ICIGWA CA 16
Guturura
NI IBISANZWE yuko umushikirizansiguro yumva adafise umutima mu nda igihe agiye gushikiriza insiguro, canecane igihe atama yatanze insiguro. Umwamamaji ashobora kwumva adafise umutima mu nda igihe agendeye abantu bakeyi ba mbere kuri uwo musi mu busuku bwo mu ndimiro. Igihe Yeremiya yashingwa kuba umumenyeshakazoza, yishuye ati: “Sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.” (Yer. 1:5, 6) Yehova yarafashije Yeremiya, kandi na wewe azogufasha. Mu nyuma, urashobora gutsimbataza uguturura.
Umushikirizansiguro aturuye ni uwugumana umutima mu nda. Ukwo kugumana umutima mu nda kuribonekeza mu kuntu yifata. Ahagarara nk’uko asanzwe kandi mu buryo bubereye ico kiringo. Ibimenyetso agirisha iminwe biba biri n’ico bisigura. Ijwi ryiwe riravuga rigashika, kandi araricungera.
Naho nyene woba wiyumvamwo yuko iyo ndondoro y’umuntu aturuye idahuye n’uko umeze, urashobora kuryohora. Uti gute? Reka turimbure igituma umushikirizansiguro yumva ataye umutwe kandi akabura uguturura. Imvo ishobora kuba ijanye n’umubiri.
Igihe uhanganye n’urugamba kanaka hanyuma ukaba ushaka kuvyifatamwo neza, yamara ukaba utazi neza yuko uza kubishobora, uragira amaganya. Ivyo bituma ubwonko bubwira umubiri guhingura inkabuzo nyinshi zivyura ukuvumbuka kw’amaraso. Ukugwirirana kw’izo nkabuzo gushobora gutuma umutima udidagizwa cane, uguhema kugahinduka, icuya kikongerekana, canke mbere iminwe n’amavi bikadegezwa, tutibagiye ukujugumira kw’ijwi. Umutumba wawe urihatira kugufasha kuraba uko ubikika igihe ibintu vyifashe ukwo, mu kwongereza urugero rw’inkomezi zawe. Aho ibintu bigoreye rero, ni ukuyobora iryo yongerekana ry’inkomezi zawe ngo rivemwo ukwiyumvira kwubaka, kandi ugashikiriza ikiganiro cawe ushwashwanutse.
Uburyo bwo Kugabanya Amaganya. Niwibuke yuko kwumva amaganya makeyi ari ibisanzwe. Ariko kugira ngo ugume uturuye, urakeneye kugabanya urugero rw’amaganya kandi ukaraba uko ubikika muri ico gihe, utekanye kandi wifashe. Ivyo ushobora kubishikako gute?
Niwitegure unoganze. Nufate umwanya mu gutegura insiguro yawe. Raba neza yuko utahura neza uwo mutwe w’ikiganiro. Nimba insiguro yawe ari bene imwe urobanuramwo ivyiyumviro ushikiriza, nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi kuri ico kibazo be n’ivyo wizigiye gushitsa. Ivyo bizogufasha kurobanura amayagwa yogira akamaro kuruta. Nimba mu ntango usanze ivyo bigoye, nuganire iyo ngorane n’umushikirizansiguro abimenyereye. Arashobora kugufasha kugira umwihwezo wubaka w’amayagwa n’uw’abakwumviriza. Igihe uzi neza yuko ufise amayagwa aza kugira ico yunguye abakwumviriza kandi ukaba uyatomokewe mu muzirikanyi, icipfuzo cawe co kuyabwira abandi kizotangura gutwikira ya maganya woshobora kwumva ku vyerekeye iyo nsiguro.
Niwitwararike bimwe bidasanzwe intangamarara yawe. Numenye ukuntu uza gutangura. Insiguro yawe imaze gutangura, kutagira umutima mu nda bizoza birahwama.
Izo ntambwe zimwezimwe z’ishimikiro zirakora no ku biraba ukwitegurira ubusuku bwo mu ndimiro. Nturimbure gusa ico kiganiro utegekanya kwihweza, mugabo kandi urarimbura n’abantu uzoba ushingako intahe abo ari bo. Nutegekanye intangamarara yawe uvyitondeye. Niwungukire ku guca uruma kw’abamamaji bahumuye.
Ushobora kwiyumvira yuko uzorushiriza guturura ukoresheje insiguro isomwa igihe uvugira imbere y’umugwi w’abantu. Mu vy’ukuri, ivyo bishobora kwongereza amaganya igihe cose utanga insiguro. Ego ni ko, abashikirizansiguro bamwebamwe usanga utuntu bakoresha baba banditse ari twinshi, abandi bagakoresha dukeyi. Mugabo ikizohindura aho ivyiyumviro vyawe bitumbera kikongera kikagabanya amaganya yawe, si amajambo ari ku rupapuro. Ahubwo ni ubujijutsi buri mu mutima wawe bw’uko ivyo wateguriye abakwumviriza ari ngirakamaro vy’ukuri.
Niwimenyereze gushikiriza insiguro yawe n’ijwi ryumvikana. Mwene uwo mwimenyerezo uzoguha kwizera yuko ushobora gushira ivyiyumviro vyawe mu majambo. Uko wimenyereza, ni ko ukomeza ukwibuka kwawe gushobora kuba kumaze kuvyuka igihe utanga insiguro. Ukwimenyereza kwawe nukugire kurya bihora bigenda nyene. Niwihe ishusho y’abakwumviriza. Niwicare iruhande y’imeza canke uhagarare, nk’uko uzoba umeze igihe uzoba uriko urashikiriza nya nsiguro.
Nusabe Yehova agufashe. Yoba azokwishura mwene iryo sengesho? Intumwa Yohani avuga ati: “Ubu ni bgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’ukw iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy’igomba, itwumva.” (1 Yoh. 5:14) Nimba wipfuza gutera iteka Imana no gufasha abantu kwungukira kw’Ijambo ryayo, nta nkeka izokwishura isengesho ryawe. Ukwo gushira amazinda kurashobora gukora ibitari bike mu kugukomeza kugira ngo ushitse ikigabu washinzwe. Ikindi kandi, uko utsimbataza ivyamwa vy’impwemu, ari vyo urukundo, umunezero, amahoro, ubugwaneza, n’ukwigumya, uzotsimbataza ya nyifato y’umuzirikanyi ikenewe kugira ngo utunganye ibintu uturuye.—Gal. 5:22, 23.
Nuce uruma. Uko ugira uruhara mu murimo wo mu ndimiro, ni ko kutagira umutima mu nda bizogenda bigabanuka. Uko urushiriza gutanga insasanuro ku makoraniro y’ishengero, ni ko bizorushiriza kukworohera kuvugira imbere y’abandi. Uko igitigiri c’insiguro ushikiriza mw’ishengero congerekana, urugero rw’amaganya wiyumvamwo imbere yo gutanga insiguro yose bisa n’uko ruzogenda rugabanuka. Woba woshima kuronka uturyo twinshi two kuvuga? Nuze rero urakora uvyishakiye mw’ishure mu gusubirira abandi igihe bo bitabakundiye gushikiriza ibigabu bashinzwe.
Umaze gutera intambwe zavuzwe aho haruguru, uzosanga ari ngirakamaro kwihweza ibimenyetso vyerekana bidahusha yuko utagumana umutima mu nda. Kugenekereza nya bimenyetso ivyo ari vyo kandi ukiga ukuntu wobikika, bizogufasha kuvuga uturuye. Ivyo bimenyetso bishobora kuba ari ivy’umubiri canke vyo mw’ijwi.
Ibimenyetso vy’Umubiri. Kuba uturuye canke udaturuye birerekanwa n’ukuntu wifata, hamwe n’ukuntu ukoresha amaboko yawe. Rimbura ubwa mbere amaboko. Amaboko azingiye inyuma, agumijwe ku ruhande rw’umubiri ubudakoma, canke akagumya ubutarekura umutaramuro w’umushikirizansiguro; kuza urinjiza amaboko mu mipfuko wongera uyakurayo, kuza urapfunga canke upfungura ibipfungo vy’ikoti, kuza urikora ku rusakanwa, ku zuru, ku marori, bitagira shinge na rugero; kuza urakorakora isaha, ikaramu, impeta, canke utwandiko twawe; kugira ibimenyetso n’iminwe bitagira ifatiro canke wabigira na ho ntubiheze; ivyo vyose ni ivyerekana ko ubuze uguturura.
Ukubura ukwihagararako birashobora kandi kwerekanwa n’ukuguma ukomanga ibirenge, kunyiganza umutumba uwukura irya uwushira ino, kuguma uhagaze nk’igishusho, kuboneka nk’uwuri goyigoyi, kuza urabombeka umunwa kenshi, kuza uramiragura amate, guhemagirika.
Ugize akigoro ubishizeko umutima, ivyo bintu bigaragaza ko wahagaritse umutima birashobora kutaza. Nuze uratunganya kimwekimwe. Nurabe ingorane iyo ari yo, hanyuma urimbure imbere y’igihe ico ukeneye kugira ngo uyihagarike. Niwagira ako kigoro, bizogaragara yuko uturuye mu kuntu wifata.
Ibimenyetso vyo mw’Ijwi. Ibimenyamenya vyo mw’ijwi vy’uko wataye umutwe bishobora kujamwo ijwi ryo hejuru canke ijwi rijugumira. Kumbure uza urakorora kenshi, canke ukavuga unyaraguritsa. Izo ngorane be n’utwo tumenyero birashobora gutsindwa n’akigoro wogira ushirutse ubute ko gutegeka ijwi ryawe.
Igihe wumva udafise umutima mu nda, nuruhuke uheme ushikana, imbere y’uko uja ku mukiruruko. Niwihatire kworohereza umutumba wawe wose. Aho kwiyumvira ivy’uko udafise umutima mu nda, niwitunire ku gituma ushaka kubwira abakwumviriza ibintu wateguye. Imbere y’uko utangura kuvuga, nufate akanya ko kuraba abakwumviriza, ugire mu maso ha kigenzi, kandi umwenyure. Nuvuge witonze mu ntangamarara, hanyuma uheze winjire wese mu nsiguro yawe.
Ico Wokwitega. Ntiwitege ko inyiyumvo zose z’uguhagarika umutima zizimangana. Abashikirizansiguro benshi bamaze imyaka n’iyindi baja ku mukiruruko, barumva bahagaritse umutima imbere y’uko baja imbere y’abumviriza. Ariko rero, barize gutangira uguhagarika umutima kwabo. Umushikirizansiguro umwe mwene uwo yavuze ati: “N’ubu biracanyanka mu nda, mugabo bigenda biraturura.”
Ugize akigoro ubikuye ku mutima ko gukuraho ibimenyetso vyerekana yuko udafise umutima mu nda, abakwumviriza bazokubona nk’umushikirizansiguro aturuye. Urashobora kwongera kwumva ko udafise umutima mu nda mugabo ntibabimenye.
Niwibuke yuko iyongerekana rya za nkabuzo zongereza ivumbuka ry’amaraso rituma haba ibimenyetso bigaragaza ko umuntu adafise umutima mu nda ryongereza kandi n’inkomezi. Nuzikoreshe kugira ngo uvugane inyiyumvo.
Si ngombwa kurindira gushika ugeze ku mukiruruko ngo abe ari ho ubona kwimenyereza ivyo bintu vyose. Niwige guturura no kuguma hamwe, be no kuvugana inyiyumvo zibereye mu buzima bwawe bwa misi yose. Ubigize gutyo bizokwongerereza cane ukwihagararako igihe uzoba uri ku mukiruruko no mu busuku bwo mu ndimiro, aho na ho hakaba ari ho bihambaye cane kuruta ahandi hose.