URURIRIMBO RWA 115
Dukenguruke ukwihangana kw’Imana
Integuro icapuwe
1. Yehova, we Man’ikomeye,
Urakund’ibibereye.
Kw’is’ikibi kiriganza,
Nawe bikakubabaza.
Ntutevye nk’uko bivugisha.
Ugir’ukureh’ububisha.
(ICITABIRIZO)
Turagukengurukiye
Ku bintu vyiza twizigiye.
2. Kuri wew’imyak’igihumbi
Irangiye ni nk’umusi.
Wa musi waw’uhambaye
Uraje nta gisigaye.
Wew’urank’icaha, yamara
Twigaye biraguhimbara.
(ICITABIRIZO)
Turagukengurukiye
Ku bintu vyiza twizigiye.
(Raba kandi Neh. 9:30; Luka 15:7; 2 Pet. 3:8, 9.)