Ururirimbo rwa 151
Tuvuge iyi nkuru nziza y’Ubwami
1. Vuga ya nkuru nziza y’Ubwami Yezu yabuye.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Mu kuvug’iyo nkuru ntutinye ngo biragoye.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Vuga ya nkuru nziza y’Ubwami no ku mihana;
Koresh’ibitabu ata munt’urengana.
Vugan’ubuhinga n’umwete kandi wihangana.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
2. Vuga ya nkuru nziza y’inzimano Ya ’zotanga.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Yukw’ivyibo vy’abitonda bizoba agasenga.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Vuga ya nkuru nziza ya za mvinyu zo kwidiha.
Yukw’abashonje bazory’indya zitabiha.
Vuga ya nkuru yukw’ata munt’azob’akiniha.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
3. Vuga ya nkuru nziza y’akamwemwe kazohaba.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Ku bakunda Yehova nta ntunt’ikwiye kuhaba.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!
Vuga ya nkuru nziza ku bantu boshim’iciza;
Ku bizigir’Imana amahor’azoza.
Vug’ingene gukorer’Imana binezereza.
Vug’iyi nkuru nziza y’Ubwami!