Ku bw’urwaruka rwacu
Yezu ajoreza abamwumviriza
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA LUKA 2:41-47.
Wiyumvira ko mu kiganiro kivugwa ku murongo wa 46, abo bigisha baganiriye na Yezu ku biki?
․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Wibaza ko ari kubera iki Yezu yari ashoboye kuganira n’abo bakuru b’idini kandi yari akiri muto gutyo? Kwoba kwari kubera gusa yuko yari atunganye, canke hariho iyindi mpamvu?
․․․․․․․․
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA LUKA 2:48-52.
Wibaza ko Yezu yari afise agatima akahe igihe yabaza ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera?”
․․․․․․․․
Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yezu atavugishije abavyeyi biwe abashinyaguriza canke atabasonera?
․․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Ni kubera iki kubona Yozefu na Mariya bari bahagaritse umutima ari ikintu cumvikana?
․․․․․․․․
Naho Yezu yari atunganye, ni kubera iki yabandanije agamburukira abavyeyi biwe?
․․․․․․․
Woba wibaza ko Yezu yumvise atewe ubuyega no gukosorerwa imbere y’abantu bamushima?
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ukugamburuka.
․․․․․․․
Agaciro ko kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya ukiri muto.
․․․․․․․
NI IMICE IYIHE IJANYE N’IYI NKURU WABONYE IHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
․․․․․․․