ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lr ikig. 41 rup. 212-216
  • Abana bahimbara Imana abo ari bo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abana bahimbara Imana abo ari bo
  • Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ivyo bijanye
  • Agakobwa k’Akisirayeli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Karipfuje kugira ico gafashije
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Yaragagaje ariko mu nyuma aragamburuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Akigeme Gafasha Umukuru
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
lr ikig. 41 rup. 212-216

Ikigabane ca 41

Abana bahimbara Imana abo ari bo

KW’ISI wibaza ko ari uwuhe mwana yahimbaye Yehova kuruta abandi?— Ni Umwana wiwe Yezu. Reka tuganire ku bintu Yezu yakoze kugira ngo ahimbare Se wiwe wo mw’ijuru.

Kuva aho umuryango wa Yezu waba gushika i Yeruzalemu, ahari urusengero rwiza cane rwa Yehova, hari urugendo rw’imisi nk’itatu. Urwo rusengero Yezu yarwise ‘ingoro ya Data’. Uko umwaka utashe, we hamwe n’umuryango wiwe bama baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika.

Igihe kimwe Yezu afise imyaka 12, bahejeje guhimbaza Pasika, umuryango wiwe warafashe urugendo usubira inyuma. Bashitse aho bari kurara, basanze Yezu atari kumwe na bo, bamuronderera mu ncuti no mu bagenzi baramubura. Ubwo nyene Mariya na Yozefu baca basubira i Yeruzalemu kurondera Yezu. Wibaza ko yari hehe?—

Basanze Yezu ari mu rusengero. Yariko yumviriza abigisha yongera ababaza ibibazo. Igihe abo bigisha baba bamubajije ikintu kanaka, yaca abishura. Baratangajwe cane n’inyishu nziza yabishura. Woba none utahura igituma Imana yashimishwa n’Umwana wayo?—

Birumvikana, Mariya na Yozefu bamaze kubona Yezu baciye bamererwa neza. Ariko Yezu ntiyari yahagaritse umutima. Yari azi yuko muri urwo rusengero ari ahantu heza ho kuguma. Nuko ababaza ati: ‘Ntimwari muzi yuko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?’. Yari azi yuko urwo rusengero ari inzu y’Imana, ari co gituma yaryoherwa no kuba ari muri urwo rusengero.

Mu nyuma, Mariya na Yozefu baciye basubirana inyuma na Yezu, akaba yari afise imyaka 12, bamujana i muhira i Nazareti. Wibaza ko Yezu yifata gute imbere y’abavyeyi biwe?— Urumva, Bibiliya ivuga yuko “yama abumvira” (Ni twe tubihiritse.). Wibaza ko ivyo bishaka kuvuga iki?— Bishaka kuvuga ko yabagamburukira. Yakora ivyo abavyeyi biwe bamusavye gukora, naho baba bamusavye gukora igikorwa c’i muhira, nk’akarorero kuja kuvoma amazi kw’iriba.—Luka 2:41-52.

[Amafoto ku rup. 213]

Yezu akiri umwana yahimbaye Imana gute?

Iyumvire rero ibi: Naho Yezu atari afise agasembwa, yaragamburukira abavyeyi biwe b’abanyagasembwa. None Ivyo vyarahimbaye Imana?— Emwe, vyarayihimbaye kubera ko Ijambo ry’Imana ribwira abana riti: ‘Mugamburukire abavyeyi banyu’ (Abanyefeso 6:1). Na wewe nyene uzohimbara Imana niwagamburukira abavyeyi bawe nk’uko Yezu yagamburukira abavyeyi biwe.

Ikindi kintu wokora kugira ngo uhimbare Imana, ni ukuyiyagira abandi. Ariko rero, hari abovuga yuko abakiri bato badakwiye gukora ico kintu. Mugabo ca gihe abantu bagerageje kubuza utwana tw’uduhungu kuvuga ivy’Imana, Yezu yaciye avuga ati: “Nta ho murasoma, ngo Mu kanwa k’abana bato n’abonka waroranijemw’ishimwe?” (Matayo 21:16). Rero, twese turashobora kuyagira abandi ivyerekeye Yehova tukongera tukabayagira ukuntu ari Imana nziza, nimba vy’ukuri tuvyipfuza. Nitwabigira, tuzohimbara Imana.

None ibintu twobwira abandi vyerekeye Imana tuvyigira hehe?— Tuvyigira mu nyigisho ya Bibiliya tugirira muhira. Ariko ibintu vyinshi tuvyigira aho abantu b’Imana bakoranira kugira ngo bige. Ariko none abantu b’Imana twobamenya gute?—

None, abo bantu bakora iki igihe bari mu makoraniro yabo? Boba vy’ukuri bigisha ibiri muri Bibiliya? Boba bayisoma bakongera bakayiganirako? Ukwo ni ko twumviriza Imana, si vyo none?— Vyongeye ku makoraniro y’Abakirisu twitega kuhumvira ivyo Imana ivuga, none si vyo?— Ariko none wokwiyumvira iki mu gihe abantu bovuga ko udategerezwa kubaho wisunga ivyo Bibiliya ivuga? Wovuga none ko abo ari abantu b’Imana?—

Ehe ikindi kintu umuntu yokwibaza. Bibiliya ivuga ko abantu b’Imana bategerezwa kuba ari ‘abantu bitirirwa izina ryayo’ (Ivyakozwe 15:14). Kubera ko izina ry’Imana ari Yehova, twobaza abantu nimba Yehova ari Imana yabo. Bavuze ngo oya, duca tumenya ko atari abantu b’Imana. Abantu b’Imana bategerezwa kandi kuyagira abandi ivy’Ubwami bw’Imana. Ikindi kandi, bategerezwa kwerekana ko bakunda Imana mu kwitondera amategeko y’Imana.—1 Yohana 5:3.

Nimba uzi abantu bakora ivyo bintu vyose, ukwiye rero gukoranira hamwe na bo mu gusenga Imana. Ukwiye kwumviriza witonze igihe uri kuri ayo makoraniro hanyuma ugatanga inyishu igihe babajije ibibazo. Ivyo ni vyo Yezu yagira igihe yaba ari mu nzu y’Imana. Niwagira ivyo bintu, uzohimbara Imana, nk’uko nyene Yezu yayihimbara.

Hari abandi bana woba wibuka bahimbaye Imana bavugwa muri Bibiliya?— Timoteyo ni akarorero keza cane. Se wiwe ntiyizera Yehova. Mugabo nyina wiwe Ewunike na inakuru wiwe Loyisi barizera Yehova. Timoteyo yarabumviriza bituma amenya ivyerekeye Yehova.

[Ifoto ku rup. 215]

Timoteyo yipfuza gukora iki naho se wiwe atizera Imana

Timoteyo amaze gukura, intumwa Paulo yaragendeye igisagara yabamwo. Paulo yarabonye ukuntu Timoteyo yipfuza cane gukorera Yehova. Yaciye asaba Timoteyo kujana na we kugira ngo arushirize gukorera Imana. Aho baca hose, barabwira abantu ivyerekeye Ubwami bw’Imana n’ivyerekeye Yezu.—Ivyakozwe 16:1-5; 2 Timoteyo 1:5; 3:14, 15.

Ariko none, uburorero bwo muri Bibiliya bw’abana bahimbaye Imana ni ubw’abahungu gusa?— Si ko biri na gato. Rimbura akigeme k’Akisirayelikazi kahimbaye Imana. Kabayeho igihe ihanga rya Siriya n’irya Isirayeli vyankana. Umusi umwe Abasiriya bararwanye n’Abisirayeli maze ako kigeme bakajana ari inyagano. Ako kigeme baciye bakarungika kuba ku mukuru w’abasoda yitwa Namani. Gashitseyo, kaba agasuku k’umugore wa Namani.

Ico gihe Namani yari arwaye indwara yitwa imibembe. Nta muganga n’umwe yashoboye kumukiza iyo ndwara. Mugabo ako kigeme k’Akisirayelikazi karizera yuko umwe mu basavyi b’Imana badasanzwe, ni ukuvuga umumenyeshakazoza, yoshobora gukiza Namani. Ariko rero, Namani n’umugore wiwe ntibasenga Yehova. None ako kigeme kari gakwiye kubabwira ivyo kazi? Wewe wari gukora iki?—

[Ifoto ku rup. 216]

Aka kigeme k’Akisirayelikazi kahimbaye Imana gute?

Urumva, ako kigeme kavuze kati: ‘Nka hamwe Namani yoja ku mumenyeshakazoza wa Yehova muri Isirayeli, Namani yokira imibembe arwaye’. Namani yarateze ugutwi ako kigeme, maze aja kuraba umumenyeshakazoza wa Yehova. Amaze gukora ivyo uwo mumenyeshakazoza yamubwiye gukora, aca arakira. Ivyo vyatumye Namani aba umusavyi w’Imana y’ukuri.—2 Abami 5:1-15.

None woshima gufasha umuntu kwiga ivyerekeye Yehova n’ivyo akwiye gukora nk’uko ako kigeme kabigize?— None ushobora gufasha bande?— Birumvikana ko mu ntango bohava biyumvira ko badakeneye gufashwa. Mugabo woshobora kubabwira ibintu vyiza Yehova akora. Hari aho bogutega amatwi. Urashobora kwemera udakeka ko ivyo bizohimbara Imana.

Ibindi bintu biremesha abakiri bato kwipfuza gukorera Imana, tubisanga muri Zaburi 122:1; 148:12, 13; Umusiguzi 12:1; 1 Timoteyo 4:12; no mu Baheburayo 10:23-25.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika