Ku bw’urwaruka rwacu
Yezu akiza abantu ku gitangaro
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nutume izo nkuru uriko urasoma ziba nzima.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA MATAYO 15:21-28.
Wiyumvira ko uwo muvyeyi yiyumva gute?
․․․․․․․
Wibaza ko Yezu yoba yakoresheje ijwi rimeze gute muri iyi mirongo ikurikira?
24 ․․․․․․․․_ 26 ․․․․․․․․_ 28 ․․․․․․․․_
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Mu vyo Yezu yavuze no mu vyo yakoze, yerekanye incuro zingahe yuko adahava akiza umukobwa w’uwo mugore?
․․․․․․․
Mu ntango, ni kubera iki Yezu yanse gukiza uwo mukobwa?
․․․․․․․
Ni kubera iki Yezu yahavuye amukiza?
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Kuba Yezu akora ibitegereka.
․․․․․․․
Ukuntu wokwigana iyo kamere mu vyo ukorana n’abandi.
․․․․․․․
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA MARIKO 8:22-25.
Wibaza ko iyo uza kuba uri muri ico kigwati canke uri inyuma yaco wari kubona ibiki kandi ukumva ibiki?
․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Wibaza ko ari kubera iki Yezu yabanje kujana uwo mugabo inyuma y’ikigwati imbere y’uko amukiza?
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ukuntu Yezu yitwararitse uwo mugabo w’impumyi, naho we ubwiwe atari bwigere agira ubumuga.
․․․․․․․
NI IMICE IYIHE Y’IZI NKURU ZIBIRI ZO MURI BIBILIYA WASANZE IKORA KU MUTIMA KURUTA IYINDI, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․․․