IKIGABANE CA 21
Nokoresha neza gute umwanya wanje?
Ni amasaha angahe yiyongereye woshima kuronka ku musi? ․․․․․
Ayo masaha woca uyakoresha iki?
□ Gusama akayaga n’abagenzi
□ Kuryama
□ Kwiga
□ Ikindi ․․․․․
UMWANYA umeze nk’ifarasi ikubagana. Ugomba ko ukugirira akamaro, utegerezwa kuwucungera. Ucungereye umwanya wawe, vyoshobora kugabanya umukazo, bigatuma uronka amanota meza kuruta, bikanatuma abavyeyi bawe barushiriza kukwizera. Hari aho woca uvuga uti: “Vyoba ari vyiza cane, ariko kubivuga biroroshe kuruta kubikora!” Ni ivy’ukuri ko utazobura guhura n’ingorane, ariko urashobora kuzitsinda. Reka turabe uburorero nka bungahe.
Ingorane ya 1: Gushinga urutonde
Icokubera intambamyi. Wiyumviriye honyene ivyo gushinga urutonde uca wumva umengo uraboshwe. Wikundira gukora ibintu igihe ubonye ko bikenewe, utarinze kwumira ku rutonde kanaka.
Igituma wobigira. Umwami Salomo yanditse ati: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.” (Imigani 21:5) Salomo yari umuntu afise vyinshi akora. Yari serugo, sebibondo, akaba n’umwami. Kandi birashoboka ko ibikorwa vyiwe vyagenda biriyongera uko yakura. Na wewe nyene ubu urafise vyinshi ukora. Ariko uko uzogenda urakura, birashoboka ko bizogenda biriyongera. Vyoba vyiza rero ubaye umunyarutonde hakiri kare.
Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Haraheze nk’amezi atandatu ntanguye kuza ndishingira urutonde. Nabigize nshaka kworosha ibintu, kandi kugira urutonde nabonye umengo birafasha!”—Joey.
“Gutegekanya ivyo nkora biramfasha kwubahiriza urutonde rwanje. Iyo mfise ibintu vyinshi vyo gukora, twe na mama turavyandika ahantu vyose tukaraba ukuntu twofashanya gushika ku migambi tuba twishingiye.”—Mallory.
Ikizogufasha. Niwiyumvire iki kintu: Mugira mufate urugendo n’umuduga. Umwe wese mu bagize umuryango apfuye uko atereye imizigo yiwe inyuma mu muduga. Bisa n’uko ibintu vyose bitaza kuronka aho bija. None wokora iki? Woshobora gupanga bushasha iyo mizigo, ukabanza gushiramwo mininiminini hanyuma ukarondera aho usobekanga mitomito.
Ni na kwo wobigenza mu gutunganya ibintu mu buzima bwawe. Umwanya wawe utanguye kuwukoramwo ibintu bitobito, wohakwa kubura umwanya w’ibintu bihambaye. Banza uhe ikibanza ibintu bihambaye, maze uzosanga ufise umwanya mwinshi wo gukora ibisigaye.—Abafilipi 1:10.
None ni ibintu bihambaye ibihe ukeneye gukora?
․․․․․
Ubu na ho, subira urabe ivyo bintu wanditse maze ushinge ibiza imbere y’ibindi. Nubishireko inomero uhereye ku bihambaye kuruta. Utanguye gukora ibihambaye, wotangazwa n’umwanya wosanga usigaranye wo gukora ibidahambaye cane.
Ico wokora. Nurondere agakarine, maze wandike ivyo ukeneye gukora imbere y’ibindi. Canke na ho, nurabe ko hari icogufasha mu biri aha hepfo.
□ Ikirangamisi co muri telefone ngendanwa
□ Agakarine
□ Ikirangamisi co muri orodinateri
□ Ikirangamisi gisanzwe
Ingorane ya 2: Kwumira ku rutonde
Icokubera intambamyi. Igihe uvuye kw’ishure, wumva ushaka kuruhuka no kuraba televiziyo iminuta mikeyi gusa ariko ugasanga umwanya wakunkumutse. Canke na ho, wari wategekanije kwigira ikibazo, ariko uciye uronka ubutumwa kuri telefone bwo kuja kuraba isenema. Iyo senema ntushobora kuyirindiriza, ariko kwiga urashobora kuvyigiza inyuma ukiga mw’ijoro. Wibwira uti: ‘Nakare iyo mbona ko rukamvye ni ho niga ata gufyina.’
Igituma wobigira. Wize utararuha mu bwenge woshobora kuronka amanota meza. Uretse n’ivyo, ubwo ntusanzwe ufise umukazo uhagije? Kubera iki none urinda kuwongereza mu kwiga gihutihuti ijoro ryitereye? Woba uzi ibizogushikira mu gitondo? Woshobora kuryamira, ukarushiriza guta umutwe, ukabwirizwa kuva i muhira wiruka, ugashobora no gucerwa kw’ishure.—Imigani 6:10, 11.
Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Ndakunda kuraba televiziyo, kuvuza igitari no gusama akayaga n’abagenzi. Ivyo bintu ubwavyo si bibi, ariko rimwe na rimwe bituma nigizayo ibihambaye kuruta, uburuhiro nkabiriha kwiruka.”—Julian.
Ikizogufasha. Ntushire ku rutonde gusa ibintu ubwirizwa gukora, nushireko n’ibintu bikuryohera gukora. Julian avuga ati: “Biranyorohera gukora ibintu mbwirizwa gukora igihe nzi yuko mu nyuma mpava nkora ibintu bindyohera.” Ehe ikindi ciyumviro: Niwishingire umugambi uhambaye, uce ushiraho iyindi migambi mitomito izogufasha kuwushikako.
Ico wokora. Andika umugambi ushoboka umwe canke ibiri woshikako mu mezi atandatu ari imbere?
․․․․․
Andika umugambi ushoboka woshikako mu myaka ibiri iri imbere, be n’ivyo ukwiye gutangura gukora ubu kugira uzowushikeko.a
․․․․․
Ingorane ya 3: Isuku n’urutonde
Icokubera intambamyi. Ushobora kuba utabona isano riri hagati yo kuba umunyesuku n’umunyarutonde be n’ugukoresha neza umwanya wawe. Vyongeye, biroroshe kutitaho ivy’urutonde. Isuku ry’icumba cawe uzoba urarigira n’ejo canke ntunarigire! Akajagari nta co kakubwiye. Mu vy’ukuri rero, si ikibazo gikomeye. Ubwo ni vyo?
Igituma wobigira. Igihe ibintu vyose bimeze neza kandi biri ku rutonde, biragufasha gucungura umwanya iyo uriko urarondera ibintu vyawe. Biratuma kandi wumva utekanye mu bwenge.—1 Abakorinto 14:40.
Ivyo urunganwe rwawe ruvuga. “Rimwe na rimwe, iyo ntaronse umwanya wo gupanga impuzu zanje, ivyo ndiko ndarondera bica vyinyegeza muri izo mpuzu zandagaye!”—Mandy.
“Naramaze indwi yose ndondera ikotomoni yanje. Ivyo vyarantesheje umutwe cane. Nahavuye ndayitora igihe nariko ngira isuku mu cumba canje.”—Frank.
Ikizogufasha. Gerageza gusubiza ibintu mu kibanza cavyo vuba bishoboka. Niwame ubigira aho kurindira ko birundana.
Ico wokora. Nugire akamenyero ko kugumiza ibintu vyose mu rutonde kandi bisukuye, uzoheza wibonere ko ubuzima burushiriza kworoha.
Yaba wewe, urunganwe rwawe canke abavyeyi bawe, mwese mufise umwanya ungana ku musi. Niwawukoresha nabi uzogira ingorane. Niwawukoresha neza, uzokwironkera ivyiza. Ni wewe wihitiramwo.
Woba uvuka ku bavyeyi baturuka mu kindi gihugu? Woba ubona bikugora kumenyera kw’ishure canke i muhira? Raba ingene wokwungukira kuri ukwo kuntu ivyawe vyifashe.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 39 c’iki gitabu.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”—Abafilipi 1:10.
IMPANURO
Ntugerageze gukurikiza icarimwe inama zatanzwe muri iki kigabane. Ahubwo, mu kwezi kuza uzokurikize imwe gusa muri zo. Imaze kukwinjira mu maraso, uzoce uhitamwo iyindi wokurikiza.
WARI UBIZI . . . ?
Gutegekanya gukora ibintu vyinshi cane ku musi bizotuma uta umutwe. Niwashinga ibikwiye kuja imbere y’ibindi, uzomenya ivyo ukwiye gukora n’ivyo woreka.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Igikorwa nomarako umwanya mutoyi ni iki: ․․․․․
Umwanya nzoba nacunguye nzoca ndawukoramwo ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kwiga gukoresha neza umwanya wawe ubu bizogufasha gute gutunganya ivyo mu rugo rwawe muri kazoza?
● Ni ibiki wokwigira ku bavyeyi bawe ku bijanye n’ugukoresha umwanya?
● Nimba usanzwe ukoresha urutonde, ni ibiki wohindura kugira ngo rurushirize kugufasha?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 154]
“Narumvise umuntu ariko yivugira atebura ngo: ‘Ushaka ko Ricky ashika ahantu sakumi, ukwiye kumubwira ko yohashika sacenda.’ Ico gihe ni ho naciye mbona ko nkwiye kurushiriza gukoresha neza umwanya wanje!”—Ricky
[Uruzitiro ku rup. 155]
Umwanya wanje uja he?
Dufashe incahagati, amasaha urwaruka ruri hagati y’imyaka 8 na 18 ruronka mu ndwi, ruyakoresha uku:
17
ruri kumwe n’abavyeyi
30
kw’ishure
44
mu kuraba televiziyo, gukina udukino two kuri videwo, kurungikiranira ubutumwa, no kwumviriza umuziki
Teranya amasaha umara ku ndwi ku ndwi
uraba televiziyo ․․․․․
ukina udukino two kuri videwo ․․․․․
uri kuri Internet ․․․․․
wumviriza umuziki ․․․․․
Yose hamwe ․․․․․
Amasaha yonyorohera gukurako nkayakoresha mu bintu bihambaye kuruta ․․․․․
[Ifoto ku rup. 153]
Umwanya umeze nk’ifarasi ikubagana: utegerezwa kwiga kuwucungera