ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp21 no. 2 rup. 7-9
  • Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • RABA IBINTU BIBIRI YEZU YAVUZE KU BIJANYE N’UMUHERO:
  • IVYOBAYE
  • “IMISI YA NYUMA”
  • VUBA ISI IZOHINDUKA IPARADIZO!
  • Ibibazo bine bijanye n’umuhero vyishurwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Umuhero woba uri hafi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Umuhero w’isi: Hari abawutinya, abawushashaye, n’abarambiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2021
wp21 no. 2 rup. 7-9
Yezu ariko arasigurira intumwa ziwe ivyoranze imisi y’iherezo.

Umuhero uzoza ryari? Ivyo Yezu yavuze

Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, iyo Bibiliya ivuze ibijanye n’umuhero w’isi, ntiba ishaka kuvuga ugukurwaho kw’isi canke uguherengetera kw’ikiremwa muntu. Ahubwo riho, iba ishaka kuvuga iherezo ry’ibikorwa bibi vyo muri iyi si yononekaye be n’ababikora bose. None Bibiliya yoba ivuga igihe uwo muhero uzozira?

RABA IBINTU BIBIRI YEZU YAVUZE KU BIJANYE N’UMUHERO:

“Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”​—MATAYO 25:13.

“Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera.”​—MARIKO 13:33.

Nta wuzi rero igihe nyezina umuhero uzozirako. Ariko rero Imana ‘yarashinze igihe,’ ni ukuvuga ‘umusi n’isaha,’ umuhero uzozirako. (Matayo 24:36) None ivyo vyoba bisobanura ko tutoshobora kumenya ko uwo muhero wegereje? Habe namba. Yezu yabwiye abigishwa biwe ko bobonye ibintu bitandukanye vyokwerekanye ko umuhero uri hafi.

IVYOBAYE

Ivyo bintu vyoshitse, vyobaye ikimenyetso c’“insozero y’ivy’isi.” Yezu yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” (Matayo 24:3, 7) Yaravuze kandi ko hobayeho “ibiza,” ni ukuvuga indwara z’ivyaduka. (Luka 21:11) Ivyo bintu Yezu yavuze woba uriko uravyibonera?

Intambara zihitana abantu benshi, inzara, vya nyamugigima, be n’indwara z’urutavanako biriraye kw’isi muri iki gihe. Nk’akarorero, mu 2004, hari nyamugigima ikomeye yateye mw’Ibahari Indiyano, ica iteza ibisebuzi vyahitanye abantu nka 225.000. Mu myaka itatu, ikiza ca Korona cahitanye abantu nka 6.900.000 kw’isi yose. Yezu yavuze ko ibintu nk’ivyo vyokwerekanye ko umuhero wobaye uri hafi.

“IMISI YA NYUMA”

Ikiringo c’imbere gato y’uko umuhero ushika, Bibiliya icita “imisi ya nyuma.” (2 Petero 3:3, 4) Muri 2 Timoteyo 3:1-5, havuga ko imisi ya nyuma yoranzwe n’ugutituka kw’inyifato y’abantu. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Imbere gatoyi y’umuhero w’isi.”) Muri iki gihe, woba ubona abantu bikunda, abanyamwina, inkazi be n’abadakunda abandi? Ivyo na vyo nyene ni ivyerekana ko umuhero w’isi uri hafi cane.

None imisi ya nyuma izorangira ryari? Twisunze Bibiliya, hasigaye “igihe gito” gusa. Imana izoca ihonya “abahonya isi.”​—Ivyahishuwe 11:15-18; 12:12.

Intambara

Abasoda bari ku rugamba, bariko barasa bikinze inyuma y’igihome.
  • Hagati ya 2007 na 2017: Abahitanywe n’intambara be n’iterabwoba baraduze gushika ku bice 118 kw’ijana

Indwara

Umugabo arwariye mu bitaro.
  • Izihitana abantu benshi ni iz’umutima, izo mu bwonko, iz’amahaha, iz’ubumuga abana bavukana, iz’ugucibwamwo, kanseri be n’igituntu

Inzara

Agakobwa kishwe n’inzara, gafise agasorori.
  • Mu 2021, ibice 9,8 kw’ijana vy’ababa kw’isi yose barashonje cane, nk’umwe mu bana batatu bari munsi y’imyaka itanu na bo barazingamitswe no kurya nabi

Kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose

Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza ku mugaragaro, bakaba bariko bayagisha umugabo umwe.
  • Abavugabutumwa (Ivyabona vya Yehova) barenga 8.600.000 baratanga ibitabu mu ndimi zirenga 1.000 mu bihugu 240

VUBA ISI IZOHINDUKA IPARADIZO!

Imana iramaze gushinga umusi n’isaha izozanirako umuhero w’iyi si mbi. (Matayo 24:36) Ariko rero hari n’agakuru keza: Imana “[ntishaka] yuko hagira n’umwe arandurwa.” (2 Petero 3:9) Iriko iraha abantu akaryo ko kwiga ivyo ishaka no kubikurikiza. Kubera iki? Kubera ko yipfuza ko turokoka umuhero w’iyi si tukaba mw’isi nshasha yayo, igihe isi izoba yahindutse iparadizo.

Imana yaratunganije igikorwa co kwigisha kw’isi yose, kugira ifashe abantu kumenya ivyo bokora ngo bazobe mw’isi nshasha izoba itwarwa n’Ubwami bwayo. Yezu yavuze ko inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe “mw’isi yose.” (Matayo 24:14) Kw’isi yose Ivyabona vya Yehova bamaze amasaha amamiliyaridi n’amamiliyaridi, bamamaza bongera bigisha abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro. Yezu yavuze ko ico gikorwa co kwamamaza coranguwe kw’isi yose imbere y’uko umuhero ushika.

Ubutegetsi bw’abantu busigaje igihe gito. Ariko agakuru keza ni uko ushobora kurokoka umuhero w’iyi si, ukibera mw’isi y’Iparadizo Imana yasezeranye. Ikiganiro gikurikira, kirerekana ivyo wokora kugira ngo uzokwibere muri iyo si nshasha.

IMBERE GATOYI Y’UMUHERO W’ISI

“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana, bafise ishusho y’ukwihebera Imana mugabo bakihakana ububasha bwakwo.”​—2 TIMOTEYO 3:1-5.

Ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’“imisi ya nyuma” biraduha icizigiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika