ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 5 rup. 7-8
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABAMARAYIKA BARAFASHIJE ABAKIRISU BO MU NTANGO
  • UKUNTU ABAMARAYIKA BASHOBORA KUGUFASHA
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Abamarayika ni bande?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 5 rup. 7-8

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Ingene abamarayika bashobora kugufasha

Abamarayika b’abizigirwa baritwararika cane ivy’abantu bakora, bakagira n’uruhara ruboneka kugira ngo ivyo Yehova agomba bikorwe. Igihe Imana yarema isi, abamarayika ‘barihaye akamo k’umunezero, abana b’Imana bose batangura gusamiriza impundu .’ (Yobu 38:4, 7) Kuva kera narindi, abamarayika bamye bipfuza ‘kwihweza bitonze’ ivyavuzwe n’abahanuzi ku vyerekeye ivyobaye kw’isi muri kazoza.​—1 Petero 1:11, 12.

Bibiliya yerekana yuko vyashitse abamarayika barakingira abasavyi b’Imana b’ukuri kugira ngo ivyo Imana igomba bikorwe. (Zaburi 34:7) Uturorero:

  • Igihe Yehova yagira atikize ibisagara vya Sodomu na Gomora vyarangwa n’ububisha, abamarayika barafashije umugororotsi Loti n’umuryango wiwe guhunga.​—Itanguriro 19:1, 15-26.

  • Igihe abasore batatu b’Abaheburayo bakatirwa urwo gutererwa mw’itanure ryaka umuriro i Babiloni, Imana ‘yararungitse umumarayika wayo, irokora abasavyi bayo.’​—Daniyeli 3:19-28.

  • Inyuma y’aho umugororotsi Daniyeli amariye ijoro mu rwobo rw’intambwe z’amarara, yasiguye ko yarokotse kubera ‘Imana yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’izo ntambwe.’​—Daniyeli 6:16, 22.

Umumarayika akingiye Daniyeli intambwe ngo ntizimurye

Kuva kera, abamarayika bamye bafasha abantu b’abizigirwa

ABAMARAYIKA BARAFASHIJE ABAKIRISU BO MU NTANGO

Vyarashitse abamarayika b’Imana baragira uruhara mu bikorwa vy’abakirisu bo mu ntango igihe vyaba bikenewe, kugira ngo umugambi wa Yehova uranguke. Uturorero:

  • Umumarayika yaruguruye imiryango y’ibohero maze abwira intumwa zari zipfungiweho ngo zije kuvuga inkuru nziza mu rusengero.​—Ivyakozwe 5:17-21.

  • Umumarayika yarasavye Filipo kuja mu nzira yo mu bugaragwa iva i Yeruzalemu ija i Gaza, kugira ngo abwire inkuru nziza umunyetiyopiya yari avuye i Yeruzalemu gusenga.​—Ivyakozwe 8:26-33.

  • Igihe Imana yabona ko hageze yuko abatari Abayuda bacika abakirisu, umumarayika yarabonekeye intwazangabo y’umuroma Koruneliyo, amusaba gutumako intumwa Petero ngo aze iwe.​—Ivyakozwe 10:3-5.

  • Igihe intumwa Petero yari apfunzwe, umumarayika yaramubonekeye maze amukura mw’ibohero.​—Ivyakozwe 12:1-11.

UKUNTU ABAMARAYIKA BASHOBORA KUGUFASHA

Nta cemeza ko muri iki gihe Imana ikoresha abamarayika kugira badufashe ku gitangaro, nk’uko bivugwa muri Bibiliya. Ariko ku bijanye n’igihe turimwo, Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Wari uzi yuko abigishwa ba Kristu bakora ico gikorwa bahagarikiwe n’abamarayika?

Abantu bariko barengana iruhande ya ka kantu dukoresha mu kuvuga ubutumwa ku mugaragaro

Abamarayika barafasha mu gutangaza inkuru nziza hirya no hino kw’isi

Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana yuko abamarayika bofashije cane abantu kw’isi yose kwiga ivyerekeye Yehova Imana be n’umugambi afitiye abantu. Intumwa Yohani yanditse ati: “Mbona uwundi mumarayika aguruka hagati mu kirere, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo gutangaza nk’amakuru y’akamwemwe ku baba kw’isi, no kw’ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose, avuga n’ijwi rirenga ati: ‘Nimutinye Imana kandi muyihe ubuninahazwa, kuko isaha y’urubanza rwayo ishitse; ku bw’ico rero nimusenge Uwaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasôko y’amazi.’” (Ivyahishuwe 14:6, 7) Inkuru nyinshi z’ibiba mu gihe ca none ziremeza yuko abamarayika bashigikiye igikorwa co kwamamaza Ubwami kw’isi yose. Nkako, n’igihe nyene umucumuzi umwe yigaye akagaruka kuri Yehova, “haba akanyamuneza mu bamarayika b’Imana.”​—Luka 15:10.

None igikorwa co kwamamaza nicarangira, bizoca bigenda gute? ‘Ingabo zo mw’ijuru’ zigizwe n’abamarayika zizoshigikira wa Mwami w’abami Yezu Kristu mu “ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose” ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14-16; 19:14-16) Abamarayika b’abanyenkomezi bazoshitsa urubanza rw’Imana, Umukama Yezu “niyihora. . . abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu.”​—2 Abatesalonika 1:7, 8.

Niwemere udakeka rero yuko abamarayika bakwitwararika ku giti cawe. Bararajwe ishinga cane n’ineza y’abipfuza gukorera Imana, kandi Yehova yarabakoresheje kenshi mu gukomeza no mu gukingira abasavyi biwe b’abizigirwa bo kw’isi.​—Abaheburayo 1:14.

Umwe wese muri twebwe rero abwirizwa kwihitiramwo. Twoba tuzotega yompi kandi tukagamburuka inkuru nziza iriko iratangazwa kw’isi yose? Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu bazohimbarwa no kugufasha kwungukira ku bwitwararitsi bw’abamarayika b’Imana b’abanyenkomezi.

Ushaka ayandi makuru ajanye n’ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye abamarayika beza na babi, raba ikigabane ca 10 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’ivyabona vya Yehova, kiraboneka no kuri jw.org.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika