Niwigishe abana bawe
Yaragagaje ariko mu nyuma aragamburuka
WOBA umaze kugira akagagazo ukanka kugamburuka?—a Ushobora kuba warakoze ikintu nyoko wawe canke so wawe yari yakubujije. Hari aho woba waravyiyumviriye mu nyuma maze urababazwa no kuba wagambaraye. Umuntu umwe yabanje kwanka kugamburuka ni Namani. Reka turabe ingene yafashijwe kugira ntasubire kugagaza.
Dufate ko tubayeho ico igihe, ubu hakaba haheze imyaka 3.000. Namani ni umukomanda wa gisirikare ahambaye w’Umusiriya. Yama abwira abasoda biwe ivyo bokora na bo bakamugamburukira. Ariko Namani ararwara indwara y’urukoba ikomeye yitwa imibembe. Iyo ndwara ituma aboneka ko ateye ikinya kandi ishobora kuba imubabaza cane.
Umugore wa Namani arafise agakobwa kamukorera kava muri Isirayeli. Umusi umwe, ako gakobwa karabwira inabuja ibijanye n’umuntu umwe yitwa Elisha wo mu gihugu cako c’amavukiro. Kavuga ko ashobora gukiza Namani. Namani arumva ako gakuru agaca ubwo nyene ashaka kuja kuri Elisha. Aratora ingabirano nyinshi agafata urugendo rwo kuja muri Isirayeli ari kumwe n’abasoda biwe. Araja ku mwami wa Isirayeli kugira amumenyeshe icamuzanye.
Elisha aravyumva agaca atuma ku mwami ngo amurungikire Namani. Namani ashitse kwa Elisha, Elisha aca atuma intumwa kubwira Namani ngo aje kwiyuhagira mu ruzi Yorodani incuro indwi. Elisha avuga ko Namani niyakora ico kintu aca akira. Wiyumvira ko Namani abona gute ico kintu Elisha amubwiye gukora?—
Arashavura. Aca rero agagaza akanka kugamburukira uwo muntu w’Imana. Abwira abasoda biwe ati: ‘Iwacu hari inzuzi nziza kuruta zo kwiyuhagiramwo.’ Namani aca atangura kugenda. Ariko urazi ikibazo abasoda biwe bamubaza?— Bamubaza bati: ‘Iyo uwo muntu w’Imana aba yagusavye ikintu kigoye, ntuba wagikoze? Kubera iki none utogamburuka agusavye gukora ikintu gisanzwe nk’ico?’
Namani aragamburuka agakora ivyo abasoda biwe bamubwiye. Aribira muri Yorodani yongera avayo, akabigira incuro zitandatu. Avuyeyo ku ncuro igira indwi, aratangara: Urazi, ya ndwara yari arwaye ku mubiri wiwe yazimanganye! Yasubiye kugira akabiri keza! Ubwo nyene aca afata urugendo rw’ibirometero nka 48 akaja i muhira kwa Elisha kumushimira. Ashaka guha Elisha udushimwe tuzimvye, mugabo uwo muntu w’Imana nta na kamwe aja kwakira.
Namani aca rero asaba Elisha ikintu kimwe. Urazi ico ari co?— Avuga ati: ‘Nibampe ivu ryotwarwa n’ifarasi zibiri kugira ndaritware iwacu.’ Urazi igituma ashaka iryo vu?— Namani avuga ko ashaka guha Imana ibimazi kw’ivu ryavuye mu gihugu c’abantu b’Imana ari co Isirayeli. Namani aca asezerana ko ata yindi mana azosubira gusenga atari Yehova! Ntagifise akagagazo ahubwo ariteguriye kugamburukira Imana y’ukuri.
Woba ubona ukuntu womera nka Nama-ni?— Nimba ufise akagagazo, urashobora guhinduka. Wemeye gufashwa ntuzosubira kugira akagagazo.
Soma muri Bibiliya yawe
a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.