ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fg icig. 14 ibibazo 1-4
  • Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?
  • Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ishirahamwe ry’Imana Riboneka
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Imana yoba ifise ishirahamwe ritunganijwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Vyoba bikenewe ko uba uri mw’idini kanaka?
    Be maso!—2012
Ibindi
Inkuru nziza iva ku Mana
fg icig. 14 ibibazo 1-4

ICIGWA CA 14

Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?

1. Kubera iki Imana yatunganije Isirayeli ya kera ikayigira ihanga?

1. Abasavyi b’Imana muri Isirayeli ya kera; 2. Abakirisu bo mu kinjana ca mbere mu gikorwa co kwamamaza gitunganijwe

Imana yaratunganije abantu bakomoka kuri sekuruza w’imiryango Aburahamu ibagira ihanga yongera ibaha amategeko. Iryo hanga yaryise “Isirayeli” kandi ni ryo ryazigama ugusenga kw’ukuri be n’ijambo ry’Imana. (Zaburi 147:19, 20) Ku bw’ivyo, abantu bo mu mahanga yose boshoboye kwungukira kuri iryo hanga rya Isirayeli.—Soma Itanguriro 22:18.

Imana yaratoye Abisirayeli ngo babe ivyabona vyayo. Kahise kabo karerekana ukuntu abantu bungukira ku kugamburuka amategeko y’Imana. (Gusubira mu vyagezwe 4:6) Biciye rero ku Bisirayeli, abandi bantu bari gushobora kumenya Imana y’ukuri.—Soma Yesaya 43:10, 12.

2. Kubera iki abakirisu b’ukuri bagizwe ishirahamwe?

Haciye igihe, Isirayeli yahavuye itakaza ubutoni yari ifise ku Mana, maze mu gishingo c’iryo hanga Yehova aca atora ishengero rya gikirisu. (Matayo 21:43; 23:37, 38) Ubu, mu gishingo c’Abisirayeli, abakirisu b’ukuri ni bo basukurira Yehova ari ivyabona vyiwe.—Soma Ivyakozwe 15:14, 17.

Yezu yaratunganije abayoboke biwe kugira ngo bamamaze inkuru nziza bongere bahindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa. (Matayo 10:7, 11; 24:14; 28:19, 20) Ico gikorwa kiriko kirakorwa ku rugero runini cane muri iki gihe turimwo c’insozero y’ivy’iyi si. Ni bwo bwa mbere muri kahise kose k’abantu Yehova yegeraniriza mu gusenga kw’ukuri abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose. (Ivyahishuwe 7:9, 10) Abakirisu b’ukuri bagizwe ishirahamwe kugira ngo baremeshanye bongere bafashanye. Hirya no hino kw’isi, bakurikirana porogarama imwe yo kwigishwa Bibiliya ku makoraniro bagira.—Soma Abaheburayo 10:24, 25.

3. Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu bihe vya none ryatanguye gute?

Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza mu ntango z’imyaka ya 1900 no muri iki gihe; ibinyamakuru bifasha kwiga Bibiliya biri mu ndimi nyinshi.

Mu myaka ya 1870, hari umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya watanguye kuza urasubira kwubura inyigisho z’ukuri zo muri Bibiliya zari zimaze igihe kirekire zarahishijwe. Baramenye ko Yezu yari yaratunganije ishengero rya gikirisu kugira ngo ryamamaze inkuru nziza, akaba ari co gituma baciye batangura isekeza ryo kwamamaza Ubwami kw’isi yose. Mu 1931 ni ho batangura kwitwa Ivyabona vya Yehova.—Soma Ivyakozwe 1:8; 2:1, 4; 5:42.

4. Ivyabona vya Yehova batunganijwe gute?

Mu kinjana ca mbere, amashengero ya gikirisu yo mu bihugu vyinshi yarungukira ku nama nyobozi y’ico gihe yemera icese ko Yezu ari we Mutwe w’ishengero. (Ivyakozwe 16:4, 5) No muri iki gihe, Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barungukira ku Nama Nyobozi igizwe n’abakurambere bazi utuntu n’utundi. Ni yo ihagarikiye ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova bihindura mu ndimi zirenga 600 ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, bikabicapura bikongera bikabikwiragiza. Inama Nyobozi rero irashobora kuronsa amashengero arenga 100.000 yo hirya no hino kw’isi indemesho n’ubuyobozi bishingiye ku Vyanditswe. Mw’ishengero rimwerimwe ryose, abagabo bakwije ibisabwa barasukura ari abakurambere, ari bo bacungezi. Abo bagabo baritwararikana urukundo ubusho bw’Imana.—Soma 1 Petero 5:2, 3.

Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe kugira ngo bamamaze inkuru nziza bongere bahindure abantu abigishwa. Nka kumwe kw’intumwa, turamamaza inzu ku nzu. (Ivyakozwe 20:20) Vyongeye turasaba abantu bakunda ukuri bimwe bivuye ku mutima ko twigana na bo Bibiliya. Ariko Ivyabona vya Yehova ntibagize ishirahamwe gusa. Turi umuryango ufise Serugo awukunda. Turi abavukana bitwararikana. (2 Abatesalonika 1:3) Kubera ko abasavyi ba Yehova bagizwe ishirahamwe kugira ngo baninahaze Imana no kugira ngo bafashe abandi bantu, bagize umuryango uhimbawe kuruta iyindi yose kw’isi.—Soma Zaburi 33:12; Ivyakozwe 20:35.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 19 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika