Icigwa ca 14
Ukuntu Ivyabona vya Yehova Bagize Ishirahamwe
Ivyabona vya Yehova batanguye ryari mu bihe vya none? (1)
Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova arongorwa gute? (2)
Amafaranga akoreshwa aboneka gute? (3)
Ishengero rimwe ryose riyoborwa na nde? (4)
Ni amakoraniro ayahe maninimanini agirwa uko umwaka utashe? (5)
Ni igikorwa ikihe kirangurirwa ku cicaro gikuru cabo no ku biro vyabo vy’amashami? (6)
1. Mu bihe vya none, Ivyabona vya Yehova batanguye mu myaka y’1870. Ubwa mbere bitwa Abigishwa ba Bibiliya. Ariko mu 1931 bafashe izina rihuye n’Ivyanditswe, ari ryo Ivyabona vya Yehova. (Yesaya 43:10) Mu ntango Ishirahamwe ryari rito, ariko mu nyuma ryarakuze rirashika ku Vyabona amamiliyoni bashirutse ubute mu kwamamaza inkuru nziza mu bihugu birenga 230.
2. Amashengero menshi y’Ivyabona vya Yehova agira amakoraniro gatatu mu ndwi. Uratumiwe kwitaba iryo ari ryo ryose muri ayo. (Abaheburayo 10:24, 25) Bibiliya ni ryo shimikiro ry’ivyigishwa. Amakoraniro atangurwa n’isengesho akarangizwa n’irindi. ‘Indirimbo z’ivy’umutima’ zivuye ku muzirikanyi na zo nyene ziraririmbwa ku makoraniro menshi. (Abanyefeso 5:18, 19) Mu kwinjira ntibariha, kandi nta mahera atozwa.—Matayo 10:8.
3. Amashengero menshi agirira amakoraniro mu Ngoro y’Ubwami. Kenshi izo ngoro usanga zubatswe mu buryo busanzwe n’Ivyabona bakora bavyishakiye. Nta bishusho, nta misaraba canke ibintu nk’ivyo uzosanga ku Ngoro y’Ubwami. Amafaranga akoreshwa ava mu ngabirano zitangwa n’abavyishakiye. Ku bashaka gutanga ingabirano, hariho agasandugu k’intererano.—2 Ab’i Korinto 9:7.
4. Mw ishengero rimwe ryose harimwo abakurambere, ari bo bacungezi. Ni bo bayobora mu kwigisha mw ishengero. (1 Timoteyo 3:1-7; 5:17) Bafashwa n’abakozi b’ishengero. (1 Timoteyo 3:8-10, 12, 13) Abo bantu ntibashirwa hejuru gusumba abandi bari mw ishengero. (2 Ab’i Korinto 1:24) Ntibahabwa amazina y’icubahiro adasanzwe. (Matayo 23:8-10) Ntibambara mu buryo butandukanye n’abandi. Eka nta n’umushahara bahabwa ku bw’igikorwa bakora. Abakurambere baritaho n’umutima ukunze ivyo ishengero rikeneye mu vy’umutima. Barashobora guhumuriza kandi bagatanga ubuyobozi mu bihe vy’ingorane.—Yakobo 5:14-16; 1 Petero 5:2, 3.
5. Ivyabona vya Yehova kandi baragira amateraniro maninimanini uko umwaka utashe. Muri ivyo bihe amashengero menshi aratororokanira hamwe kubera porogarama idasanzwe y’ukwigishwa ivya Bibiliya. Ukubatizwa kw’abigishwa bashasha ni ikintu gikunda kuhaba muri porogarama yose y’iteraniro.—Matayo 3:13-17; 28:19, 20.
6. Icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri i New York. Aho ni ho hari Inama Nyobozi, ikaba ari umugwi uhagarikiye ugizwe n’abakurambere bazi utuntu n’utundi bahagarikiye ishengero ryo kw isi yose. Hariho kandi n’ibiro birenga 100 vy’amashami hirya no hino kw isi. Muri ivyo bibanza, abakora bavyishakiye barafasha gucapura no kurungika ivyandikano bishingiye kuri Bibiliya. Haratangwa kandi ubuyobozi mu vy’ugutunganya igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza. Ntiwotegekanya none kugendera ibiro vy’ishami bikwegereye?