ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jl icig. 7
  • Amakoraniro yacu atunganijwe gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amakoraniro yacu atunganijwe gute?
  • Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ivyo bijanye
  • Uratumiwe n’igishika cinshi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Amakoraniro ‘atuvyurira ugukundana n’ibikorwa vyiza’
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova yokugirira akamaro akahe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Kubera iki dukwiye gukoranira hamwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
jl icig. 7

ICIGWA CA 7

Amakoraniro yacu atunganijwe gute?

Ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova muri Nouvelle Zélande

Muri Nouvelle Zélande

Ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova mu Buyapani

Mu Buyapani

Icabona akiri muto ariko arasoma Bibiliya mu Buganda

Mu Buganda

Ivyabona babiri bariko baragira umwerekano w’ikiyago gishingiye kuri Bibiliya muri Lituwaniya

Muri Lituwaniya

Amakoraniro ya gikirisu yo mu kinjana ca mbere yaba agizwe n’indirimbo, gusenga be no gusoma Ivyanditswe no kubiganirako; muri ivyo vyose akaba ata kintu na kimwe kijanye n’ivy’imigenzo cajamwo. (1 Abakorinto 14:26) Ukwo ni ko uzosanga bigenda no ku makoraniro yacu.

Higishwa ibintu bishingiye kuri Bibiliya kandi vy’ingirakamaro. Ku mpera y’umushamvu, abagize ishengero barahurira hamwe kugira ngo bumvirize Insiguro ishingiye kuri Bibiliya imara iminuta 30, ikaba yerekana ingene Ivyanditswe bivuga ibintu bifitaniye isano n’ubuzima bwacu be n’igihe tubayemwo. Umwe wese mu baba bitavye iryo koraniro araremeshwa gukurikira muri Bibiliya yiwe. Inyuma y’iyo nsiguro haca hakurikira Inyigisho y’“Umunara w’Inderetsi” imara isaha imwe, aho abagize ishengero basabwa kugira uruhara mu kiganiro c’ibibazo n’inyishu kiba gishingiye ku nteguro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi. Ico kiganiro kiradufasha kubona ingene twoshira mu ngiro ubuyobozi Bibiliya iduha mu buzima bwacu. Usanga twiga ikiganiro kimwe mu mashengero yacu arenga 110.000 ari hirya no hino kw’isi.

Aradufasha kuryohora ubuhanga bwacu bwo kwigisha. Turahurira hamwe kandi ku rindi koraniro rigizwe n’ibice bitatu ryitwa Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu rishingiye ku gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu gasohorwa buri kwezi. Igice ca mbere c’iryo koraniro ni Ubutunzi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Kiradufasha gutahura neza igihimba kanaka co muri Bibiliya ishengero riba ryarahawe gusoma imbere y’igihe. Haca hakurikira igice kivuga ngo Niwijukire igikorwa co mu ndimiro. Kiba kirimwo imyerekano itwereka ingene twokwigisha abandi Bibiliya. Uwuba ahagarikiye iryo koraniro aragira ivyo ashikirije kugira ngo adufashe kurushiriza kuryohora ugusoma kwacu be n’ubuhanga bwacu bwo kwigisha. (1 Timoteyo 4:13) Igice ca nyuma ni Ubuzima bw’umukirisu. Kiratwereka ingene twoshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwacu bwa misi yose. Kirimwo kandi ikiganiro c’ibibazo n’inyishu kidufasha gutahura Bibiliya mu buryo bugera kure.

Niwitaba amakoraniro yacu, nta gukeka ko uzokorwa ku mutima cane n’inyigisho nziza zishingiye kuri Bibiliya uzoharonkera.—Yesaya 54:13.

  • Ni ibiki uzokwumva ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova?

  • Ni ikoraniro irihe mu yo tugira buri ndwi ubona ko wokwitaba ubutaha?

NURONDERE KUMENYA N’IBINDI

Nurimbure amwamwe mu mayagwa azorimburwa ku makoraniro akurikira. Nurabe ibizokwihwezwa muri Bibiliya bizokugirira akamaro mu buzima bwawe bwa misi yose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika