ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 15 rup. 131-rup. 134 ing. 4
  • Kuboneka Neza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuboneka Neza
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kwambara ukikwiza birerekana ukwubaha Imana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Ni kubera iki twambara neza igihe tugiye ku makoraniro?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 15 rup. 131-rup. 134 ing. 4

ICIGWA CA 15

Kuboneka Neza

Ni ibiki ukeneye kugira?

Niwambare izisesuka kandi zisukuye. Umushatsi wawe ukwiye kuba usokoje neza. Igihagararo cawe gikwiye kugaragaza ko witwararika ibintu.

Ni Kuki Bihambaye?

Kuboneka neza kwawe gushobora kugira ico gukoze ku kuntu abandi babona ivyo wemera vya gikirisu hamwe n’uburyo bwo kubaho wigisha.

UKUNTU uboneka kuravuga vyinshi kuri wewe. Naho Yehova abona ico umutima uri co, abantu mu bisanzwe bariha ivyiyumviro bafatiye ku “rukoba gusa.” (1 Sam. 16:7) Igihe uri isuku kandi ukaba utunganije umushatsi neza, abandi baca babona yuko wiyubahiriza, kandi bizoborohera kukwumviriza. Kuba wambaye mu buryo bubereye biranagira ico bikoze kw’ishirahamwe userukira be no ku kuntu abakwumviriza babona Imana usenga.

Inyobozo zo Gukurikiza. Bibiliya ntitanga amategeko menshi ku kuntu umuntu akwiye kuboneka. Mugabo iratanga ingingo ngenderwako ziri ku burimbane zishobora kudufasha gufata ingingo ziroranye. Iyiri ngenderwako muri izo zose ni uko “[d]ukorera vyose gushimisha Imana.” (1 Kor. 10:31) Ni ingingo ngenderwako izihe zikora zijanye n’ukuntu tuboneka?

Ubwa mbere, Bibiliya ituremesha kuba abasukuye, ku mubiri no mu nyambaro. Mu Vyagezwe Yehova yahaye Isirayeli ya kera, harimwo ibintu asaba ku biraba ukugira isuku. Nk’akarorero, igihe abaherezi baba bari ku bikorwa, babwirizwa kwoga no kumesa impuzu zabo ku bihe vyashinzwe. (Lew. 16:4, 24, 26, 28) Abakirisu ntibaganzwa n’Ivyagezwe vya Musa, mugabo ingingo ngenderwako zari muri vyo n’ubu ziracakora. (Yoh. 13:10; Ivyah. 19:8) Canecane igihe turiko tuja ahantu h’ugusengera, canke igihe turi mu busuku bwo mu ndimiro, umubiri wacu, impemu zituva mu kanwa, be n’inyambaro yacu, bikwiye kuba bisukuye ku buryo tudatera abandi ubuyega. Abatanga insiguro canke baja mu myerekano imbere y’ishengero bakwiye gutanga akarorero keza muri ivyo. Kwitwararika ukuntu tuboneka birerekana ko twubaha Yehova n’ishirahamwe ryiwe.

Ubwa kabiri, Bibiliya iduhanura gutsimbataza ukwifata rupfasoni n’ukurorana mu muzirikanyi. Intumwa Paulo yahimirije abakenyezi bakirisu ko “bambara . . . bagendan[a] isoni [“baroranye mu muzirikanyi,” NW] kandi badashazisha gutsiba umushatsi, cank’izahabu, cank’imaragarita, cank’impuzu z’igiciro kinini, ariko bashazishe ibikorwa vy’ingeso nziza, nk’uko bikwiye abagore bavuga ko bubaha Imana.” (1 Tim. 2:9, 10) Ukwifata rupfasoni hamwe n’ukurorana mu muzirikanyi birahambaye kandi mu kuntu abagabo bambara no mu kuntu bitunganya.

Umuntu yifata rupfasoni arazwa ishinga n’ukutababariza abandi ubusa, be n’ukudakwegera ubwenge bw’abantu kuri we bitabereye. Ukurorana kw’umuzirikanyi kuvamwo ukwiyubara, canke ukubona ibintu neza. Umuntu yerekana izo kamere aragira uburimbane buva ku kwubaha ingingo mfatirwako z’Imana. Kugaragaza izo kamere ntibibuza ukwambara mu buryo buhimbaye, ahubwo biradufasha kuba maso mu kuntu tuboneka, no kwirinda kwambara canke kwitunganya uko twishakiye. (1 Yoh. 2:16) Dushaka gukurikiza izo ngingo ngenderwako twaba turi aho dusengera, turi mu busuku bwo mu ndimiro, canke turi mu bindi bikorwa. N’inyambaro ya misi yose ikwiye kuba igaragaza urupfasoni be n’uko turoranye mu muzirikanyi. Kw’ishure canke ku kazi, hazobaho uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye. Naho dushobora kuba tutambaye nka kumwe tuba twambaye iyo twitavye amakoraniro, amahwaniro n’amateraniro, inyambaro yacu na ho nyene ikwiye kuba isesuka, isukuye, eka iranga urupfasoni.

Birumvikana, twese ntitwambara kumwe, kandi ivyo ntavyo twitezweko. Abantu ntibashima bimwe, kandi ivyo ntaco bitwaye. Mugabo inyobozo za Bibiliya zikwiye kwama zikurikizwa.

Intumwa Petero yarerekanye mbere yuko n’ikiruta uburyo bwo gutunganya imishatsi canke imitamana ari ugushaza kujanye n’“umuntu ahishijwe wo mu mutima.” (1 Pet. 3:3, 4) Igihe imitima yacu yuzuye urukundo, umunezero, amahoro, ubugwaneza, n’ukwizera kwubakiye ku mushinge ukomeye, ivyo bizotubera ivyambarwa vyo mu buryo bw’impwemu bitera iteka Imana vy’ukuri.

Ubwa gatatu, Bibiliya iduhimiriza kuraba ko twitunganije neza. Muri 1 Timoteyo 2:9, haravugwa ivy’‘inyambaro ibereye.’ Naho intumwa Paulo yariko avuga inyambaro y’abagore, iyo ngingo ngenderwako nyene iraraba n’abagabo. Ikintu kibereye ni ikintu gisesuka kandi kiri ku rutonde. Twaba twifise canke tutifise, turashobora gusesuka.

Kimwe mu bintu vya mbere abandi babona kuri twebwe, ni umushatsi wacu. Ukwiye kuba usesuka, utunganije neza. Imigenzo y’aho uba hamwe n’ibintu abantu baba bararazwe biragira ico bikora ku kuntu batunganya imishatsi yabo. Mu 1 Ab’i Korinto 11:14, 15, turahasanga impanuro yatanzwe n’intumwa Paulo ku bijanye n’uburyo bwo gutunganya imishatsi, bigasa n’uko yayitanze atirengagije ivyo bintu. Ariko rero, igihe uburyo umuntu atunganya umushatsi bwerekanye yuko ariko agerageza gusa n’umuntu badasangiye igitsina, bica bitera kubiri n’ingingo ngenderwako za Bibiliya.—Gus. 22:5.

Ku bagabo, mu kuntu baboneka hojamwo no kumwa neza ubwanwa. Mu turere usanga ubwanwa bwo ku munwa wo haruguru bubonwa neza, uwubufise wese akwiye kuguma aburinganije ku buryo buboneka neza.

Ubwa kane, ukuntu tuboneka ntigukwiye kugaragaza ko dukunda isi n’inzira zayo. Intumwa Yohani yagabishije ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi.” (1 Yoh. 2:15-17) Ivyipfuzo vyinshi bibi biranga iyi si. Muri ivyo Yohana avugamwo icipfuzo c’umubiri munyacaha hamwe n’ukurata ivyo umuntu atunze. Ivyanditswe biratubwira kandi ivy’agatima k’ubugarariji, canke k’ukutumvira ubukuru. (Imig. 17:11; Ef. 2:2) Ivyo vyipfuzo n’utwo dutima kenshi birigaragaza mu buryo abantu bambara no mu buryo batunganya imishatsi yabo. Ico bivamwo ni uko ukuntu baboneka guhava kukaba ukwo kwiyerekana, kugakwega ivyipfuzo vy’umubiri, kukagama, kukaba ukw’ubuhimbiri, ukw’urwangara, canke ukw’uruvuruvundi. Bwa basavyi ba Yehova, turirinda uburyo bwo gutunganya imishatsi bugaragaza mwene izo nzira zinyuranye n’Ubukirisu.

Aho kwigana isi, ese ukuntu birushiriza kuba vyiza uretse uturorero twiza tw’abagabo n’abagore bahumuye mu vy’impwemu bo mw’ishengero rya gikirisu tukosha ukuntu wambara n’ukuntu witunganya! Abasore bizigiye kuzoba abashikirizansiguro b’icese umusi uri izina, barashobora kwitegereza ukuntu abasanzwe bakwije ibisabwa vyo gushikiriza insiguro y’icese bitunganya. Bose barashobora kwigira ku karorero katanzwe n’abantu bamaze imyaka myinshi bari mu busuku barangura icese badahemuka.—1 Tim. 4:12; 1 Pet. 5:2, 3.

Ubwa gatanu, mu guhitamwo ikibereye, dukwiye kugumana mu muzirikanyi yuko “na Kristo atinejereje.” (Rom. 15:3) Icari kiraje ishinga Yezu kuruta ibindi, kwari ugukora ukugomba kw’Imana. Vyongeye Yezu ugufasha abandi yagushira imbere y’ivyomuhimbara. Ku biraba uburyo bumwebumwe bw’ukwambara n’ukwitunganya, dukwiye kugira iki mu gihe hoba ikintu gitera intambamyi hagati yacu n’abandi bantu aho dukorera akazi? Kwigana umutima w’ukwicisha bugufi werekanywe na Kirisitu birashobora kudufasha gufata ingingo mu bukerebutsi. Intumwa Paulo yaratanze ingingo ngenderwako ati: “Ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe.” (2 Kor. 6:3) Ku bw’iyo mvo, turirinda uburyo bwo gutunganya imishatsi canke ibintu vyohava bituma abantu dushaka gushingako intahe birabira hirya.

Igihagararo. Mu kuboneka neza kw’umuntu harimwo kandi igihagararo kibereye. Birumvikana, twese ntitwigenza cokimwe, kandi nta muderi kanaka uriho twihatira kwisunga. Ariko rero, biraboneka yuko twisunze ukuntu Bibiliya ibivuga, guhagarara tugororotse vyerekana urupfasoni hamwe n’ukwizigira tuba dufise. (Lew. 26:13; Luka 21:28) Naho ari ukwo, hari aho umuntu aba yamaze imyaka n’iyindi akora yunamye canke akaba ariko arasaza, bigatuma agira intege nke z’umubiri. Ivyo birashobora gutuma umuvukanyi canke umuvukanyikazi ataba agishoboye guhagarara agororotse, canke agashobora gukenera kwegamira ikintu ngo acishimikize. Mugabo ku babishoboye, guhagarara umuntu agororotse mu buryo butegereka igihe ariko arashikiriza insiguro ni vyiza, kugira ngo ntibiboneke nk’aho yoba asa n’uwutabinezwe canke ko ariko abigira bwikureyo. Muri ubwo buryo nyene, naho atari bibi ko umushikirizansiguro rimwe na rimwe ashira amaboko ku mutaramuro, mu bisanzwe birarushiriza kuboneka neza ku bumviriza igihe atishimikiza umutaramuro.

Ibikoresho Bisesuka. Si ukuvuga ko dukwiye kuba twisukuye kandi twitunganije neza ku mubiri honyene. N’ibikoresho dukoresha mu busuku bikwiye na vyo nyene kuba bisukuye kandi bisesuka.

Raba Bibiliya yawe. Twese ntibidushobokera kuronka Bibiliya nshasha igihe iyo twari dufise ishaje. Yamara rero igihe tumaranye Bibiliya yacu caba kingana iki, bikwiye kugaragara yuko yabungabunzwe neza.

Ego birumvikana, hariho uburyo bwinshi bwo gupanga ibintu mw’isakoshi yo kujana mu ndimiro, mugabo ikwiye kuba isesuka. Woba umaze kubona udupapuro dukoragurika tuva muri Bibiliya igihe umwamamaji ariko arazingurura ngo asomere icanditswe umuntu, canke kumbure igihe umuvukanyi ariko ashikiriza insiguro ishengero? None ntiwabonye yuko bigusamaza? Nimba udukaratasi twabitswe muri Bibiliya dusamaza, woshobora kubona yuko utubitse ahandi hantu vyotuma igikoresho cawe kiguma gitunganije neza. Uramenya kandi yuko gutereka Bibiliya canke ibindi bitabu vy’idini hasi bibonwa nk’ugushira isoni cane mu mico kama imwimwe.

Kuboneka neza dukwiye kutabifata minenerwe. Biragira kandi akosho ku kuntu abandi batubona. Mugabo ikiruta vyose, turayitwararika tuvyitondeye kubera ko twipfuza ‘gushariza inyigisho y’Imana.’—Tito 2:10.

SUZUMA UKUNTU UBONEKA

  • Ubona vyose bisukuye?

  • Ukuntu ubwawe uboneka vyoba bigaragaza yuko wifata rupfasoni be n’uko ubona ibintu neza?

  • Ibintu vyose vyoba bitunganije neza?

  • Umushatsi wawe woba usesuka?

  • Hoba hariho ikintu cerekeye ukuntu uboneka cohava kigaragaza ko ukunda isi?

  • Hoba hariho imvo n’imwe yotuma umuntu yiyumvira yuko ukuntu uboneka kwohava kugira uwo gutsitaza?

UMWIMENYEREZO: Rimwe ku musi, kandi ukabigira mw’iyinga ryose, naho woba utegekanya gukora ibiki, niwame wisuzuma ufatiye ku rutonde ruvuga ngo “Suzuma Ukuntu Uboneka” ruri ku rupapuro 132.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika