ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • kr rup. 168-169
  • Inyigisho y’Ubwami—Kumenyereza abasuku b’Umwami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyigisho y’Ubwami—Kumenyereza abasuku b’Umwami
  • Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ivyo bijanye
  • Niwungukire ku nyigisho Imana itanga
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu 2010
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyabona vya Yehova bamenyerezwa gute kugira bakore igikorwa cabo co kwamamaza?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
Ibindi
Ubwami bw’Imana buraganza!
kr rup. 168-169
1. Ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova ryariko ribera mu gahinga i Londres mu 1945; 2. Ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryariko ribera mu gahinga muri Malawi

Ibubamfu: Ikoraniro ryariko ribera ku gahinga i Londres mu Bwongereza mu 1945; iburyo:Iteraniro ridasanzwe ry’umusi umwe muri Malawi muri Afrika mu 2012

IGIHIMBA CA 5

Inyigisho y’Ubwami​—Kumenyereza abasuku b’Umwami

URAMWENYURIYE mu buryo buremesha umushikirizansiguro ari ku mukiruruko. Ni umuvukanyi akiri muto wo mw’ishengero ryanyu, akaba ariko ashikiriza insiguro ari bwo bwa mbere kw’iteraniro. Igihe uriko urumviriza insiguro yiwe, uratangazwa cane n’ukumenyerezwa abasavyi b’Imana baronka. Uribuka ingene vyamugoye igihe yaja ku mukiruruko ari bwo bwa mbere, ugaca ubona ukuntu atakiri wa wundi uzi! Yarateye imbere cane inyuma y’aho yitabiye Ishure ry’abatsimvyi. We n’umukenyezi wiwe baherutse kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami. Mu gihe uriko ukomera amashi uwo muvukanyi ku nsiguro nziza cane ashikirije, uraravye hirya no hino ugaca uzirikana inyigisho abasavyi b’Imana bose baronka.

Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’igihe abasavyi b’Imana bose bobaye “abigishijwe na Yehova.” (Yes. 54:13) Ubu turi muri ico gihe. Turigishwa biciye ku bisohokayandikiro vyacu, ku makoraniro, ku materaniro, ku mahwaniro, no ku mashure atandukanye agenewe kudutegura ku bw’ibikorwa dushingwa mw’ishirahamwe rya Yehova. Muri iki gihimba, tuzokwihweza ukuntu izo nyigisho zose ari ikimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana buganza muri iki gihe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika