Ukwiga Kurazana Impera
WOBA urigera witegereza abantu bariko bacagura ivyamwa? Abenshi bitegereza ibara ryavyo kugira ngo bamenye ko bihiye. Bamwe baravyimotereza. Abandi barabikorakora, mbere bakanabifyondafyonda. Abandi na bo barabipima, kimwe bakagifatira mu kuboko kumwe ikindi mu kundi kugira ngo bamenye igisumvya ikindi kuremerezwa n’amazi menshi. None abo bantu baba bariko biyumvira iki? Baba bariko basuzuma ido n’ido, baraba aho bitandukaniye, bakibuka ivyo bari bacaguye imbere yaho, hanyuma bakagereranya ivyo babona ubu n’ivyo bari basanzwe bazi. Impera ihimbaye iba ibarindiriye kubera ko baba babiravye bavyitondeye.
Nkako nyene, impera ziva ku kwiga Ijambo ry’Imana zirahambaye rwose kuruta. Igihe mwene ukwo kwiga gufashe ikibanza gihambaye mu buzima bwacu, ukwizera kwacu kurarushiriza gukomera, urukundo rwacu rukaba urwimbitse, ubusuku turangura bukimbuka kuruta, n’ingingo dufata zigatanga ikimenyamenya kinini kuruta c’uko dufise ugutegera n’ubukerebutsi buva ku Mana. Ku vyerekeye mwene izo mpera, mu Migani 3:15 havuga hati: “Mu bihimbara vyose nta kintu gihwanye na bgo.” Woba uriko uribonera mwene izo mpera? Uburyo wiga bushobora kuba kimwe mu bifasha.—Kol. 1:9, 10.
Kugira ngo wungukire mu nyigisho yawe bimwe bishitse, nutegure umutima wawe
Ukwiga ni iki? Si ugupfa gusoma gusa. Bisaba ugukoresha ubushobozi bwawe bw’ubwenge mu kurimbura ikibazo witonze canke ushika kure. Birimwo ugusuzuma ivyo usoma, kubigereranya n’ivyo umaze kumenya, no kwandika impamvu zatanzwe z’ivyavuzwe. Igihe uriko uriga, niwiyumvire rwose ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose vyaseruwe bishobora kuba ari bishasha kuri wewe. Nurimbure kandi ukuntu wewe ubwawe worushiriza gukurikiza impanuro zo mu Vyanditswe bimwe bishitse. Bwa Cabona ca Yehova, uzoshima kandi kwiyumvira ivyerekeye uturyo two gukoresha ayo mayagwa kugira ufashe abandi. Biribonekeza yuko mu kwiga harimwo no kuzirikana.
Kugira Imero Nziza y’Umuzirikanyi
Niwitwararike kurondera ivyanditswe
Igihe witegurira kwiga, urategura ibintu nka Bibiliya yawe, ibisohokayandikiro ivyo ari vyo vyose uteganya gukoresha, ikaramu y’igiti canke y’irangi, kumbure n’agakarine ugira utwo wanditsemwo. Ariko woba kandi utegura umutima wawe? Bibiliya itubwira yuko Ezira “[“yateguriye,” NW] [u]mutima kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho ngw abishitse, kandi ngo yigishe mu Bisirayeli amabgirizwa n’amatēka.” (Ezr. 7:10) None ukwo gutegura umutima kurimwo iki?
Isengesho riradushoboza kwakira ico cigwa c’Ijambo ry’Imana dufise agatima kabereye. Dushaka ko umutima wacu, umuntu turi imbere, vyakira amacishabwenge Yehova aduha. Mu ntango y’ikiringo kimwekimwe cose c’ukwiga, nutakambire Yehova kugira agufashishe impwemu yiwe. (Luka 11:13) Numusabe agufashe gutahura insobanuro y’ivyo ugiye kwiga, ukuntu bijanye n’umugambi wiwe, ukuntu bishobora kugufasha gutegera iciza n’ikibi, ukuntu ukwiye gukurikiza ingingo ziwe mu buzima bwawe, hamwe n’ukuntu nya mayagwa ari n’ico akora ku bucuti ufitaniye na we. (Imig. 9:10) Uko wiga, ‘nugume usaba Imana’ ubukerebutsi. (Yak. 1:5) Niwisuzume ata kwibesha ufatiye ku vyo wiga uko urondera imfashanyo ya Yehova kugira ngo wiyambure ivyiyumviro bitari vyo canke ivyipfuzo vyonona. Nantaryo “muririmbire Uhoraho mumukengurukira.” (Zab. 147:7) Ubwo buryo bwo kwegera ico cigwa buratuma twiyegereza cane Yehova, kuko budushoboza kumwitaba uko avugana natwe biciye mw’Ijambo ryiwe.—Zab. 145:18.
Kuba abantu bumva mwene ukwo biratandukanya abasavyi ba Yehova n’abandi banyeshure. Mu babuze ukuyobokera Imana, gukekeranya no guhaririza ibintu vyanditswe ni ikintu gisanzwe. Mugabo iyo si yo nyifato yacu. Turizigira Yehova. (Imig. 3:5-7) Nimba tudatahura ikintu, ntiduca dupfundika n’ubwishime n’akantu yuko gitegerezwa kuba ari ikosa. Igihe tugira ubushakashatsi twongera twimba kugira ngo turonke inyishu, turarindira Yehova. (Mika 7:7) Cokimwe na Ezira, dufise ihangiro ryo gukora twisunze ivyo twiga kandi tukavyigisha. Dufise iyo mpengamiro y’umutima, turashobora kwimbura impera nyinshi mu kwiga kwacu.
Uburyo bwo Kwiga
Aho gusa gutangurira ku ngingo ya 1 no hanyuma ukigīra gushika ku mpera, banza ufate umwanya wo kugenzura muri rusangi nya kiganiro cose uko kingana canke nya kigabane kiri muri ayo mayagwa. Nutangurire ku gusuzuma ingene umutwe w’ijambo uvuga. Uwo ni umutwe-shimikiro w’ivyo uzoba ugiye kwiga. Maze nufate nka nkama uvyitondeye ukuntu imitwe mitomito ijanye n’uwo mutwe-shimikiro. Niwihweze amashusho ayo ari yo yose, ibicapo ivyo ari vyo vyose canke utwumba ntanganyigisho utwo ari two twose biherekeza nya gisomwa. Niwibaze uti: ‘Nisunze iryo genzura ryo muri rusangi, ni ibiki niteze kwiga? Ni mu buryo ki bizoba ivy’agaciro kuri jewe?’ Ivyo birakurongora mu kwiga kwawe.
Nufate umwanya wo kuzirikana
Ubu rero nufate ibintu mu minwe. Ibiganiro vy’ukwiga vy’Umunara w’Inderetsi hamwe n’ibitabu bimwebimwe birimwo n’ibibazo bicapuwe. Uko usoma ingingo yose, ni ngirakamaro yuko woza urashira akamenyetso ku nyishu. Naho hoba ata bibazo vy’icigwa birimwo, ushobora na ho nyene gushira akamenyetso ku bintu bikurubikuru ushaka kwibuka. Mu gihe iciyumviro usanze ari gishasha kuri wewe, numare akandi kanya gatoyi kuri co kugira wiyemeze yuko ugitahura neza. Uraba maso ku bigereranirizo canke ku buryo bwo kwiyumvira bizokubera ngirakamaro mu busuku bwo mu ndimiro canke ibishobora gushirwa mu nsiguro uzoshingwa gushikiriza. Niwiyumvire abantu kanaka bashobora gukomerezwa ukwizera mu gihe ubabwiye ivyo uriko uriga. Nushire utumenyetso ku vyiyumviro ushaka gukoresha, hanyuma ubisubiremwo igihe uhejeje icigwa cawe.
Uko urimbura ayo mayagwa, nuze urarondera ivyanditswe vyatanzwe. Nusuzume ukuntu icanditswe cose gifitaniye isano n’iciyumviro nyamukuru co mu ngingo.
Ushobora guhura n’ivyiyumviro udashoka utahura canke woshima kurushiriza kugenzura ubinoganza. Aho kureka ngo bigusamaze, nugire utwo wanditse kugira ubirimbure hanyuma. Usanga kenshi ibintu bigenda biratomorwa uko winjira muri nya mayagwa. Atari ukwo, ushobora kugira ubundi bushakashatsi. Ni ibintu ibihe ushobora gufata nka nkama kugira uze kuvyitwararika mwene gutyo? Kumbure hariho icanditswe catanzwe udatahura neza. Cabure ushobora kudashoka ubona ukuntu kijanye n’ikibazo kiriko kiraganirwako. Kumbure wumva yuko utahura iciyumviro kanaka muri ayo mayagwa ariko bimwe bidashemeye ku buryo wogisigurira uwundi muntu. Aho gupfa kubirengana, bishobora kuba biranga ubukerebutsi ugize ubushakashatsi kuri vyo umaze kurangiza ivyo watanguye kwiga.
Numenyere gukoresha ibikoresho vy’ubushakashatsi biboneka mu rurimi rwawe
Igihe intumwa Paulo yandikira ikete ryiwe ry’ido n’ido Abakirisu b’Abaheburayo, arigejeje hagati yarahagaze avuga ati: “Yose arutwa na rimwe, n’iri.” (Heb. 8:1) Woba rimwe na rimwe wiyibutsa nk’ukwo? Rimbura igituma Paulo yabigenjeje gutyo. Mu bigabane biheruka vy’iri kete ryiwe ryahumetswe, yari amaze kwerekana yuko Kirisitu we Muherezi Mukuru w’Imana yinjiye mw’ijuru ubwaho. (Heb. 4:14–5:10; 6:20) Yamara, mu gushira ahabona ico kintu nyamukuru no mu kugishimikako mu ntango y’ikigabane c’8, Paulo yarateguye imizirikanyi y’abasomyi biwe kugira biyumvire bimwe vyimbitse ku kuntu vyari bijanye n’ubuzima bwabo. Yaradomye urutoke ku vy’uko Kirisitu yari yaraserutse mu nyonga z’Imana ubwayo ku bwabo, akaba kandi yari yarabugururiye inzira kugira ubwabo baze binjire “ahēra” ho mw’ijuru. (Heb. 9:24; 10:19-22) Ukuba icizigiro cabo kitagiramwo amakenga vyobasunikiye ku gushira mu ngiro impanuro ikurikira yari muri iryo kete ku biraba ukwizera, ukwihangana, hamwe n’ukuntu Abakirisu bokwigenza. Muri ubwo buryo nyene, igihe twiga, gushimika ku bintu bikurubikuru bizodufasha gutegera ukuntu umutwe-shimikiro ugenda urashikirizwa vyongere vyandike mu mizirikanyi yacu impamvu zumvikana zituma dukora duhuje n’ivyo.
Mbega ukwiyigisha kwawe kwoba kuzogusunikira ku gukora? Ico ni ikibazo gihambaye. Igihe wiga ikintu, niwibaze uti: ‘Ibi bikwiye kugira ico bikoze gute ku nyifato yanje no ku mahangiro mfise mu buzima? Nshobora gute gukurikiza aya makuru mu gutunganya ingorane, mu gufata ingingo, canke mu gushika kw’ihangiro? Nshobora kuyakoresha gute mu busuku bwo mu ndimiro, mw’ishengero?’ Nurimbure ivyo bibazo mw’isengesho, wihweze ibintu bibaho koko ushobora gukoreshamwo ubumenyi bwawe.
Umaze guheza ikigabane canke ikiganiro, nufate akanya ugire isubiramwo rigufi. Raba ko ushobora kwibuka ivyiyumviro bikurubikuru be n’imvo zatanzwe zibishigikira. Iyo ntambwe izogufasha gusigarana nya makuru kugira uze uyikoreko muri kazoza.
Ivyo Kwiga
Bwa basavyi ba Yehova, turafise vyinshi vyo kwiga. Mugabo twohera hehe? Ku musi ku musi, biraba vyiza twize igisomwa c’umusi n’insasanuro zaco bivuye mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi. Ku ndwi ku ndwi, turitaba amakoraniro y’ishengero, kandi ukwiga kugizwe mu kuyitegurira kuzodufasha kuhungukira ku rugero runini. Vyongeye, bamwebamwe barakoresheje n’ubukerebutsi umwanya mu kwiga bimwebimwe mu bisohokayandikiro vyacu vya gikirisu vyacapuwe imbere y’uko biga ukuri. Abandi bararobanura igihimba kinaka mu gusoma kwabo kwa Bibiliya kw’umushamvu, bagasoma bakongera bakiga iyo mirongo bimwe vyimbitse.
Bite hoho mu gihe uko ivyawe vyifashe kutagushoboza kwiga witonze amakuru yose azorimburwa ku makoraniro y’ishengero aba ku ndwi ku ndwi? Niwirinde imitego yo kwihutagiza kugira gusa uheze, canke kutiga ikintu na kimwe muri yo kubera ko udashoboye kubigira na gato, aho hoho bikaba vyoba ari bibi kuruta. Ahubwo, nurabe ivyo ushobora kwiga uko bingana, hanyuma ubigire neza. Ivyo nubigire ku ndwi ku ndwi. Mu nyuma, niwihatire kwagura ushiremwo ayandi makoraniro.
‘Niwubake Urugo’
Yehova aremera yuko ba serugo bategerezwa gukora bagatama kugira baronse ababo ivyo bakenera. “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro.” Ukwo ni ko mu Migani 24:27 havuga. Yamara, ivyo umuryango wawe ukeneye mu vy’impwemu ntibishobora kwirengagizwa. Ni co gituma uwo murongo ubandanya uti: “Hanyuma uz’ubone kwubaka [urugo].” Ivyo ba serugo bashobora kubikora gute? Mu Migani 24:3 havuga hati: ‘Ubukerebutsi ni bwo bukomeza urugo.’
Ubukerebutsi bushobora gute kwungura urugo rwawe? Ugutegera ni ubushobozi bwo mu bwenge bwo kuraba hirya y’ivyibonekeza. Vyoshobora neza kuvugwa yuko inyigisho kirumara y’umuryango itangurana n’ukwiga umuryango wawe ubwawo. Mbega abagize umuryango wawe bariko batera imbere gute mu vy’impwemu? Niwumvirize witonze mu gihe uyaga na bo. Hoba hariho agatima k’ukwidodomba canke k’ukubika inzigo? Ugukurikira ivy’amaronko kwoba gufise ikibanza kinini? Igihe uri mu busuku bwo mu ndimiro uri kumwe n’abana bawe, boba biyumvamwo ko borohewe n’ukuvuga imbere y’urunganwe rwabo yuko ari Ivyabona vya Yehova? Boba bahimbarwa na porogarama yanyu yo gusoma Bibiliya n’iy’ukuyigira mu muryango? Boba vy’ukuri bariko bagira inzira ya Yehova inzira yabo y’ubuzima? Witegereje witonze bizohishura ivyo wewe serugo ukeneye gukora kugira ngo ushinge wongere wubake kamere zo mu vy’impwemu muri umwumwe wese mu bagize umuryango.
Nurabe mu Munara w’Inderetsi na Réveillez-vous! ibiganiro bivuga ibintu kanaka bikenewe. Maze ca ubwira umuryango hakiri kare ibizokwigwa kugira bashobore gukubitiza agatima mpembero ku makuru arimwo. Nimuzigame akayaga karanga urukundo igihe muriko muriga. Ata guhana canke kumaramaza umuntu n’umwe mu bo mu muryango, niwerekane agaciro ka nya mayagwa muriko murarimbura, muheze mwerekane ukuntu yokurikizwa mu buryo butomoye mu vyo umuryango ukeneye. Nufashe umwumwe wese kubigiramwo uruhara. Fasha umwumwe wese kubona ukuntu Ijambo rya Yehova “[r]itunganye” mu gutanga ibikenewe nyene mu buzima.—Zab. 19:7.
Kwimbura Impera
Abantu b’abitegereji badafise ugutegera kwo mu buryo bw’impwemu barashobora kwiga ikirere, ibiba mw’isi, eka na bo nyene bakiyiga, mugabo bakananirwa gutegera insobanuro nyayo y’ivyo bariko barabona. Ku rundi ruhande, bafashijwe n’impwemu y’Imana, abantu biga Ijambo ry’Imana badahorereza barashobora gutegera muri ivyo bintu igikorwa c’amaboko y’Imana, iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya, hamwe n’iranguka ry’umugambi Imana ifise wo guhezagira abantu bagamburuka.—Mrk. 13:4-29; Rom. 1:20; Ivyah. 12:12.
Naho ivyo ari igitangaza, ntibikwiye gutuma tuba abanyabwishime. Ahubwo, dusuzumye ku musi ku musi Ijambo ry’Imana biradufasha kuguma twicishije bugufi. (Gus. 17:18-20) Biranadukingira “uruhendo rw’icaha,” kubera ko igihe Ijambo ry’Imana ari rizima mu mitima yacu akosho k’icaha bisa n’uko katazohuta karatsinda umwiyemezo wacu wo kukinanira. (Heb. 2:1; 3:13; Kol. 3:5-10) Gutyo, “[tuzo]gen[da] nk’uko bibereye ab’Umwami wacu, [t]umunezereza muri vyose, [“uko tubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose,” NW].” (Kol. 1:10) Kubigenza gutyo ni yo ntumbero yacu igihe turiko turiga Ijambo ry’Imana, kandi kubishitsa ni yo mpera ihambaye kuruta zose.