Imana yoba ifise ishirahamwe ritunganijwe?
URUTONDE ni ikintu cibonekeza hose mu vyo Imana yaremye. Nk’akarorero, utugingo ngengabuzima tugize umwambiro twokwitwa ko dusanzwe, usanga dutunganijwe mu buryo bw’igitangaza. Akagingo mwene ako bigereranywa ko igitigiri c’ibihimba bikagize kingana n’igitigiri c’ibigize ya ndenge bita Boeing 777. Naho ari ukwo, ibikagize vyose bifise ikibanza kibereye kandi bitekeye mu kantu k’umuzingi w’ubwaguke bungana gusa na milimetero 5 uzigabuyemwo ibice 1.000. Yamara rero, utwo tugingo ntitumeze nk’indege kuko twotwo dushobora kurondoka. Mbega ukuntu ako kagingo gatunganijwe mu buryo bw’igitangaza burangwa n’urutonde!—1 Abakorinto 14:33.
Ibintu bitunganijwe neza ntivyibonekeza mu biremwa dushobora kubona vyonyene. Bibiliya irerekana ko no mu karere k’impwemu ibintu bitunganijwe neza cane hisunzwe umugambi w’Umuremyi. Umuhanuzi Daniyeli yareretswe umugwi munini cane w’abamarayika bari ku kirimba co mw’ijuru c’Imana. Yigana ati: “Hari ibihumbi igihumbi baguma bamukorera, n’ibihumbi cumi kugwiza ibihumbi cumi baguma bahagaze imbere yiwe.” (Daniyeli 7:9, 10) Ibaze nawe ukuntu ibintu bibwirizwa kuba bitunganijwe neza kugira ngo abo bamarayika isinzi barenga imiliyoni ijana bumvire ivyo Imana ibategeka gukorera abasavyi bayo bari ng’aha kw’isi!—Zaburi 91:11.
Naho Umuremyi wacu Yehova Imana ari we Ruheta mu vyo gutunganya ibintu, si Imana itagira igishika canke idushingira amategeko umurengera. Ahubwo riho, ni Imana y’igishika kandi ihimbawe irazwa ishinga n’ineza y’ibiremwa vyayo vyose. (1 Timoteyo 1:11; 1 Petero 5:7) Ivyo birigaragaza neza uravye ukuntu yitwararitse ihanga rya Isirayeli ya kera be n’abakirisu bo mu kinjana ca mbere.
Isirayeli ya kera ryari ihanga ritunganijwe neza
Yehova Imana yarakoresheje Musa kugira ngo atunganye neza ihanga ry’Abisirayeli ku bw’ugusenga kw’ukuri. Zirikana honyene urutonde bisunga mu gukambika igihe bari mu gahinga ka Sinayi. Iyo urugo rumwerumwe rwose rwemererwa gupfa aho rushinze ihema ryarwo, hari kuba umuvurungano. Yehova yarahaye iryo hanga ubuyobozi butomoye ku bijanye n’aho umuryango umwumwe wose ukwiye gukambika. (Guharūra 2:1-34) Rya Tegeko rya Musa ryarimwo kandi amabwirizwa atomoye ajanye n’amagara be n’isuku, nk’akarorero ibwirizwa ryari rijanye n’ingene bobigenza bakeneye kuja ku mwanda mukuru.—Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13.
Igihe Abisirayeli binjira mu Gihugu c’Isezerano, bari ihanga ritunganijwe bimwe bihanitse mu buryo bwinshi. Iryo hanga ryari rigabuwe mu miryango 12, umwumwe wose ukaba wari ufise intara wahawe ngo ubemwo. Itegeko Yehova yahaye iryo hanga biciye kuri Musa ryarakora ku mice yose y’ubuzima bw’abanyagihugu: uri ibijanye n’ugusenga, umubano w’ababiranye, umuryango, indero, urudandaza, ibifungurwa, uburimyi, ubworozi, n’ibindi n’ibindi.a Naho amategeko amwamwe wasanga adomako kandi avuga utuntu tw’ido n’ido, yose yarerekana ko Yehova yitwararika abantu biwe kandi yaratuma bagira agahimbare. Abisirayeli bakurikije izo ntunganyo ziranga urukundo, baratoneshwa na Yehova mu buryo budasanzwe.—Zaburi 147:19, 20.
Naho vy’ukuri Musa yari indongozi ibishoboye, ukuroranirwa kwiwe ntikwava ku buhanga bwiwe bwo kuyobora ibintu, ariko kwava ku kwisunga intunganyo z’Imana adahemuka. Nk’akarorero, Musa yamenya gute inzira bakwiye kujana igihe bari mu gahinga? Yehova yarabayobora abicishije ku nkingi y’igicu ku murango no ku nkingi y’umuriro mw’ijoro. (Kuvayo 13:21, 22) Naho Yehova Imana yakoresha abantu, we ubwiwe ni we yatunganya ihanga ryiwe akongera akariyobora. No mu kinjana ca mbere ni ukwo nyene vyari bimeze.
Abakirisu bo mu ntango bari batunganijwe neza
Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza intumwa be n’abigishwa baranguranye umwete catumye amashengero y’abakirisu ashingwa mu mihingo myinshi ya Aziya n’i Buraya mu kinjana ca mbere. Naho ayo mashengero yari akwiragiye hirya no hino, nta na rimwe ryari nyamwigendako canke ngo ryigenge. Ahubwo riho, yari atunganijwe neza kandi yarungukira ku kuntu intumwa zayahagarikira zibigiranye urukundo. Nk’akarorero, Tito yaragenywe n’intumwa Paulo ngo agende i Kirete kugira ‘atunganye ibintu.’ (Tito 1:5, Bibiliya Yera) Vyongeye, Paulo yarandikiye ishengero ry’i Korinto yuko abavukanyi bamwebamwe bari bafise “ububasha bwo gutunganya ibintu,” canke bari “abatunganya ibintu.” (1 Abakorinto 12:28, The New Testament in Modern Speech; The Bible in Contemporary Language) Ariko none ni nde yatuma haba urwo rutonde? Paulo yavuze ko ‘Imana yaterateranije,’ canke “yaringanije,” ishengero.—1 Abakorinto 12:24; Ubwuzure Bushasha.
Abacungezi bagenywe mw’ishengero rya gikirisu ntibari abaganza abo basangiye ukwizera. Ahubwo riho, bari “abakozi bagenzi ba[bo]” bakurikiza ubuyobozi bw’impwemu y’Imana, bakaba babwirizwa kubera “uburorero ubusho.” (2 Abakorinto 1:24; 1 Petero 5:2, 3) “Umutwe w’ishengero” si umuntu asanzwe canke umugwi w’abantu badatunganye, ahubwo ni Yezu Kristu uwazutse.—Abanyefeso 5:23.
Igihe ishengero ry’i Korinto ryatangura gukora ibintu mu buryo ata ho buhuriye n’uburyo ayandi mashengero yabikora, Paulo yaciye yandika ati: “Ngw’iki? Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu, canke ryarabashikiriye gusa?” (1 Abakorinto 14:36) Paulo yabajije ico kibazo gituma umuntu azirikana kugira akosore ivyiyumviro vyabo yongere abafashe gutahura yuko batari bakwiye gukora nk’abigenga. Amashengero yarongerekana akongera agasagamba igihe yaba akurikije ubuyobozi bw’intumwa.—Ivyakozwe 16:4, 5.
Ni icerekana urukundo rw’Imana
Bite ho muri iki gihe? Bamwebamwe boshobora kugonanwa kwifatanya n’ishirahamwe kanaka ry’ivy’idini. Ariko rero, ibimenyamenya dusanga muri Bibiliya vyerekana yuko Imana mu kurangura umugambi wayo yamye ikoresha ishirahamwe yatunganije. Yaratunganije igisata cayo kigizwe n’abayisenga muri Isirayeli ya kera yongera iratunganya amashengero y’abakirisu bo mu ntango mu bijanye no gusenga.
Ntivyoba none vyumvikana umuntu ashitse ku ciyumviro c’uko Yehova Imana akibandanya kuyobora abasavyi biwe nk’uko yabigize muri kahise? Egome, kuba abamusenga abagira ishirahamwe ritunganijwe kandi ryunze ubumwe ni icerekana ko abitwararikana urukundo. Muri kino gihe, Yehova arakoresha ishirahamwe ryiwe mu gushitsa umugambi afitiye umuryango w’abantu. Uti none ishirahamwe ryiwe umuntu yorimenya gute? Raba ibintu bikurikira iryo shirahamwe risabwa kuba rikwije.
▪ Abakirisu b’ukuri bagizwe ishirahamwe kugira barangure igikorwa kinaka. (Matayo 24:14; 1 Timoteyo 2:3, 4) Yezu yategetse abayoboke biwe kubwira inkuru nziza y’Ubwami amahanga yose, ico kikaba ari igikorwa kitoshoboka mu gihe hatoba hariho ishirahamwe rikwiye kw’isi yose. Reka tubitangire akarorero. Umuntu umwe urashobora kumugaburira bitagoranye, ariko mu gihe woba ubwirizwa kugaburira abantu ibihumbi canke mbere amamiliyoni, wokenera umugwi w’abantu utunganijwe neza bakora basenyera ku mugozi umwe. Kugira ngo abakirisu b’ukuri barangure igikorwa bashinzwe, “[bakorera Imana] bahuje inama.” (Zefaniya 3:9) None igikorwa kirangurwa n’abantu bo mu bihugu bitandukanye, bavuga indimi zitandukanye kandi b’amabara y’urukoba atandukanye coba coshoboka ata shirahamwe ryunze ubumwe kandi rigizwe n’abantu bakora bahuje inama ririho? Uca uvyumva nawe.
▪ Abakirisu b’ukuri bagizwe ishirahamwe kugira bashigikirane bongere baremeshanye. Ingenzi irashobora guhitamwo urusozi yipfuza kuduga ata we biri kumwe, kandi muri ico gihe ntikenera kwitwararika izindi ngenzi zitaramenyera kuduga ibisozi mwene ivyo. Ariko nya ngenzi iramutse igize isanganya canke igashikirwa n’iyindi ngorane, izoba iri mu kaga gakomeye kubera ko ata n’umwe azoba ari hafi ngo ayifashe. Kwigungira ukwa wenyene nta bukerebutsi birimwo vy’ukuri. (Imigani 18:1) Kugira ngo abakirisu bashitse ico Yezu yabategetse gukora, bategerezwa gufashanya no gushigikirana. (Matayo 28:19, 20) Ishengero rya gikirisu riraronsa abakirisu bose inyigisho ishingiye kuri Bibiliya, ukumenyerezwa be n’indemesho bikenewe cane kugira ngo bumire kw’ibanga. None umuntu yoja he kugira ngo yigishwe inzira za Yehova mu gihe ata makoraniro ya gikirisu yoba yaratunganijwe ku bwo kwigishwa no gusenga?—Abaheburayo 10:24, 25.
▪ Abakirisu b’ukuri bagizwe ishirahamwe kugira bakorere Imana bunze ubumwe. Intama za Yezu zirumviriza ijwi ryiwe, gutyo zigacika “ubusho bumwe” buyoborwa na we. (Yohani 10:16) Ntuzosanga bashwiragiye mu madini canke mu migwi vyigenga, eka kandi ntibemera ibitandukanye mu bijanye n’inyigisho. Ahubwo riho, ‘bavuga rumwe.’ (1 Abakorinto 1:10) Kugira tubane mu bumwe, harakenewe urutonde, kandi kugira habe urutonde bisaba ko ibintu biba bitunganijwe neza. Umuryango w’abavukanyi wunze ubumwe ni wo gusa ushobora kuronka umuhezagiro w’Imana.—Zaburi 133:1, 3.
Abantu amamiliyoni, kubera ko bakunda vy’ukuri Imana be n’ukuri kwo muri Bibiliya, baraje mw’ishirahamwe rikwije ivyo bisabwa hamwe n’ibindi bishingiye kuri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi utunganijwe neza kandi wunze ubumwe kw’isi yose, barihatira gukora ivyo Imana igomba. Barahumurizwa n’uyu muhango Imana yabahaye ugira uti: “Nzoba muri bo ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.” (2 Abakorinto 6:16) Na wewe urashobora kwironkera uwo muhezagiro mwiza igitangaza uramutse usenze Yehova Imana wifatanije n’ishirahamwe ryiwe.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, igitabu ca 2, urupapuro rwa 154-160, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 13]
Abisirayeli bakambika mu buryo butunganije neza
[Amafoto ku rup. 14, 15]
Kugira igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose kirangurwe bisaba ko ibintu bitunganywa neza
Kuvuga inkuru nziza inzu ku nzu
Gutabara abashikiwe n’ivyago
Amateraniro
Kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo