Ku bw’urwaruka rwacu
Ugusangangurwa kw’i Sodomu n’i Gomora
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA ITANGURIRO 19:1-14.
Nudondore ukuntu abantu bagendeye Loti basa, nk’uko ubiyumvira.
․․․․․․․
Wibaza ko muri iryo sinzi hari harimwo abantu bameze gute?
․․․․․․․
NURUSHIRIZE KWIMBA.—SOMA ITANGURIRO 13:7-13.
Vyagenze gute ngo Loti aje kuba i Sodomu?
․․․․․․․
Wiyumvira ko ari kubera iki Yehova yabonye ko ababa muri ico gisagara bari bakwiye gusangangurwa?
․․․․․․․
SOMA ITANGURIRO 19:15-26.
Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yitwararitse Loti?
․․․․․․․
Ni kubera iki umugore wa Loti yaravye inyuma?
․․․․․․․
Ni kubera iki uwo mugore yasanganguwe?
․․․․․․․
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE
Ukuntu Yehova abona ubukozi bw’ikibi.
․․․․․․․
Impuhwe za Yehova.
․․․․․․․
Ingene Yehova aburira abasavyi biwe imbere yuko ashitsa imanza ziwe.
․․․․․․․
Umuce umwe w’iyi nkuru uri n’ico uvuze cane kuri wewe, n’igituma uri n’ico uvuze.
․․․․․․․
․․․․․․․