ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • jy ikig. 20 rup. 54-rup. 55 ing. 8
  • Igitangaro kigira kabiri ari i Kana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitangaro kigira kabiri ari i Kana
  • Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ivyo bijanye
  • Igitangaro ca Kabiri Ari i Kana
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Akora igitangaro ca mbere
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Igitangaro ca Mbere Yezu Yakoze
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Mesiya yarashikije ubuhanuzi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
jy ikig. 20 rup. 54-rup. 55 ing. 8
Umutegetsi yishwe n’intuntu ariko yinginga Yezu ngo aze amukirize umwana

IKIGABANE CA 20

Igitangaro kigira kabiri ari i Kana

Mariko 1:14, 15 Luka 4:14, 15 Yohani 4:43-54

  • YEZU YIGISHA YUKO ‘UBWAMI BW’IMANA BWEGEREJE’

  • AKIZA UMWANA W’UMUHUNGU BATARI KUMWE

Haheze imisi ibiri ari i Samariya, Yezu aravayo agasubira mu karere iwabo. Yari amaze igihe mw’isekeza ryo kwigisha i Yudaya, ariko ntasubiye i Galilaya kugira yiruhukire. Ahubwo agira atangure igikorwa kinini gusumba co kwigisha mu karere yakuriyemwo. Yezu ntiyiteze ko bamwakira neza. Kanatsinda, yavuze ko ‘umuhanuzi atagira iteka mu gihugu iwabo.’ (Yohani 4:44) Abigishwa biwe ntibagumana na we. Baca bisubirira mu miryango yabo no mu bikorwa bahozemwo.

Ni ubutumwa ubuhe Yezu atanguye kwamamaza? Agira ati: “Ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye, kandi mwizere inkuru nziza.” (Mariko 1:15) None abantu bamwakira gute? Emwe, Abanyagalilaya benshi bamwakira neza, mbere bakamutera iteka. Ivyo ntibabigira canecane kubera ubutumwa ashikiriza. Mu mezi nk’angahe imbere y’aho, Abanyagalilaya bamwebamwe bari i Yeruzalemu kuri Pasika kandi barabonye ibitangaza Yezu yakoze.​—Yohani 2:23.

None Yezu atangurira hehe igikorwa gihambaye arangurira i Galilaya? Biboneka ko agitangurira i Kana, hamwe yahindura amazi umuvinyu ari ku bugeni. Igihe Yezu asubiye muri ako karere ubwa kabiri, arumva ko hari umuhungu ari ku mpfiro. Ni umwana w’umutegetsi wo mu ntwaro ya Herodi Antipa, wa mwami yahavuye aca umutwe Yohani Umubatizi. Uwo mutegetsi arumva ko Yezu yaje i Kana avuye i Yudaya. Aca ava iwe i Kaperinawumu akaja i Kana kuraba Yezu. Uwo mutegetsi aramwinginga n’intuntu nyinshi, ati: “Mukama, manuka umwana wanje mutoyi atarapfa.”​—Yohani 4:49.

Uwo mugabo aratangara yumvise inyishu Yezu amuhaye. Amubwira ati: “Igire; umwana wawe ni muzima.” (Yohani 4:50) Uwo mutegetsi aremera ivyo Yezu amubwiye, maze agafata urugendo asubira muhira. Mu nzira ahura n’abashumba biwe baje amaguru adakora hasi kugira bamumenyeshe agakuru keza. Emwe, umwana wiwe ni muzima, aradora! Kugira avyumve neza, ababaza ati: ‘Yatoye mitende ryari?’

Na bo bati: “Ejo kw’isaha y’indwi ni ho inyonko yamuvako.”​—Yohani 4:52.

nya mutegetsi arahura n’abashumba biwe maze agasubira muhira kuraba umwana wiwe yari yakijijwe na Yezu

Uwo mutegetsi aca abona ko ari ca gihe nyene Yezu yamubwira ati: “Umwana wawe ni muzima.” Inyuma y’aho, uwo mugabo atunze ku buryo afise n’abashumba, hamwe n’abo mu rugo rwiwe bose baraba abigishwa ba Yezu.

I Kana rero Yezu ahakorera ibitangaro bibiri: ico guhindura amazi umuvinyu, mu nyuma na ho agakiza umwana w’umuhungu ari nko ku bilometero 26. Ego ni ko, ivyo si vyo bitangaro vyonyene yakoze. Ariko rero, ico gitangaro co gukiza kirahambaye kuko cerekana yuko agarutse i Galilaya. Biratomoye ko Yezu ari umuhanuzi yemerwa n’Imana. Ariko none uwo ‘muhanuzi azohabwa iteka ringana iki mu gihugu iwabo’?

Ivyo bizomenyekana kuko Yezu afashe inzira aja iwabo i Nazareti. Ni ibiki none bimushikira ng’aho?

  • Igihe Yezu asubiye i Galilaya, ni ubutumwa ubuhe atangura kwamamaza, kandi abantu bamwakira gute?

  • Ni igitangaro ikihe Yezu akora igihe asubiye i Kana, kandi bene kugikorerwa bavyakira gute?

  • Ni igiki gitangaje uravye ukuntu Yezu akiza umuhungu w’i Kaperinawumu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika