IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: WOBA UKWIYE GUTINYA UMUHERO W’ISI?
Umuhero w’isi: Hari abawutinya, abawushashaye, n’abarambiwe
Wumva umerewe gute iyo wiyumviriye itariki yo ku wa 21 Kigarama 2012, ya tariki yo ku kirangamisi c’Abamaya abantu benshi bavuze ko yobereyeko amahinduka kw’isi yose? Bivanye n’ivyo wari witeze, hari aho wokwiruhutsa, canke ukavunika umutima kibure ukabona ko ata co bikubwiye. Vyoba bisobanura ko ibiza biravugwa ku bijanye n’umuhero w’isi vyose atari ivy’ukuri?
Tuvuge iki ku bijanye n’“umuhero w’isi” uvugwa muri Bibiliya? (Matayo 24:3, Bibiliya Yera) Hari abafise ubwoba bw’uko isi izotongorwa n’umuriro. Abandi barashashaye kuzokwibonera ibizoba kuri uwo musi. Hari n’abandi benshi barambiwe no kuguma babwirwa yuko umuhero w’isi uri hafi. Ubwo none abo bantu ntiboba biyumva gutyo kubera amakuru atari yo?
Hari aho wotangara umenye ivyo Bibiliya ivuga vy’ukuri ku bijanye n’umuhero w’isi. Bibiliya ntitanga gusa imvo zotuma umuntu yitega umuhero abishashaye, ariko kandi iremeza yuko mu gihe umuhero wosa n’uwutevye bishobora gutuma umuntu acika intege. Turakwinginze urabe inyishu Bibiliya itanga ku bibazo abantu bakunze kwibaza ku bijanye n’umuhero w’isi.
Isi yoba izotongorwa n’umuriro?
INYISHU BIBILIYA ITANGA: “[Imana] yashinze isi ku bibanza vyayo bishimangiye; ntizogenda inyiganyijwe gushika igihe kitagira urugero, emwe gushika ibihe bidahera.”—ZABURI 104:5.
Isi ntizorandurwa hakoreshejwe umuriro canke ubundi buryo. Ahubwo, Bibiliya yigisha yuko iyi si-butaka ari ahantu umuntu yagenewe kuba ibihe bidahera. Muri Zaburi 37:29 hagira hati: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 115:16; Yesaya 45:18.
Igihe Imana yarangiza kurema isi, yavuze yuko yari ‘nziza cane,’ kandi n’ubu ni ko ikibibona. (Itanguriro 1:31) Imana ntitegura guhonya isi, ahubwo isezerana “guhonya abahonya isi” no kuyikingira ivyoyonona ubutakivayo.—Ivyahishuwe 11:18.
Ariko urashobora guca wibaza uti: ‘None muri 2 Petero 3:7 ntihavuga ngo: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro”?’ None ivyo ntivyerekana ko isi izotongorwa n’umuriro? Mu vy’ukuri, hari igihe Bibiliya ikoresha amajambo “amajuru,” “isi,” n’“umuriro” mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, igihe mw’Itanguriro 11:1 havuga hati: “Isi yose yari ifise ururimi rumwe,” hakoresha ijambo “isi” hashaka kuvuga ikibano c’abantu.
Imirongo ibanziriza 2 Petero 3:7 irerekana ko amajuru, isi n’umuriro bivugwa muri uwo murongo wa 7 ari ivy’ikigereranyo. Umurongo wa 5 n’uwa 6 isanisha ibivugwa muri uwo murongo wa 7 n’Umwuzure wo mu gihe ca Nowa. Abantu bo muri ico gihe baratikiye, mugabo isi-butaka yoyo nta co yabaye. Ahubwo, uwo Mwuzure wahitanye abantu b’ababisha, ari bo bagereranijwe n’“isi.” (Itanguriro 6:11) Ariko kandi warakuyeho “amajuru,” ayagereranya abantu ico gihe bategeka isi. Muri ubwo buryo nyene, muri 2 Petero 3:7 herekana ko abantu b’ababisha be n’intwaro zabo zononekaye bizokurwaho ubutakigaruka, nka kurya kw’ikintu caturiwe n’umuriro kigahera.
Ni ibiki bizoba ku muhero w’isi?
INYISHU BIBILIYA ITANGA: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”—1 YOHANI 2:17.
“Isi” izohita si iyi si-butaka, ahubwo ni abantu muri iki gihe babayeho badakora ivyo Imana igomba. Nka kurya umuganga abaga yokura ikivyimba ca kanseri mu murwayi kugira ngo amuzigamire ubuzima, Imana ‘izorandura’ ababisha kugira ngo abantu bameze neza bibere kw’isi bahimbawe vy’ukuri. (Zaburi 37:9) Muri ubwo buryo twovuga ko “umuhero w’isi” ari ikintu ciza.
Ukubona “umuhero w’isi” mu buryo bwiza gutyo biribonekeza muri Bibiliya zihindura iyo mvugo ngo “insozero y’ivy’isi,” canke ngo “iherezo ry’ibihe.” (Matayo 24:3; New International Version) Ko n’iyi si-butaka be n’abantu bamwebamwe bitazohitanwa n’uwo muhero, wumva none bitumvikana ko hazoca hakurikira ibihe bishasha? Bibiliya irashigikira ico ciyumviro, kuko ivuga ivyerekeye “igihe kizoza.”—Luka 18:30.
Ico kiringo kizoza Yezu yavuze ko ari igihe co “guhindura ibintu bikaba bishasha.” Ico gihe, azotuma umuryango w’abantu usubira kumera nk’uko Imana yari yaravyipfuje mu ntango. (Matayo 19:28, NIV) Ico gihe:
Abantu bazokwibera mw’Iparadizo irangwamwo umutekano n’ukumererwa neza.—Yesaya 35:1; Mika 4:4.
Abantu bazokora igikorwa kiri n’ico kivuze kandi gishika ku nyota.—Yesaya 65:21-23.
Abantu bazokizwa indwara zose.—Yesaya 33:24.
Abantu bazokwiyubura.—Yobu 33:25.
Abapfuye bazozuka.—Yohani 5:28, 29.
Nimba dukora “ukugomba kw’Imana,” ni ukuvuga ivyo idusaba, nta mvo yotuma dutinya umuhero w’isi. Ahubwo, turawitegana umushasharo.
Umuhero w’isi woba vy’ukuri wegereje?
INYISHU BIBILIYA ITANGA: “[Nimwabona] ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.”—LUKA 21:31.
Mu gitabu umuhinga yitwa Richard Kyle yanditse (The Last Days Are Here Again), avuga yuko “amahinduka aba bukwi na bukwi be n’imivurungano yo mu kibano bituma abantu bavuga ibijanye n’ukuza kw’umuhero w’isi.” Ivyo ni ko bigenda canecane iyo ayo mahinduka n’iyo mivurungano bisa n’ibisiga ubwenge.
Ariko rero, abahanuzi bo muri Bibiliya bavuze ivy’umuhero w’isi ntibabigize kugira ngo bagerageze gusigura ibintu vyaba muri ico gihe abantu batatahura. Ahubwo, Imana ni yo yabahumekeye kugira ngo badondore ibintu vyokwerekanye ko umuhero w’isi uri hafi. Raba bimwe mu vyo bavuze hanyuma wirabire nimba biriko biraranguka muri kino gihe.
Intambara, amapfa, vya nyamugigima, n’indwara z’ibiza zica.—Matayo 24:7; Luka 21:11.
Ukwongerekana cane kw’ububisha.—Matayo 24:12.
Abantu bahonya isi.—Ivyahishuwe 11:18.
Abantu bikunda, bakunda amahera n’ibibahimbara mugabo badakunda Imana.—2 Timoteyo 3:2, 4.
Ugusenyuka kw’imiryango.—2 Timoteyo 3:2, 3.
Abantu muri rusangi batitaho ibimenyamenya vy’uko umuhero wegereje.—Matayo 24:37-39.
Iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose.—Matayo 24:14.
Nk’uko Yezu yabivuze, iyo tubonye “ivyo bintu vyose” duca tumenya ko umuhero w’isi uri hafi. (Matayo 24:33) Ivyabona vya Yehova baremera yuko ivyo bimenyamenya ari ntakekeranywa, akaba ari co gituma babwira abandi ivyo bizera mu kwamamaza mu bihugu 236.
Kuba hari ibintu bitarangutse abantu bari biteze ku bijanye n’umuhero w’isi, vyoba bisigura ko utazokwigera ushika?
INYISHU BIBILIYA ITANGA: “Igihe bazoba bavuga ngo: ‘Amahoro n’umutekano!’ ni ho agatikizo ka bukwi na bukwi kazoza kuri bo ako kanya nyene nk’uko ububabare bw’ibise buza ku mugore yibungenze; kandi ntibazogenda barusimvye.”—1 ABATESALONIKA 5:3.
Ugutikizwa kw’isi Bibiliya ikugereranya n’intango y’umusonga w’igise, kuko ububabare butabura kuza ku muvyeyi kandi bugashika bukwi na bukwi. Igihe gishikana ku muhero w’isi na co nyene kigereranywa n’igihe c’ukwibungenga, kubera ko umuvyeyi amenya ibimenyetso biguma vyiyongera vyerekana ko ari mu kwibaruka. Umuganga amukurikirana yoshobora kugereranya itariki azokwibarukirako; ariko rero, naho uwo muvyeyi atokwibaruka kuri iyo tariki, yoguma yizigiye adakeka ko vuba azoronka ikibondo. Mu buryo nk’ubwo, kuba umuhero w’isi utaza ku gihe abantu baba bawiteze ntibica bihindura ibimenyetso bitabesha vyerekana ko turi mu “misi ya nyuma.”—2 Timoteyo 3:1.
Hari aho wokwibaza uti: ‘Nimba ibimenyetso vyerekana ko umuhero w’isi wegereje vyibonekeza gutyo, kubera iki none abantu benshi batabibona?’ Bibiliya yerekana ko igihe umuhero wobaye wegereje, abantu benshi bokwirengagije ibimenyamenya. Aho kwemera amahinduka akomeye yobaye mu misi ya nyuma, bokwishinyaguriye bati: “Kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose bibandanya neza na neza nko kuva mu ntango y’irema.” (2 Petero 3:3, 4) Mu yandi majambo, naho ibimenyetso vyerekana ko turi misi ya nyuma bitomoye, abantu benshi baravyirengagiza.—Matayo 24:38, 39.
Iki kiganiro cavuze gusa bikeya mu bimenyamenya Bibiliya itanga vyerekana ko umuhero uri hafi.a Woba wipfuza kumenya n’ibindi? Nimba uvyipfuza, ubona gute uvuganye n’Ivyabona vya Yehova hanyuma ukemera ko mwiga Bibiliya ku buntu? Mushobora kwigira i muhira iwawe, canke mu kindi kibanza cokworohereza, canke mukayagira kuri telefone. Ico bigusaba ni ugutegekanya umwanya gusa, ariko ivyo wohungukira biri n’agaciro ntangere.
a Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 9 kivuga ngo “Twoba turi mu ‘misi y’iherezo’?” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.