Imihezagiro Iva ku Nkuru Nziza
“Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, . . . [kwirura] abagandaye bose.”—YESAYA 61:1, 2.
1, 2. (a) Yezu yimenyekanishije ko ari nde, kandi gute? (b) Inkuru nziza Yezu yamamaje yazanye imihezagiro iyihe?
KU MUSI umwe w’Isabato, mu ntango y’ubusuku bwiwe, Yezu yari mw’isinagogi i Nazareti. Nk’uko inkuru ibivuga, “bamuha igitabo c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe, ngo [im]pwemu [y]’Uhoraho [i]ri kuri jewe, ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo [namamaze] ubutumwa bgiza.” Yezu yarabandanije arasoma n’ibindi ku vyerekeye iyo nkuru menyeshakazoza. Maze yaciye yicara hanyuma avuga ati: “Ivyo vyanditswe birashitse uyu musi.”—Luka 4:16-21.
2 Muri ubwo buryo, Yezu yarimenyekanishije ko ari wa mwamamaji yari yaramenyeshejwe mu buhanuzi, yovuze inkuru nziza akaba n’uwuhumuriza. (Matayo 4:23) Kandi ese ukuntu iyo nkuru Yezu yategerezwa kuvuga yari inkuru nziza! Yamenyesheje abamwumviriza ati: “Jewe nd’umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubu[zima].” (Yohana 8:12) Yavuze kandi ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:31, 32) Nta woharira, Yezu yari afise “amajambo y’ubu[zima] budashira.” (Yohana 6:68, 69) Nta nkeka ko umuco, ubuzima n’umwidegemvyo, ari imihezagiro dukwiye guha agaciro!
3. Ni inkuru nziza iyihe abigishwa ba Yezu bamamaje?
3 Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., abigishwa barabandanije igikorwa ca Yezu co kwamamaza inkuru nziza. Baramamaje “ubutumwa bgiza bg’ubgami” ku Bisirayeli no ku bantu b’abanyamahanga. (Matayo 24:14; Ivyakozwe 15:7; Abaroma 1:16) Ababwakiriye barashitse ku kumenya Yehova Imana. Barabohowe bakurwa mu buja bw’idini maze bacika abo mu bagize ihanga rishasha ry’ivy’impwemu, ari ryo “Israeli y’Imana,” (UB) abarigize bakaba bafise ivyizigiro vy’ugutegeka ibihe bidahera mw’ijuru bafatanije n’Umukama wabo, ari we Yezu Kirisitu. (Ab’i Galatiya 5:1; 6:16; Abanyefeso 3:5-7; Ab’i Kolosayi 1:4, 5; Ivyahishuriwe 22:5) Iyo yari imihezagiro ihambaye koko!
Ukwamamaza Muri Iki Gihe
4. Ni mu buryo ki ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza ririko rirarangurwa muri iki gihe?
4 Muri iki gihe, Abakirisu basizwe, bashigikiwe na rya “shengero ryinshi” rirushiriza kwongerekana ry’“izindi ntama,” barabandanya gushitsa ibanga ryorangutse no muri kazoza ryari ryahawe Yezu mu ntango. (Ivyahishuriwe 7:9; Yohana 10:16) Ico vyavuyemwo ni uko inkuru nziza iriko iramamazwa ku rugero rutari bwigere ruboneka. Mu bihugu n’uturere bishika 235, Ivyabona vya Yehova baragiye “[kubgira] abaciye bugufi ubutumwa bgiza; . . . gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe; ngo [bam]enyeshe abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho, n’umusi wo kwīhōra w’Imana yacu; ngo [b]irure abagandaye bose.” (Yesaya 61:1, 2) Ni co gituma igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwa n’Abakirisu kibandanya kuzanira imihezagiro abantu benshi no kwirura mu buryo nyakuri “abari mu marushwa yose.”—2 Ab’i Korinto 1:3, 4.
5. Ku vyerekeye ukwamamaza inkuru nziza, Ivyabona vya Yehova batandukaniye he n’amashengero y’Abiyita Abakirisu?
5 Nta woharira ngo amashengero yo mu Biyita Abakirisu ntashigikira uburyo butandukanye bwo kwamamaza. Menshi ararungika mu mahanga abamisiyonari kugira ngo bakwegere abantu bo mu bindi bihugu mw’idini ryabo. Nk’akarorero, hariho ikinyamakuru kimwe (The Orthodox Christian Mission Center Magazine) gitanga raporo y’igikorwa c’abamisiyonari b’Aborotodogisi muri Madagasikari, mu bumanuko bwa Afirika, muri Tanzaniya no muri Zimbabwe. Ariko rero, mw’ishengero ry’Aborotodogisi, cokimwe no mu yandi mashengero y’Abiyita Abakirisu, igice kinini c’abarigize ntibagira uruhara muri mwene ico gikorwa. Mu Vyabona vya Yehova ho si uko, abiyeguye bose bihatira kugira uruhara mu kwamamaza inkuru nziza. Baratahura yuko kwamamaza inkuru nziza ari ikimenyamenya c’uko bafise ukwizera nyakuri. Paulo yavuze ati: “Umutima [n]i wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza.” Ukwizera kudatuma umuntu agira ico akoze, mu vy’ukuri kuba gupfuye.—Abaroma 10:10; Yakobo 2:17.
Inkuru Nziza Izana Imihezagiro Yamaho
6. Ni inkuru nziza iyihe iriko iramamazwa muri iki gihe?
6 Ivyabona vya Yehova bamamaza inkuru nziza iruta izindi zose. Barazingurura Bibiliya zabo maze bakereka abantu bavyakira neza yuko Yezu yatanze ubuzima bwiwe kw’inkuka kugira ngo ahe umuryango w’abantu uburyo bwo kwiyegereza Imana, guharirwa ivyaha no kugira icizigiro c’ubuzima budahera. (Yohana 3:16; 2 Ab’i Korinto 5:18, 19) Baratangaza yuko Ubwami bw’Imana bwashinzwe mw’ijuru burongowe n’Umwami yasizwe, ari we Yezu Kirisitu, be n’uko vuba bugiye gukuraho ububisha kw’isi hanyuma buhagarikire ivyo kugarukana Iparadizo. (Ivyahishuriwe 11:15; 21:3, 4) Bararangura ubuhanuzi bwa Yesaya mu kumenyesha ababanyi babo yuko ubu turi mu “mwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho,” aho abantu bagishobora kwakira inkuru nziza. Barabura kandi yuko vuba hagiye kuza “umusi wo kwīhōra w’Imana,” aho Yehova azoherengeteza inkozi z’ikibi zitigaya.—Zaburi 37:9-11.
7. Ni icabaye ikihe cerekana ubumwe Ivyabona vya Yehova bafitaniye, kandi ni kuki bafitaniye mwene ubwo bumwe?
7 Mw’isi isinzikajwe n’amakuba be n’ivyago, iyo ni yo nkuru nziza yonyene izana ivyiza bihoraho. Abayemera barinjira mu muryango ukwiye kw’isi yose w’Abakirisu bunze ubumwe, abatareka ngo ugutandukana gushingiye ku bwenegihugu, ku bwoko canke ku butunzi kubazanemwo amacakubiri. ‘Barambaye urukundo, ari rwo mugozi uzana ugutungana.’ (Ab’i Kolosayi 3:14; Yohana 15:12) Ivyo vyaribonekeje mu mwaka uheze mu gihugu kimwe co muri Afirika. Umusi umwe mu gitondo, ku murwa mukuru w’ico gihugu hazindutse havuga inkoho. Bariko bagerageza gusenyura ubutegetsi. Igihe ivyo bintu vyatangura kujamwo ikibazo c’amoko, hari umuryango ugizwe n’Ivyabona waneguwe kubera wahishije Ivyabona bagenzi babo badasangiye ubwoko. Uwo muryango wishuye uti: “Ivyabona vya Yehova ni bo bonyene bari mu nzu yacu.” Kuri bo, kudahuza ubwoko si vyo vyari bihambaye; urukundo rwa gikirisu ni rwo rwari ruhambaye, na rwo rukaba ruserukira ku guhumuriza ababikeneye. Incuti imwe y’uwo muryango itari Icabona yavuze iti: “Abo mu madini yose barahemukiye abo basenga hamwe. Ivyabona vya Yehova bonyene ni bo batabigize.” Ibintu vyinshi nk’ivyo bivugwa mu bihugu bitabagurwa n’indwano z’abanyagihugu, birerekana yuko Ivyabona vya Yehova mu vy’ukuri ‘bakunda umuryango wose w’abavukanyi.’—1 Petero 2:17, NW.
Inkuru Nziza Irahindura Abantu
8, 9. (a) Ni amahinduka ayahe abemera inkuru nziza bagira? (b) Ni ivyabaye ibihe vyerekana ububasha bw’inkuru nziza?
8 Inkuru nziza irafitaniye isano n’ivyo Paulo yise “ubu[zima] bga none n’ubuzoza.” (1 Timoteyo 4:8) Ntitanga gusa icizigiro ciza igitangaza kandi kidakekeranya ku bwa kazoza, ariko kandi iraryohora ‘ubuzima bwa none.’ Mu Vyabona vya Yehova, umwe wese arongorwa n’Ijambo ry’Imana Bibiliya kugira ngo abeho ahuza n’ukugomba kw’Imana. (Zaburi 119:101) Barahinduka muri kamere zabo uko batsimbataza kamere y’ukugororoka n’ukudahemuka.—Abanyefeso 4:24.
9 Rimbura akarorero ka Franco. Yari afise ingorane yo gushavura. Igihe cose hari ibintu bitagenze nk’uko abishaka, yaca araka akamenagura ibintu. Umugore wiwe yariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze akarorero kabo karanga Abakirisu karafashije buhorobuhoro Franco kubona ko ategerezwa guhinduka. Yariganye Bibiliya na bo maze amaherezo arashobora kugaragaza bimwe mu vyamwa vy’impwemu, ari vyo amahoro n’ukwigumya. (Ab’i Galatiya 5:22, 23) Ni umwe mu bantu 492 babatijwe mu Bubirigi mu mwaka w’umurimo w’2001. Rimbura kandi ivya Alejandro. Uwo musore yariziziwe n’ibiyayuramutwe gushika aho asigara atungwa n’ukunuranura muri nyabarega, aza arakurayo utuntu yogurisha ngo aronke ayo kugura ivyo biyayuramutwe. Igihe yari afise imyaka 22, Ivyabona vya Yehova barasavye Alejandro ngo bigane Bibiliya, aremera. Yasoma Bibiliya ku musi ku musi akongera akitaba amakoraniro ya gikirisu. Yarahumanuye ubuzima bwiwe ningoga ku buryo mu mezi adashika atandatu, yashoboye kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, akaba ari umwe mu bantu 10.115 babigize mu mwaka uheze muri Panama.
Inkuru Nziza Ni Umuhezagiro ku Bicisha Bugufi
10. Ni bande bakira inkuru nziza, kandi ukuntu babona ibintu guhinduka gute?
10 Yesaya yabuye yuko inkuru nziza yokwamamajwe ku bantu bicisha bugufi. Abo bantu bicisha bugufi ni bande? Ni bamwe badondorwa mu gitabu c’Ivyakozwe ko “bari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera.” (Ivyakozwe 13:48, NW) Ni abantu bicisha bugufi dusanga mu nzego zose z’ikibano bakira neza ubutumwa bw’ukuri. Abantu nk’abo bariga yuko gukora ivyo Imana igomba bizana imihezagiro ihambaye kuruta kure n’iyo ikintu ico ari co cose isi itanga. (1 Yohana 2:15-17) None Ivyabona vya Yehova bashikira imitima y’abantu gute mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza?
11. Nk’uko Paulo abivuga, inkuru nziza ikwiye kwamamazwa gute?
11 Rimbura akarorero k’intumwa Paulo, uwandikiye Abanyakorinto ati: “Bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana. Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we ya[manitsw]e.” (1 Ab’i Korinto 2:1, 2) Paulo ntiyagerageje gutangaza abamwumviriza akoresheje ubumenyi afise. Nta kindi yigishije atari ibintu vyemejwe n’Imana, ivyo bintu ubu bikaba vyanditswe muri Bibiliya. Raba kandi ukuntu Paulo yaremesheje umwamamaji mugenziwe Timoteyo ati: “Uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye.” (2 Timoteyo 4:2) Timoteyo yategerezwa kwamamaza “ijambo,” na ryo akaba ari ubutumwa bw’Imana. Paulo yandikiye kandi Timoteyo ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.”—2 Timoteyo 2:15.
12. Ivyabona vya Yehova muri iki gihe bakurikiza gute amajambo ya Paulo n’akarorero kiwe?
12 Ivyabona vya Yehova barakurikiza akarorero ka Paulo hamwe n’amajambo yabwiye Timoteyo. Baremera icese ububasha bw’Ijambo ry’Imana maze bakarikoresha neza igihe barondera kwereka ababanyi babo amajambo abereye y’icizigiro kandi ahumuriza. (Zaburi 119:52; 2 Timoteyo 3:16, 17; Abaheburayo 4:12) Ego ni ko, barakoresha neza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya kugira ngo abashimishijwe bashobore kwongereza bitonze ubumenyi ku biraba Bibiliya. Mugabo bama nantaryo barondera kwereka abantu amajambo ari mu Canditswe. Barazi yuko Ijambo ry’Imana ryahumetswe rizokora ku mitima y’abantu bicisha bugufi. Vyongeye igihe Ivyabona barikoresha muri ubwo buryo birakomeza n’ukwizera kwabo bwite.
“Kwirura Abagandaye Bose”
13. Mu mwaka w’2001, ni ibiki vyabaye bituma abantu benshi bakenera kwirurwa kubera bagiye mu kigandaro?
13 Umwaka w’2001 na wo warabayemwo ivyago, bituma abantu benshi bakenera kwirurwa. Mu kwezi kwa Nyakanga guheze, ibintu nk’ivyo vyarashitse mu buryo bwibonekeje muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igihe bagaterabwoba batera inyubakwa z’ahari Icicaro Gikuru c’Ubucuruzi (World Trade Center) i New York be n’ahari Ibiro Bikuru vyo Kwivuna Abansi (Pentagon) hafi y’igisagara ca Washington. Ese ukuntu igihugu cose cakubiswe n’inkuba igihe haba ivyo bitero! Igihe hateye ibintu nk’ivyo, Ivyabona vya Yehova bihatira kurangura ibanga ryabo ryo ‘kwirura abagandaye bose.’ Reka turabe uturorero dukeyi twerekana ukuntu babigenza.
14, 15. Mu bihe bibiri bitandukanye, Ivyabona bashoboye gute gukoresha ivyanditswe mu buryo ngirakamaro mu kwirura abagandaye?
14 Hari Icabonakazi w’umwamamaji w’igihe cose yegereye umukenyezi yari ku nzira maze amubaza ico yibaza ku vyerekeye vya bitero vya bagaterabwoba vyari biherutse kuba. Nya mukenyezi yaciye atangura kurira. Yavuze yuko vyamutuntuje kandi akababazwa n’uko atashoboye kugira ico afasha. Nya Cabona yamubwiye yuko Imana yitwararika cane umwe wese muri twebwe, maze amusomera Yesaya 61:1, 2. Uwo mukenyezi yumvise ayo majambo yahumetswe n’Imana atomoye, aca avuga yuko abantu bose bagandaye. Yaremeye kwakira agapapuro k’ubutumwa yongera asaba nya Cabona kumugendera i muhira.
15 Ivyabona babiri bari mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza barahuye n’umugabo yariko arakora mw’itongo ryiwe. Baramusavye niba bomwereka amajambo ahumuriza avuye mu Vyanditswe, kubera amakuba yari aherutse kuba kuri za nyubakwa z’Icicaro Gikuru c’Ubucuruzi. Abibemereye baciye basoma 2 Ab’i Korinto 1:3-7, aharimwo aya majambo avuga ngo: “Ukwirurwa . . . kwarushirije kugwizwa na Kristo.” Nya mugabo yarakengurutse kubona ababanyi biwe b’Ivyabona bariko barabwira abandi ikintu gihumuriza maze avuga ati: “Imana nihezagire igikorwa ciza muriko murakora.”
16, 17. Ni ivyabaye bibiri ibihe vyerekana ububasha Bibiliya ifise bwo gufasha abantu bababajwe n’amakuba kandi akabatesha umutwe?
16 Hari Icabona yasubiye kugendera abantu bari bashimishijwe, ahahurira n’umugabo umwe, nyina yari yaragaragaje ugushimishwa maze nya cabona asigura yuko arajwe ishinga n’ukuntu ababanyi bamerewe inyuma y’amarorerwa ahitiyeho. Uwo mugabo yaratangajwe n’ukubona ico Cabona yigoye agafata umwanya wo kugendera abantu kugira arabe uko bamerewe. Yavuze yuko yariko akorera mu micungararo ya ya nyubakwa y’ubucuruzi igihe nya gitero caba gutyo akaba yariboneye ukuntu ivyo bintu vyose vyagenze. Igihe uwo mugabo yabaza igituma Imana ireka abantu bagacumukura, nya Cabona yaciye asoma imirongo yo muri Bibiliya, harimwo na Zaburi 37:39, ahavuga hati: “Agakiza k’abagororotsi kanduruka k’Uhoraho, ni we buhungiro bgabo mu gihe c’amagorwa.” Nya mugabo yarabajije n’umutima mwiza ukuntu nya Cabona be n’umuryango wiwe bamerewe, amusaba kuzogaruka yongera araserura ugukenguruka kuvuye ku mutima kuba yabagendeye.
17 Uwundi wo muri ba bantu ibihumbi n’ibihumbi bagandaye yiruwe n’Ivyabona vya Yehova mu misi yakurikiye vya bitero vya bagaterabwoba, yari umukenyezi Ivyabona bahuye na we igihe bariko baragendera ababanyi babo. Yari yataye umutwe kubera ivyabaye, aratega yompi igihe basoma Zaburi 72:12-14, ahagira hati: “Azokiza umukene ah’azotakambira, n’umugorwa atagira gitabara. Azogirira akagongwe uworoshe n’umukene, amagara y’abakene azoyakiza. Azobacungura, abakize agahahazo n’umuryano; kand’amaraso yabo azoba ay’igiciro mu nyonga ziwe.” Ese ukuntu ayo majambo yari afise ico avuze! Nya mukenyezi yaciye asaba ivyo Vyabona gusubira gusoma iyo mirongo maze abaha ikaze mu nzu iwe kugira ngo babandanye ico kiganiro. Barangije ico kiyago inyigisho ya Bibiliya imaze gutanguzwa.
18. Icabona kimwe yafashije gute ababanyi biwe igihe bamusaba kubaserukira mw’isengesho?
18 Hari Icabona akorera mw’iresitora yo mu karere k’abatunzi aho abantu batahora bashimishwa cane n’inkuru nziza y’Ubwami. Inyuma ya vya bitero vya bagaterabwoba, ababa muri ako karere barakubiswe n’inkuba. Ku mugoroba wo ku wa Gatanu haraye habaye ico gitero, umukenyezi ahagarikiye iyo resitora yarasavye umwe wese gusohoka yitwaje ibuji, bamara akanya bazirikana mu gacerere, bibuka abahitanywe n’ivyo bitero. Ico Cabona yarubahirije inyiyumvo zabo, arasohoka maze arahagarara ku nzira acereje. Nya muhagarikizi yari azi yuko ari Icabona ca Yehova, ari co gituma ako kanya ko kuzirikana karangiye yamusavye kubaserukira mw’isengesho. Nya Cabona yaremeye. Mw’isengesho yatuye, yaravuze ivy’uko ahantu hose abantu bagandaye, mugabo avuga yuko naho abo bagandaye bishwe n’intuntu, borema kubera hari icizigiro. Yaravuze ivy’igihe ibintu biteye ubwoba nk’ivyo bitazosubira gushika yongera avuga yuko bose boshobora kwiyegereza Imana yirura biciye ku bumenyi ntagakosa bwo muri Bibiliya. Amaze kuvuga “Amen,” nya muhagarikizi, akurikiwe n’abantu barenga 60 bari hanze y’iyo resitora, yaraje kuri nya cabona aramushimira yongera amugwa mu nda, avuga yuko iryo sengesho ryari rihimbaye kuruta ayandi yose yari amaze kwumva.
Umuhezagiro ku Kibano
19. Ni icabaye ikihe cerekana yuko bamwebamwe bemera ko Ivyabona vya Yehova bafise inyifato nziza?
19 Muri iyi misi canecane, mu bibano Ivyabona vya Yehova bakoreramwo, ukuba bari muri ivyo bibano biragirira akamaro abantu babibamwo, nk’uko benshi bavyiboneye. Abantu baremesha amahoro, ukutagunga no kugira inyifato idahumanye boreka kuba inguvu y’iciza? Mu gihugu kimwe co muri Aziya yo Hagati, Ivyabona barahuye n’intwazangabo yakukurutse yahora ikora mu bacungera umutekano. Yavuze yuko yigeze gushingwa igikorwa co kugira iperereza ku madini atandukanye. Igihe yasuzuma Ivyabona vya Yehova, yaratangajwe n’ukuntu batagira uburyarya kandi bigenza neza. Yarashimye ukwizera gushikamye bafise be n’ukuntu inyigisho zabo zishingiye ku Vyanditswe. Uwo mugabo yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.
20. (a) Igikorwa caranguwe n’Ivyabona vya Yehova mu mwaka uheze cerekana iki? (b) Ni igiki cerekana ko hakiriho igikorwa kinini co gukora, kandi tubona gute agateka dufise ko kwamamaza inkuru nziza?
20 Dufatiye kuri ivyo vyabaye bikeyi vyiganywe muri iki kiganiro, bikaba ari bike mu vyabaye ibihumbi n’ibihumbi vyari gushobora kuvugwa, biragaragara yuko Ivyabona vya Yehova bagize umwete mu mwaka w’umurimo w’2001.a Baraganiriye n’abantu amamiliyoni, barirura abantu benshi bari bagandaye, kandi igikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza carahezagiwe. Hari abantu 263.431 bagereranije ukwiyegurira Imana kwabo mu kubatizwa. Kw’isi yose, igitigiri c’abamamaji carongerekanye ibice 1,7 kw’ijana. Vyongeye kuba abantu 15.374.986 baritavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu kigirwa ku mwaka ku mwaka, vyerekana yuko hakiriho igikorwa kinini co gukora. (1 Ab’i Korinto 11:23-26) Nimuze tubandanye kurondera abicisha bugufi bakira neza inkuru nziza. Vyongeye bugingo umwaka wo kwemererwamwo na Yehova ukibandanya, tubandanye guhumuriza ab’“imitima imenetse.” Ese ukuntu ari agateka keza dufise! Nta nkeka twese turasamiriza amajambo ya Yesaya agira ati: “Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje.” (Yesaya 61:10) Ese Imana yobandanya kudukoresha uko irangura aya majambo menyeshakazoza agira ati: “Umwami Uhoraho azomeza ukugororoka n’ishimwe imbere y’amahanga yose.”—Yesaya 61:11.
[Akajambo k’epfo]
a Igicapo kiri ku rupapuro rwa 29 gushika ku rwa 32 kiratanga raporo y’igikorwa c’Ivyabona vya Yehova co mu mwaka w’umurimo w’2001.
Woba Uvyibuka?
• Abicisha bugufi bungukiye gute ku nkuru nziza Yezu yamamaje?
• Abakiriye neza igikorwa co kwamamaza inkuru nziza caranguwe n’abigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere baronse iyihe mihezagiro?
• Abakira neza inkuru nziza muri iki gihe vyatumye bahezagirwa gute?
• Agateka dufise ko kuba abamamaji b’inkuru nziza tukabona gute?
[Igicapo ku rup. 29-32]
RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE W’2001
(See magazine)
[Amafoto ku rup. 25]
Ivyabona vya Yehova bama nantaryo bibuka ibanga bajejwe ryo kwamamaza inkuru nziza
[Amafoto ku rup. 27]
Abakira neza inkuru nziza baracika abagize ikivukano cunze ubumwe gikwiye kw’isi yose