ICIGWA CA 56
Yosiya yarakunda amategeko y’Imana
Yosiya yabaye umwami w’Ubuyuda afise imyaka umunani. Ico gihe abantu barakora ubupfumu kandi bagasenga ibigirwamana. Igihe Yosiya yari afise imyaka 16, yararondeye kumenya uburyo bwiza bwo gusenga Yehova. Ashikanye imyaka 20, yaratanguye gukura mu gihugu ibigirwamana n’ibicaniro vyavyo. Afise imyaka 26 na ho, yaratunganije ko urusengero rwa Yehova rusanurwa.
Umuherezi mukuru Hilikiya yaratoye mu rusengero umuzingo wanditsemwo amategeko ya Yehova. Bishoboka ko wari umuzingo wanditswe na Musa. Shafani umunyamabanga w’umwami yarazaniye uwo muzingo Yosiya maze arawumusomera n’ijwi ryumvikana. Yosiya yumvise ivyari vyanditse muri uwo muzingo, yaciye abona ko abantu bari bamaze imyaka myinshi bagambararira Yehova. Yabwiye Hilikiya ati: ‘Twarababaje cane Yehova. Genda umubaze ico twokora.’ Yehova abicishije ku muhanuzikazi Hulida yabishuye ati: ‘Abantu bo mu Buyuda barampevye. Nzobahana, ariko sinzobigira Yosiya akiri umwami, kuko yicishije bugufi.’
Umwami Yosiya yumvise ivyo Yehova yavuze, yaciye aja ku rusengero maze atumako abanyagihugu bose bo mu Buyuda. Yarabasomeye amategeko ya Yehova n’ijwi ryumvikana. Yosiya n’abanyagihugu baciye basezeranira Yehova ko bagiye kumugamburukira n’umutima wabo wose.
Hari haheze imyaka myinshi abantu bo mu Buyuda badahimbaza Pasika. Igihe Yosiya yasoma mu mategeko ko bakwiye guhimbaza Pasika buri mwaka, yaciye abwira abanyagihugu ati: ‘Tuzohimbaza Pasika ya Yehova.’ Yosiya yaciye ategura ibimazi vyinshi yongera aratunganya umugwi w’abaririmvyi uririmbira ku rusengero. Abantu bose baciye bahimbaza Pasika, hanyuma baca bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro. Nta Pasika imeze nk’iyo yari bwagirwe kuva mu gihe ca Samweli. Yosiya yarakunda cane amategeko y’Imana. Na wewe woba ukunda kwiga ivyerekeye Yehova?
«Ijambo ryawe ni itara ry’ibirenge vyanje, rikaba n’umuco umurikira mu nzira.»—Zaburi 119:105