ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 16 rup. 42-rup. 43 ing. 8
  • Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Ishaka ry’Ugusengwa kwa Yehova
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu ahumanura urusengero
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Igitangaro kigira kabiri ari i Kana
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Akora igitangaro ca mbere
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 16 rup. 42-rup. 43 ing. 8
Yezu yirukana mu rusengero abakaba amahera

IKIGABANE CA 16

Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri

YOHANI 2:12-22

  • YEZU AHUMANURA URUSENGERO

Ubugeni bw’i Kana burangiye, Yezu aca aja i Kaperinawumu. Ajanye na nyina wiwe hamwe na bene wabo​, ari bo Yakobo, Yozefu, Simoni na Yuda.

None ni kubera iki Yezu agiye i Kaperinawumu? Ico gisagara kiri ahantu heza gusumba Nazareti canke Kana, kandi ni kinini. Vyongeye, benshi mu bigishwa bashasha ba Yezu baba i Kaperinawumu canke mu micungararo yaho. Yezu rero arashobora kubamenyereza bari aho mu karere iwabo.

Mu kiringo Yezu amara i Kaperinawumu, na ho nyene arahakorera ibikorwa bitangaje. Abantu benshi bo muri ico gisagara no mu micungararo yaho barumva ivyo ariko arakora. Ariko rero Yezu n’abigishwa biwe bimirije gufata urugendo baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika yo mu 30, narirya ari Abayuda bakunda gusenga.

Igihe bari ku rusengero i Yeruzalemu, abigishwa ba Yezu barabona ikintu gitangaje cane kuri Yezu, kikaba gitandukanye n’ivyo bari bamaze kubona vyose.

Amategeko y’Imana asaba Abisirayeli gutanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero, kandi ingenzi zirakenera ibifungurwa mu kiringo zihamara. Amategeko aremerera ababa kure ya Yeruzalemu kuza bitwaje amahera yo kugura “inka, intama, impene” n’ibindi bakenera mu kiringo bamara ng’aho. (Gusubira mu vyagezwe 14:​24-​26) Ni co gituma abadandaza b’i Yeruzalemu bagurishiriza ibitungwa n’inyoni imbere mu kigo c’urusengero. Bamwe muri bo baraca amaboko abantu mu kugurisha ku giciro c’umurengera.

N’ishavu n’akantu, Yezu asesa hasi ibiceri vy’abakaba amahera, agahenagura amameza yabo maze akabahindira hanze. Ababwira ati: “Kura ivyo bintu ng’aha! Reka kugira iyi nzu ya Dawe inzu y’urudandaza!”​—Yohani 2:16.

Abigishwa ba Yezu babonye ivyo bintu, baca bibuka ubuhanuzi bwerekeye Umwana w’Imana bugira buti: “Umwete w’inzu yawe uzondya.” Ariko Abayuda bamubaza bati: “Ni ikimenyetso nyabaki ufise utwereka, ko uriko urakora ivyo bintu?” Yezu abishura ati: “Nimusenyure uru rusengero, nanje mu misi itatu nzoruhagurutsa.”​—Yohani 2:​17-​19; Zaburi 69:9.

Abayuda bibaza ngo ariko avuga urusengero rw’i Yerusalemu, maze bakamubaza bati: “Uru rusengero rwubatswe mu myaka mirongo ine n’itandatu, nawe ngo uzoruhagurutsa mu misi itatu?” (Yohani 2:​20) Ariko Yezu ariko agereranya umubiri wiwe n’urusengero. Haciye imyaka itatu, abigishwa biwe baribuka ayo majambo Yezu amaze kuzuka.

  • Yezu aja hehe inyuma y’ubugeni bw’i Kana?

  • Kubera iki Yezu ababazwa n’ivyo abonye ku rusengero, kandi aca akora iki?

  • “Urusengero” Yezu avuga ni uruhe, kandi ashaka kuvuga iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika