ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb19 Ndamukiza rup. 8
  • Niwungukire ku nyigisho Imana itanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwungukire ku nyigisho Imana itanga
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Ivyo bijanye
  • Kumenyereza abasuku b’Ubwami
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ivyabona vya Yehova bamenyerezwa gute kugira bakore igikorwa cabo co kwamamaza?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Woba wipfuza kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Gusaba kwitaba Ishure ry’abamamaji b’Ubwami
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
mwb19 Ndamukiza rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Niwungukire ku nyigisho Imana itanga

IGITUMA BIHAMBAYE: Yehova wa Mwigisha Ahambaye araturonsa inyigisho nziza kuruta izindi zose. Aratwigisha ingene tworyohora ubuzima bwacu akongera akadutegura ku bwa kazoza keza cane, ivyo vyose akabitugirira ku buntu. (Yes 11:6-9; 30:20, 21; Ivy 22:17) Biciye kuri iyo nyigisho kandi, Yehova aradushoboza kubwira abandi inkuru nziza irokora ubuzima.​—2Kr 3:5.

UKO TWOBIGIRA:

  • Nube umuntu yicisha bugufi kandi atekereza.​—Zb 25:8, 9

  • Niwemere ukumenyerezwa akuronsa muri kino gihe, nk’ibiganiro vy’abanyeshure wohabwa mw’ikoraniro y’Ubuzima

  • Niwishingire imigambi yo mu vy’impwemu.​—Fp 3:13

  • Niwihatire gukwiza ibisabwa uterwe utundi duteka.​—Fp 3:8

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BARUNGUKIYE KU NYIGISHO YEHOVA ATANGA, MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Abamamaji bamwebamwe batsinze intambamyi izihe kugira ngo bitabe Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?

  • Ni ibiki abanyeshure bungukiye kw’Ishure ry’abamamaji b’Ubwami?

  • Abagize ishengero bafashije gute abasohotse iryo shure barungitswe gukorera iwabo?

  • Ni ibiki bisabwa kugira ngo umuntu yitabe Ishure ry’abamamaji b’Ubwami? (kr 189)

  • Ni ukundi kumenyerezwa ukuhe woshobora kuronka mw’ishirahamwe rya Yehova?

Abasohotse Ishure ry’abamamaji b’Ubwami bakorera muri Namibiya, Norveje, Amerika no mu Buyapani

Gukurikira inyigisho Imana itanga bizokuronsa imihezagiro iyihe?

UKUMENYEREZWA KWAMBEREYE KIRUMARA

  • Ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

  • Ishure ry’abatsimvyi

  • Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami

  • Ishure ry’abakurambere

  • Ishure ry’abamamaji b’Ubwami

NI UKUMENYEREZWA UKUHE NIPFUZA GUSHIKAKO

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika