Ishirahamwe Ryabo n’Igikorwa Cabo Bikwiye kw’Isi Yose
HARIHO inzego zitari nke zakoreshejwe mu kurongora igikorwa co gushinga intahe mu bihugu birenga 230 kiriko kirakorerwamwo. Ubuyobozi muri rusangi buva ku Nama Nyobozi ku cicaro gikuru kiri i Brooklyn, muri New York. Inama Nyobozi irarungika abayiserukira ku mwaka ku mwaka mu mihingo itandukanye kw’isi yose kugira babonane n’abaserukira amashami muri iyo mihingo. Mu biro vy’amashami, hariho Amakomite y’Amashami ahurikiwemwo n’abantu bava kuri batatu gushika ku ndwi bo gucungera igikorwa mu bihugu bahagarikiye. Amwamwe muri ayo mashami arafise inyubakwa zo gucapuriramwo, amwamwe akaba akoresha amamashini acapura mu buryo bwihuta cane. Igihugu canke akarere karabwa n’ishami rimwerimwe ryose kigabuwe mu ntara, intara na zo zikaba zigabuwe mu mizunguruko. Umuzunguruko wose urimwo amashengero nka 20. Umucungezi w’intara agendera imizunguruko yo mu ntara ahagarikiye aza arakuranya. Amateraniro abiri aragirwa ku mwaka ku mwaka ku bw’umuzunguruko umwumwe. Hariho kandi umucungezi w’umuzunguruko, na we mu bisanzwe akagendera kabiri mu mwaka ishengero rimwe ryose ryo mu muzunguruko wiwe, agasahiriza Ivyabona baho mu kuringaniza no mu gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu cibare iryo shengero ryakebewe.
Ishengero ryaho hamwe n’Ingoro y’Ubwami yaryo ni ho remezo mu vyo kubwira abandi inkuru nziza mu kibano c’aho ubaye. Uturere ishengero rimwe ryose rishinzwe dusatagurwa mu vyibare bitobito. Kimwe cose muri ivyo gishingwa Icabona umwe, uno akihatira kugendera no kuganiriza abantu bo ku muhana wose waho. Ishengero rimwe ryose, irigizwe n’Ivyabona bava kuri bakeyi gushika nko ku 200, rirafise abakurambere bashinzwe kwitwararika udukorwa dutandukanye. Umwamamaji umwe w’inkuru nziza arahambaye mw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Ivyabona bose, baba abakorera ku cicaro gikuru, mu mashami canke mu mashengero, barakora ico gikorwa co mu ndimiro co kwibwirira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana.
Amaraporo y’uwo murimo amaherezo arashikira icicaro gikuru c’isi yose, hanyuma igitabu c’umwaka citwa Annuaire kikungunganywa maze kigasohorwa. Vyongeye, ku mwaka ku mwaka hariho igicapo gisohorwa mu nomero y’Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero. Ivyo bisohokayandikiro bibiri biratanga amaraporo asobanuwe ido n’ido y’ibirangurwa ku mwaka ku mwaka mu gikorwa co gushingira intahe Yehova n’Ubwami bwiwe burongowe na Kirisitu Yezu. Mu myaka iheruka, Ivyabona hamwe n’abandi bantu bashimishwa bashika 14.000.000 baritavye Icibutso c’urupfu rwa Yezu ku mwaka ku mwaka. Ivyabona vya Yehova bamara amasaha arenga 1.000.000.000 ku mwaka bamamaza inkuru nziza, abashasha barenga 300.000 bakabatizwa. Ibitabu bisigirwa abantu vyose biba imiliyoni amajana.