ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kp rup. 6-8
  • Ivyo vyose bisobanura iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo vyose bisobanura iki?
  • Mwame Mugavye!
  • Ivyo bijanye
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Inkuru Nziza Bashaka ko Wumva
    Ivyabona vya Yehova—Ni Bande? Bemera Ibiki?
  • Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Mwame Mugavye!
kp rup. 6-8

Ivyo vyose bisobanura iki?

YEZU KIRISITU yavuze ko “insozero y’urunkwekwe rw’ibintu” yoranzwe n’intambara, amapfa, ibiza be na vya nyamugigima.—Matayo 24:1-8, NW; Luka 21:10, 11.

Kuva mu 1914, abantu bagumye bahitanwa n’intambara zabaye hagati y’amahanga no hagati y’imigwi idasangiye ubwoko, akenshi bikaba vyava ku bakuru b’amadini bisuka mu vya politike, muri bino bihe na ho bagahitanwa n’ibitero vya ba gaterabwoba bikwiragiye henshi.

Naho ubuhinga mu vy’uburimyi bwateye imbere, abantu amamiliyoni amajana n’amajana kw’isi yose bari mu mapfa atagira uko yovugwa. Uko umwaka utashe, abantu amamiliyoni barapfa biturutse ku kubura ibifungurwa.

Ibiza, ni ukuvuga indwara zandukira zikwiragira cane, na vyo nyene biri mu bigize ikimenyetso Yezu yatanze. Inyuma y’Intambara ya Mbere y’isi yose, ikiza ca giripe cahitanye abantu barenga 21.000.000. Nticari kimeze nk’ibindi biza vyo muri kahise wasanga bitera ahantu hamwehamwe gusa, co cashitse mu bihugu vyo kw’isi yose no mu mazinga ari ukwa yonyene. Ca kiza ruhonyanganda SIDA ubu kiriko ciha inkumbi mw’isi, vyongeye indwara nk’igituntu, malariya, indwara y’uruhumyi yitwa onchocercose be n’indwara itera ugusinzira yitwa tripanosomiase zirabandanya kwibonekeza mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

Bivugwa yuko uko umwaka utashe haba vya nyamugigima ibihumbi mirongo bitandukanye mu bukomezi. Naho hariho ibikoresho be n’uburyo buteye imbere bikoreshwa mu gupima no gutanga amakuru ku bijanye na vya nyamugigima, vya nyamugigima bitikiza inganda mu bibanza bibamwo abantu benshi ni co kintu gikunda kuvugwa mu makuru.

Bibiliya yarabuye kandi iti: “Umenye yuko mu misi [ya nyuma] hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, birārīra, bībona, batukana, batumvira abavyeyi, intashima, abanegura ivy’Imana, badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza, abaguranyi, ibirandamuke, abikakisha, bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana, bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bgakwo: abameze bartyo wame ubatera ibitugu”.—2 Timoteyo 3:1-5.

Ntiwemera none ko tubayeho mu “bihe bigoye”?

Woba warabonye yuko abantu bikunda, bakunda amahera, kandi bibona, ivyo vyose bakabigira mu buryo burenze urugero?

Ni nde yoharira yuko isi yuzuyemwo abantu bikwegerako mugabo b’intashima, banka kwuzura, banegura ivy’Imana?

Woba ubona yuko ukutumvira abavyeyi be n’ukuba abantu badakunda ababo bimwe bibabaje vyongerekanye bidasanzwe, atari ahantu hamwehamwe gusa, ariko hirya no hino kw’isi?

Nta nkeka ko ubona yuko tubayeho mw’isi yuzuyemwo ugukunda ibihimbaro mugabo itagiramwo ugukunda ivyiza. Ukwo ni ko Bibiliya idondora inyifato zokwiganje mu ‘misi ya nyuma’.

Hoba hari ikindi kimenyamenya gikenewe kugira ngo tumenye igihe tubayemwo ico ari co? Yezu yabuye kandi yuko muri ico gihe nyene, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe mw’isi yose ibako abantu (Matayo 24:14). Ivyo vyoba biriko biragirwa?

Umunara w’Inderetsi, ikinyamakuru gishingiye kuri Bibiliya kigenewe gutangaza inkuru nziza y’Ubwami bwa Yehova, uracapurwa ubudahorereza mu ndimi nyinshi kuruta ikindi kinyamakuru cose.

Uko umwaka utashe, Ivyabona vya Yehova bamara amasaha arenga umuliyaridi bashinga intahe ubwabo yerekeye Ubwami bw’Imana ku bantu.

Bariko barasohora ibisohokayandikiro bisigura Bibiliya mu ndimi nka 400, eka mbere no mu ndimi zikoreshwa n’imigwi mitomito y’abantu kandi iri mu turere twa kure. Ivyabona vya Yehova barashikanye inkuru nziza mu mahanga yose; baramamaje kandi mu tuzinga twinshi no mu turere twinshi usanga ari dutoduto cane ku buryo tutanaboneka kw’ikarata y’isi. Mu bihugu vyinshi, baragira porogarama idahorereza yo kwigisha Bibiliya.

Mu vy’ukuri, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iriko iramamazwa mw’isi yose ibako abantu, atari ukugira ngo isi ihinduke, ariko kugira ngo hatangwe icabona. Abantu bo mu mihingo yose bariko bararonswa akaryo ko kwerekana nimba bitaho uwaremye ijuru n’isi no kwerekana nimba bazogaragaza ko bubaha amategeko yiwe bakongera bakagaragaza ko bakunda abantu nka bo.—Luka 10:25-27; Ivyahishuriwe 4:11.

Vuba, Ubwami bw’Imana buzokura kw’isi inkozi z’ikibi zose hanyuma buyihindure iparadizo ikwiye hose.—Luka 23:43.

[Uruzitiro ku rup. 6]

Ni imisi ya nyuma y’iki?

Si imisi ya nyuma y’umuryango w’abantu. Ku bakora ivyo Imana igomba, Bibiliya isezerana yuko bazobaho ibihe bidahera.—Yohana 3:16, 36; 1 Yohana 2:17.

Si imisi ya nyuma y’isi tubako. Ijambo ry’Imana risezerana yuko isi ibako abantu izokwamaho ibihe bidahera.—Zaburi 37:29; 104:5; Yesaya 45:18.

Ahubwo, ni imisi ya nyuma y’uru runkwekwe rw’ibintu rurangwamwo ubukazi kandi rutagiramwo urukundo, ikaba n’imisi ya nyuma y’abagendera mu nzira zarwo.—Imigani 2:21, 22.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 7]

Bibiliya yoba koko ari Ijambo ry’Imana?

Incuro n’izindi, abamenyeshakazoza bavugwa muri Bibiliya banditse bati: “Uku ni k’Uhoraho agize” (Yesaya 43:14; Yeremiya 2:2). Mbere na Yezu Kirisitu, Umwana w’Imana, yarashimitse ku vy’uko ‘atavuga ivyo yigeneye’ (Yohana 14:10). Bibiliya ubwayo ivuga itomora iti: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana”.—2 Timoteyo 3:16.

Nta kindi gitabu gisohorwa mu ndimi nyinshi nka yo, ikaba isohorwa mu ndimi zirenga 2.200 nk’uko bishikirizwa n’Urunani rw’amashirahamwe y’ivya Bibiliya. Nta kindi gitabu cakwiragiye cane nka yo, ubu hakaba hamaze gukwiragizwa amakopi arenga imiliyaridi zine. Ivyo none si vyo wokwitega ku butumwa buva ku Mana bugenewe abantu bose?

Nimba ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ibimenyamenya vy’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana, raba igitabu La Bible: Parole de Dieu ou des hommes?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Niwasoma Bibiliya ukongera ukemera icese yuko ari Ijambo ry’Imana koko, uzohungukira cane.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 8]

Ubwami bw’Imana ni iki?

Ni intwaro yo mw’ijuru yashinzwe na ya Mana y’ukuri Yehova, Umuremyi w’ijuru n’isi.—Yeremiya 10:10, 12.

Bibiliya ivuga yuko Yezu Kirisitu ari we Imana iha ubwo bubasha bwo kuganza (Ivyahishuriwe 11:15). Igihe Yezu yari kw’isi, yaragaragaje ko yari yaramaze kuronka ububasha butangaje yahawe n’Imana, ububasha bwamushoboje gutururuza imiyaga n’ikiyaga, gukiza indwara z’ubwoko bwose eka mbere no kuzura abapfuye (Matayo 9:2-8; Mariko 4:37-41; Yohana 11:11-44). Ubuhanuzi bwahumetswe bwo muri Bibiliya bwarabuye yuko Imana yomuhaye kandi “inganji n’icubahiro n’ubgami, kugira ngw amoko yose n’amahanga n’abavuga indimi zitari zimwe bamusabe” (Daniyeli 7:13, 14). Iyo ntwaro yitwa Ubwami bwo mw’ijuru. Ubu Yezu Kirisitu ategeka ari mw’ijuru.

[Amafoto ku rup. 7]

Iyamamazwa ry’inkuru nziza kw’isi yose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika