IKIGABANE CA 18
Noronka gute uduhera nifashisha?
“Ndakunda kugura ibintu.”—Laurie-Ann.
“Hariho ibintu usanga ari vyiza cane, kandi ndipfuza kubironka; ariko abavyeyi banje nta mahera yo kubigura bafise.”—Mike.
HARI aho nawe woba wipfuza kuronka uduhera kubera imvo zisa n’izo. Canke na ho, ushobora kuba ukeneye kurondera amahera kugira ufashe umuryango wanyu. Naho utoba usabwa kugira ico uterereye ku vyo umuryango ukenera, kwigurira agahuzu canke utundi tuntu twa nkenerwa birashobora kuremurura umutwaro abavyeyi bawe.
Uko biri kwose, kugira wironse ivyo ukenera canke ubironse umuryango wanyu, urakeneye amahera. Naho Yezu yasezeranye ko Imana yofashe mu mugongo ‘ababanza kurondera Ubwami bw’Imana,’ ntibisobanura ko umukirisu aca arera amaboko. (Matayo 6:33; Ivyakozwe 18:1-3; 2 Abatesalonika 3:10) None woronka gute uduhera wifashisha? N’igihambaye kuruta, ni igiki cogufasha kubona amahera mu buryo bubereye?
Ukuntu worondera akazi
Nimba vy’ukuri ukeneye ikintu abavyeyi bawe batoronkera amahera, woshobora kurondera akazi kugira ushobore kucigurira. Nubiyage n’abavyeyi bawe. Boshobora gukorwa ku mutima bumvise umugambi ufise. Dufate ko bakwemereye, amategeko na yo akaba akwemerera gukora. Ng’izi inama zine zizogufasha kuronka akazi:
Bimenyeshe abandi. Nubwire ababanyi, incuti n’abagenzi yuko ukeneye akazi. Nimba utinya kududurirako, woshobora kubabaza akazi bakoze bakiri bato nkawe. Uko abantu bazi ko ukeneye akazi baba benshi, ni ko uturyo two kukaronka twiyongera.
Ntugishe akaryo na kamwe. Niwishure ku matangazo yo kurondera abakozi aboneka mu binyamakuru, kuri Internet, ku bibaho vy’amatangazo biri mu mazu y’ubudandaji, kw’ishure iwanyu n’ahandi. Uwukiri muto yitwa Dave avuga ati: “Ukwo ni ko naronse akazi. Narasomye ikinyamakuru, nca ndabarungikira urukaratasi rw’umwidondoro (curriculum vitæ) nongera ndabaterefona.” Nimba ivyo ata co bishitseko, woshobora kuraba umukoresha ujijura yuko hari igikorwa kanaka akeneye wewe ushobora kurangura.
Andika urukaratasi rw’umwidondoro uruhe abantu batandukanye. Niwandike ku rupapuro ukuntu abagukeneye bogutora, ubuhanga ufise be n’akazi umaze gukora. Ntiwibwire ngo ntiworonka ivyo wandika. Zirikana gatoyi: Woba warigeze kuza urasigarana batoyi bawe abavyeyi bawe atari ho bari canke ukaba warigeze kurera abana b’uwundi muntu? Ivyo vyerekana ko witwararika ibintu. Woba umaze gufasha papa wawe gukora umuduga? Ivyo birashobora kwerekana ko ufise ubuhanga kanaka mu vyo gukanika. Woba uzi kwandikisha imashini canke gukoresha orodinateri? Canke kw’ishure woba warigeze kuronka amanota meza kubera ikintu gishasha wiyumviriye? Ivyo ni ibintu bishobora gutuma uronka akazi. Nuvyandike ku rukaratasi rwawe rw’umwidondoro. Nuruhe aboshobora kuguha akazi, wongere usabe incuti n’abagenzi baruguhere uwo wese bazi ko ariko arondera abakozi.
Niwikorere utwawe. Tereza amaso irya n’ino aho ubaye. Hoba hariho ibidandazwa ata wundi abifise canke ibikorwa ata wundi abikora? Nk’akarorero, urashobora kugura imiswi y’inkoko ukayorora, imaze gukura ukayigurisha. Canke na ho woshobora kuba uzi kuvuza igicurarangisho kanaka c’umuziki. Ubona wokwigisha abandi kukivuza? Canke hari aho vyosaba ko ukora akazi benshi badashima gukora, nko gukubura canke gushona ibirato. Umukirisu ntaterwa isoni no gukoresha amaboko yiwe. (Abanyefeso 4:28) Birumvikana ko kwikorera utwawe bisaba ko uba umunyamwete, umunyarutonde n’uwuzi kwibwiriza.
Uragaba: Ntiwihutire gutangura umugambi kanaka utariga neza ivyo uzogusaba vyose. (Luka 14:28-30) Nubanze ubiyage n’abavyeyi bawe hamwe n’abandi bamaze gukora akazi nk’ako. Woba uzosabwa kuriha amakori? Woba uzokenera kubisabira uruhusha? Nuvugane n’abategetsi b’aho iwanyu kugira uronke amakuru y’ido n’ido.—Abaroma 13:1.
Nugire uburimbane
Ibaze nka hamwe woba uriko uragerageza gutwara ikinga ariko wikoreye ibintu vyinshi, nk’isakoshi y’ibitabu, umupira be n’amakarato arimwo ivyo wasumye. Uko ugerageza gutwara ibintu vyinshi, ni ko urushiriza kugira impungenge! Ukwo nyene ni ko vyogenda wemeye akazi kagusaba ibintu vyinshi. Niwakoresha umwanya munini, inguvu nyinshi n’ubwenge bwinshi mu kazi k’inyuma y’ivyigwa, amagara yawe azohasigara kandi bizotuma uronka amanota mabi. N’igihambaye kuruta, akazi k’umunangiro koshobora gutuma bikugora kugira uruhara mu mirimo ya gikirisu nko kwitaba amakoraniro, kwiyigisha Bibiliya no kwamamaza inkuru nziza. Umwigeme yitwa Michèle yiyemerera ati: “Kubera naba niriwe kw’ishure hanyuma ngaca nja ku kazi, narasiba amakoraniro bitumwe n’uburuhe.”
Ntureke ngo amahera atume utakaza uburimbane muri ubwo buryo! Yezu yavuze ko abahiriwe vy’ukuri ari “abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Yavuze kandi ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Umukirisu akiri muto yitwa Marina yarafashe iyo mpanuro nka nkama. Avuga ati: “Sinipfuza ko ivyo guhahamira amaronko binyoha. Ndazi neza ko ubucuti mfitaniye n’Imana bwohasigara hamwe notwarwa no kurondera amahera gusa.”
Ego ni ko, mu mihingo imwimwe y’isi usanga abakiri bato babwirizwa gukora amasaha menshi kugira bafashe imiryango yabo kubaho. Ariko none nimba ivyawe atari ukwo vyifashe, wumva bikenewe ko wirirwa urakora amasaha menshi gutyo? Abahinga batari bake bavuga yuko gukora amasaha arenga 20 buri ndwi ukiri ku ntebe y’ishure ari ikirenga be n’uko ata ciza bivamwo. Hari abatanga iciyumviro c’uko umuntu atokora amasaha arenga umunani canke cumi buri ndwi. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”—Umusiguzi 4:6.
Niwibuke ko “ububasha buhendana bw’ubutunzi” bushobora kunyoha inyota ufitiye ibijanye n’ugusenga. (Mariko 4:19) Nimba rero uhisemwo gukora akazi k’inyuma y’ivyigwa kugira uronke uduhera wifashisha, nupange urutonde rwawe ku buryo ibijanye n’ugusenga biza imbere. Nubwire Yehova Imana ibijanye n’ico kintu. Arashobora kugufasha gutsinda urwo rugamba no kuguma ufitaniye na we ubucuti bwiza.
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 21
Amahera yawe ni wewe uyaganza canke ni yo akuganza? Raba ingene ushobora kuyakoresha neza.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, arik’umutima w’abanyamwete uratotahara.”—Imigani 13:4, BY.
IMPANURO
Nurungikire urukaratasi rwawe rw’umwidondoro amashirahamwe utarinze kurindira ngo atangaze ko akeneye abakozi.
WARI UBIZI . . . ?
Mu mihingo imwimwe, ibice 85 kw’ijana vy’akazi gakeneye abakozi ntibicishwa mu matangazo.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira nongereze amahirwe yo kuronka akazi, nzokora ibi: ․․․․․
Buri ndwi nzoza ndakora amasaha atarenga ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Kubera iki ukeneye kurondera uduhera wifashisha?
● Ni ibintu bitoroshe ibihe bizogushikira niwaronka akazi?
● Ushobora gute kuguma ubona amahera mu buryo bubereye?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 153]
“Nimba wibaza ko agahimbare kava ku bintu umuntu atunze, ntuzokwigera uhimbarwa. Hazokwama hariho ibintu bishasha wipfuza kuronka. Urakeneye kwiga kubumbwa n’ivyo ufise.”—Jonathan
[Uruzitiro ku rup. 155]
Nuhe agaciro amahera, ntuyakunde
Imbugita ikarishe ni igikoresho ngirakamaro ku mutetsi w’umuhanga. Ariko iyo mbugita nyene irashobora gukora ibara igihe ikoreshejwe n’umuntu atabimenyereye canke asamara. Amahera ni nk’imbugita ikarishe. Uyakoresheje neza, akubera igikoresho ngirakamaro. Ariko uyakoresheje nabi, urashobora kumererwa nabi! Nk’akarorero, intumwa Paulo yaratuburiye ku bijanye n’ugukunda amahera. Kubera ko bamwebamwe usanga barondera kuba abatunzi, baratakaza abagenzi, ubucuti bafitaniye n’abo mu muryango, bagatakaza mbere n’ubucuti bafitaniye n’Imana. Ivyo bituma “bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.” (1 Timoteyo 6:9, 10) None icigwa ni ikihe? Niwige gukoresha neza amahera. Nuyahe agaciro ariko ntuyakunde.
[Ifoto ku rup. 153]
Kwiremeka amabanga menshi birashobora gutuma utakaza uburimbane