza kuri Yehova (2 Ab’i Korinto 4:4). Shetani yarahaririye ngo Imana ntiganza mu buryo bugororotse (Itanguriro 3:1-5). Kubera yuko turi Ivyabona vya Yehova, turashashaye kugira uruhara mu kubeshuza ibinyoma vya Shetani no mu kweza izina ry’Imana imbere y’abantu (Yesaya 43:10-12). Vyongeye, turagira uruhara mu busuku kubera ko twamenye kamere za Yehova n’inzira ziwe. Twumva tumwegereye kandi turi n’icipfuzo gikomeye co kuyagira abandi ivyerekeye Imana yacu. Kukaba nkako, ukumera neza kwa Yehova hamwe n’inzira ziwe zigororotse biratuzanira umunezero mwinshi ku buryo tutoreka kuyaga ibimwerekeye (Zaburi 145:7-12). Twumva tuvyuriwe umutima wo kumushemeza no kubwira “ishimwe” ryiwe abemeye kwumviriza.​—1 Petero 2:9; Yesaya 43:21.

7. Uretse urukundo dukunda Imana, ni iyindi mvo ihambaye iyihe ituma dukora igikorwa co kwamamaza?

7 Hariho iyindi mvo ihambaye ituma tubandanya kugira uruhara mu busuku, na yo ikaba ari iy’uko twipfuza guhumuriza abantu barengewe n’amakuru mabi atagira uko angana be n’abacumukura bivuye ku mvo zitandukanye. Muri ivyo, turagerageza kwigana Yezu. Nk’akarorero, raba ibivugwa muri Mariko ikigabane ca 6.

8. Ibivugwa muri Mariko ikigabane ca 6 vyerekana iki ku kuntu Yezu yiyumva abonye abantu?

8 Intumwa zigarutse zivuye mw’isekeza ryo kwamamaza, maze ziganira Yezu ivyo zakoze be n’ivyo zigishije vyose. Yezu abonye ko intumwa zirushe, aca azibwira ko zojana na we ‘kuruhuka gatoya’. Baciye binjira mu bwato baja mu kibanza gitekanye. Abantu barabakurikira, biruka bajana inkokoro y’ikiyaga maze bidatevye barabashikira. None Yezu aca akora iki? Iyo nkuru ivuga iti: “Abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk’intama zitagira umwungere: atangura kubigisha vyinshi” (Mariko 6:31-34, ni twe dushimitse). Naho Yezu arushe, arabandanya kubwira abantu inkuru nziza kubera yuko bamutera akagongwe. Biraboneka yuko Yezu yumvira impuhwe abo bantu. Arabumvira imbabazi.

9. Inkuru yo muri Mariko ikigabane ca 6 itwigisha iki ku bijanye n’imvo zibereye zikwiye gutuma twamamaza?

9 Ni igiki twigira kuri iyo nkuru? Bwa bakirisu, twumva ko ari itegeko kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. Turatahura yuko tujejwe ibanga ryo gutangaza inkuru nziza kubera ko Imana igomba ko “abantu [“b’uburyo bwose”, NW] bakizwa” (1 Timoteyo 2:4). Ariko rero, ubusuku bwacu ntituburangura gusa nk’igikorwa dutegerezwa gukora, ariko kandi tuburangura tubitumwe n’imbabazi. Nimba twumvira impuhwe abantu nka kumwe Yezu yazibumvira, tuzovyurirwa umutima wo gukora uko dushoboye kwose kugira tubandanye kubabwira inkuru nziza (Matayo 22:39). Kugira uruhara mu busuku tubitumwe n’izo mvo nziza, bizotuma twamamaza inkuru nziza tudahorereza.

Inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ni bwo butumwa twamamaza

10, 11. (a) Yesaya adondora gute ubutumwa twamamaza? (b) Yezu yazanye gute inkuru nziza z’ivyiza, kandi abasavyi b’Imana bo mu bihe vya none biganye gute akarorero yatanze?

10 Tuvuge iki ku bijanye na wa muce ugira kabiri w’ubusuku bwacu, ni ukuvuga ubutumwa twamamaza? Twamamaza iki? Umuhanuzi Yesaya yaradondoye mu buryo bw’akaroruhore ubutumwa twamamaza ati: “Ereg’ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’agakiza, akabarira Siyoni, at’Imana yawe iri ku ngoma!”.​—Yesaya 52:7.

11 Iciyumviro nyamukuru kiri muri ico canditswe, akaba ari iki kivuga ngo “Imana yawe iri ku ngoma”, kiratwibutsa ubutumwa dutegerezwa gutangaza, na bwo akaba ari inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Mariko 13:10). Urabona kandi yuko uwo murongo ushira ahabona umutwe-shimikiro w’ubutumwa dushikiriza. Yesaya akoresha amajambo nk’aya ngo “agakiza”, “inkuru nziza”, “amahoro” be n’“ivyiza”. Haciye ibinjana Yesaya abayeho, ni ukuvuga mu kinjana ca mbere G.C., Yezu Kirisitu yarashikije ubwo buhanuzi mu buryo bwibonekeje mu kudusigira akarorero ko kwamamaza inkuru y’ivyiza n’umwete mwinshi, na yo ikaba yari inkuru yerekeye ukuza kw’Ubwami bw’Imana (Luka 4:43). Mu bihe vya none, na canecane guhera mu 1919, Ivyabona vya Yehova bariganye akarorero ka Yezu mu gutangaza inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana bwashinzwe be n’imihezagiro buzozana.

12. Inkuru nziza y’Ubwami imarira iki abayakira?

12 None iyo nkuru nziza y’Ubwami imarira iki abayakira? Muri iki gihe cokimwe no mu gihe ca Yezu, iyo nkuru nziza iratanga icizigiro ikongera igahumuriza (Abaroma 12:12; 15:4). Iraha icizigiro abantu b’imitima nziraburyarya kubera baca bamenya ko hariho imvo zikomeye zo kwemera yuko hari ibihe vyiza bibarindiriye (Matayo 6:9, 10; 2 Petero 3:13). Ico cizigiro kirafasha cane abantu batinya Imana kuguma babona ibintu mu buryo bwiza. Umwanditsi wa Zaburi avuga ko “[b]atazotinya inkuru mbi”.​—Zaburi 112:1, 7.

Ubutumwa ‘buzotubika imitima imenetse’

13. Umuhanuzi Yesaya adondora gute imihezagiro abakira inkuru nziza baronka muri iki gihe?

13 Si ivyo gusa, abakira inkuru nziza twamamaza baca bahumurizwa bakongera bakaronka imihezagiro no muri iki gihe. Uti gute? Imwimwe muri iyo mihezagiro umuhanuzi Yesaya yarayerekanye igihe yavuga ati: “[Impwemu y’]Umwami Uhoraho [iri] kuri jewe, kuk’Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe; ngo menyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo nirure abagandaye bose”.​—Yesaya 61:1, 2; Luka 4:16-21.

14. (a) Imvugo ngo “gutubika imitima imenetse” yerekana iki ku bijanye n’ubutumwa bw’Ubwami? (b) Twigana gute ingene Yehova yitwararika abafise imitima imenetse?

14 Nk’uko ubwo buhanuzi bubivuga, Yezu ‘yotubitse imitima imenetse’ mu kwamamaza inkuru nziza. Mbega ishusho ikomeye Yesaya yakoresheje! Nk’uko igitabu kimwe c’inyizamvugo c’ivya Bibiliya kibivuga, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “gutubika” “rikunda gukoreshwa mu bijanye no ‘gutekera’ n’ipansuma, rikaba rero ryerekeza ku kuvura no gukiza uwakomeretse”. Umuforoma yitwararika arashobora kuzingira ipansuma canke agatambara ku gihimba c’umubiri cakomeretse kugira ngo agabanye ububare. Muri ubwo buryo nyene, igihe abamamaji b’abitwararitsi bariko baramamaza ubutumwa bw’Ubwami, barakomeza abavyakira neza baba bariko baracumukura mu buryo bunaka. Kandi mu gufasha abari n’ivyo bakeneye, baba biganye ingene Yehova yitwararika abantu (Ezekiyeli 34:15, 16). Umwanditsi wa Zaburi avuga ku vyerekeye Imana ati: “Akiza abafise imitima imenetse, apfuka inguma zabo”.​—Zaburi 147:3.

Ingene ubutumwa bw’Ubwami bufasha abantu

15, 16. Ni uburorero ubuhe bw’ibintu vyabaye bwerekana ingene ubutumwa bw’Ubwami bufasha bukongera bugakomeza ababikeneye?

15 Hariho uburorero injojo bw’ibintu vyashitse mu buzima bwerekana ingene ubutumwa bw’Ubwami bufasha vy’ukuri bukongera bugakomeza abafise imitima imenetse. Rimbura ivyashikiye Oreanna, akaba ari umutamakazi wo muri Amerika y’Epfo, yari yarihebuye mu buzima. Icabona ca Yehova umwe yaratanguye kuza aragendera Oreanna yongera amusomera Bibiliya be na ca gitabu citwa Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliyab. Mu ntango, uwo mutamakazi yadendebukiwe yumviriza ivyo amusomera yiryamiye mu gitanda ahumirije, akaza aracishamwo yiruhutsa. Ariko rero bidatevye, yaratanguye kuza arinanata akicara ku gitanda igihe yaba ariko aramusomera. Hashize igihe gitoyi, yari asigaye yicara ku ntebe mu muryango arorereye ko uwumwigisha Bibiliya ashika. Ubukurikira, uwo mutamakazi yaratanguye kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Aremeshejwe n’ivyo yigiye kuri ayo makoraniro, yaratanguye kuza araha ibitabu bishingiye kuri Bibiliya umuntu wese aciye iruhande y’inzu yiwe. Maze Oreanna, ku myaka 93 y’amavuka yarabatijwe aba Icabona ca Yehova. Ubutumwa bw’Ubwami bwatumye yipfuza kubandanya kubaho.​—Imigani 15:30; 16:24.

16 Ubutumwa bw’Ubwami burafasha cane mbere n’abazi ko bagira bahitanwe n’indwara. Rimbura akarorero k’uwitwa Maria wo mu Buraya bwo mu Burengero. Yari arwaye indwara izoruhira kumwica, kandi yari yihebuye. Igihe Ivyabona vya Yehova bamugendera yari yarihebuye rwose. Ariko rero, igihe yamenya ivyerekeye imigambi y’Imana, ubuzima bwiwe bwaciye busubira kugira intumbero. Yarabatijwe araheza aragira umwete mwinshi mu gikorwa co kwamamaza. Mu myaka ibiri ya nyuma y’ubuzima bwiwe, umuravye mu maso warabona ko hakaka icizigiro n’umunezero. Maria yapfuye afise icizigiro kitanyiganyiga c’izuka.​—Abaroma 8:38, 39.

17. (a) Ubutumwa bw’Ubwami buriko buhindura gute ubuzima bw’ababwakira? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe wewe ubwawe wiboneye yuko Yehova ariko “yēmesha abahetamye bose”?

17 Ivyabonywe nk’ivyo biremeza ko ubutumwa bw’Ubwami bugira ico buhinduye mu buzima bw’abanyotewe ukuri kwo muri Bibiliya. Abantu batuntujwe n’ukubura uwabo barasubira kugira intege iyo bamenye ivyerekeye icizigiro c’izuka (1 Ab’i Tesalonike 4:13). Abantu babayeho mu bukene kandi bagwa bavyuka kugira batunge imiryango yabo, baraheza bakumva ko bari n’agaciro kandi bakaremeshwa no kumenya yuko Yehova atazokwigera abaheba bagumye ari intahemuka kuri we (Zaburi 37:28). Babifashijwemwo na Yehova, abantu benshi bishwe n’intimba, buhorobuhoro bagenda barasubira kuronka inkomezi bakeneye kugira bihangane, kandi rimwe na rimwe bakanashobora kurengera iyo ndwara (Zaburi 40:1, 2). Kukaba nkako, bivuye ku bubasha Yehova atanga biciye kw’Ijambo ryiwe, n’ubu nyene ariko “yēmesha abahetamye bose” (Zaburi 145:14). Iyo twihweje ingene inkuru nziza y’Ubwami ihumuriza abavunitse umutima mu cibare twakebewe be no mw’ishengero rya gikirisu, bica biguma bitwibutsa yuko dufise inkuru iruta izindi zose zihari muri iki gihe!​—Zaburi 51:17.

“Ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana”

18. Ukuba Abayuda barateye akagere inkuru nziza vyagize iyihe ngaruka kuri Paulo, kandi kubera iki?

18 Naho ubutumwa twamamaza burimwo inkuru nziza kuruta izindi zose, abatari bake barabwiyamiriza. None ivyo vyoshobora kugira iyihe ngaruka kuri twebwe? Vyotugirako ingaruka nk’iyo vyagize kuri Paulo. Kenshi yabwira inkuru nziza Abayuda, mugabo benshi muri bo barateye akagere ubutumwa bwerekeye ubukiriro. Ukuba baranse kubwemera vyarababaje rwose Paulo. Yiyemereye ati: “Mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima” (Abaroma 9:2). Paulo yarumvira imbabazi Abayuda yabwira inkuru nziza. Yarababazwa n’ukubona batera akagere inkuru nziza.

19. (a) Ni kubera iki ari ivyumvikana ko dushobora kwumva ducitse intege rimwe na rimwe? (b) Ni igiki cafashije Paulo kubandanya igikorwa ciwe co kwamamaza?

19 Na twebwe nyene twamamaza inkuru nziza tubitumwe n’imbabazi. Birumvikana rero yuko twoshobora kwumva ducitse intege igihe abantu bateye akagere ubutumwa bw’Ubwami. Inyifato nk’iyo yerekana yuko turazwa ishinga n’uko abo tubwira inkuru nziza bomererwa neza mu vy’impwemu. Ariko rero, vyoba vyiza twibutse akarorero k’intumwa Paulo. Ni igiki camufashije kubandanya igikorwa ciwe co kwamamaza? Naho Paulo yatuntujwe akongera akababazwa n’uko Abayuda banse kwemera inkuru nziza, ntiyaciye aheba Abayuda bose, yiyumvira yuko badashobora kuvayo. Yari yizigiye yuko hari hakiriho abokwemeye Kirisitu. Ni co gituma Paulo yanditse ku biraba ukuntu yabona Abayuda bamwebamwe ati: “Ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe”.​—Abaroma 10:1.

20, 21. (a) Ku biraba ubusuku bwacu, dushobora gute gukurikira akarorero ka Paulo? (b) Ni umuce uwuhe w’ubusuku bwacu wihwezwa mu kiganiro gikurikira?

20 Raba ibintu bibiri Paulo yashimitseko. Yaripfuza bivuye ku mutima yuko abantu bamwebamwe boronka ubukiriro, kandi yaratakambiye Imana kugira ngo bishoboke. No muri iki gihe turigana akarorero ka Paulo. Tuguma dufise icipfuzo co kurondera abantu bose bafise umutima wo kwakira inkuru nziza. Tuguma dusenga Yehova ngo turonke abantu nk’abo kugira ngo dushobore kubafasha kubaho mu buryo buzotuma baronka ubukiriro.​—Imigani 11:30; Ezekiyeli 33:11; Yohana 6:44.

21 Ariko rero, kugira ngo dushikire abantu benshi bashoboka tubashiriye ubutumwa bw’Ubwami, ntidukeneye gusa kwitwararika igituma twamamaza be n’ivyo twamamaza, mugabo turakeneye no kwitwararika ingene twamamaza. Ico kintu kirihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Iki kiganiro kiza kwihweza imice ibiri ya mbere. Ikiganiro gikurikira na co cihweza umuce wa gatatu.

b Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wize iki?

• Ni imvo izihe zituma tugira uruhara mu busuku?

• Ubutumwa nyamukuru twamamaza ni ubuhe?

• Abakira ubutumwa bw’Ubwami bironkera iyihe mihezagiro?

• Ni ibiki bizodufasha kubandanya ubusuku bwacu?

[Amafoto ku rup. 18]

Ubutumwa bw’Ubwami burakomeza ab’imitima imenetse

[Amafoto ku rup. 20]

Isengesho riradufasha kwihangana mu busuku bwacu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika