Ururirimbo rwa 143
Umuco uraka mw’isi y’umwiza
Integuro icapuwe
Nah’isi yuzuy’umwiza,
Har’umuco waka
Umeze nk’iyo bukeye,
Ukigaragaza.
(ICITABIRIZO)
Inkuru tuvuga
Iraboneshereza,
Ikanezereza.
Imurika neza,
Mber’ejo ikizeza
Kw’ari heza.
Dufashe barya bagona
Na bo bikangure,
Bizere ivya kazoza.
Ntibikiri kure.
(ICITABIRIZO)
Inkuru tuvuga
Iraboneshereza,
Ikanezereza.
Imurika neza,
Mber’ejo ikizeza
Kw’ari heza.
(Raba kandi Yoh. 3:19; 8:12; Rom. 13:11, 12; 1 Pet. 2:9.)