Ikigabane ca Gatanu
Umwidegemvyo Abasenga Yehova Binovora
1, 2. (a) Ni umwidegemvyo nyabaki Imana yahaye umugabo n’umugore ba mbere? (b) Vuga amategeko amwamwe yagenga igikorwa ca Adamu na Eva.
IGIHE Yehova yarema umugabo n’umugore ba mbere, bari bafise umwidegemvyo urengeye uwo ari wo wose abantu bafise muri iki gihe. Aho baba hari mw’Iparadizo, rya Tongo ryiza ry’akaroruhore ry’i Edeni. Nta ndwara yababuza kwinovora ubuzima, kuko bari bafise imizirikanyi n’imibiri bitunganye. Nta rupfu rwari rubarindiriye nk’uko kuva ico gihe gushika n’ubu rurindiriye abantu bose. Vyongeye, ntibari ibimashini, ahubwo bari bafise ya ngabirano y’agatangaza y’ukwihitiramwo ari yo bushobozi bw’ukwifatira ingingo. Ariko rero, kugira ngo babandanye kwinovora mwene uwo mwidegemvyo w’agatangaza, babwirizwa kwubaha amategeko y’Imana.
2 Rimbura nk’akarorero amategeko Imana yashizeho agenga umubiri. Birumvikana ko ayo mategeko ashobora kuba atatanzwe mu majambo menshi cane, mugabo Adamu na Eva bari baremwe ku buryo kuyakurikiza cari ikintu gusa kibarimwo. Akayabagu karatuma bumva ko bakeneye gufungura; kunyoterwa vyaratuma bumva ko bakeneye kunywa; ukurenga kw’izuba kwaratuma bumva ko bakeneye kuryama. Yehova yarabashinze kandi igikorwa co gukora. Ico gikorwa mu vy’ukuri cari nk’ibwirizwa, kubera ko cobaye kigenga ivyo bokoze. Babwirizwa kwibaruka ibibondo, kuganza ibintu vyose biri n’ubuzima kw’isi, n’imbibe z’Iparadizo bakazagura gushika ikwiye isi yose. (Itanguriro 1:28; 2:15) Mbega ukuntu ryari itegeko ryuzuye ubugwaneza kandi ry’ingirakamaro! Ryabashinga igikorwa kimara akanyota bimwe bishitse, rikabashoboza gukoresha ubwenge bwabo bwose mu buryo bwiza. Vyongeye, bariyagamvya mu gufata ingingo ku bijanye n’ukungene boranguye igikorwa cabo. None wumva ikindi kintu umuntu yosavye ari igiki?
3. Adamu na Eva boshoboye gute kwiga gukoreshanya ubukerebutsi umwidegemvyo wabo mu vyo gufata ingingo?
3 Yamara ntiwumve, igihe Adamu na Eva bahabwa agateka ko gufata ingingo, ntivyasigura yuko ingingo yose bopfuye gufata yovuyemwo ingaruka nziza. Umwidegemvyo bari bafise wo gufata ingingo wabwirizwa gukoreshwa ata kurengera akarimbi amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo. Ivyo boshoboye kuvyiga gute? Boshoboye kuvyiga mu kwumviriza Umuremyi wabo hamwe no mu kwitegereza ivyo yari yakoze. Imana yarahaye Adamu na Eva ubwenge bwokenewe kugira ngo bashire mu ngiro ivyo biga. Kubera ko baremwe batagira agasembwa, impengamiro bogize mu mutima yobaye iyo kugaragaza kamere z’Imana igihe bafata ingingo. Mu vy’ukuri, ivyo bokwitwararitse kubigira nimba koko barashima ivyo Imana yari yarabagiriye, bakaba kandi bashaka kuyihimbara.—Itanguriro 1:26, 27; Yohana 8:29.
4. (a) Itegeko ryahawe Adamu na Eva ryo kutarya ivyamwa vyo ku giti kimwe ryoba ryarabaka umwidegemvyo? (b) Ni kuki ico cari igisabwa gikwiriye?
4 Vyari bikwiriye rero ko Imana ihitamwo gusuzuma ukuntu bayiyobokera nka yo Mutanzi w’Ubuzima wabo, ikanasuzuma umutima bari bafise wo kuguma aho yari yabashize. Yehova yahaye Adamu iri tegeko: “Igiti cose co mur’iryo tongo ukiryek’uk’ugomba; arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Eva amaze kuremwa, na we nyene yarabwiwe ivy’iryo tegeko. (Itanguriro 3:2, 3) Mbega iryo bwirizwa ryoba ryarabaka umwidegemvyo wabo? Habe namba! Bari bafise infungurwa ziryoshe z’ubwoko bwose zo gufungura batarinze kurya kuri ico giti kimwe. (Itanguriro 2:8, 9) Vyari bibereye koko yuko bemera icese ko isi ari iy’Imana, kubera ko ari yo yayiremye. Imana rero irafise uburenganzira bwo gushinga amategeko aberanye n’umugambi wayo kandi agirira akamaro abantu.—Zaburi 24:1, 10.
5. (a) Adamu na Eva batakaje gute umwidegemvyo bari bafise w’akaroruhore? (b) Ni igiki casubiriye umwidegemvyo Adamu na Eva binovora, kandi tweho vyadukozeko iki?
5 Ariko ni ibiki vyabaye? Umumarayika umwe, abitumwe n’uguharanira ivyiwe, yarakoresheje nabi uburenganzira afise bwo kwihitiramwo bituma acika Shetani, bisigura “Umurwanizi.” Yarahenze Eva mu kumwemerera ikintu kinyuranye n’ukugomba kw’Imana. (Itanguriro 3:4, 5) Adamu yarifatanije na Eva mu kurenga kw’itegeko ry’Imana. Mu kwakira ku bitari ivyabo, baratakaje umwidegemvyo w’akaroruhore bari bafise. Icaha cacitse shebuja wabo, hanyuma nk’uko Imana yari yarababuriye, amaherezo urupfu rurakurikira. Iragi baraze uruvyaro rwabo ryabaye icaha, kikaba kibonekera mu mpengamiro mvukanwa y’ugukora ikibi. Icaha kandi carazanye intege nke, bivamwo indwara, ubusaza, n’urupfu. Impengamiro zo gukora ikibi zarunyuwe n’akosho kava kuri Shetani, zituma kahise k’ikibano c’abantu kaba akuzuye urwanko, ubugizi bwa nabi, agahahazo n’intambara zahitanye ubuzima bw’abantu amamiliyoni. Ese ukuntu binyuranye n’umwidegemvyo Imana yari yahaye abantu mu ntango!—Gusubira mu Vyagezwe 32:4, 5; Yobu 14:1, 2; Abaroma 5:12; Ivyahishuriwe 12:9.
Aho Dushobora Gukura Umwidegemvyo
6. (a) Ni hehe dushobora gukura umwidegemvyo nyakuri? (b) Ni umwidegemvyo nyabaki Yezu yavuze?
6 Turavye amabi ari ahantu hose muri iki gihe, ntibitangaje kuba abantu bipfuza kuronka umwidegemvyo wiyongereye. Mugabo none, ni hehe twoshobora gukura umwidegemvyo nyakuri? Yezu yavuze ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’abigishwa banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kand’ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohana 8:31, 32) Uwo mwidegemvyo si bene umwe abantu bizigira kuronka igihe biyamirije umutegetsi kanaka bagashima uwundi, canke igihe biyamirije intwaro yinaka bagashima iyindi. Ahubwo, uwo mwidegemvyo ni uwushika ku muzi nyene w’ingorane z’abantu. Ico Yezu yariko aravuga wari umwidegemvyo wo gukira ingoyi z’icaha. (Yohana 8:24, 34-36) Gutyo, mu gihe umuntu acitse umwigishwa wa Yezu Kirisitu w’ukuri, arahinduka bimwe biboneka mu buzima bwiwe, akiganzura ivyari bimwiziziye!
7. (a) Ni mu buryo ki dushobora kugira umwidegemvyo ubu wo gukira icaha? (b) Kugira ngo tugire uwo mwidegemvyo, ni igiki dutegerezwa gukora?
7 Ivyo ntibisigura yuko ubu Abakirisu b’ukuri batagishikirwa n’ingaruka z’impengamiro mvukanwa z’ukugira inyigenzo iranga icaha. Kubera ko barazwe icaha, n’ubu baracagira ingorane. (Abaroma 7:21-25) Ariko rero, mu gihe umuntu abayeho yisunga vy’ukuri inyigisho za Yezu, ntasubira kuba umuja w’icaha. Icaha ntikiba kikimubereye nk’intwazamukazo imuha amategeko ategerezwa gukurikiza vyanse bikunze. Ntaheza ngo agwe mu vyo kubaho atagira intumbero mu buzima, mu buryo bumusigira ijwi ryo mu mutima rimwagiriza ikibi. Araheza akagira ijwi ryo mu mutima ritagira ico rimwagiriza imbere y’Imana, kubera ko ivyaha aba yarakoze kera aba yabirekuriwe hishimikijwe ukwizera afise mu nkuka ya Kirisitu. Impengamiro z’icaha zishobora kwongera kugerageza kwibonekeza, mugabo igihe umuntu yanse gukora ivyo zishaka kubera ko yibutse inyigisho zityoroye Kirisitu yatanze, aba yerekanye yuko icaha kitakimuganza.—Abaroma 6:12-17.
8. (a) Ni umwidegemvyo uyuhe Ubukirisu nyakuri buduha? (b) Dukwiye kubona gute abatware b’iyi si?
8 Rimbura umwidegemvyo twebwe Abakirisu twinovora. Twarakijijwe ingaruka ziterwa n’inyigisho z’ikinyoma, turava mu ngoyi z’ukwemera ibintazi no mu kujakarira icaha. Ukuri kwiza igitangaza kwerekeye uko abapfuye bamerewe be n’ukwerekeye izuka kwaradukuyeko ugutinya urupfu usanga kutumvikana. Ukumenya yuko intwaro z’abantu zidatunganye vuba zizosubirirwa n’Ubwami bugororotse bw’Imana, kuradukiza umwiheburo. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Ariko rero, mwene uwo mwidegemvyo ntuca utuma tureka kwubaha abakuru b’intwaro be n’amategeko bashinga.—Tito 3:1, 2; 1 Petero 2:16, 17.
9. (a) Yehova adufasha gute n’urukundo ngo twinovore umwidegemvyo munini ushoboka ubu ku bantu? (b) Dushobora gute gufata ingingo ziranga ubukerebutsi?
9 Yehova ntatureka ngo dutore uburyo bwiza bwo kubaho tubanje guhwihwisha. Arazi ukuntu turemwe, akamenya icoturonsa agahimbare nyakuri, hamwe n’icotuzanira ivyiza vyamaho. Arazi ivyiyumviro be n’inyigenzo bishobora gutobera umuntu ubucuti bafitaniye be n’ubwo afitaniye n’abantu nka we, kumbure vyonatuma uwo muntu atinjira mw’isi nshasha. Bivuye ku rukundo rwiwe, Yehova ivyo bintu vyose arabitumenyesha abicishije muri Bibiliya no kw’ishirahamwe ryiwe riboneka. (Mariko 13:10; Ab’i Galatiya 5:19-23; 1 Timoteyo 1:12, 13) Haba rero hasigaye ko dukoresha bwa burenganzira Imana yaduhaye bwo kwihitiramwo, tugahitamwo uko tugiye gukora. Nitutagira nka Adamu tugashira ku mutima ivyo Bibiliya itubwira, tuzofata ingingo ziranga ubukerebutsi. Tuzokwerekana yuko ubucuti bwiza tugirana na Yehova ari co kintu nyamukuru kituraje ishinga mu buzima.
Hari Abashaka Umwidegemvyo w’Ubundi Bwoko
10. Ni umwidegemvyo bwoko ki Ivyabona vya Yehova bamwebamwe barondeye?
10 Rimwe na rimwe, hari abakiri bato bo mu Vyabona vya Yehova, eka mbere n’abandi basa n’abakuze, bashobora kwiyumvamwo yuko bashaka umwidegemvyo w’ubundi bwoko. Isi ishobora kuba isa n’uko irimwo ibisayangana, hanyuma uko baza barayiyumvira, icipfuzo bafise co gukora ibintu bitaranga Umukirisu bikundwa na benshi mw’isi kikagenda kirushiriza gukomera. Mwene abo bantu bashobora kuba badafise umugambi wo kunywa ibiyayura umutwe, kunywa inzoga zirenze urugero canke gusambana. Mugabo batangura kwifatanya n’abantu bamwebamwe batari Abakirisu b’ukuri, bagashaka kwemerwa na bo. Bashobora no gutangura kwigana imvugo zabo canke kwigenza nka bo.—3 Yohana 11.
11. Inyosha yo gukora ibibi iva he?
11 Rimwe na rimwe, akosho ko kugira ngo umuntu yigenze mu buryo butaranga Umukirisu, usanga kava ku muntu yiyita umusavyi wa Yehova. Ukwo ni ko vyagendeye Abakirisu bo mu ntango, kandi ni na vyo bishobora gushika muri iki gihe. Mwene abo bantu kenshi usanga bashaka gukora ibintu bo ubwabo biyumvira ko bizobazanira ukuryoherwa, mugabo bikaba ari ibiteye kubiri n’amategeko y’Imana. Babahimiriza “kwikinira.” ‘Basezerana umwidegemvyo, ariko bo ubwabo ari abagurano b’ibiboza.’—2 Petero 2:19.
12. Ni ingaruka mbi izihe ziva ku kwigenza mu buryo bunyuranye n’amategeko y’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo?
12 Ico mwene uwo mwidegemvyo w’izina uvamwo cama nantaryo ari kibi, kubera ko kuba ari ukugarariza amategeko y’Imana. Nk’akarorero, uguhuza ibitsina kutemewe kurashobora kuvamwo intuntu yo mu mutima, indwara, urupfu, gutwara inda udashaka, bikanashobora gutuma umubano w’abubatse usenyuka. (1 Ab’i Korinto 6:18; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-8) Ukwihereza ibiyayura umutwe birashobora gutuma umuntu aza arashangashirwa, akavuga adatobora, akabona ivyezeri, agata ubwenge, bikamugora guhema, akabona ibintu bidashoboka, eka n’ugupfa agapfa. Ibiyayura umutwe birashobora kumwizizira, ivyo bigashobora gutuma akora ibintu vy’ubugizi bwa nabi kugira ngo ashigikire ako kamenyero. No kunywa inzoga birenze urugero bivamwo inkurikizi nk’izo nyene. (Imigani 23:29-35) Abagira ingeso mwene izo boshobora kwiyumvira yuko bidegemvya, ariko bagasanga bacitse abaja b’icaha yamara atako bakibigira. Kandi urazi ukuntu icaha ciganzira umuntu bimwe bibi! Tuzirikanye kuri ico kintu ubu birashobora kudufasha kwirinda gushikirwa na mwene ivyo bintu.—Ab’i Galatiya 6:7, 8.
Aho Ingorane Zitangurira
13. (a) Ivyipfuzo bishikana umuntu mu ngorane akenshi bivyurwa gute? (b) Kugira ngo dutahure ‘abagenzi babi’ abo ari bo, dukeneye ukubona ibintu nk’ukwa nde? (c) Uko wishura ibibazo bitondetswe mu ngingo ya 13, shimika ku kuntu Yehova abona ibintu.
13 Iyumvire aho ingorane kenshi zitangurira. Bibiliya isigura iti: “Umuntu wese a[ra]geragezwa, iy’akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. Maz’ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.” (Yakobo 1:14, 15) None icipfuzo kivyurwa gute? Kivyurwa n’ibintu vyinjira mu muzirikanyi. Kenshi ivyo biva ku kwifatanya n’abantu badakurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya. Birumvikana, twese turazi ko dukwiye kwirinda ‘abagenzi babi.’ (1 Ab’i Korinto 15:33) Ariko none abagenzi babi ni abahe? Yehova abibona gute? Kuzirikana ku bibazo bikurikira kandi tugasoma ivyanditswe vyatanzwe, birakwiye kudufasha gushika ku vyiyumviro bibereye.
Mbega kuba abantu kanaka basa n’abubahitse vyoba bisigura yuko ari abagenzi beza? (Itanguriro 34:1, 2, 18, 19)
Ibiganiro vyabo, kumbure ibijajuro bagira, vyoba bishobora kwerekana nimba twoba dukwiye kwifatanya na bo? (Abanyefeso 5:3, 4)
Yehova abibona gute iyo duhisemwo kwifatanya cane n’abantu batamukunda? (2 Ngoma 19:1, 2)
Naho twoba dukorana ku kazi n’abantu tutemera bimwe canke tukaba tujana kw’ishure n’abantu tutemera bimwe, ni kuki bikenewe ko twiyubara? (1 Petero 4:3, 4)
Kuraba televiziyo n’amasenema, gukoresha bwa buhinga bwa Internet hamwe no gusoma ibitabu n’ibinyamakuru, ni uburyo bwo kwifatanya n’abandi bantu. Ni amayagwa nk’ayahe dukwiye kwiyubara ava kuri mwene ayo masôko? (Imigani 3:31; Yesaya 8:19; Abanyefeso 4:17-19)
Ukuntu dutora abagenzi vyoba vyereka Yehova ko turi abantu bameze gute? (Zaburi 26:1, 4, 5; 97:10)
14. Ni umwidegemvyo uhambaye uwuhe abakurikiza impanuro z’Ijambo ry’Imana ubu baraririye kuronka?
14 Isi nshasha y’Imana iri hafi cane imbere yacu. Biciye ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana yo mw’ijuru, abantu bazokurwako akosho ka Shetani hamwe n’urunkwekwe rwiwe rw’ibintu rwose uko rungana. Buhorobuhoro, ingaruka zose zazanywe n’icaha zizokurwa ku bantu bagamburuka, bitume imizirikanyi yabo n’imibiri yabo bitaba bikigira agasembwa, ku buryo tuzoshobora kwinovora ubuzima budahera mw’Iparadizo. Amaherezo ivyaremwe vyose bizogira umwidegemvyo uhuye neza n’ ‘impwemu ya Yehova.’ (2 Ab’i Korinto 3:17) Mbega vyokwumvikana umuntu ahomvye ivyo bintu bivuye ku kwiyobagiza ubu impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana? Dukoresheje neza umwidegemvyo wa gikirisu dufise muri iki gihe, ese twese twokwerekana neza yuko ico dushaka vy’ukuri ari “umwidegemvyo w’ubuninahazwa bw’abana b’Imana.”—Abaromani 8:21, UB.
Ikiganiro c’Isubiramwo
• Ni umwidegemvyo bwoko ki umugabo n’umugore ba mbere binovora? Uwo mwidegemvyo wogereranywa gute n’uwo abantu bafise muri iki gihe?
• Ni umwidegemvyo nyabaki Abakirisu b’ukuri bafise? Ivyo binyuranye gute n’ivyo isi ifata ko ari umwidegemvyo?
• Ni kuki bihambaye cane ko twirinda abagenzi babi? Mu buryo butandukanye na Adamu, tweho twemera ingingo zafashwe na nde zigenga iciza n’ikibi?
[Amafoto ku rup. 46]
Ijambo ry’Imana rituburira riti: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza”