ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yc icig. 8 rup. 18-19
  • Yosiya yari afise abagenzi beza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yosiya yari afise abagenzi beza
  • Niwigishe abana bawe
  • Ivyo bijanye
  • Yosiya yahisemwo gukora ibigororotse
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yosiya yarakunda amategeko y’Imana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Umwami wa Nyuma Mwiza
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Rwaruka, mwipfuza ko ubuzima bwanyu buzomera gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Niwigishe abana bawe
yc icig. 8 rup. 18-19
Umwami Yosiya ariko arumviriza umugenzi wiwe Yeremiya

ICIGWA CA 8

Yosiya yari afise abagenzi beza

Wibaza ko gukora ivyiza bigoye?— Abantu benshi biyumvira ko bigoye. Bibiliya itubwira ko vyari bigoye cane ko umuhungu yitwa Yosiya akora ivyiza. Ariko yari afise abagenzi beza bamufashije. Reka turabe ivyerekeye Yosiya be n’abagenzi biwe.

Se wa Yosiya yari Amoni, umwami wa Yuda. Amoni yari mubi cane kandi yasenga ibigirwamana. Igihe se wa Yosiya yapfa, Yosiya yaciye aba umwami wa Yuda. Ariko yari afise imyaka umunani gusa! Wibaza ko yari mubi nka se wiwe?— Ntiyari mubi!

Umuhanuzi Zefaniya ariko arabwira Abayuda ubutumwa buvuye kuri Yehova

Zefaniya yarabwira abantu ngo ntibasenge ibigirwamana

Mbere n’igihe Yosiya yari akiri mutoyi cane, yarashaka kugamburukira Yehova. Rero yaciye ahitamwo kugiranira ubugenzi gusa n’abantu bakunda Yehova. Kandi barafashije Yosiya gukora ibintu vyiza. Bamwe mu bagenzi ba Yosiya bari bande?

Umwe mu bagenzi biwe yari Zefaniya. Zefaniya yari umuntu Yehova yari yarungitse ngo abwire abantu b’i Buyuda ko hari ibintu bibi vyobashikiye baramutse basenze ibigirwamana. Yosiya yarumviye Zefaniya maze arasenga Yehova, ntiyasenga ibigirwamana.

Uwundi mugenzi wa Yosiya yari Yeremiya. Yasa n’uwunganya imyaka na Yosiya kandi barakuranye. Bari abagenzi cane ku buryo igihe Yosiya yapfa, Yeremiya yanditse ururirimbo rudasanzwe avuga ukuntu yakumbura Yosiya. Yeremiya na Yosiya barafashanya gukora ivyiza no kugamburukira Yehova.

Yosiya na Yeremiya barafashanya gukora ivyiza

Wokwigira iki ku karorero ka Yosiya?— N’igihe Yosiya yari akiri agahungu gatoyi, yarashaka gukora ivyiza. Yari azi ko abwirizwa kugiranira ubugenzi n’abantu bakunda Yehova. Nurabe neza ko uhitamwo abagenzi bakunda Yehova kandi bashobora kugufasha gukora ivyiza!

SOMA MURI BIBILIYA YAWE

  • 2 Ngoma 33:21-25; 34:1, 2; 35:25

IBIBAZO:

  • Se wa Yosiya yari nde? Yoba yakora ivyiza?

  • Ni igiki Yosiya yashaka gukora n’igihe yari akiri agahungu gatoyi?

  • Babiri mu bagenzi ba Yosiya bitwa ngw’iki?

  • Wokwigira iki ku karorero ka Yosiya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika