Niwige Ijambo ry’Imana
Kubera iki Imana ifise ishirahamwe?
Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.
1. Kubera iki Imana yatunganije Abisirayeli nk’ishirahamwe?
Imana yaratunganije abakomoka kuri umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu ibagira ihanga maze ibaha amategeko. Iryo hanga yaryise Isirayeli ica irishinga ibanga ryo gukingira ugusenga kw’ukuri n’Ijambo ryayo, ari vyo Vyanditswe Vyeranda. (Zaburi 147:19, 20) Ivyo vyatumye abantu bo mu mahanga yose bahungukira.—Soma Itanguriro 22:18.
Imana yatoye Abisirayeli ngo babe ivyabona vyayo. Bagamburutse amategeko y’Imana, barahungukira. (Gusubira mu vyagezwe 4:6) Twize inkuru zerekeye Abisirayeli, turashobora kumenya vyinshi ku vyerekeye Imana y’ukuri.—Soma Yesaya 43:10, 12.
2. Kubera iki abakirisu b’ukuri batunganijwe nk’ishirahamwe?
Isirayeli yahavuye iba itagishimwa n’Imana, maze iryo hanga Yehova arisubiriza ishengero rya gikirisu. (Matayo 21:43; 23:37, 38) Kera, Abisirayeli bari ivyabona vy’Imana. Ubu, abakirisu b’ukuri ni bo basigaye ari ivyabona vya Yehova.—Soma Ivyakozwe 15:14, 17.
Yezu yaratunganije abayoboke biwe kugira ngo bashingire intahe Yehova bongere bahindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa. (Matayo 10:7, 11; 24:14; 28:19, 20) Ico gikorwa kiriko kiragera ku gihe caco c’agaheta. Yehova yarashize hamwe ari bwo bwa mbere abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose mu gusenga kw’ukuri. (Ivyahishuwe 7:9, 10) Vyongeye, abakirisu b’ukuri batunganijwe nk’ishirahamwe kugira baremeshanye bongere bafashanye. Kw’isi yose, baronka inyigisho zo muri Bibiliya zimwe ku makoraniro bagira.—Soma Abaheburayo 10:24, 25.
3. Mu bihe vya none, Ivyabona vya Yehova batanguye gute?
Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gihe ca none ryatanguye mu myaka ya 1870. Umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya baratanguye kwubura bushasha ukuri kwo muri Bibiliya kwari kumaze igihe kirekire kwaratakaye. Bari bazi ko Yezu yatunganije ishengero rya gikirisu kugira ryamamaze inkuru nziza. Baciye rero batangura isekeza mpuzamakungu ryo kwamamaza Ubwami bw’Imana. Mu 1931, ni ho bitwa Ivyabona vya Yehova.—Soma Ivyakozwe 1:8; 2:1, 4; 5:42.
4. Ivyabona vya Yehova batunganijwe gute muri iki gihe?
Mu kinjana ca mbere, amashengero ya gikirisu yo mu bihugu vyinshi yari ahagarikiwe n’inama nyobozi yari isanzwe yemera yuko Yezu ari Umutwe w’ishengero. (Ivyakozwe 16:4, 5) No muri kino gihe, Ivyabona vya Yehova baremera ko Yezu ari we Ndongozi yabo. (Matayo 23:9, 10) Vyongeye, bararonka ubuyobozi buvuye ku Nama Nyobozi igizwe n’abakurambere b’inararibonye baha indemesho n’ubuyobozi bishingiye kuri Bibiliya amashengero arenga 100.000. Mw’ishengero rimwerimwe ryose, hari abagabo bakwije ibisabwa usanga ari abakurambere, ni ukuvuga abacungezi. Abo bagabo baritwararikana urukundo ubusho bw’Imana.—Soma 1 Petero 5:2, 3.
Ivyabona vya Yehova batunganijwe nk’ishirahamwe kugira bamamaze inkuru nziza bongere bahindure abantu abigishwa. Kugira bafashe abantu bo mu mihingo yose, barahindura, bagacapura bakongera bagakwiragiza ibitabu bifasha kwiga Bibiliya mu ndimi zirenga 500. Nka kumwe kw’intumwa, baramamaza inkuru nziza inzu ku nzu. (Ivyakozwe 20:20) Barasaba umuntu wese akunda ukuri koko ngo bigane Bibiliya. Kubera ko abasavyi ba Yehova bitwararika canecane guhimbara Imana no gufasha abandi, bagize ishirahamwe ry’abantu bahimbawe.—Soma Zaburi 33:12; Ivyakozwe 20:35.
Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 19 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.