ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • rk igice 4 rup. 10-11
  • Imana ni nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana ni nde?
  • Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Hoba hari umuntu yigeze kubona Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
rk igice 4 rup. 10-11

IGIHIMBA CA 4

Imana ni nde?

ABANTU basenga imana nyinshi. Ariko Ivyanditswe Vyeranda vyigisha yuko hariho Imana y’ukuri imwe gusa. Nta wumeze nka yo, ni yo iri hejuru y’ibintu vyose, kandi yamaho. Ni yo yaremye ibintu vyose mw’ijuru no kw’isi, kandi ni yo yaduhaye ubuzima. Ni yo yonyene rero dukwiye gusenga.

Musa afise ibisate vy’amabuye biriko ya Mabwirizwa cumi

Rya Tegeko ryatanzwe biciye kuri Musa intumwa y’Imana, rikaba ryari “ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika”

Imana ifise amazina y’icubahiro menshi mugabo ifise izina ry’uruharo rimwe, ari ryo YEHOVA. Imana yabwiye Musa iti: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo, yabantumyeko.’ Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi.” (Kuvayo 3:15) Izina Yehova riraboneka nk’incuro 7.000 mu Vyanditswe Vyeranda. Nk’akarorero, muri Zaburi 83:18 havuga ku vyerekeye Imana hati: “Wewe, uwitwa Yehova, [n]i wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”

Umuzingo uriko ivyanditswe vyandikishijwe iminwe watowe ku Kiyaga c’Umunyu, ukaba werekana izina ry’Imana

Umuzingo wa kera uriko ivyanditswe vyandikishijwe iminwe watowe ku Kiyaga c’Umunyu, ukaba werekana izina ry’Imana

Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana. Imana yabwiye Musa iti: “Ntushobora kubona mu maso hanje, kuko ata muntu yombona ngo abeho.” (Kuvayo 33:20) Imana iba mw’ijuru kandi abantu ntibashobora kuyibona. Ni bibi guhingura canke gusenga ikigirwamana, ishusho, kibure ikigereranyo c’Imana. Yehova Imana yategetse biciye ku ntumwa yiwe Musa ati: “Ntukihingurire igishusho c’ikibazano canke ishusho imeze nk’ikintu ico ari co cose kiri mu majuru hejuru canke kw’isi hasi canke mu mazi munsi y’isi. Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa.” (Kuvayo 20:2-5) Mu nyuma, Imana ibicishije ku ntumwa yayo Yesaya, yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje; kandi nta wundi n’umwe nzoha ubuninahazwa bwanje, eka sinzoha ishemezo ryanje ibishusho bibajwe.”—Yesaya 42:8.

Hari abantu bemera Imana mugabo ugasanga babona ko umuntu adashobora kuyimenya no kuyiyegereza, bakabona ko ikwiye gutinywa aho gukundwa. None wewe uvyibazako iki? Ubwo Imana yoba ikwitwararika wewe ubwawe? Woba ushobora vy’ukuri kuyimenya, mbere ukayiyegereza? Reka turabe ico Ivyanditswe bivuga ku bijanye na kamere z’Imana.

Wokwishura gute?

  • Ni kubera iki dukwiye gusenga Imana?

  • Izina ry’Imana ni irihe?

  • Ni kubera iki tudakwiye gukoresha ibigirwamana n’ibigereranyo mu gusenga Imana?

  • Imana ikoresha gute impwemu nyeranda yayo be n’abamarayika bayo kugira ngo ishitse ivyo igomba?

Impwemu nyeranda y’Imana hamwe n’abamarayika bayo

Imana ishitsa gute ivyo igomba? Uburyo bumwe ibigira ni mu kurungika impwemu nyeranda yayo. Impwemu y’Imana si umuntu canke umumarayika, ahubwo ni inguvu zayo zitaboneka zikora ibintu, zino zikaba ari inkomezi zitagira aho zigarukira irungika kugira ngo ishitse ikintu cose igomba. Imana yarakoresheje izo nguvu mu kurema ijuru n’isi. Ivyanditswe bivuga biti: “Kw’ijambo rya Yehova amajuru yarakozwe, ku mpwemu yo mu kanwa kiwe na ho ingabo zayo zose zirakorwa.” (Zaburi 33:6) Mw’​Itanguriro 1:2 hasigura yuko igihe isi yari igitwikiriwe n’amazi, Imana na yo ikaba yariko irayitegura kugira ngo abantu bazoyibeko, “inguvu zikora z’Imana zaguma zitembera irya n’ino ku buringanire bw’amazi.” Imana yaciye ikoresha impwemu nyeranda yayo kugira ngo ireme ibintu vyose bifise ubuzima biri kw’isi.

Imana irakoresha kandi abamarayika kugira ngo ishitse ivyo igomba. Imana yabaremye kugira ngo babane na yo mw’ijuru. Abamarayika barafise inkomezi nyinshi cane. Barashikiriza ubutumwa bw’Imana bakongera bagakora ibindi bikorwa bihambaye. Nk’akarorero, Ivyanditswe bivuga yuko rya Tegeko ryatangwa biciye kuri Musa umuhanuzi w’Imana ari “ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika.” Abamarayika b’Imana barafasha kandi abasavyi bayo bo kw’isi. Nkako, Ivyanditswe bivuga ko abamarayika b’Imana ari “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu, zatumwe gukorera abagiye kuzotorana ubukiriro.”—Abaheburayo 1:14; 2:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika