Nureke Yehova akujane ku mwidegemvyo nyakuri
“[Niwihweze] muri rya tegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo.”—YAK. 1:25.
WOSHOBORA KUBISIGURA?
Ni itegeko irihe rishikana ku mwidegemvyo nyakuri, kandi ni bande baryungukirako?
Akabanga ko kuronka umwidegemvyo nyakuri ni akahe?
Abantu bose baguma mu nzira ishikana ku buzima bazokwironkera umwidegemvyo uwuhe?
1, 2. (a) Ni igiki kiriko kirashikira umwidegemvyo wo mw’isi, kandi kubera iki? (b) Ni umwidegemvyo uwuhe abasavyi ba Yehova bagiye kuronka?
TUBAYEHO mu gihe umwina, ubugarariji n’ubukazi birushiriza kwongerekana. (2 Tim. 3:1-5) Ivyo biratuma intwaro zongereza amategeko, zigakomeza igipolisi, zikongera zigashiraho ivyuma vyo mu buhinga bwa none vyo gucungera umutekano. Mu bihugu bimwebimwe, abanyagihugu baragerageza kwongereza umutekano wabo mu gushira mu ngo zabo mwene vya vyuma bitabaza, mu kwongereza ivyugazo no mu gushiraho inzitiro zirimwo umuyagankuba. Benshi baranka gusohoka mw’ijoro canke kureka abana babo ngo bakinire hanze ata wubacunze, haba ku murango canke mw’ijoro. Biragaragara yuko umwidegemvyo utera ugabanuka, kandi birashoboka ko bizobandanya gutyo.
2 Muri wa murima wa Edeni, Shetani yavuze ko ikintu cotuma umuntu aronka umwidegemvyo nyakuri ari ukubaho atisunga Yehova. Ese ukuntu ivyo vyagaragaye ko ari ikinyoma kibi kandi kibabaje! Nkako, uko abantu barushiriza kwirengagiza amategeko agenga ikibereye n’ikitabereye yashizweho n’Imana, ni ko ikibano uko cakabaye kirushiriza gushikirwa n’imibabaro. Ukwo kuntu ibintu birushiriza kwunyuka kuragira ico kudukozeko na twebwe abasavyi ba Yehova. Naho ari ukwo, turizigiye yuko abantu bazokurwa mu buja bw’igicumuro n’ukubora be n’uko tuzokwironkera ico Bibiliya yita “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) Nkako, Yehova yaramaze gutangura gufasha abasavyi biwe kwitegurira uwo mwidegemvyo. Mu buryo ubuhe?
3. Yehova yahaye abayoboke ba Kristu itegeko irihe, kandi ni ibibazo ibihe tugira twihweze?
3 Inyishu tuyisanga mu co umwanditsi wa Bibiliya Yakobo yise “itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo.” (Soma Yakobo 1:25.) Hari iyindi Bibiliya ihindura ayo majambo ngo “itegeko ritunganye ritugira abidegemvya” (Ubwuzure Bushasha). Ariko ntiwumve, mu bisanzwe iyo abantu bumvise itegeko baca babona ukubuzwa ikintu kanaka, aho guca babona umwidegemvyo. None “itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo” ni iki? Kandi iryo tegeko ritugira gute abidegemvya?
ITEGEKO RIGIRA UMUNTU UWIDEGEMVYA
4. “Itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo” ni iki, kandi ni bande baryungukirako?
4 “Itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo” si rya Tegeko rya Musa, kuko urwo rutonde rw’amategeko rwatumye ibigabitanyo bija ahabona kandi rwashikijwe muri Kristu. (Mat. 5:17; Gal. 3:19) None Yakobo yariko yerekeza kw’itegeko irihe? Yari afise mu bwenge “itegeko rya Kristu,” iryitwa kandi “itegeko ry’ukwizera” n’“itegeko ry’igisata c’abantu bidegemvya.” (Gal. 6:2; Rom. 3:27; Yak. 2:12) “Itegeko ritagira akanenge” rero rigizwe n’ibintu vyose Yehova adusaba. Abakirisu barobanuwe be n’abo mu “zindi ntama” bose bararyungukirako.—Yoh. 10:16.
5. Ni kubera iki itegeko ry’umwitegemvyo atari umuzigo?
5 Mu buryo butandukanye n’amategeko y’ibihugu vyinshi, “itegeko ritagira akanenge” ntirigoye gutahura canke ngo ribe umuzigo ahubwo rigizwe n’amabwirizwa asanzwe be n’ingingo ngenderwako z’ishimikiro. (1 Yoh. 5:3) Yezu yavuze ati: “Ingǒgo yanje [ir]oroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:29, 30) N’ikindi kandi, “itegeko ritagira akanenge” ntirikeneye urutonde rurerure rw’ibihano kuko rishingiye ku rukundo rikaba kandi ryanditse mu mizirikanyi no mu mitima, atari ku bisate vy’amabuye.—Soma Abaheburayo 8:6, 10.
UKUNTU “ITEGEKO RITAGIRA AKANENGE” RITUGIRA ABIDEGEMVYA
6, 7. Twovuga iki ku bijanye n’ingingo mfatirwako za Yehova, kandi ni kubera iki itegeko ry’umwidegemvyo ritugira abidegemvya?
6 Uturimbi Yehova yashingiye ibiremwa vyiwe bifise ubwenge turabigirira akamaro tukongera tukabikingira. Dufate nk’akarorero amategeko agenga ibiriho, nka za nguvu isi ifise zo kwikwegerako ibiri mu kirere. Abantu ntibidogera ayo mategeko ngo arabacinyiza. Ahubwo nyabuna, barayakenguruka kubera ko bazi yuko ayo mategeko ariho ku neza yabo. Muri ubwo buryo nyene, ingingo mfatirwako za Yehova zigenga ikibereye n’ikitabereye, izibonekera mw’“itegeko ritagira akanenge” rya Kristu, ziragirira akamaro abantu.
7 Uretse ko itegeko ry’umwidegemvyo ridukingira, riratuma duhaza ivyipfuzo vyacu vyose bibereye tutarinze kwigirira nabi canke guhonyanga uburenganzira n’umwidegemvyo vy’abandi. Ku bw’ivyo rero, akabanga ko kugira umwidegemvyo nyakuri, ni ukuvuga gushobora gukora ivyo twipfuza, ni ugutsimbataza ivyipfuzo bibereye, bihuye na kamere ya Yehova be n’ingingo mfatirwako ziwe. Mu yandi majambo, tubwirizwa kwiga gukunda ivyo Yehova akunda no kwanka ivyo yanka, ivyo akaba ari vyo itegeko ry’umwidegemvyo ridufasha kugira.—Am. 5:15.
8, 9. Ni ivyiza ibihe abisunga itegeko ry’umwidegemvyo bironkera? Bitangire akarorero.
8 Kubera ko turi abanyagasembwa, turita ku rutare kugira ngo dutsinde ivyipfuzo bibi. Naho ari ukwo, uko twisunga itegeko ry’umwidegemvyo tudahemuka, no muri iki gihe turahonja ububasha rifise bwo gutuma abantu bidegemvya. Tubitangire akarorero: Umwigishwa wa Bibiliya mushasha yitwa Jay yari yariziziwe n’itabi. Igihe yamenya ko iyo ngeso idahimbara Imana, yabwirijwe gufata ingingo. Yoba yari kubandanya kugamburukira umubiri wiwe canke yari kuyobokera Yehova? Abigiranye ubukerebutsi, yahisemwo gukorera Imana, naho nyene umubiri wiwe waguma umusaba itabi. None yumvise amerewe gute aho amariye guheba iyo ngeso? Mu nyuma yavuze ati: “Nariyumvisemwo umwidegemvyo udasanzwe nongera ndagira umunezero mwinshi.”
9 Ivyashikiye Jay vyaramwigishije yuko umwidegemvyo isi itanga, uwutuma abantu ‘bagumiza umuzirikanyi ku vy’umubiri,’ mu vy’ukuri ubagira abaja, mu gihe umwidegemvyo Yehova atanga wowo, uwutuma abantu “[ba]gumiza umuzirikanyi ku vy’impwemu,” ubagira abidegemvya ukongera ukabashikana ku “buzima n’amahoro.” (Rom. 8:5, 6) None Jay yakuye hehe inkomezi zo guheba iyo ngeso yiwe yari yaramugize umuja? Ntiyazikuye kuri we ahubwo yazikuye ku Mana. Yavuze ati: “Nariyigisha Bibiliya ntahorereza, ngasenga nsaba impwemu nyeranda, nkongera nkarondera imfashanyo iranga urukundo ishengero rya gikirisu ryandonsa n’umutima ukunze.” Izo ntunganyo nyene zirashobora kudufasha twese igihe turondera umwidegemvyo nyakuri. Reka turabe ukuntu zodufasha.
NIWIHWEZE MW’IJAMBO RY’IMANA
10. “Kwihweza” mw’itegeko ry’Imana bisobanura iki?
10 Muri Yakobo 1:25 hari ahavuga ngo: “Uwihweza muri rya tegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo . . . azoba ahiriwe mu kubikora.” Ijambo ry’ikigiriki ryo mu ntango ryahinduwe ngo “uwihweza” risobanura “guhagarara kugira ngo urabe mu,” ivyo bikaba vyerekana akigoro gakomeye umuntu agira. Egome, nimba twipfuza ko itegeko ry’umwidegemvyo rigira ico rikoze ku muzirikanyi wacu no ku mutima wacu, dutegerezwa kurangura uruhara rutwega mu kwiyigisha Bibiliya tubigiranye ubwira no mu kuzirikana tubijanisha n’isengesho ivyo dusoma.—1 Tim. 4:15.
11, 12. (a) Yezu yashimitse gute ku vy’uko tubwirizwa kubaho twisunga ukuri? (b) Nk’uko biboneka mu karorero katanzwe aho haruguru, ni ingeramizi iyihe abakiri bato canecane bategerezwa kwirinda?
11 Muri ico gihe nyene, dutegerezwa ‘gukovya,’ ari kwo kwihangana, mu gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana, gutyo tukabaho twisunga ukuri. Yezu yarashikirije iciyumviro nk’ico igihe yabwira abantu bamwebamwe bamwemera ati: “Nimwaguma mw’ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy’ukuri, kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobagira abidegemvya.” (Yoh. 8:31, 32) Igitabu kimwe kivuga yuko ‘kumenya’ kuvugwa ng’aho gusobanura kandi gukenguruka kubera ko “‘ibizwi’ ari ivy’agaciro canke bihambaye kuri nyene kubimenya.” ‘Turamenya’ rero ukuri mu buryo bushitse igihe tubaho tukwisunga. Aho ni ho dushobora kuvuga mu buryo bubereye yuko “ijambo ry’Imana ririko rirakorera” muri twebwe, rikaryohora kamere yacu kugira ngo turushirize kwigana Data wa twese wo mw’ijuru.—1 Tes. 2:13.
12 Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri nzi ukuri? Noba mbayeho ndakwisunga? Canke noba ngicambirwa icitwa ngo ni umwidegemvyo isi itanga?’ Mushiki wacu umwe yarezwe n’abavyeyi bakirisu, yibutse igihe yari akiri muto, yanditse ati: “Igihe ukuriye mu kuri, twovuga ko ari nk’aho Yehova yama ari ng’aho. Mugabo jewe, sinigeze vy’ukuri ndamumenya. Sinigeze niga kwanka ivyo yanka. Sinigeze nemera ko ivyo nakora vyari n’ico bivuze kuri we. Kandi sinigeze niga kumwitura igihe naba ndi mu ngorane. Nishimikiza ubwenge bwanje bwite, ubu nkaba nzi ko bwari ubupfu kubera ko ata kintu na kimwe nari nzi.” Igishimishije ni uko uwo mushiki wacu yahavuye atahura yuko ivyiyumviro vyiwe bitari vyo na gato, maze aragira amahinduka amwamwe akomeye. Mbere yaratanguye gukora ari umutsimvyi asanzwe.
IMPWEMU NYERANDA IRASHOBORA KUGUFASHA KUBA UWIDEGEMVYA
13. Impwemu nyeranda y’Imana idufasha gute kuba abidegemvya?
13 Mu 2 Abakorinto 3:17, dusoma duti: “Aho impwemu ya Yehova iri, ni ho haba umwidegemvyo.” None impwemu nyeranda idufasha gute kugira umwidegemvyo? Nk’akarorero, irama muri twebwe kamere zihambaye cane mu bijanye n’umwidegemvyo, ari zo: “Urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” (Gal. 5:22, 23) Izo kamere zidahari, na canecane urukundo, nta kibano na kimwe coshobora kwidegemvya vy’ukuri, ivyo bikaba ari ibintu vyigaragaza mw’isi muri iki gihe. Biri n’ico bivuze kubona intumwa Paulo amaze kudondagura imice y’icamwa c’impwemu, yaciye yongerako ati: “Ibintu mwene ivyo nta tegeko ribibuza.” None yashaka kuvuga iki? Nta tegeko na rimwe ritangira icamwa c’impwemu y’Imana ngo rikibuze gukura. (Gal. 5:18) Mbega nyene iryo tegeko ryoba ribereyeho iki? Yehova agomba ko dutsimbataza kamere nk’iza Kristu ibihe vyose kandi tukazigaragaza ata kidutangira.
14. Ni mu buryo butandukanye ubuhe impwemu y’isi igira abaja abayiyobokera?
14 Abo impwemu y’isi yagize abaja bakaba kandi bahaza ivyipfuzo vyabo vy’umubiri boshobora kwiyumvira ko bidegemvya. (Soma 2 Petero 2:18, 19.) Ariko rero, ukwo si ko biri. Usanga bakeneye amategeko n’amabwirizwa umuyoro kugira ngo bibafashe gucungera ivyipfuzo vyabo bibi n’inyifato yabo mbi. Paulo avuga ati: “Itegeko [ntiri]shirirwaho umuntu w’umugororotsi, ahubwo . . . rishirirwaho abantu b’abagarariji kandi b’ibigaba.” (1 Tim. 1:9, 10) Usanga kandi ari abaja b’igicumuro, batwarwa no gukora ‘ivyo umubiri ugomba,’ uwo na wo ukaba umeze nka shebuja wabo w’inkazi. (Ef. 2:1-3) Mu buryo kanaka, abantu nk’abo bameze nk’udukoko twurira buhorobuhoro gushika dushitse mw’ibakure irimwo ubuki. Kubera ko tuba dutwawe n’ivyipfuzo vyatwo, ntiduteba gusanga twaguye mu mutego.—Yak. 1:14, 15.
TURAGIRWA ABIDEGEMVYA MW’ISHENGERO RYA GIKIRISU
15, 16. Kuba twifatanya n’ishengero bihambaye ukungana iki, kandi ni umwidegemvyo uwuhe twironkera?
15 Igihe watangura kwifatanya n’ishengero rya gikirisu, ntiwujuje urupapuro rwo kubisaba nk’uko wobigira ugomba kwinjira mu muhari kanaka. Ahubwo, waje mw’ishengero kubera ko Yehova yagukwegereye. (Yoh. 6:44) Ni igiki none catumye agukwegera? Yoba yabonye ko uri umuntu agororotse kandi atinya Imana? Woshobora kuvuga uti: “Habe namba!” None Imana yabonye iki? Yabonye umutima wokwakiriye neza itegeko ryiwe ritanga umwidegemvyo, umutima woyobokeye ubuyobozi bwiwe burangwa ubuntu. Muri iryo shengero, Yehova yarabungabunze umutima wawe mu kukugaburira mu buryo bw’impwemu, mu kugukura mu binyoma no mu bintazi vy’amadini, no mu kukwigisha ukuntu wotsimbataza kamere nk’iya Kristu. (Soma Abanyefeso 4:22-24.) Ico vyavuyemwo ni uko ubu uri n’agateka ko kuba mu gisata c’abantu kimwe rudende gishobora kwitwa mu buryo bubereye “abantu bidegemvya.”—Yak. 2:12.
16 Zirikana iki kintu: Igihe uri kumwe n’abakunda Yehova n’umutima wabo wose, woba ugira ubwoba? Woba usanga uguma ukebaguzwa? Igihe uriko urayaga n’abo musangiye ukwemera ku Ngoro y’Ubwami, woba uguma ufashe utuntu twawe kugira ngo ntibatugutware? Ihibambewe! Wumva wisanze kandi ata co winona. Woba wokwiyumva gutyo uri mu rubanza rw’abantu bo mw’isi? Birumvikana ko utokwiyumva gutyo! N’ikindi kandi, umwidegemvyo ufise ubu mu basavyi b’Imana ni imponjo gusa y’umwidegemvyo uzoronka muri kazoza.
“UMWIDEGEMVYO W’UBUNINAHAZWA W’ABANA B’IMANA”
17. Umwidegemvyo w’abantu ufitaniye isano gute n’“ihishurwa ry’abana b’Imana”?
17 Igihe Paulo yariko aravuga ibijanye n’umwidegemvyo Yehova abikiye abasavyi biwe bo kw’isi, yanditse ati: “Ivyaremwe vyiteze bibishashaye ihishurwa ry’abana b’Imana.” Yaciye yongerako ati: “Ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya [bive] mu buja bw’ukubora, [bigire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:19-21) Ivyo “vyaremwe” vyerekeza ku bantu bafise icizigiro co kuba kw’isi, bazokwungukira kw’“ihishurwa” ry’abana b’Imana barobanujwe impwemu. Iryo hishurwa rizotangura abo “bana,” abazurirwa kuba mu karere k’ibiremwa vy’impwemu, nibafatanya na Kristu mu gukura ikibi kw’isi no mu kuyobora “isinzi rinini” bakarishikana mw’isi nshasha.—Ivyah. 7:9, 14.
18. Abantu bagamburuka bazoza bararushiriza kuronka umwidegemvyo gute, kandi ni umwidegemvyo uwuhe amaherezo bazoronka?
18 Abantu bazoba bacunguwe bazoca bironkera umwidegemvyo udasanzwe, aho bazoba bakuriweho akosho ka Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyah. 20:1-3) Ese ukuntu bazokwiruhutsa! Kuva ico gihe, ba bami n’abaherezi 144.000 bagenzi ba Kristu bazobandanya gufasha abantu kuronka umwidegemvyo mu gukoresha buhorobuhoro ivyiza biva ku nkuka y’incungu gushika igicumuro be n’agasembwa vyazanywe na Adamu bivuyeho buhere. (Ivyah. 5:9, 10) Kubera ko abantu bazoba babaye abizigirwa no mu kigeragezo, bazoba bashikiriye umwidegemvyo utagira agahaze Yehova yari yarabategekanirije, ni ukuvuga “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” Iyumvire ico kintu! Ntuzosubira kwita ku rutare kugira ngo ukore ikibereye imbere y’Imana, kubera ko umubiri wawe wose uzoba wagizwe uwutagira agasembwa, kamere yawe na yo ikazoba yahinduwe rwose ku buryo imera nk’iy’Imana.
19. Muri iki gihe, dutegerezwa kubandanya gukora iki kugira ngo tugume mu nzira ishikana ku mwidegemvyo nyakuri?
19 Woba ushashaye kuronka “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana”? Nimba ari ukwo biri, nureke umuzirikanyi wawe n’umutima wawe bibandanye kwisunga “itegeko ritagira akanenge ry’umwidegemvyo.” Egome, niwige Ivyanditswe ubigiranye ubwira. Nubeho wisunga ukuri, ukugire ukwawe. Nusenge usaba impwemu nyeranda. Niwungukire bimwe bishitse kw’ishengero rya gikirisu no ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu Yehova atanga. Ntureke ngo Shetani aguhende nk’uko yahenze Eva, ngo atume wiyumvira ko inzira z’Imana zikuzitira birenze. Ego ni ko, Shetani arashobora kuba umunyabwenge cane. Mugabo nk’uko tuzobibona mu kiganiro gikurikira, si ngombwa ngo “[dutsindwe] na Shetani, kuko tutayobewe imigabo yiwe.”—2 Kor. 2:11.
[Amafoto ku rup. 9]
Noba ngicambirwa icitwa ngo ni umwidegemvyo isi itanga?
[Amafoto ku rup. 9]
Noba mbayeho nisunga ukuri?