ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yp2 ikig. 13 rup. 114-120
  • Nokora neza gute kw’ishure?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora neza gute kw’ishure?
  • Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Udukorwa two gukorera i muhira
  • Guca inzira
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Be maso!—2011
  • Noba nkwiye guheba ishure?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nokora iki hamwe noba ndiko ndananirwa kw’ishure?
    Urwaruka ruribaza
  • Nokoresha neza gute umwanya wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
yp2 ikig. 13 rup. 114-120

IKIGABANE CA 13

Nokora neza gute kw’ishure?

DUFATE ko uri mw’ishamba rizitanye, ukaba utabona ingene wovayo. Bisa n’uko umuco utagushikira kubera amashami menshi ari hejuru yawe. Kubera ko ukikijwe n’ibiti vyinshi, ntugira isaganirizo. Kugira uronke aho uca, utegerezwa kwicira inzira ukoresheje umupanga.

Hari abovuga ko kw’ishure hameze nk’aho hantu hahejeje kuvugwa. Nakare, usanga ubwirizwa kumara umusi wose mw’ishure, mw’ijoro na ho ukabwirizwa kumara amasaha ukora udukorwa baguhaye two gukorera i muhira. Kwoba ari ko nawe ubibona? Ku murongo ukurikira, niwandike icigwa kikugora kuruta ibindi.

․․․․․

Abavyeyi bawe n’abigisha bawe bashobora kuba bamaze kuguhimiriza ngo wongereze akigoro ugira muri ico cigwa. Nimba ari ko biri, ntibaba bariko barakugora! Bashaka gusa ko ukora uko ushoboye kwose. None wokora iki nimba ivyo bagusaba bituma wumva wotana n’akabando? Ukoresheje ibikoresho bibereye, woshobora kumera nk’uwuca inzira muri iryo shamba. None ivyo bikoresho ni ibihe?

● Igikoresho ca 1: Kubona neza ibijanye n’ukwiga. Ntushobora gukora neza kw’ishure nimba utabona neza ibijanye n’ukwiga. Nugerageze rero kubona ibintu mu buryo bwagutse. Intumwa Paulo yanditse ati: “Uwurima abwirizwa kurimana icizigiro, n’uwukubita [a]bwirizwa kubigira yizigiye kuronkako.”—1 Abakorinto 9:10.

Umurimyi w’umunyamwete yakora yizigiye kwimbura. Ariko wewe vyoshobora kukugora kubona akamaro ko kwirirwa uranyinyana n’ivyigwa bimwebimwe. Uti kubera iki? Kubera ko hari ivyigwa woshobora kuba ubona ko bidahambaye, n’imiburiburi ubu. Ariko rero, kwiga ivyigwa bitandukanye bizotuma urushiriza gutahura ibigukikije. Bizogufasha “[gucika] vyose ku bantu b’uburyo bwose,” bitume ushobora kuganira n’abantu bo mu mice itandukanye. (1 Abakorinto 9:22) N’imiburiburi, uzoryohora ububasha bwawe bwo kwiyumvira, ico kikaba ari ikintu kizogufasha mu buzima.

● Igikoresho ca 2: Kubona neza ububangukirwe ufise. Ishure rirashobora guhishura ububangukirwe bwihishije ufise. Paulo yandikiye Timoteyo ati: “[Kabura] nk’umuriro ingabirano y’Imana iri muri wewe.” (2 Timoteyo 1:6) Biboneka ko Timoteyo yari yaragenywe mw’ibanga kanaka ridasanzwe mw’ishengero rya gikirisu. Ariko rero yari akeneye gutsimbataza ububangukirwe Imana yari yaramuhaye, ni ukuvuga “ingabirano” yari afise, kugira ngo ntibupfe ubusa. Ego ni ko ububangukirwe ufise mu vyigwa ntiwabuhawe neza na neza n’Imana. Yamara, urafise ububangukirwe wisangije. Ishure rirashobora kugufasha kumenya no gutsimbataza ububangukirwe utari uzi ko ufise.

Ntiwihende wibwira ko ata co ushoboye kuryohora. Igihe usugerejwe n’ivyiyumviro biguca intege, nuce ubisubiriza ibiremesha. Nk’akarorero, igihe abantu banebagura ubushobozi Paulo yari afise bwo kuvuga, kumbure bakaba barihenda, yishuye ati: “Naho ntari umuhanga mu kuvuga, si ko ndi vy’ukuri mu bumenyi.” (2 Abakorinto 10:10; 11:6) Paulo yari azi aho agoyagoya, ariko kandi yari azi aho akomeye.

Weho bite? Ububangukirwe bwawe ni ubuhe? Nimba ata bwo uzi, ubona gute ubajije umuntu akuze asanzwe akwitwararika? Umugenzi nk’uwo arashobora kugufasha kumenya ububangukirwe ufise no kubukoresha neza.

● Igikoresho ca 3: Urutonde rwiza rwo kwiga. Nta yindi nzira yo kumenya kw’ishure atari ukwiga. Uvyanka canke ubikunda, utegerezwa kwiga. Ego ni ko iryo jambo ubwaryo ryoshobora kukurya mu mutwe. Ariko rero, kwiga ni vyiza. Kukaba nkako, wongereje umwete gatoyi woshobora gusanga bikuryoheye.

Ariko rero, kugira wishingire urutonde rwiza rwo kwiga urakeneye gukoresha neza umwanya wawe. Uribuka ko kwiga ari vyo biza imbere y’ibindi igihe ukiri ku ntebe y’ishure. Ni ivy’ukuri yuko Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co gutwenga” be n’“igihe co kwikina amatavu.” (Umusiguzi 3:1, 4; 11:9) Ku bw’ivyo, woshobora kuba ukeneye umwanya wo kwisamaza nk’abandi bakiri bato bose.a Yamara rero, mu Musiguzi 11:4 hagabisha hati: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.” None icigwa ni ikihe? Nubanze wige, kwisamaza bize mu nyuma. Ntuhagarike umutima, urashobora kubironkera umwanya vyompi!

Udukorwa two gukorera i muhira

Tuvuge iki none mu gihe woba urengewe n’udukorwa baguha kw’ishure two gukorera i muhira? Ushobora kuba umerewe nk’uwitwa Sandrine w’imyaka 17, uwavuze ati: “Ndamara amasaha abiri canke atatu buri joro nkora udukorwa bampa kw’ishure two gukorera i muhira, ntavuze ayo mara ku mpera y’umushamvu.” Ni ibiki vyogufasha kudata umutwe? Nugerageze ivyiyumviro biri ku rupapuro rwa 119.

Guca inzira

Ku bijanye n’iterambere ryo mu vy’impwemu, Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.” (1 Timoteyo 4:15, BY) Na wewe niwagira umwete iterambere ryawe mu bijanye n’ivyigwa rizokwibonekeza.

Zirikana kuri ka karorero katangwa mu ntango y’iki kigabane. Igihe woba uri mw’ishamba udashobora kuvayo, woba ukeneye igikoresho kibereye, nk’umupanga, kugira ngo uce inzira. No kw’ishure ni ko bimeze. Aho kwumva urengewe n’ivyo abavyeyi n’abigisha bagusaba, nukoreshe ibikoresho bitatu vyavuzwe muri iki kigabane kugira ngo ukore neza kw’ishure. Uko uryohora ububangukirwe bwawe, uzohimbarwa n’utwigoro uzoba wagize!

RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 18

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Ngo amagorwa ntasiga ayandi. Ubu na ho uriko uratotezwa kw’ishure. None wokora iki?

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ukwisamaza, raba Igihimba ca 8 c’iki gitabu.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.”—Umusiguzi 11:4.

IMPANURO

Mu kwiga, nubanze usuzume amayagwa kugira ugire iciyumviro c’ibivugwamwo. Nuheze wihe ibibazo bijanye n’udutwe nyamukuru tw’icigwa. Nuce rero usoma ayo mayagwa, urondere inyishu. Mu nyuma, nurabe ko wibuka ivyo wasomye.

WARI UBIZI . . . ?

Kwiba inyishu birashobora gutuma batakwizigira, bikanatuma udatera imbere mu bumenyi. Ikiruta vyose, bironona ubucuti ufitaniye n’Imana.—Imigani 11:1.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Ubukurikira, kuri bilete yanje nipfuza kuronka amanota ________ muri iki cigwa: ․․․․․

Nzokwihata ndonke amanota yiyongereye muri ico cigwa mu gukora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki kw’ishure ukwiye kwiga ata gufyina?

● Ni urutonde uruhe rwokworohereza kwiga canke gukora udukorwa baguha ngo ukorere i muhira?

● I muhira iwanyu, ikibanza ciza wokwigiramwo canke wokoreramwo udukorwa baguha kw’ishure ubona ari ikihe?

● Wokora iki kugira ngo kwisamaza ntibikubuze kuronka amanota meza?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 117]

“Ndabibonera ku bandi bana tungana: Umwete bari bafise mu kwiga kw’ishure ni na wo bagaragaza mu kwiyigisha ibijanye n’Imana. Abatakunda kwiga bakiri ku ntebe y’ishure usanga bibagora no kwiyigisha Bibiliya.”—Sylvie

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 119]

Rondera ahantu heza wigira. Hakwiye kuba hatagira ibisamaza. Nukoreshe imeza nimba bishoboka. Nuzimye televiziyo canke iradiyo.

Nushinge ibija imbere. Kubera ko ivyigwa vyawe bihambaye, niwiyemeze kutatsa televiziyo canke iradiyo gushika uhejeje udukorwa baguhaye kw’ishure.

Ntube nzobandabikora. Niwishingire urutonde rutomoye rwo gukora udukorwa baguha kw’ishure kandi urwubahirize.

Nugire urutonde. Nushinge ico ukwiye guherako, ico wokurikizako, gutyogutyo. Nuvyandike ku rupapuro, kimwe cose ugishingire umwanya ntarengwa. Ico uhejeje nuce ugicamwo umurongo.

Nuze uracishamwo uruhuka. Nimba wumvise ubwenge butanguye kuyama, numire amate. Ariko rero, nuce ugaruka ku gikorwa cawe vuba bishoboka.

Niwizigire ko ubishoboye. Niwibuke ko itandukaniro hagati y’umunyeshure mwiza n’umunyeshure mubi akenshi ritaba rihagaze ku bwenge ariko riba rihagaze ku mwete. Urashoboye rero kwiga ukamenya. Nugire utwigoro urabe ingene uzokwironkera ivyiza vyinshi.

[Ifoto ku rup. 116]

Kwiga vyoshobora kumera nko guca inzira mw’ishamba rizitanye; vyose birashoboka igihe ufise ibikoresho bibereye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika