Ururirimbo 35
Dukenguruke ukwihangana kw’Imana
Integuro icapuwe
1. Yehova, we Man’ikomeye,
Urakund’ibibereye.
Ububisha buriganza,
Nawe bikakubabaza.
Ntutevye, nk’uko bivugisha.
Ugir’ukureh’ububisha.
Tuguhanz’amaso Mana.
Turashima ko wihangana.
2. Kuri wew’imyak’igihumbi
Irangiye ni nk’umusi.
Wa musi waw’uhambaye
Uraje nta gisigaye.
Wew’urank’icaha, yamara
Twigaye biraguhimbara.
Twiteze k’uhaguruka,
Tuguhaye dukenguruka.
(Raba kandi Luka 15:7; 2 Pet. 3:8, 9.)