ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bm igice 14 rup. 17
  • Imana ivuga ibicishije ku bahanuzi bayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana ivuga ibicishije ku bahanuzi bayo
  • Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ivyo bijanye
  • Umuhanuzi ari mu bunyagano yerekwa ibizoba
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Mesiya ashika
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Kumenyesha imbere y’igihe ivyerekeye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
bm igice 14 rup. 17
Umuhanuzi w’Imana ariko arashikiriza ubutumwa

IGIHIMBA CA 14

Imana ivuga ibicishije ku bahanuzi bayo

Yehova aragena abahanuzi kugira ngo bashikirize ubutumwa bwerekeye imanza, ugusenga gutyoroye be n’icizigiro cerekeye Mesiya

MU KIRINGO c’abami ba Isirayeli be n’ab’Ubuyuda, haribonekeje umugwi udasanzwe w’abantu, bano bakaba bari abahanuzi. Abo bari abantu bafise ukwizera n’uburindutsi bidasanzwe bashikiriza ivyo Imana ivumereye. Reka turimbure ibintu bine bihambaye abo bahanuzi b’Imana bashikirije.

1. Ugusangangurwa kwa Yeruzalemu. Kera cane, abahanuzi b’Imana, na canecane Yesaya na Yeremiya, baratanguye gutanga imburi y’uko i Yeruzalemu hosanganguwe, vyongeye hagasigwa ari umusaka. Bakoresheje amajambo atomoye, barahishuye igituma Yehova yagiriye ishavu ico gisagara. Naho abanyagihugu baho bivugisha ko baserukira Yehova, ntivyari vyo kubera ko bisuka mu migenzo y’idini ry’ikinyoma, bari barononekaye kandi bakaba bakora ivy’ubukazi.—2 Abami 21:10-15; Yesaya 3:1-8, 16-26; Yeremiya 2:1–3:13.

2. Ugusubizaho ugusenga gutyoroye. Haheze imyaka 70 abasavyi b’Imana bari mu bunyagano, borekuwe bakava i Babuloni. Bosubiye mu gihugu cabo cabaye umusaka maze bagasubira kwubaka urusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. (Yeremiya 46:27; Amosi 9:13-15) Nk’imyaka 200 imbere y’aho, Yesaya yari yaravuze izina ry’uwotsinze Babiloni, uwo na we akaba yari Kuro, maze akareka abasavyi b’Imana bagasubizaho ugusenga gutyoroye. Yesaya yaranatanze amakuru y’ido n’ido yerekeye uburyo budasanzwe Kuro yokoresheje muri iyo ntambara.—Yesaya 44:24–45:3.

Abayuda bari baragizwe inyagano bariko barava i Babiloni basubira i Yeruzalemu

3. Ugushika kwa Mesiya be n’ivyomushikiye. Mesiya yovukiye mu gisagara c’i Betelehemu. (Mika 5:2) Yobaye ari umuntu yicisha bugufi, kandi yoshitse i Yeruzalemu agendera ku ndogoba. (Zekariya 9:9) Naho yobaye ari umugwaneza n’umunyabuntu, yokwanswe n’abantu, kandi benshi bomwiyamirije. (Yesaya 42:1-3; 53:1, 3) Yokwishwe urw’agashinyaguro. None ubuzima bwiwe bwobaye burangiriye aho? Oya, kubera ko inkuka yiwe yotumye bishoboka yuko abantu benshi baharirwa ibicumuro. (Yesaya 53:4, 5, 9-12) Izuka ryiwe ryonyene ni ryo ryotumye ivyo biranguka.

4. Mesiya aganza isi. Abantu b’abanyagasembwa ntibashoboye vy’ukuri kwitegeka mu mahoro, ariko Umwami Mesiya wewe yokwiswe Umuganwa w’amahoro. (Yesaya 9:6, 7; Yeremiya 10:23) Mu gihe c’ubutegetsi bwiwe, abantu bose bobanye amahoro hagati yabo, eka mbere no hagati yabo n’ibikoko vyose. (Yesaya 11:3-7) Indwara zokuweho. (Yesaya 33:24) Mbere n’urupfu rwomizwe ibihe bidahera. (Yesaya 25:8) Mu gihe c’ingoma irongowe na Mesiya, abapfuye bozuriwe kuba kw’isi.—Daniyeli 12:13.

—Bivugwa mu gitabu ca Yesaya, ca Yeremiya, ca Daniyeli, ca Amosi, ca Mika, be n’ica Zekariya.

  • Ni ubutumwa bwoko ki abahanuzi b’Imana bashikirije?

  • Ni mu buryo ki abahanuzi bavuze imbere y’igihe ibijanye n’isangangurwa rya Yeruzalemu be n’ugusubira kuhubaka?

  • Abahanuzi ba Yehova bavuze iki ku bijanye na Mesiya be n’ivyomushikiye?

  • Abahanuzi badondoye gute ukuntu Mesiya yotegetse isi?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika