ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/1 rup. 4-7
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abamarayika barakomeza bakongera bagakingira
  • Abamarayika barashikiriza ubutumwa bw’Imana
  • Abamarayika barashitsa urubanza rw’Imana
  • Amadayimoni ni bande?
  • Ukwiye gukora iki?
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/1 rup. 4-7

Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?

UMUHANUZI Daniyeli, mu kudondora ivyo yeretswe bijanye n’umuryango w’Imana wo mw’ijuru ugizwe n’abamarayika, yanditse ati: ‘[Hari abamarayika] ibihumbi n’ibihumbi bakorera [Imana], kandi amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yayo’ (Daniyeli 7:10). Uwo murongo urahishura icatumye Imana irema abamarayika. Bariho kugira bayikorere, kandi bagabirije gukora ivyo ibategeka.

Imana irakoresha abamarayika mu kurangura ibikorwa bimwebimwe bijanye n’abantu. Turaza kurimbura ukuntu ibakoresha mu gukomeza no mu gikingira abasavyi bayo, mu gushikiriza ubutumwa abantu, no mu gushitsa imanza icira inkozi z’ikibi.

Abamarayika barakomeza bakongera bagakingira

Kuva ibiremwa vy’impwemu bibonye iremwa ry’isi na ba bantu ba mbere, vyaritwararitse cane umuryango w’abantu. Imbere y’uko Yezu Kirisitu aba umuntu, yavuze yigereranije n’ubwenge ati: ‘Nahimbarwa n’abana b’abantu’ (Imigani 8:31). N’ikindi kandi, Bibiliya itumenyesha yuko ‘abamarayika bipfuza kurunguruka’ ivyerekeye Kirisitu na kazoza, vyahishuriwe abahanuzi b’Imana.​—1 Petero 1:11, 12.

Uko igihe cagiye kirarengana, abamarayika bariboneye yuko benshi mu muryango w’abantu batagiye bakorera Umuremyi wabo yuzuye urukundo. Ibaze ukuntu ivyo bitegerezwa kuba vyarababaje abamarayika b’intahemuka! Ariko igihe cose umunyavyaha umwe yigaye hanyuma agahindukira kuri Yehova, ‘haraba umunezero mu bamarayika’ (Luka 15:10). Abamarayika baritaho cane ineza y’abakorera Imana, kandi Yehova yagiye arabakoresha mu gukomeza no mu gukingira abasavyi biwe b’intahemuka bari kw’isi (Abaheburayo 1:14). Reka dufate uturorero dukeyi.

Abamarayika babiri barafashije umugororotsi Loti n’abakobwa biwe kurokoka isangangurwa ry’ibisagara bibiri vyari vyuzuyemwo ubukozi bw’ikibi ari vyo Sodomu na Gomora, mu kubaherekeza bakabakura muri ako karerea (Itanguriro 19:1, 15-26). Hashize ibinjana, umuhanuzi Daniyeli yaratawe mu cobo c’intambwe, ariko nta n’urwara zamuriye. Kubera iki? Yavuze ati: “Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge” (Daniyeli 6:22). Abamarayika barafashije Yezu mu ntango z’igikorwa ciwe co kw’isi (Mariko 1:13). N’ikindi kandi, gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, umumarayika yaramwiyeretse hanyuma “amuha intege” (Luka 22:43). Ese ukuntu ukwo gufashwa n’umumarayika gutegerezwa kuba kwarabaye umuhezagiro kuri Yezu muri ivyo bihe bihambaye rwose vy’ubuzima bwiwe! Umumarayika yarakuye kandi intumwa Petero mw’ibohero.​—Ivyakozwe n’intumwa 12:6-11.

None abamarayika boba badukingira muri iki gihe? Niba dusenga Yehova mu buryo buhuye n’Ijambo ryiwe, dukurwa amazinda yuko abamarayika biwe b’abanyabubasha bataboneka badukingira. Bibiliya isezerana iti: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora”.​—Zaburi 34:7.

Ariko rero, dutegerezwa gutahura yuko igikorwa nyamukuru abamarayika bajejwe ari ico gukorera Imana, atari ico gukorera abantu (Zaburi 103:20, 21). Bakurikiza ubuyobozi bahabwa n’Imana, ntibakurikiza ivyo bategekwa n’abantu canke ivyo babasaba kugira. Ku bw’ivyo, uwo dukwiye gutakambira ngo adufashe ni Yehova Imana, si abamarayika (Matayo 26:53). Ego ni ko, ntidushobora kumenya urugero Imana ishikanako mu gukoresha abamarayika kugira ifashe abantu mu bintu bitari bimwe, kubera yuko tutababona. Mugabo turazi yuko Yehova “yerekan[a] ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye” (2 Ngoma 16:9; Zaburi 91:11). Vyongeye, turemera tudakeka yuko “iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ivy[o Imana] igomba, itwumva”.​—1 Yohana 5:14.

Ivyanditswe bitubwira kandi yuko Imana yonyene ari yo dukwiye gutura ibisabisho vyacu, ikaba ari na yo yonyene dukwiye gusenga (Kuvayo 20:3-5; Zaburi 5:1, 2; Matayo 6:9). Ivyo ni vyo abamarayika b’intahemuka baturemesha kugira. Nk’akarorero, igihe intumwa Yohani yashaka gusenga umumarayika, ico kiremwa c’impwemu caciye kimubwira kimukarira giti: “Oya sigaho; . . . Imana ba ari yo usenga”.​—Ivyahishuriwe 19:10.

Abamarayika barashikiriza ubutumwa bw’Imana

Ijambo “umumarayika” risobanura “intwarabutumwa”, ubwo bukaba ari ubundi buryo abamarayika bakorera Imana, ni ukuvuga ko bashikiriza abantu ubutumwa bwayo. Nk’akarorero, “umumarayika Gaburiyeli [yaratumwe] n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti”. Yamutumye gukora iki? Yamutumye kumenyesha inkumi yitwa Mariya ko naho yari ikiri isugi, yosamye inda ikavyara umwana w’umuhungu yokwiswe Yezu (Luka 1:26-31). Hari n’umumarayika yarungitswe ku bungere bari mu gahinga kubamenyesha yuko “Kristo Umwami” yari yavutse (Luka 2:8-11). Muri ubwo buryo nyene, abamarayika barashikirije Aburahamu, Musa, Yezu be n’abandi bantu bavugwa muri Bibiliya, ubutumwa bari barungikanywe n’Imana.​—Itanguriro 18:1-5, 10; Kuvayo 3:1, 2; Luka 22:39-43.

Abamarayika batwara gute ubutumwa bw’Imana muri iki gihe? Rimbura ca gikorwa Yezu yavuga ko abayoboke biwe bokoze imbere y’uko umuhero w’ivy’iyi si ushika. Yavuze ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza” (Matayo 24:3, 14). Ku mwaka ku mwaka, Ivyabona vya Yehova bamara amasaha arenga umuliyaridi bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Mugabo none, wari uzi yuko abamarayika na bo nyene bagira uruhara muri ico gikorwa? Intumwa Yohani yaravuze ivyo yeretswe ati: “Mbona umumarayika wundi . . . , [kandi yari] afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose” (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Ico canditswe kirashira ahabona igikorwa nyamukuru abamarayika barangura ku bw’abantu muri iki gihe.

Ivyabona vya Yehova baribonera ikimenyamenya c’uko bayoborwa n’abamarayika igihe baba bariko bararangura igikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu. Akenshi usanga bashikira abantu baba bariko barasenga basaba ko hogira umuntu abafasha gutahura imigambi y’Imana. Bivuye ku buyobozi bw’abamarayika be n’akigoro Ivyabona ubwabo bagira, ku mwaka ku mwaka abantu ibihumbi amajana baramenya Yehova. Ese wokwungukira kuri ico gikorwa ndokorabuzima kirangurwa kiyobowe n’abamarayika!

Abamarayika barashitsa urubanza rw’Imana

Naho abamarayika batarekuriwe gucira urubanza abantu, si abarorerezi gusa (Yohana 5:22; Abaheburayo 12:22, 23). Mu bihe vya kera, barashikije imanza z’Imana. Nk’akarorero, Imana yarakoresheje abamarayika igihe yarwana na ba Banyamisiri ba kera bari bagumije Abisirayeli mu bunyagano (Zaburi 78:49). N’ikindi kandi, mw’ijoro rimwe gusa “umumarayika w’Uhoraho” yariritse ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu zo mu nsago z’abansi b’abasavyi b’Imana.​—2 Abami 19:35.

No muri kazoza, abamarayika bazoshitsa urubanza rw’Imana. Yezu azoza “azananye n’abamarayika b’ubushobozi bgiwe, hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza” (2 Ab’i Tesalonike 1:7, 8). Ariko rero, abantu bonyene bazosangangurwa ni abatakira ubutumwa buriko bwamamazwa ubu kw’isi yose bishigikiwe n’abamarayika. Abarondera Imana kandi bagakurikiza inyigisho zo mu Vyanditswe nta co bazoba.​—Zefaniya 2:3.

Ese ukuntu dukwiye gukenguruka ibikorwa abamarayika b’intahemuka barangura, abama bashitsa ivyo Imana ibategeka gukora! Yehova arabakoresha mu gufasha no mu gukingira abasavyi biwe b’intahemuka bari kw’isi. Ivyo ni twe canecane bihumuriza narirya hari ibiremwa vy’impwemu biteye akaga vyitwa amadayimoni bishaka kutugirira nabi.

Amadayimoni ni bande?

Mu binjana 15 vyakurikiye inyuma y’aho Shetani ahendeye Eva muri Edeni, umuryango w’Imana w’abamarayika warabonye ukuntu Shetani wa Mucokoranyi yashoboye kwonkora abantu bose ku Mana, ukuyemwo abantu b’intahemuka bakeyi, nka Abeli, Henoki na Nowa (Itanguriro 3:1-7; Abaheburayo 11:4, 5, 7). Hari n’abamarayika baretse baratwarwa n’akosho ka Shetani. Bibiliya ibita impwemu zitumviye Imana “mu misi ya Nowa” (1 Petero 3:19, 20). None ukugambarara kwabo kwagiye ahabona gute?

Mu gihe ca Nowa, hari igitigiri kitazwi c’abamarayika bataye ikibanza cabo mu muryango w’Imana wo mw’ijuru, baraza kw’isi, maze biyambika imibiri y’inyama. Kubera iki? Bari baratsimbataje icipfuzo co guhuza ibitsina n’abagore. Bahavuye bavyara kuri abo bagore abana bitwa Abanefili babaye ibigatanya vy’inkazi. Vyongeye, ‘ibibi vy’abantu vyari vyinshi mw’isi, kandi ivyiyumviro vy’imitima yabo vyari bimogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo’. Ariko rero, Yehova Imana ntiyaretse ngo ubwo bubi bw’abantu bubandanye. Yarazanye Umwuzure ukwiye kw’isi yose watikije abantu babi bose be n’abo Banefili. Abantu bonyene bazigamwe bari abasavyi b’Imana b’intahemuka.​—Itanguriro 6:1-7, 17; 7:23.

Nya bamarayika b’abagarariji bararokotse isangangurwa igihe Umwuzure watera. Barahevye imibiri yabo y’inyama basubira mu karere k’impwemu ari ibiremwa vy’impwemu. Kuva ivyo bibaye, biswe amadayimoni. Bishize ku ruhande rwa Shetani wa Mucokoranyi, umwe yitwa “umukuru w’abadayimoni” (Matayo 12:24-27). Amadayimoni aripfuza rwose gusengwa n’abantu, nka kumwe kw’umukuru wayo.

Amadayimoni arateye akaga, mugabo ntidukwiye kuyatinya. Ububasha afise buri n’aho bugarukira. Igihe ba bamarayika b’abagambarazi basubira mw’ijuru, ntibemerewe gusubira mu muryango w’Imana w’abamarayika batahemutse. Ahubwo riho, Imana ntiyabaye ikibamurikira na gatoyi mu vy’impwemu, basigara ata cizigiro ca kazoza bafise. Kukaba nkako, bagumijwe mu mimerere y’umwiza wo mu vy’impwemu yitwa i kuzimu (2 Petero 2:4). Yehova yabashize mu “minyororo idashira”, ku buryo bw’uko bari mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu. Vyongeye, ubu ntibashobora kwiyambika imibiri y’abantu.​—Yuda 6.

Ukwiye gukora iki?

Amadayimoni yoba akibandanya kugira akosho ku bantu? Cane nyene. Akagira akoresheje “ubugunge”, ni ukuvuga ibikorwa vy’uruyeri, nka bimwe umukuru wayo Shetani wa Mucokoranyi akoresha (Abanyefeso 6:11, 12). Ariko rero, turashobora kunanira amadayimoni mu gushira mu ngiro impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana. Vyongeye, abakunda Imana barakingirwa n’abamarayika b’abanyabubasha.

Ese ukuntu bihambaye rwose ko wiga ivyo Imana isaba biri mu Vyanditswe ukongera ukavyisunga! Urashobora kumenya n’ibindi ku vyerekeye inyigisho zo muri Bibiliya mu kuvugana n’Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo canke mu kwandikira abasohoye iki kinyamakuru. Ivyabona vya Yehova bazohimbarwa no kwigana nawe Bibiliya ku buntu no ku gihe cokworohereza.

[Akajambo k’epfo]

a Muri Bibiliya, abamarayika badondorwa nk’aho basa n’abagabo. Bamye babonekera abantu basa n’abagabo.

[Uruzitiro ku rup. 6]

ABAMARAYIKA BARINGANIJWE GUTE?

Yehova arafise umuryango munini cane w’abamarayika uringanijwe uku gukurikira:

Umumarayika afise ububasha n’ubukuru bisumba ivy’abandi bose ni Mikayeli umumarayika mukuru, ari we Yezu Kirisitu (1 Ab’i Tesalonike 4:16; Yuda 9). Abaserafi, abakerubi be n’abandi bamarayika, bari munsi yiwe.

Abaserafi bafise ikibanza kiri hejuru cane mu ndinganizo y’Imana. Basukurira ku ntebe y’ubwami y’Imana. Bajejwe igikorwa co gutangaza ubweranda bw’Imana no gutuma abasavyi bayo baguma badahumanye mu vy’impwemu.​—Yesaya 6:1-3, 6, 7.

Abakerubi uruhara rwabo rurafitaniye isano n’intebe y’ubwami y’Imana bakongera bagashigikira igitinyiro ca Yehova.​—Zaburi 80:1; 99:1; Ezekiyeli 10:1, 2.

Abandi bamarayika ni abaserukizi ba Yehova, kandi barashitsa ivyo Imana igomba.

[Ifoto ku rup. 4]

Abamarayika baraherekeje Loti n’abakobwa biwe babashikana ahatagira inkomanzi

[Ifoto ku rup. 5]

Igihe intumwa Yohani yashaka gusenga umumarayika, uwo mumarayika yaciye amubwira ngo: “Sigaho”

[Ifoto ku rup. 6]

Abamarayika barashitsa urubanza rw’Imana

[Ifoto ku rup. 7]

Woba uriko wungukira ku gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza kirangurwa kiyobowe n’abamarayika?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika