Ururirimbo 72
Dutsimbataze urukundo
Integuro icapuwe
1. Dusab’Imana ngw’ituronse
Kuri kamere zayo zose.
Ariko mur’izo kamere
Urukundo ni rwo rwa mbere.
Nimb’urukundo turubuze
Nta c’ibindi vyoba bivuze.
Dushishikare gukundana,
Ni ho tuzohimbar’Imana.
2. Ubwenge gusa ntibwumvisha
Abantu turiko twigisha.
Urukundo n’urw’agaciro,
Urwo mu mvugo no mu ngiro.
Urukundo rwihanganira
Ibintu bitubangamira.
Urukundo ntirunanirwa.
Turwamye tuzororanirwa.
(Raba kandi Yoh. 21:17; 1 Kor. 13:13; Gal. 6:2.)